{"id":7733,"date":"2023-09-30T20:39:26","date_gmt":"2023-09-30T18:39:26","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/?p=7733"},"modified":"2023-10-08T10:45:12","modified_gmt":"2023-10-08T08:45:12","slug":"gukingira-ibikorwa-mvabwenge-burundi-abahinga-bagiye-kubukura-cibo","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/gukingira-ibikorwa-mvabwenge-burundi-abahinga-bagiye-kubukura-cibo\/","title":{"rendered":"Gukingira ibikorwa mvabwenge mu Burundi: abahinga boba bagiye kubukura mu cibo?"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Ikigo kijejwe gukingira agateka k&rsquo;abahinga mvabwenge n&rsquo;ivyo bahingura mu Burundi OBDA kigiye kuza kiritwaza inyamiramabi kigiye kugiriranira amasezerano n\u2019abantu bakoresha ibikorwa mvabwenge batabirihira.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ivyo ni bimwe mu vyavuye mu mwiherero w\u2019iminsi itatu wari watunganijwe n\u2019kigo OBDA kuva ku wa 20 &#8211; 22 Nyakanga 2023 mu gisagara ca Bujumbura, aho hari hatumiwe inyamiramabi, abacamanza hamwe n&rsquo;abajejwe intwaro mu ntumbero yo kurabira hamwe icokorwa kugira ngo ibikorwa mvabwenge bikingirwe n\u2019umuhinga w\u2019avyo abitorereko akoyoko.<\/p>\n\n\n\n<p>Claudette Mukankuranga arongoye ico kigo ca Reta kijejwe gukingira agateka k&rsquo;abahinga mvabwenge n&rsquo;ivyo bahingura OBDA yashikirije ko atabushobozi buhagije bafise bwo gusinyisha amasezerano (contrat) abasanzwe bakoresha ivyo bikorwa mvabwenge vy&rsquo;abahinga (nko mu bubare, mu ma studios, mu ma salons des coiffures, &#8230;) kuko batemera kubirihira.<\/p>\n\n\n\n<p>Muri uyo mwiherero umuyobozi w\u2019ikigo OBDA akaba yamenyesheje ko ico kigo carankojwe inyamiramabi zizohora zigiherekeza zigiye kugiriranira amasezerano n\u2019abantu bokoresha ibikorwa vy\u2019abanyabuhinga kugira bazoze barabirihira, kuko kugeza ubu, benshi babikoresha ku buntu.<\/p>\n\n\n\n<p>S\u00e9verin Mbarubukeye umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw&rsquo;imigabo n&rsquo;imigambi y&rsquo;umuryango wa EAC, urwaruka, inkino n&rsquo;imico kama mw&rsquo;ijambo ryiwe yagize ati: <em>\u201cDukwiye kumenya ko abahinga ata handi basoroma atari mu buhinga bwabo nyene. Tubafashe guteza imbere impano zabo mu kutabasahura. Ivyo bizobatera intege mbere n&rsquo;ubuhinga bwabo bugire akanovera gutyo bashobore kwiteza imbere bongere bateze imbere igihugu cabo\u201d<\/em><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Ivyasabwe kugira ngo ibikorwa mvabwenge bikingirwe vy\u2019ukuri<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Kugira ibikorwa vy\u2019abahinga bikingirwe na benevyo babukure mu cibo, nk\u2019uko biri mu vyasabwe mu mwihero barimwo, Claudette Mukankuranga asaba Reta y\u2019Uburundi guhinyanyura itegeko rikingira agateka k&rsquo;abahinga ryo muri 2005 no gushiraho amategeko mperekeza n&rsquo;ibihano ruhasha ku barirenga. Ikanagena abajejewe gukurikirana ishirwa mu ngiro ry&rsquo;itegeko rikingira agateka k&rsquo;abahinga mu nzego za Reta hamwe no kwongereza inguvu mu kugenzura ko ibikorwa vy&rsquo;ubuhinga bidatitura canke ngo bitosekaze imico n&rsquo;imigenzo y&rsquo;igihugu, &#8230;<\/p>\n\n\n\n<p>Uyo muyobozi mukuru w\u2019ikigo OBDAanavuga ko abahinga b\u2019ibikorwa mvabwenge bokwijukira kwiyandikisha no kwandikisha ibikorwa vyabo muri ico kigo kugira bikingirwe hamwe no kudomako urutoke uwo wese babonye ariko ahonyanga agateka kabo mu gukoresha ibikorwa vyabo ata masezerano bafitaniye n\u2019ikigo kibijejwe.