{"id":7595,"date":"2023-07-24T20:34:19","date_gmt":"2023-07-24T18:34:19","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/?p=7595"},"modified":"2023-08-08T12:25:58","modified_gmt":"2023-08-08T10:25:58","slug":"museveni-muhoozi-baritwariwe-sentare-mpuzamakungu-haye-eac-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/museveni-muhoozi-baritwariwe-sentare-mpuzamakungu-haye-eac-burundi\/","title":{"rendered":"Perezida Museveni n\u2019umuhungu wiwe Muhoozi baritwariwe muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha, y\u2019i La Haye"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Perezida wa Uganda n\u2019umuhungu wiwe Muhoozi bagirizwa ivyaha vyo gusinzikariza ubuzima abatavuga rumwe nabo muri ico gihugu, bakaba baritwariwe muri Sentare mpuzamakungu mpanavyaha ICC y\u2019i La Haye. Aya n\u2019ayandi ni mu makuru yaranze indwi irangiye yo kuva ku wa 17\/07\/2023 gushika ku wa 23\/07\/2023.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Umushingwamanza Bruce Afran Ngwamanza aba i Princeton New Jersey muri Reta zunze ubumwe za Amerika niwe yatanze ibirego bishasha hagati muri uku kwezi kwa Mukakaro muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha, ICC y\u2019i La Haye.<\/p>\n\n\n\n<p>Uyo mushingwamaza asaba sentare kugira amatohoza ku bivugwa ko abajejwe umutekano muri Uganda, harimwo umukuru w\u2019igisirikare (UPDF), Perezida Yoweri Museveni hamwe n\u2019umuhungu wiwe Muhoozi basinzikarije ubuzima abo batavuga rumwe n\u2019ubutegetsi mu bibanza vyinshi vy\u2019ibanga. Inkuru zivuga ko abantu barenga 200 basinzikarijwe ubuzima muri ubwo buryo, <a href=\"https:\/\/urlz.fr\/mQEM\">nk\u2019uko tubisoma ku kinyamakuru BBC<\/a>.<\/p>\n\n\n\n<p>Umucamanza mukuru Kiryowa Kiwanuka akavuga ko naho Reta ya Uganda itarahabwa urwandiko rw\u2019ivyo birego, ingingo yo kwitura sentare mpuzamakungu mpanavyaha ngo ntiyari ikenewe. Ati&nbsp;:&nbsp;\u00ab&nbsp;ICC ni sentare ya nyuma ica imanza zivuye mu bihugu biyigize mu gihe zitaracibwa canke iyo ivyo bihugu bidashobora guca izo manza.&nbsp;Rero ingingo yo kwitura iyo sentare si ngombwa. \u00bb<\/p>\n\n\n\n<p><strong>RDC&nbsp;: abarinda Tshisekedi baragiye mu mabarabara ya Kinshasa biyereka abanyagihugu<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Abasirikare bari mu mugwi urinda umutekano wa Perezida wa RDCongo Felix Tshisekedi biriwe ku wa 22 Mukakaro mu mabarara y\u2019umurwa mukuru Kinshasa biyereka abanyagihugu&nbsp; babizeza ko bafise ubushobozi bwo kurinda umutekano.<\/p>\n\n\n\n<p>Ivyo rero bibaye mu gihe hasigaye iminsi mike ngo ico gihugu cakire inkino zihuza ibihugu bigize umuryango wa Francophonie, mu gihe mu gisagara ca Kinshasa no mu bindi bice vy\u2019igihugu havugwa umutekano muke.<\/p>\n\n\n\n<p>Rero <a href=\"https:\/\/urlz.fr\/mQET\">nk\u2019uko tubisoma ku kinyamakuru Igihe<\/a>, kwiyerekana kw\u2019abo basirikare bifise intumbero yo kwizeza abanyagihugu ko umutekano muri Kinshasa ucunzwe neza narirya ari bo bazoba bawushinzwe mu nkino za Francophonie.<\/p>\n\n\n\n<p>Ariko uko kwiyerekana hari ababibonye nk\u2019ukwiyemera mu gihe mu buseruko bw\u2019ico gihugu hakiri igice kiri mu maboko y\u2019umugwi witwaje ibigwanisho wa M23 igisirikare ca Reta cananiwe kubakuraho.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Urwanda na RDC bibandanya gushamirana<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Reta y\u2019Urwanda isaba RDC kwirinda urwitwazo urwo ari rwo rwose rwo kugaba igitero ku butaka bwarwo.