{"id":7722,"date":"2023-09-24T13:59:57","date_gmt":"2023-09-24T11:59:57","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/?p=7722"},"modified":"2023-10-08T10:45:03","modified_gmt":"2023-10-08T08:45:03","slug":"urwaruka-akazi-ikebuke-amarigara-akagohe-njebas-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/urwaruka-akazi-ikebuke-amarigara-akagohe-njebas-burundi\/","title":{"rendered":"\u00ab Sha nubwo ata kazi mfise sinokora ako guhereza amatafari umufundi narize kaminuza \u00bb, ikebuke !"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Kwicara mu biro, kuba umukoresha ahantu kanaka canke kuba hejuru y&rsquo;abandi mu gihe ugeze mu bantu bitakunze ko bamara amashure canke bataciye ku ntebe y&rsquo;ishure, ni vyo bamwe mu rwaruka rw\u2019iki gihe rwize rurota gusa. Hageze kurya ikiremve rucirasheko rurahesha ngo rurindiriye akazi k\u2019ivyo rwize rukirirwa rusamira isazi ku ryinyo mu marigara ngo ntirwoja gukora ibikorwa vy\u2019inguvu. Jijuke!&nbsp; Njebas avunira akagohe urwaruka.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ivyari imagera vyarageruwe, ni ko abarundi bavuga.&nbsp; Aho hambere abiga bakiri bake baheza baronka ubuzi. Mbere nta n\u2019umwana abavyeyi batateye intege bamubwira ko niyiga akaminuza ariho azoshobora kugura imiduga canke akaronka n\u2019amahirwe yo kwurira indege. Ni vyo hari ababishikako, ariko urwaruka turakwiye kumenya ko ibihe biha ibindi. Twige kubaho mu mahinduka. Tumenye ko mu kurindira akazi twipfuza twoba turakora ako tubonye kose katwinjiriza ayo kuba turabayeho.<\/p>\n\n\n\n<p>\u00ab&nbsp;Kazi ni kazi&nbsp;\u00bb, ico civugo c\u2019abaswahili twokigendera. Bagenzi jewe sintahura urwaruka rutoranya akazi kandi ata n\u2019akandi rukuramwo n\u2019isabuni rufise. Rukemera kuza ruracoresha abiviriye kubira intuguta mu biraka. Aho nsanzwe mba aha mu gisagara ca Bujumbura hari urwaruka rutari ruke rwahejeje amashure y&rsquo;isumbuye na za kaminuza. Nanje mu baminuje ndimwo. Ariko mvyuka inyomvyi nkataha ku mugoroba mvuye gukora akazi k\u2019ubuyedi (guhereza abubatsi ivyo bubakisha).<\/p>\n\n\n\n<p>Narumiwe numvise ko abo bagenzi banje bahejeje kaminuza banteramirako, babazanya bati&nbsp;:&nbsp;\u00ab&nbsp;Mbe ko Njebas atigera yirigwa ngaha kuva aheza ishure arafise akazi ?&nbsp;\u00bb Umunsi umwe duteramye, umwe aritoraguza ngo <em>\u00ab&nbsp;Uno munsi bigenze gute ko ugorobeje kw\u2019irigara ry\u2019abajama, wafashe aga cong\u00e9&nbsp;k\u2019akazi (akaruhuko) ?\u00bb<\/em> Ndabishuye ko ata cong\u00e9 nafashe ahubwo ko ahantu nariko nkora mu guhereza abafundi amatafari haheze, ntibantahuye, kandi bahora bansaba amafaranga y\u2019ama unite ya terefone nkabaha mu yo nakoreye.<\/p>\n\n\n\n<p>Bamwe nkumva bantwenga bambaza ko icongereza nize coba gisa no guhereza amatafari abubatsi. Ndababwiye ko ariko kazi mba ndonse muri ako kanya, kuko nkora ico mbonye cose kimpa amafaranga, hari abo vyananiye kwigumya numva batanguye kuvuga bahana bati&nbsp;:&nbsp;<em>\u00ab&nbsp;Sha nubwo ubuzi bwabuze sinohereza amatafari umufundi narize kaminuza, kwoba ari ukwishira hasi&nbsp;\u00bb.<\/em> Abandi ngo&nbsp;:&nbsp;<em>\u00ab Nzopfuma ndondera ivyangombwa nje gupagasa mu mahanga \u00bb.<\/em>&nbsp; Ndababajije ko aho mu mahanga boba bagiye gupagasa mu vyo bize, baciye bacika ibiragi. Barabura ico bavuga.<\/p>\n\n\n\n<p>None ga rwaruka bagenzi banje mutararonka akazi k\u2019ivyo mwigiye, ubwo ntimumaramara kwirirwa muhira canke ku marigara musamira isazi ku ryinyo muvuga ibitinjiza n\u2019ijana ngo nuko mwize&nbsp;? Erege kwirirwa uteze amaboko canke ubesha abavyeyi ubacoresha kandi barakwigishije ni vyo bigushira hasi gusumba. Twikebuke. Burya uwushaka umuce acika ijoro kandi n\u2019uwushaka umubira abira akuya. Dukure amaboko mu mpuzu dukore, burya hari igihe akazi gato ariko kazana kanini. Ikibwigwa ni icumva.<\/p>\n\n\n\n<p class=\"has-pale-cyan-blue-background-color has-background\"><strong>Kino gisomwa canditswe na C\u00e9dric Irankunda<\/strong>,\u00a0<strong>yize<\/strong>\u00a0<strong>kuri Universit\u00e9 Epoir d\u2019Afrique, mu gisata cigisha ibijanye n\u2019ugutumatumanako amakuru<\/strong>,\u00a0<strong>umwe mu banyeshure ikinyamakuru Jimbere Magazine cakiriye mu ntumbero<\/strong>\u00a0<strong>yo kwimenyereza umwuga wo kumenyesha amakuru<\/strong><\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Kwicara mu biro, kuba umukoresha ahantu kanaka canke kuba hejuru y&rsquo;abandi mu gihe ugeze mu bantu bitakunze ko bamara amashure canke bataciye ku ntebe y&rsquo;ishure, ni vyo bamwe mu rwaruka rw\u2019iki gihe rwize rurota gusa. Hageze kurya ikiremve rucirasheko rurahesha ngo rurindiriye akazi k\u2019ivyo rwize rukirirwa rusamira isazi ku ryinyo mu marigara ngo ntirwoja gukora [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":7724,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[2],"tags":[510,438],"coauthors":[34],"class_list":["post-7722","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-opinions","tag-njebas","tag-urwaruka"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7722","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=7722"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7722\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":7725,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7722\/revisions\/7725"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/7724"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=7722"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=7722"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=7722"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=7722"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}