{"id":7650,"date":"2023-09-05T11:09:26","date_gmt":"2023-09-05T09:09:26","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/?p=7650"},"modified":"2023-10-08T10:44:24","modified_gmt":"2023-10-08T08:44:24","slug":"regideso-ibigega-amazi-bike-cane-ntibishobora-gukwira-igisagara-bujumbura-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/regideso-ibigega-amazi-bike-cane-ntibishobora-gukwira-igisagara-bujumbura-burundi\/","title":{"rendered":"R\u00e9gideso: \u00ab\u00a0Ibigega vy\u2019amazi ni bike cane\u00a0ntibishobora gukwira n\u2019igisagara ca Bujumbura!\u00a0\u00bb"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Ibice 94% vy\u2019amazi akoreshwa mu gisagara ca Bujumbura ava mu kiyaga Tanganyika. <\/strong><strong>Inyubako z\u2019ayo mazi zubatswe mu mwaka wa 1985 zari zagenewe kuzotanga amazi neza gushika mu mwaka wa 2005. Kubera ibihe vy\u2019intambara, ntayandi masoko yubatswe inyuma yaho nico gituma amazi ari make adashobora gukwira abanyagaisagara bose&nbsp;!<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Imyidogo ni myinshi mu benegihugu cane cane abo mugisagara ca Bujumbura aho bavuga ko baronka amazi nabi nabi gushika n\u2019aho hari ama karitiye amwe amwe ashobora kumara nk\u2019indwi yose atan\u2019ima ry\u2019amazi rikorotse. Ivyo rero bigatuma bamwe bamwe bajuragirika cane cane abafise amazu y\u2019uburiro (Restaurant) kuko bitaborohera kuronka amazi bakoresha.<\/p>\n\n\n\n<p>Uko bigenda kose ntibari bwicare, aho rero baca bahitamwo kuvomesha amazi ku mahera aho ibido imwe y\u2019amaritiro 20 igurwa amafaranga ari hagati ya 50 Fbu na 100 Fbu hari n&rsquo;aho ashobora kurenga nko mu bice bimwe bimwe vyo muri zone ya Kanyosha bashobora kuyigura amafaranga 200 Fbu bagiye kuyivomera canke 500 Fbu kuri barya bayavoma ku makinga.<\/p>\n\n\n\n<iframe loading=\"lazy\" src=\"https:\/\/www.facebook.com\/plugins\/post.php?href=https%3A%2F%2Fwww.facebook.com%2FJimbereMagazine%2Fposts%2Fpfbid0b8sE5L4iE7graev8w1Sfen49Ga5xFEPEyitHFCDCorFL3kECdFoNWgJAPTRkEaDTl&#038;show_text=true&#038;width=500\" width=\"500\" height=\"578\" style=\"border:none;overflow:hidden\" scrolling=\"no\" frameborder=\"0\" allowfullscreen=\"true\" allow=\"autoplay; clipboard-write; encrypted-media; picture-in-picture; web-share\"><\/iframe>\n\n\n\n<p><strong>None icikagurika ry\u2019amazi agasakisaki ryoba riva kuki&nbsp;?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Umuyobobozi mukuru w\u2019ishirahamwe Regideso, Jean Albert Manigomba agira ati&nbsp;: \u00ab&nbsp;<em>Ibice 94% vy\u2019amazi akoreshwa mu gisagara ca Bujumbura ni ayava mu kiyaga Tanganyika. Inyubako z\u2019ayo mazi zubatswe mu mwaka w\u20191985, zikaba zari zagenewe kuzotanga amazi meza kandi neza ata ngorane mu kiringo c\u2019imyaka 20 gusa, ni ukuvuga gushika mu mwaka wa 2005. Kuva ico gihe rero nta yindi mihora mishasha yubatswe kiretse imihora itatu gusa&nbsp;: AEP pr\u00e9sidence yubatswe mumwaka wa 2020, Hamwe n&rsquo;isoko ya Rugazi na Mutambu yubatswe mumwaka wa 2022 gusa.&nbsp; Uciye uraba kuva ico gihe gushika muri uyu mwaka turimwo wa 2023, ukaraba ingene igisagara cagutse biraboneka neza ko aya mazi dufise adashobora gukwira namba<\/em>&nbsp;\u00bb.<\/p>\n\n\n\n<p>Nk\u2019uko Manigomba abandanya avyigana ngo n&rsquo;ibihe vy\u2019intambara igihugu caciyemwo vyarabaye intambamyi bituma hadatunganywa ibindi bikorwa vyo kurwiza amasoko y\u2019amazi. Iyindi ngorane yatumye hataba igwizwa ry\u2019amazi harimwo n&rsquo;ingorane z\u2019ubutunzi ishirahamwe Regideso ryagiye riracamwo, kuko hageze igihe umuntu akeneye amazi canke amatara ariwe abanza kwironderera ibikoresho nk\u2019imiringoti n\u2019ibindi vyose vya nkenerwa ariko gushika uyu munsi Manigomba avuga ko ibikoresho bavyifitiye mu bubiko bwabo.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Umuti woba uwuhe kugira ngo amazi aboneke ?