{"id":7696,"date":"2023-09-12T15:44:37","date_gmt":"2023-09-12T13:44:37","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/?p=7696"},"modified":"2023-09-16T12:12:20","modified_gmt":"2023-09-16T10:12:20","slug":"uganda-imiti-gufufahaza-sida-yaragaburiwe-ingurube-inkoko-eac-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/uganda-imiti-gufufahaza-sida-yaragaburiwe-ingurube-inkoko-eac-burundi\/","title":{"rendered":"Uganda\u00a0: imiti yo gufufahaza umugera wa Sida yaragaburiwe ingurube n\u2019inkoko"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Muri Uganda, imiti yo gufufahaza umugera wa Sida yaragaburiwe ingurube n\u2019inkoko kandi ngo bishobora kugira ingaruka ku magara y\u2019abafunguye inyama z\u2019ibikoko vyayiriye. Abanya Kenya, abanya Tanzaniya hamwe n\u2019Abanyekongo barashobora kugenderanira ata visa zisabwe,\u2026 Kaze mu makuru yaranze akarere ka EAC mu ndwi yo ku wa 04 gushika ku 10 Nyakanga 2023.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Vyatangajwe n\u2019ikigo c\u2019igihugu NDA kijejwe kugenzura ubuziranenge bw\u2019imiti. Iyo miti ngo yakoreshejwe mu kuvyibusha no gukuza vyihuse ivyo bitungwa, ariko kandi ngo yoba inavura ingwara y\u2019akaranda k\u2019ingurube (peste porcine) hamwe n\u2019ingwara y\u2019inkoko izwi kw\u2019izina rya \u00ab&nbsp;Newcastle disease&nbsp;\u00bb<\/p>\n\n\n\n<p>Icegeranyo ca Kaminuza ya Makerere kivuga ko igice kimwe ca gatatu c&rsquo;inkoko, n\u2019ibice 50% vy&rsquo;ingurube zasuzumwe basanze zifise udusigarira tw&rsquo;imiti ifufahaza umugera wa SIDA (ARV). Amos Atumanya, umuyobozi mukuru wa NDA yamenyesheje imbere y\u2019inama nshingamateka ko hashobora kuba ingaruka zikomeye cane ku magara y\u2019abafunguye inyama zirimwo utwo dusigarira.<\/p>\n\n\n\n<p>Zimwe muri izo ngaruka ngo ni nko gutuma uwafunguye inyama zirimwo utwo dusigarira mu nyuma akandura umugera wa Sida adashobora gufashwa n\u2019imiti yo kuwufufahaza kuko umubiri wiwe uzoba waramaze kumenyera iyo miti. Inkuru tuyikesha ikinyamakuru <a href=\"https:\/\/www.bbc.com\/gahuza\/articles\/crg027v0pv0o?at_campaign_type=owned&amp;at_bbc_team=editorial&amp;at_link_id=A4207642-4E03-11EE-BB3A-4F4C3AE5AB7B&amp;at_campaign=Social_Flow&amp;at_format=link&amp;at_medium=social&amp;at_ptr_name=facebook_page&amp;at_link_type=web_link&amp;at_link_origin=BBC_News_Gahuza&amp;fbclid=IwAR0nkqDV1JOuSuoWlRnrHqYLm8YI296sVPl3928OZlzEPiGasOBwc09ZOfk\">BBC<\/a>.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Muri Kenya baragabishwa ko imvura nyinshi yonona ibintu El Nino igiye kugwa<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Nkukwo tubikesha \u00ab\u00a0<a href=\"https:\/\/www.kenyanews.go.ke\/residents-advised-to-prepare-for-el-nino-rains\/\">Kenya News Agency<\/a>\u00a0\u00bb, ivyo bihe vy\u2019imvura idasanzwe bitegekanijwe kuzoshika hagati y\u2019indwi igira kabiri hamwe n\u2019iya gatatu mu kwezi kw\u2019icumi. Abo mu karere ka Kajiaro bakaba bagabishwa cane ko iyo mvura izobakorako.<\/p>\n\n\n\n<p>Jane Nyagathiri umuyobozi w&nbsp;\u2018ikigo kijejwe gutegekanya ivy\u2019ibirere, amenyesha ko iyo mvura ishobora kuba inkwezi y\u2019ivyiza n\u2019ibibi. Ku bwiwe ngo ishobora gukosora ukugaduka kw\u2019isi na rirya mu minsi iheze aho muri Kenya hari harabaye uruzuba\u2026 Iyo mvura ariko kandi ishobora kwonona ibitari bike nk\u2019ahantu hasanzwe hari amazi canke ibidengeeri vyayo.<\/p>\n\n\n\n<p>Uwo muyobozi rero akagirako ahamagarira abo mu gace ka Kajiaro kwitegurira neza iyo mvura mu gutera ibiti, gusibura imireserege ijejwe gutwara amazi y\u2019imvura kugira ntihabe imyuzurira, gutegekanya ibigega vyo kubikamwo amazi yo gukoresha ibi na biriya,&nbsp;hamwe no kwegera abahinga mu burimyi kugira ngo babasabe impanuro z\u2019ibiterwa boshobora kurima bijanye n\u2019ivyo bihe vy\u2019imvura.<\/p>\n\n\n\n<p>Ivy\u2019iyo mvura <a href=\"https:\/\/www.ifrc.org\/fr\/article\/el-nino-what-it-and-what-does-it-mean-disasters\">El nino<\/a> vyashikirijwe mu gihe mu ngwi iheze Abakuru b\u2019ibihugu n\u2019ama Reta bari bahuriye aho mu gihugu ca Kenya kugira ngo bige ku bijanye n\u2019ihindagurika ry\u2019ibihe.