{"id":7627,"date":"2023-08-22T14:10:14","date_gmt":"2023-08-22T12:10:14","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/?p=7627"},"modified":"2023-10-08T10:43:46","modified_gmt":"2023-10-08T08:43:46","slug":"amakuru-yaranze-eac-myandagaro-kenya-somalie-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/amakuru-yaranze-eac-myandagaro-kenya-somalie-burundi\/","title":{"rendered":"Amasengero 5 muri Kenya yarugawe kubera yatumye abayoboke bagera kuri 400 bicwa n\u2019inzara \u00ab\u00a0kugira baje mw\u2019ijuru\u00a0\u00bb"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Igihugu ca Somalie kigiye kwinjira muri EAC. Abitabiriye ibirori vyo gusozera \u2018Giants of Africa\u2019 barahawe amahirwe yo kuzosangira na Davido na Tiwa Savage. Nayo muri Kenya havugwa abantu barenga 400 bishwe n&rsquo;inzara bariko barisonzesha ngo amasengesho yabo agende neza. Aya n&rsquo;ayandi ni amakuru yaranze EAC mu ndwi yo kuva ku wa 14-20 Myandagaro 2023<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Abantu 427 nibo bamaze kugaragara ko bapfiriye mw\u2019ishamba rya Shakahola, ikibanza umupasitori Paul Machenzie n\u2019abayoboke biwe basengeramwo, abantu bagera kuri 600 nabo bakaba baraburiwe irengero. Umupasitori Paul Machenzie yatanguje idini rya Goodnews International Ministries bivugwa ko ariwe yarafise abayoboke benshi bamukurikiye, ubu akaba ariko arakurikiranwa n\u2019ubutungane ku caha co guhenda abantu kwiyicisha inzara, inkuru dukesha ikinyamakuru <a href=\"Revue%20de%2014%20au%2020%20Myandagaro%202023.docx\">Igihe<\/a><\/p>\n\n\n\n<p>Muri ico gihugu nyene, abanyeshure bahereje muri Kenya barubuye akazi ko kwandikira ibitabu abanyeshure biga mu mahanga hageze ko baheza amashure, babicishije ku buhinga ngurukana bumenyi<\/p>\n\n\n\n<p>Nk\u2019uko bivugwa n\u2019abasanzwe babikora bikandikwa n\u2019ikinyamakuru <a href=\"https:\/\/nation.africa\/kenya\/news\/kenyan-graduates-writing-papers-foreign-students--4328424?fbclid=IwAR2LdGdbac7WEKeNjPOqcrxdhzrEx5icmigjM8Wr8AhIiIZGQ4KekLVmCyM\">Nation<\/a>, uwo mwuga ngo ubinjiriza neza. Umukenyezi Sharon Nekesa yahoze ari umwigisha muri Kenya yarahagaritse kwigisha abimazemwo imyaka itatu aja kwandikira ibitabu abanyeshure biga mu mahanga. Wewe yemeza ko uwo mwuga umwinjiriza incuro zitatu gusumba ayo yahora yinjiza agikora akazi ko kwigisha. Nayo Derrick Omusolo asanzwe afise ishirahamwe rijejwe kwandikira ibitabu vy\u2019abanyeshure biga mu mahanga yigana ko abimazemwo imyaka munani, akaba ashobora kuronka hagati y\u2019umuriyoni&nbsp; n\u2019imiriyoni zitatu z\u2019ama shilling ya Kenya ku kwezi, akemeza ko ayakuramwo ico akeneye akongera agahemba urwaruka rugera kuri 54 bakorana. Ivyigwa birimwo ibiharuro birazimvye gusumba ibindi vyigwa, urupapuro rumwe barwandikira amadorae 25 angana 3.540 mu mashillingi ya Kenya, nayo mu bindi vyigwa ku wubizanye ateba bigasaba ko vyihuta ariha hagati y\u2019amashilling 350 na 400 ku rupapuro rumwe mu gihe iyo bitihuta bariha ayari hagati y\u2019ama shilling 150 na 300 ku rupapuro<\/p>\n\n\n\n<p>Nubwo biri uko, mu gihugu ca Cor\u00e9e du Sud muri Rusama 2022 vyarateye ikibazo kubwo umunyeshure yafashwe yandikiwe igitabo n\u2019umunyakenya. Mu gutuza ubwo busuma, umunyamerika asanzwe akorera ku mbuga ngurukanabumenyi yaratanguje ubuhinga (intelligence artificielle) buzofasha abanyeshure mu kubaronsa impanuro n\u2019ivyiyumviro mu bibazo bazoba bafise vyerekeye ishure<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Somalie igiye kwinjira muri EAC muri uno mwaka nyene\u2026<\/strong><br><br>Mu gihe igihugu ca Somalie catanguye gusaba kwinjira muri uyu muryango w\u2019ibihugu vyo muri Afirica y\u2019ubuseruko kuva 2012, mu kwezi kwa Nzero 2023 niho umugwi wa