{"id":7702,"date":"2023-09-17T17:45:40","date_gmt":"2023-09-17T15:45:40","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/?p=7702"},"modified":"2023-10-08T10:44:50","modified_gmt":"2023-10-08T08:44:50","slug":"snapchat-instagram-twikebuke-imbuga-ngurukanabumenyi-urwaruka-njebas-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/snapchat-instagram-twikebuke-imbuga-ngurukanabumenyi-urwaruka-njebas-burundi\/","title":{"rendered":"Tukirirwa kuri \u201csnapchat\u201d na \u201cinstagram\u201d umunsi ugahera ata co twinjije, twikebuke !"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Ugira gutya ukumva umuntu ariko yihaya ubugabo avuga ko ashobora kumara umunsi wose adasohotse yibereye kuri terefone, araba udufoto n\u2019utuvidewo tw\u2019abantu batandukanye (abahenye n\u2019abadahenye) canke nawe yifotora yongera ashira ku mbuga amafoto yiwe y\u2019ingene aboneka. Bagenzi twikebuke terefone tuyikoreshe ibifise akamaro: tuyirondeze akazi, amashure, n\u2019ibindi vyinshi vyunguka. Njebas ahanura urwaruka nkawe.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Bagenzi, nagize gutya, mpura n\u2019umugenzi, aca atangura kuntera inkuru ingene asigaye ari umusirimu, ashobora kumara ijoro canke umunsi wose yibereye kuri terefone, akwiragiza amashusho yiwe n\u2019ay\u2019abandi ku mbuga ngurukanabumenyi.&nbsp;&nbsp;<\/p>\n\n\n\n<p>Nkimutamarira niyumvira nimba koko ata kibazo afise mu mutwe, numva atanguye kwihaya ko asigaye akomeye agira ati: <em>\u201cKa Snapchat na Instagram, utwo ni utuntu twanje. Nitwo tunteramisha umunsi ugahera atavyo nzi. Ndifotora amafoto nkayakora neza, nkaca nshira ku mbuga nkaba ndaraba uko abantu bambona. Ariko kandi nyene hari n\u2019utuvidewo tunteramisha ugasanga nanasinziririyemwo. Kuri terefone ubu ntaco wompenda. N\u2019ijoro ndarikesha.\u201d<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Narumiwe. Nkirondera aho mpera ngo ndamuhanure, nagiye numva atanguye kuvuga ko n\u2019abana muhira basigaye bamukunda. Ko atari bo babona baravuye kw\u2019ishure ngo bifotore canke bifate utuvidewo nabo ndabashire kuri Instagram na za facebook. Ati: \u201cAbana bo muhira n\u2019ab\u2019ababanyi barankunda kubera na terefone ndabigisaha ingene baja ku mbuga kwirabira utugezweho. Hari n&rsquo;abana bansaba ngo turarane, kugira barare barirabira utuvidewo n\u2019amafoto kuri Istagram.\u201d<\/p>\n\n\n\n<p>Bagenzi, icantangaje ni uko uyo musore numvise avuga ko n\u2019abavyeyi ataco babimuhanura ko. Kuko nabo ngo bamara umwanya iyo bari muhira atawuvugana n\u2019uwundi bibereye mu ma \u2018status\u2019 n\u2019ibindi. Mbere ko ko n\u2019umwana atoye terefone usanga ari mu mafoto, canke ugasanga yifotoye yanishize kuri facebook, ahagaze ku mafyeri, (muca mubona ingene iminwa baba bayigize).<\/p>\n\n\n\n<p>Bana ba mama, ni vyo warose amafaranga kugura terefone nini ntaco bitwaye. Kukabankako, turi mu bihe aho ibintu vyose, ivyiza n\u2019ibibi, bihanwahanwa ku buhinga bwa none. Ariko ikibabaje ni uko hari bamwebamwe canecane mu rwaruka babona terefone nini nk\u2019igikoresho ciza c&rsquo;ukwisamaza n\u2019ukwinezereza mu bitera soni. Biyerekana, baraba canke bakwiragiza amashusho y\u2019ubwambure, aho kuyikoresha ibibateza imbere.