<\/p>\n\n\n\n<p>Ibiro vy\u2019umuvugizi wa Reta y\u2019Urwanda bivuga ko RDC ifise ihangiro ryo kwagiriza inabi Urwanda no gutegura igitero ku butaka bwarwo, mu gihe igisirikare ca FADRC kibandanya gushigikira, guha ibigwanisho no gufatanya mu ngwano n\u2019umugwi witwaje ibigwanisho wa FDLR.<\/p>\n\n\n\n<p>Urwanda rwo ruvuga ko ruzobandanya kugwiza uburyo bwo gucunga ikirere n\u2019umupaka, kandi ko ruzirinda abazoshaka kujana intambara yo mu buseruko bwa RDCongo mu Rwanda. Ivyo rero Urwanda rubivuze inyuma yaho bivugwa ko igisirikare ca RDC casohoye itangazo rivuga ko Urwanda rwoba rwatangaje ko rwitegurira kurungika abasirikare muri Kongo kubera ko imigwi yitwaje ibigwanisho ya FDLR\/FOCA yoba iriko yitegurira gutera Urwanda. Umuvugizi wa FARDC we amenyesha ko nibaterwa bazivuna ata bwoba <a href=\"https:\/\/urlz.fr\/mQF0\">nk\u2019uko vyandikwa n\u2019Ijwi rya Amerika (VOA)<\/a><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Tanzaniya ifise umugambi wo guhingura imiduga na za bajaji zidakenera \u2018abadereva\u2019\u2026<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Mu ntumbero yo guteza imbere igisata c\u2019ubuhinga mu guhingura ibintu, Tanzaniya yaratumiye amashirahamwe 15 akomeye mu bijanye n\u2019ubuhinga yo mu Misiri mu ntumbero yuko mu myaka mike iza ico gihugu kizoba catanguye gukora imiduga na za bajaji zikoreshwa umuyagankuba kandi zidakenera umudereva.<\/p>\n\n\n\n<p>Umuyobozi mukuru w\u2019igisata c\u2019ubuhinga (technologie) muri Tanzaniya mu kiganiro co ku wa 18 Mukakaro 2023 yagiranye n\u2019abanyamitahe b\u2019i Zanzibar n\u2019abari bavuye mu Misiri yamenyesheje ko Tanzaniya ifise abahinga benshi. Agira ati\u00a0:\u00a0<em>\u00ab\u00a0Hari amashirahamwe afise ubuhinga bukomeye azofasha gukora imiduga izokoreshwa n\u2019umuyagankuba. \u00a0Kandi hari abamaze kwemeza ko ivyo bizoshoboka. Rero ayo mashirahamwe 15 aje mu ntumbero yo kubandanya gushira mu ngiro uwo mugambi\u00a0\u00bb, <\/em><a href=\"https:\/\/urlz.fr\/mQF9\">nk\u2019uko tubisoma ku kinyamakuru Mwananchi<\/a><\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Perezida wa Uganda n\u2019umuhungu wiwe Muhoozi bagirizwa ivyaha vyo gusinzikariza ubuzima abatavuga rumwe nabo muri ico gihugu, bakaba baritwariwe muri Sentare mpuzamakungu mpanavyaha ICC y\u2019i La Haye. Aya n\u2019ayandi ni mu makuru yaranze indwi irangiye yo kuva ku wa 17\/07\/2023 gushika ku wa 23\/07\/2023. Umushingwamanza Bruce Afran Ngwamanza aba i Princeton New Jersey muri Reta [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":7597,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[591],"tags":[566,605],"coauthors":[189],"class_list":["post-7595","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-inkuru-zo-mu-karere","tag-amakuru-ya-eac","tag-yoweri-museveni"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7595","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=7595"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7595\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":7598,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7595\/revisions\/7598"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/7597"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=7595"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=7595"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=7595"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=7595"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}