EAC watangura kwiga neza ibijanye n\u2019ubwo busabe bwa Somalie. Ivyo Vyashikirijwe n\u2019umunyamabanga mukuru wa EAC Peter Mathuki, mu kiganiro yagiraniye n\u2019abamenyeshamakuru i Arusha mu gihugu ca Tanzanie. Tubikesha <a href=\"https:\/\/www.theeastafrican.co.ke\/tea\/news\/east-africa\/somalia-set-to-join-eac-this-year-says-sec-gen-mathuki-4340216\">The East African<\/a><\/p>\n\n\n\n<p>Abandanya amenyasha ko icegeranyo cakozwe n\u2019uwo mugwi cemejwe mu nama y\u2019Abakuru b\u2019ibihugu bigize EAC, iheruka kubera i Bujumbura muri Ruheshi 2023 nayo inama itegekanijwe kuba vuba izobera mu gihugu ca Kenya, kwinjiza igihugu ca Somalie muri EAC bizoba biri kurutonde nyamukuru rwayo<\/p>\n\n\n\n<p><strong>RDC: Umugambwe UNC watanze Perezida Felix Tshisekedi nk\u2019uwuzowuserukira mu matora ya y\u2019Umukuru w\u2019igihugu ategekanijwe kuba muri Kigarama 2023<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Vital Kamerhe arongoye umugambwe UNC (Union pour la Nation Congolaise) niwe yatangaje ko batanze Perezida Felix Tshisekedi mu matora yimirije, aho bari mw\u2019ihuriro rusangi ry\u2019uwo mugambwe i Kinshassa. Kamerhe yamenyesheje ko bahisemwo Tshisekedi kubera ko umugambwe UNC usanzwe uri mu runani rw\u2019imigambwe ishigikiye Tshisekedi, ko bashize aho abanyagihugu benshi bashize. Tubisanga mu kinyamakuru <a href=\"https:\/\/igihe.com\/amakuru\/muri-afurika\/article\/rdc-ishyaka-unc-rya-vital-kamerhe-ryatanze-tshisekedi-nk-umukandida-mu-matora\">Igihe<\/a><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Rwanda : Abitabiriye ibirori vyo gusozera \u2018Giants of Africa\u2019 barahawe amahirwe yo kuzosangira na Davido na Tiwa Savage<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p><a href=\"https:\/\/shorturl.at\/rKLX4\">Ibirori<\/a> vya Giants of Africa vyamaze indwi yose biriko bibera i Kigali. Ku munsi wo gusozera ivyo birori, abafana bashitse imbere yuko igiteramo gitangura isaha indwi (13 h) muri BK Arena, bararonkejwe amahirwe yo guhiganwa itike yo gusangira, kuyaga ndetse no kwifotozanya n\u2019abaririmvyi bavuye mu mahanga aribo Davido na Tiwa Savage. &nbsp;Mwomenya kandi ko ico giteramo citabiriwe n\u2019abantu isinzi harimwo na Perezida Paul Kagame, kikaba caremeshejwe na Davido, Tiwa Savage, Tyla na Bruce Melodie<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Igihugu ca Somalie kigiye kwinjira muri EAC. Abitabiriye ibirori vyo gusozera \u2018Giants of Africa\u2019 barahawe amahirwe yo kuzosangira na Davido na Tiwa Savage. Nayo muri Kenya havugwa abantu barenga 400 bishwe n&rsquo;inzara bariko barisonzesha ngo amasengesho yabo agende neza. Aya n&rsquo;ayandi ni amakuru yaranze EAC mu ndwi yo kuva ku wa 14-20 Myandagaro 2023 Abantu [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":7631,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[591],"tags":[566,581,633],"coauthors":[34],"class_list":["post-7627","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-inkuru-zo-mu-karere","tag-amakuru-ya-eac","tag-kenya","tag-somalie"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7627","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=7627"}],"version-history":[{"count":3,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7627\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":7633,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7627\/revisions\/7633"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/7631"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=7627"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=7627"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=7627"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=7627"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}