{"id":7611,"date":"2023-08-16T10:10:58","date_gmt":"2023-08-16T08:10:58","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/?p=7611"},"modified":"2023-08-16T16:51:51","modified_gmt":"2023-08-16T14:51:51","slug":"amakuru-yaranze-eac-world-bank-uganda-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/amakuru-yaranze-eac-world-bank-uganda-burundi\/","title":{"rendered":"Amakuru yaranze EAC mu ndwi yo ku wa 07-13 Myandagaro 2023"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Uganda: integuro y\u2019itegeko rigenga amafaranga ya Reta rizosubirwamwo inyuma y\u2019ibihano vy\u2019ibanki y\u2019isi<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Kubera gushiraho ibihano bishobora kugera ku munyororo wo guherayo ku bafashwe bahuje ibitsina babisangiye, igihugu ca Uganda carafatiwe ibihano n\u2019ibanki y\u2019isi mu ndwi irangiye vyo guhagarika amafaranga yose ico gihugu categekanya kuzohabwa. Itangazo rimenyesha ivyo bihano risigura ko iyo banki itobandanya ishigikira ico gihugu mu gihe itizeye ko imigambi izoba ishigikiwe atari iyikumira abagira imigirwa itandukanye ijanye no guhuza ibitsina ku babisangiye.<\/p>\n\n\n\n<p>Yamara Perezida Yoweri Museveni we ati: \u00abIgihugu kirafise ayandi mikoro kandi kizogerageza kugabanura ingurane cahora gifata.\u00bb\u00a0Nkukwo vyandikwa na <a href=\"https:\/\/www.rfi.fr\/en\/africa\/20230811-ugandan-leader-defiant-after-world-bank-cuts-off-loans-over-anti-lgbtq-law\">RFI<\/a>, Museveni amenyesha ko Uganda isanzwe ifise umugambi wo kwimbura igitoro uzotangura mu 2025 kandi ngo aranizera ko ibanki y\u2019isi ishobora guhindura ikisubirako. Ubundi bwo ngo igihugu ciwe ntikirota giha ikibanza uwo mugirwa utitura imico.<\/p>\n\n\n\n<p>Mu kurindira ivyo vyose rero, ngo hazoba harasubirwamwo integuro igenga amafaranga Reta yari yateguye gukoresha uno mwaka. Ni mu gihe kugeza ubu ibahasha ry\u2019iyo banki rishigikira imigambi itandukanye muri ico gihugu yagera ku miriyaridi 5,2 z\u2019amadorare.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Urwaruka 250 rwo mu bihugu bitandukanye mw\u2019isabukuru Giants of Africa i Kigali<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>\u00ab&nbsp;Giants of Africa Festival&nbsp;\u00bb ni isabukuru ritegurwa n\u2019ishirahamwe \u00ab&nbsp;Giants of Africa&nbsp;\u00bb rigahuza cane cane urwaruka mu kiringo c\u2019indwi yose haba inkino, inyigisho, ibirori bijanye n\u2019imico kama hamwe n\u2019ukwidagadura.&nbsp;&nbsp;&nbsp;<\/p>\n\n\n\n<p>Iryo sabukuru ryuguruwe kw\u2019igenekerezo rya 13 Mukakaro ryahuriranye n\u2019imyaka 20 ishirahamwe Giants of Africa (GOA) rimaze ribayeho. Mw\u2019ijambo ryiwe, Masai Ujiri arongoye GOA ati: \u00ab&nbsp;iyi myaka 20 yatugendeye neza cane mw\u2019iterambere ry\u2019inkino muri Afrika. Uko tubona urwaruka uyu munsi, biragaragaza neza ishusho yo mu myaka 20 iri imbere. Nta kibuza ko natwe tuzoronka ihiganwa ryacu muri Afrika.&nbsp;\u00bb<\/p>\n\n\n\n<p>Prezida Paul Kagame yari yitabiriye ivyo birori we yahamagariye urwo rwaruka kwunga ubumwe no gukomeza ubucuti kinyafrika&nbsp;abicishije mu gutanga akarorero ku mamuko n\u2019amaramuko atandukanye yiwe n\u2019ay\u2019Umutambukanyi wiwe&nbsp;ati :&nbsp;\u00abJe navukiye mu Rwanda ariko nkurira i Buganda. Umupfasoni wanje yavukiye mu Burundi hama tuza guhurira ku ncuro ya mbere mu gihugu ca Kenya. Bisigura ko Abanyafrika turi bamwe, tuvukana.