{"id":7600,"date":"2023-08-07T21:57:13","date_gmt":"2023-08-07T19:57:13","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/?p=7600"},"modified":"2023-08-08T12:26:02","modified_gmt":"2023-08-08T10:26:02","slug":"ibipimo-kumenya-se-umwana-wamaraso-birateye-umutima-uhagaze-uganda-adn-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/ibipimo-kumenya-se-umwana-wamaraso-birateye-umutima-uhagaze-uganda-adn-burundi\/","title":{"rendered":"Ibipimo vyo kumenya se w\u2019umwana w\u2019amaraso birateye umutima uhagaze muri Uganda"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Mu gihugu ca Uganda ibitigiri vy\u2019abagabo bashaka ko bakorerwa ibipimo kwa muganga kugira bamenye nimba vy\u2019ukuri ari ba se w\u2019abana babo bibandanya kwiyongera. Hari ubwoba bw\u2019uko ingo zishobora gusambuka mbere n\u2019abana bakaba bohungabana mu bwenge. Aya hamwe n\u2019ayandi ni mu makuru yaranze indwi yo ku wa 31 Mukakaro gushika ku 6 Myandagaro 2023.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ivyo kugirirwa ibipimo vyo kumenya nimba umugabo ariwe se w\u2019abana biriko biravugisha benshi inyuma y\u2019aho hari umugabo w\u2019umugwizatunga yari afise abagore benshi, aho yagiranye ikibazo n\u2019umwe mu bagore biwe bituma aca asaba ibipimo vyo kwa muganga vyo kumenya nimba ari we se w\u2019abana. Amakuru avuga ko uwo mugabo ari se w\u2019amaraso w\u2019abana 15 gusa mu bana biwe 25 bose hamwe.<\/p>\n\n\n\n<p><a href=\"https:\/\/shorturl.at\/osxIW\">Iyo nkuru yarakwirakwiye hirya no hino mu Buganda<\/a>, n\u2019ubwo uwo mugabo w\u2019umugwizatunga\u00a0 n\u2019umuryango wiwe ata co bayivuzeko. Ariko abashingamateka bamaze kwumva izo nkuru ngo baciye basaba bashimitse ko abagabo boreka gushira imiryango n\u2019abana babo mu bipimo bituma bagira ihungabana.<\/p>\n\n\n\n<p>Ivyo biri ukwo mu gihe umuvugizi w\u2019umushikiranganji w\u2019umutekano muri ico gihugu yavuze ko habaye ukwiyongera hagati mu kwezi kwa Mukakaro, aho ibitigiri vy\u2019abasaba kwipimisha kugira bamenye ko abana ari ababo vyerekana ko vyigwije incuro 10, kuko bahora bakira nk\u2019abantu 10 ku munsi ariko ibitigiri vyari bigeze ku bantu 100 ku munsi<\/p>\n\n\n\n<p>Umushikiranganji ajejwe ibijanye n\u2019amabuye y\u2019agaciro &nbsp;we yavuze ko abanyagihugu ba Uganda bokwemera kubaho nk\u2019uko abasokuru babo babaho. Ati&nbsp;: \u00ab&nbsp;Umwana avukiye mu nzu yawe ni umwana wawe.&nbsp;\u00bb<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Tanzaniya&nbsp;: abantu 691 baciriwe urwo gupfa basaba ko bobanyarukiriza bakanyongwa<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Mu mabohero ari mu gihugu ca Tanzaniya ngo hari abapfungwa benshi baciriwe urubanza rwo kumanikwa bakicwa. Ariko bamwe bakavuga ko baruhishijwe no kuguma barindiriye kumanikwa ngo bicwe kubera ko Umukuru w\u2019igihugu aratera umukono wo kwemeza ko ico gihano bogihabwa bakamanikwa.