<\/strong><\/p>\n\n\n<div class=\"wp-block-image\">\n<figure class=\"alignright size-full is-resized\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2023\/09\/jksdlnljkl.png\" alt=\"\" class=\"wp-image-7653\" style=\"width:333px;height:252px\" width=\"333\" height=\"252\"\/><figcaption class=\"wp-element-caption\"><em>Dr Ir Jean Albert Manigomba, Umuyobozi mukuru wa Regideso<\/em><\/figcaption><\/figure>\n<\/div>\n\n\n<p>Jean Albert Manigomba amenyesha ko ikibazo c\u2019amazi nabo nyene kibahanze kandi kibaraje ishinga\u00a0kuko nabone iyo abanyagihigu basavye amazi bakabura ingene bayabahereza, uyo muyobozi ngo arumva ababaye. Ariko akamenyesha ko bariko baragwana uko bashoboye kwose kugira ngo barabe ko muri uyu mwaka wa 2023-2024 hoboneka amazi akwiye. Ivyo mu kubitegura n\u2019uko amafaranga bateguriye igisata c\u2019amazi muri ya nteguro y\u2019amafaranga reta izokoresha mu mwaka wa 2023-2024 kuva Ishirahamwe Regideso ryabaho ari ubwa mbere kigiyemwo amafaranga menshi cane, kuko bazokoresha amafaranga arenga imiriyaridi 60 mu gisata c\u2019amazi gusa kandi ngo n&rsquo;ibikorwa vyo kuyakwega nko mw\u2019Isoko y\u2019amazi ya Matyazo na Sare biza vyaratanguye, kandi ko gushika mu mpera z\u2019uyu mwaka nyene wa 2023 bazoba bayashikanye. Ivyo navyo bikaba bizogira akarusho cane ku baba mu makaritiye y\u2019uburengero nka Kamenge, Carama n\u2019ahandi, kuko ayo mazi ariho azoshikira.<br><br>Hgati aho, umuyobozi mukuru wa Regideso agira ati: \u00ab <em>Mu kugerageza gutorera inyishu ikibazo c&rsquo;amazi mu minsi ya vuba, tuzotangura no kuyungurura inzuzi zica mu gisagara ca Bujumbura nka Ntahangwa na Kanyosha kugira ngo nazone zizosahirize mu kurwiza umwimbu w&rsquo;amazi ariko ikintu cambere kizofasha cane mu kurwiza amazi ni ikiyaga Tanganyika. Turiko turiga ingene twotunganya amazi ya Tanganyika ku buryo azohereza amazi meza kandi atangorane igisagara ca Bujumbura gushika mu kwaka wa 2060 kandi uwo mugambi ugiye gutangura vuba cane kuko wari gutangura mu mwaka wa 2015 dufashijwe n&rsquo;igihugu ca Pays-Bas ariko kubera ibihano Uburundi bwaciye bufatirwa uwo mugambi waciye uba urahagarara ariko ubu tugiye gusubira kubitunganya<\/em> \u00bb<\/p>\n\n\n\n<p>Manigomba rero amenyesha ko bariko barakora uko bashoboye kose kugira ngo n&rsquo;imiburiburi gushika mu mwaka wa 2030 ikibazo c\u2019amatara n\u2019amazi kizobe catorewe umuti n\u2019imiburiburi gushika k\u2019urugero rwa 80% canke bibaye ngombwa bagashika no ku bice 100% n&rsquo;ubwo abona ko hakiriho intambamyi y\u2019abeneguhugu bataratahura neza umugambi wo kuba mu bigwati rusangi bakareka kuba kure na kure, kuko iyo baba hamwe, inzu zikaba zegeranye, vyoroshe cane kubashikiriza amatara n\u2019amazi kandi mu mwanya muto.<\/p>\n\n\n\n<p>Mu kurindira ko ivyo vyose bishikwako, uyo muyobozi amenyesha ko bagiye gukora ibishoboka vyose mu kuba baragwiza amabombo rusangi mu kurindira ko hagwizwa amazi mu gisagara cose ndetse no mu ntara zo hagati mu gihugu kugira ngo uwuzoyabura mu nzu azoyaronke ku mabombo rusangi.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Ibice 94% vy\u2019amazi akoreshwa mu gisagara ca Bujumbura ava mu kiyaga Tanganyika. Inyubako z\u2019ayo mazi zubatswe mu mwaka wa 1985 zari zagenewe kuzotanga amazi neza gushika mu mwaka wa 2005. Kubera ibihe vy\u2019intambara, ntayandi masoko yubatswe inyuma yaho nico gituma amazi ari make adashobora gukwira abanyagaisagara bose&nbsp;! Imyidogo ni myinshi mu benegihugu cane cane abo [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":7651,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[568],"tags":[635,376],"coauthors":[34],"class_list":["post-7650","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ayagezweho","tag-amazi","tag-regideso"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7650","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=7650"}],"version-history":[{"count":4,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7650\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":7760,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7650\/revisions\/7760"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/7651"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=7650"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=7650"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=7650"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=7650"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}