<\/p>\n\n\n\n<p>Mukankuranga akamenyesha ko mu kigo OBDA bagiye gukorana n&rsquo;ibindi bisata nk\u2019abacamanza, CNC, OBR, ARCT, igipolisi n&rsquo;abajejwe intwaro kugira babashigikire mu bijanye no gushira mu ngiro ibikorwa vyo gukingira ibikorwa vy\u2019abanyabuhinga mvabwenge. Anavuga kandi ko bagiye kwandika abahinga bose n&rsquo;ibikorwa vyabo, hanashirweho ibigo mu gihugu hagati mu ntumbero yo kugabanya urugendo ku banyabuhinga bo mu ntara zo hagati.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Icizere co gutungwa n\u2019ivyo bakora<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Olivier Ndayishimiye azwi kw\u2019izina rya Krazzi Bright asanzwe ari umuhinyanyuzi w&rsquo;indirimbo (Producteur) akaba ari nawe muyobozi w&rsquo;ishirahamwe ry&rsquo;abaririmvyi mu Burundi (L&rsquo;Amicale des musiciens du Burundi) avuga ko gushira umukono kuri ayo mategeko bizotuma abaririmvyi bo mu Burundi bashobora gutezwa imbere n&rsquo;impano zabo zo gukora umuziki kuko bazoshobora kuronka agafaranga kavuye ku ndirimbo bakoze atanzwe n\u2019abazikoresha bari mu mice itandukanye.<\/p>\n\n\n\n<p>Uyo muhinyanyuzi ati: <em>\u201cBirababaje cane kubona umuririmvyi ashobora gukoresha amafaranga atari make mu gukora indirimbo yiwe ariko abantu bakayivuza ku buntu\u201d.<\/em> Asaba ahubwo ko ivyo kugirirana amasezerano hagati y\u2019ikigo OBDA n\u2019abakoresha ibikorwa vy\u2019abahinga mvabwenge vyoshirwamwo inguvu, maze abahinga bagatuburura umukanda.<\/p>\n\n\n\n<p>Kimana Edith Stein asanzwe ari umworoshabikorwa (manager) mu ruganda rwa BantuBwoy Entertainment amenyesha ko barindiranye igishika iyubahirizwa n\u2019ishirwa mu ngiro ry\u2019ayo mategeko kuko azoba aje gushigikira abanyabuhinga mvabwenge b&rsquo;abarundi mu bikorwa vyabo, kandi ko bizotuma baca bamenyekana cane.<\/p>\n\n\n\n<p class=\"has-background\" style=\"background-color:#ffa463\"><strong>Kino gisomwa canditswe na Mugisha\u00a0Wilson<\/strong>,\u00a0<strong>yize<\/strong>\u00a0<strong>kuri Universit\u00e9 Espoir d\u2019Afrique, mu gisata cigisha ibijanye n\u2019ugutumatumanako amakuru<\/strong>,\u00a0<strong>umwe mu banyeshure ikinyamakuru Jimbere Magazine cakiriye mu ntumbero<\/strong>\u00a0<strong>yo kwimenyereza umwuga wo kumenyesha amakuru<\/strong>.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Ikigo kijejwe gukingira agateka k&rsquo;abahinga mvabwenge n&rsquo;ivyo bahingura mu Burundi OBDA kigiye kuza kiritwaza inyamiramabi kigiye kugiriranira amasezerano n\u2019abantu bakoresha ibikorwa mvabwenge batabirihira. Ivyo ni bimwe mu vyavuye mu mwiherero w\u2019iminsi itatu wari watunganijwe n\u2019kigo OBDA kuva ku wa 20 &#8211; 22 Nyakanga 2023 mu gisagara ca Bujumbura, aho hari hatumiwe inyamiramabi, abacamanza hamwe n&rsquo;abajejwe [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":7736,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[568],"tags":[552],"coauthors":[34],"class_list":["post-7733","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ayagezweho","tag-ubuhinga"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7733","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=7733"}],"version-history":[{"count":4,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7733\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":7742,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7733\/revisions\/7742"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/7736"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=7733"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=7733"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=7733"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=7733"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}