<\/p>\n\n\n\n<p>Ibiharuro biva mu mabohero ari mu gihugu ca Tanzaniya vyerekana ko hari abapfungwa 691 barindiriye ko igihano co kwicwa bamanitswe coshirwa mu ngiro. Bakavuga ko haheze imyaka mirongo itatu\u00a0 ico gihano bataragihabwa. Ariko amakuru ava mu burongozi akavuga ko babaye barahagarika ivyo bihano kandi ko ico gihano co kumanikwa cosubirirwa n\u2019ico gufungwa uwo guherayo, <a href=\"https:\/\/shorturl.at\/diJQ8\">nk\u2019uko tubisoma ku kinyamakuru TBConline<\/a><\/p>\n\n\n\n<p><strong>RDCongo: gusubiranamwo kwa Wazalendo kwatumye abantu barenga ibihumbi 10 bata izabo<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Muri RDCongo abanyagihugu bo mu karere ka Masisi mu ntara ya Kivu ya ruguru baradurumbanijwe n\u2019indyane ziri hagati y\u2019imigwi APCLS&nbsp; na Nyatura yompi yiyita Wazalendo.&nbsp; Iyo migwi yahora isenyera ku mugozi umwe mu gufasha ingabo za Reta kurwanya M23, yasubiranyemwo bituma abanyagihugu bagera ku bihumbi 10 bata ingo zabo.<\/p>\n\n\n\n<p>Abariko barahunga baja kwiyongera ku bandi banyagihugu bari mu makambi yo hafi ya Goma arimwo abantu barenga ibihumbi mirongo itanu, <a href=\"https:\/\/shorturl.at\/jwGV0\">nk\u2019uko tubisoma ku kinyamakuru BBC<\/a>.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Kaminuza y\u2019Urwanda yarakiriye abanyeshure 160 bavuye muri Sudani<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ku banyeshure 200 bitezwe, 160 barakiriwe mu Rwanda mu gisata c\u2019ubuvuzi bavuye i Khartoum muri Sudani. Inyubakwa bahora bigiramwo mu gihugu ca Sudani zimwe zarasambuwe izindi zirafatwa n\u2019Umugwi w\u2019abagwanyi b\u2019iterabwo FSF (Rapide Support Forces). Abo banyeshure bagiye mu Rwanda bari kumwe na bamwe mu bigisha n\u2019abavyeyi babo.<\/p>\n\n\n\n<p>Imbere yuko abo banyeshure bashika, abigisha babo bari babanje gushika mu Rwanda kuraba ingene amashure azobakira yubatse n\u2019ibikoresho biyarimwo, bakaba basanze hatunganijwe neza cane kuburyo bubereye kwakira abanyeshure. Abo banyeshure bakazomara amezi 8 biga bongera banakora ibibazo. Kandi bakaba bazoca banahabwa impapuro z\u2019imitsindo, kubera ko bari basanzwe biga mu mwaka wa nyuma wo kurangiza amashure, <a href=\"https:\/\/shorturl.at\/CP589\">nk\u2019uko tubisoma ku kinyamakuru Rwanda News Agency<\/a>.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Mu gihugu ca Uganda ibitigiri vy\u2019abagabo bashaka ko bakorerwa ibipimo kwa muganga kugira bamenye nimba vy\u2019ukuri ari ba se w\u2019abana babo bibandanya kwiyongera. Hari ubwoba bw\u2019uko ingo zishobora gusambuka mbere n\u2019abana bakaba bohungabana mu bwenge. Aya hamwe n\u2019ayandi ni mu makuru yaranze indwi yo ku wa 31 Mukakaro gushika ku 6 Myandagaro 2023. Ivyo kugirirwa [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":7601,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[591],"tags":[622,623],"coauthors":[189],"class_list":["post-7600","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-inkuru-zo-mu-karere","tag-adn","tag-uganda"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7600","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=7600"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7600\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":7603,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7600\/revisions\/7603"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/7601"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=7600"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=7600"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=7600"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=7600"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}