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Terefone woyivyaza umusaruro\u2026<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Bagenzi banje, twisubireko. Tujane n\u2019ibihe mu gukoresha ubuhinga bwa none mu bintu bitugirira akamaro. Izo mbuga za Instagram, Facebook, Twitter, YouTube, \u2026 zirahemba. Birya turaba, usivye ko bidutwara amafaranga y\u2019ama \u2018mega\u2019 hari n\u2019abandi tuba turiko turatuma binjiza amahera. Turakwiye gufata mu ntoke ubuzima bwacu ntitube abaja ba terefone mu bintazi, ahubwo tuyirondeze akazi, tuyikoreshe mu guhiga amashure meza, tuyigireko, tuyikoreshe ubushakashatsi, tuyikoreshe mu budandaji n\u2019ibindi vyinshi vy\u2019akamaro kuko birashoboka.<\/p>\n\n\n\n<p>Guhayanisha ivyo dukora, guhiganirwa amasoko ahari, kuharatira ivyiza vy\u2019iwacu n\u2019ibindi vyodufasha gutera imbere, birashoboka mu gihe twofata mu minwe ico dushako gushikako, aho guta umwanya n\u2019amafaranga y\u2019ama mega turaba abantu bahenye kuri izo mbuga kandi bariko baraca amafaranga.<\/p>\n\n\n\n<p>Ni ukuri ntihaze hagire umuntu akubesha ko kuba umusirimu canke kujana n\u2019ibihe ari ukugira amakonte ku mbuga zose zibaho, eka da. Si n\u2019ugukwiragiza amafoto menshi meza na mabi ku ma \u2018status\u2019 hirya no hino, ahubwo ni ukujana n\u2019ibihe mu kurondera inoti no gukora ibishobora kuduteza imbere bigateza imbere imiryango yacu ndetse n&rsquo;igihugu. Twiyumvire rero ico twokora kugira ngo nitwagishira ku mbuga ngurukanabumenyi kituzanire akunguko kandi tunamenyekane, tuje mu mugwi w\u2019abariko barakoresha neza terefone. Mugenzi, ikibwigwa ni icumva.<\/p>\n\n\n\n<p class=\"has-pale-cyan-blue-background-color has-background\"><strong>Kino gisomwa canditswe na Mugisha\u00a0Wilson<\/strong>,\u00a0<strong>yize<\/strong>\u00a0<strong>kuri Universit\u00e9 Epoir d&rsquo;Afrique, mu gisata cigisha ibijanye n\u2019ugutumatumanako amakuru<\/strong>,\u00a0<strong>umwe mu banyeshure ikinyamakuru Jimbere Magazine cakiriye mu ntumbero<\/strong>\u00a0<strong>yo kwimenyereza umwuga wo kumenyesha amakuru<\/strong><\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Ugira gutya ukumva umuntu ariko yihaya ubugabo avuga ko ashobora kumara umunsi wose adasohotse yibereye kuri terefone, araba udufoto n\u2019utuvidewo tw\u2019abantu batandukanye (abahenye n\u2019abadahenye) canke nawe yifotora yongera ashira ku mbuga amafoto yiwe y\u2019ingene aboneka. Bagenzi twikebuke terefone tuyikoreshe ibifise akamaro: tuyirondeze akazi, amashure, n\u2019ibindi vyinshi vyunguka. Njebas ahanura urwaruka nkawe. Bagenzi, nagize gutya, mpura [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":7703,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[2],"tags":[602,438],"coauthors":[34],"class_list":["post-7702","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-opinions","tag-terefone","tag-urwaruka"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7702","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=7702"}],"version-history":[{"count":3,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7702\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":7707,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7702\/revisions\/7707"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/7703"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=7702"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=7702"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=7702"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=7702"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}