&nbsp;\u00bb&nbsp;<\/p>\n\n\n\n<p>Nkukwo tubikesha <a href=\"https:\/\/www.newtimes.co.rw\/article\/9897\/entertainment\/showbiz\/how-the-giants-of-africa-opening-ceremony-unfolded\">TheNewTimes<\/a> kw\u2019isonga ry\u2019urwaruka ruva mu bihugu bigera kuri 16 rwitabiriye rwongera ruza kuryosha ivyo birori harimwo abaririmvyi Davido wo muri Nigeria, Diamond (Tanzania), Bruce Melodie wo muri ico gihugu nyene, Umuyobozi w\u2019ihiganwa ry\u2019urukino rwa Basket \u00ab\u00a0BAL\u00a0\u00bb, n\u2019abandi.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Kenya&nbsp;: ku musegonda umwe gusa, amafaranga arenga 55.000 Fbu arakoreshwa mu nkino zo gutomboza<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Nkukwo biri mu cegeranyo dukesha ikinyamakuru <a href=\"https:\/\/nation.africa\/kenya\/business\/kenya-s-betting-craze-sh2-806-bets-per-second-and-rising--4333914\">Nation<\/a>, hagati ya Mukakaro 2022 na Ruheshi 2023, Abanyakenya ngo barakoresheje amafaranga ateye ubwoba agera ku miriyaridi z\u2019amashiringi 88,5. Aho rero ngo ni mu gutomboza baciye ku muhora ngurukanabumenyi gusa.<\/p>\n\n\n\n<p>Ugabanganije ayo mafaranga yose, uza gusanga muri ico gihugu hakoreshwa amashiringi 2.806 (kurenga 55.000 Fbu) buri musegonda mu gukina ivyo gutomboza. Gutyo rero, ibijanye n\u2019iyo mikino ngo bihakwa kunganya n\u2019isoko ry\u2019imitahe \u00ab&nbsp;Bourse de Nairobie&nbsp;\u00bb yinjiza imiriyaridi z\u2019amashiringi zigera kuri 94.<\/p>\n\n\n\n<p>Ku bituma abantu baguma bijukira iyo mikino nubwo akenshi ataco bayinobamwo ugereranije n\u2019amafaranga bakoresha, umuhinga muvy\u2019inyifato yavuganye na Nation avuga ko bitangura bene kubikora babigira nko kwinezereza canke kugerageza amahirwe yo gutunga bitabagoye hama bigaheza bikabaviramwo kamere. Benshi rero ngo usanga vyarabatwaye umutwe ku buryo n\u2019ukubibakuramwo atari ikintu coroshe namba.<\/p>\n\n\n\n<p>Mu nteguro igenga amafaranga Reta ya Kenya iriko irakoresha muri uno mwaka, iyo mikino ikaba iri muvyongererejwe cane amatagisi abitozwako.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Uganda: integuro y\u2019itegeko rigenga amafaranga ya Reta rizosubirwamwo inyuma y\u2019ibihano vy\u2019ibanki y\u2019isi Kubera gushiraho ibihano bishobora kugera ku munyororo wo guherayo ku bafashwe bahuje ibitsina babisangiye, igihugu ca Uganda carafatiwe ibihano n\u2019ibanki y\u2019isi mu ndwi irangiye vyo guhagarika amafaranga yose ico gihugu categekanya kuzohabwa. Itangazo rimenyesha ivyo bihano risigura ko iyo banki itobandanya ishigikira ico [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":38,"featured_media":7613,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[591],"tags":[566],"coauthors":[505],"class_list":["post-7611","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-inkuru-zo-mu-karere","tag-amakuru-ya-eac"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7611","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/38"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=7611"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7611\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":7615,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7611\/revisions\/7615"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/7613"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=7611"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=7611"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=7611"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=7611"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}