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Mu Rwanda harahagaritswe uwagirizwa kwica abantu<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Uwo munyarwanda w\u2019imyaka 34 yagirizwa ko yishe aranaturira abantu benshi mu nzu yarasanzwe apanze i Kanombe mu buseruko bwa Kigali. Nkukwo tubikesha <a href=\"https:\/\/www.rfi.fr\/fr\/afrique\/20230907-arrestation-d-un-pr%C3%A9sum%C3%A9-tueur-en-s%C3%A9rie-au-rwanda?utm_medium=social&amp;utm_campaign=whatsapp&amp;utm_source=user\">RFI<\/a>, uwo yagirizwa w\u2019izina rya Kazungu Denis ngo yakoresha amayeri mu guhamagara iwe abakora akazi ko kudandaza umubiri akabasopa amaterefone akiba amafaranga abitse ku ma compte yayo materefone imbere yo kubaniga agaca abata mu kinogo kiri aho nyene ku rugo rwiwe.<\/p>\n\n\n\n<p>Nkukwo bivugwa n\u2019ibinyamakuru vyo mu Rwanda, uwo mugabo yoba yarishe abagera kuri cumi kandi ngo yari yarigeze gufatwa muri mukakaro<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Nta visa igisabwa mu migenderanire y\u2019abantu hagati y\u2019ibihugu vya Kongo, Kenya na Tanzaniya<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ivyo ni ibiherutse kwumvikanwako n\u2019ivyo bihugu nkukwo tubisoma mw\u2019<a href=\"https:\/\/www.facebook.com\/proudlyeastafrican\/posts\/pfbid0v1hYS1qkVVhodrhavN3bS88mqRQo5manusSxy8dx3YqbAiE1KR3QM3kWMVB4woBGl\">itangazo<\/a> ry\u2019ibiro vy\u2019umunyamabanga mukuru wa EAC ryo gukeza ivyo bihugu ryasohotse ku wa 08\/09\/2023.\u00a0<\/p>\n\n\n\n<p>Gukuraho ivyo gusaba visa ku banyekongo binjiye muri Kenya canke muri Tanzaniya, co kimwe n\u2019abanya Kenya canke Abatanzaniya baja muri Kongo, biri mu mahangiro y\u2019umuryango w\u2019ibihugu bigize umuryango EAC yo gushiraho ubwigenge mu kwiyunguruza kw\u2019abantu n\u2019ibintu kugira ngo urudandazwa hagati y\u2019ibihugu bigize uwo muryango vyiyongere nkukwo bisanzwe biri mu masezerano ajanye n\u2019isoko rusangi hagati y\u2019ivyo bihugu.<\/p>\n\n\n\n<p>Dr Peter Mathuki, umunyamabanga mukuru wa EAC agahamagarira ibihugu bitarakuraho ingingo yo gusaba visa kubanyamuryango wa EAC bavyinjiramwo ko vyogira vuba bigahamvya ibindi.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Ingabo z\u2019akarere ziri kugarukana umutekano muri Kongo zarongewe amezi atatu<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Mu gihe manda y\u2019izo ngabo yari yitezwe kurangira ku wa 8\/09\/2023, inama yahuje abarongoye ibihugu bigize EAC yabereye i Nairobi iruhande y\u2019iyiyindi nama yari yabahuje ijanye n\u2019ihindagurika ry\u2019ibihe, haratangajwe ko ikiringo c\u2019izo ngabo congerejwe gushika itariki 08\/12\/2023. Ivyo bikaba bishitse mu gihe haherutse kuba imyiyerekano yo kwiyamiriza izo ngabo hamwe n\u2019abasirikare ba ONU bari muri ico gihugu ko ataco bariko barahindura mu guheza intambara, ikaba yaranahitanye ubuzima bw\u2019abantu bagera kuri 43 n\u2019abandi 160 bakomeretse. Iyi nkuru na yo tuyikesha ikinyamakuru <a href=\"https:\/\/www.bbc.com\/gahuza\/articles\/cldg3w52wkvo\">BBC<\/a>.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Muri Uganda, imiti yo gufufahaza umugera wa Sida yaragaburiwe ingurube n\u2019inkoko kandi ngo bishobora kugira ingaruka ku magara y\u2019abafunguye inyama z\u2019ibikoko vyayiriye. Abanya Kenya, abanya Tanzaniya hamwe n\u2019Abanyekongo barashobora kugenderanira ata visa zisabwe,\u2026 Kaze mu makuru yaranze akarere ka EAC mu ndwi yo ku wa 04 gushika ku 10 Nyakanga 2023. Vyatangajwe n\u2019ikigo c\u2019igihugu NDA [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":38,"featured_media":7698,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[591],"tags":[566],"coauthors":[505],"class_list":["post-7696","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-inkuru-zo-mu-karere","tag-amakuru-ya-eac"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7696","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/38"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=7696"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7696\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":7699,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7696\/revisions\/7699"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/7698"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=7696"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=7696"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=7696"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=7696"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}