{"id":7586,"date":"2023-07-23T12:34:59","date_gmt":"2023-07-23T10:34:59","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/?p=7586"},"modified":"2023-10-08T10:43:38","modified_gmt":"2023-10-08T08:43:38","slug":"ukwisiramuza-ugukora-isuku-ugushaza-urukingo-amagara-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/ukwisiramuza-ugukora-isuku-ugushaza-urukingo-amagara-burundi\/","title":{"rendered":"Ukwisiramuza kwoba ari ugukora isuku, ugushaza canke ni urukingo ?"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Hari abemeza ko kugenyera igitsina c\u2019umwana w\u2019umuhungu bikenewe cane mw\u2019isuku ryiwe&nbsp;abandi bakabona ko atari ngombwa mu gihe akorera isuku&nbsp;igihimba c\u2019irondoka ciwe neza. Twaregereye abana b\u2019abahungu batandukanye ndetse n\u2019abaganga turegeranya umuco kuri ivyo.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Kugenyera ni igikorwa co gukura agashato kaba gapfutse umutwe w\u2019igitsina c\u2019umuhungu<strong>. <\/strong>Ku ruhande rw\u2019abagenyerewe, bamwe bavuga ko babikoze kubera ugutinya ingaruka mbi zifatiye kw\u2019isuku rike, abandi ngo babibakoreye bataraca ubwenge, bamaze gukura batangazwa n\u2019uko biravye babona ibihimba vyabo bidasa n\u2019ivy\u2019abandi. Uko biri kwose, aba bisiramuje bemeza ko basa n\u2019abeze akabi, nako ngo ntibagihumanye, no mu gihe c\u2019imibonano mpuzabitsina ngo ntibihuta gucishwamwo ijisho, kiretse intanga zibiyatse bagasohora vuba\u2026<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Ukwisiramuza gupfana iki n\u2019ugukora isuku?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Inyishu ntizitangwa kumwe &nbsp;hagati y\u2019abamaze kwigenyereza n\u2019abatarabikora. Twarayaze n\u2019iyo mice ibiri. Uwa mbere ni uw\u2019abatarisiramuza. Aba baremeza ko hari utuntu tw\u2019uducafu tugomba kwera ahandi na ho tukagomba gusa n\u2019umuhondo , tw\u2019agahumuro kabi basanga twigobetse musi y\u2019igishishwa c\u2019igihimba c\u2019irondoka, bikabagora &nbsp;kutwoza bakamana umwitwarariko wo kwama bahafukura ngo bahahanagure.<\/p>\n\n\n\n<p>&nbsp;Pierre Ngendanzi (Izina ryahinduwe), umwe mu batarisiramuza twayaze, w\u2019imyaka 16, yagize ati: \u201d <em>Ndagerageza kwisukura ariko iminsi yose iyo ngiye kwoga birangora cane ndetse bimfata umwanya wo kubanza kwoga ibindi bihimba vy\u2019umubiri hanyuma igihimba c\u2019irondoka nkaja kugifatira umwanya mu nyuma. Biramfatira cane iyo ngomba nje mu vyigwa, rimwe na rimwe bikanancereza iyo ntitanguye ngo mbikore kare. Nubwo ntarisiramuza, isuku rirakunda, usivye ivyo mvuze, nta kindi bintwaye\u2026 <\/em>\u201d<\/p>\n\n\n\n<p>Mu gihe bitoroshe kuronka uwemanga ko atarisiramuza, Gaspard Mutama (uwisiramuje), we, yemeza, ata kurya umunwa canke ngo yongorere, ko ariko aroga, ageze ku gitsina ata biharuro vyinshi arinda gukora. Ngo yisukira amazi nk\u2019uko yoza ibindi bihimba nk\u2019amaguru, amaboko n\u2019ibindi. &nbsp;Uwo muyabaga asanzwe yiga mu mwaka w\u2019umunani amenyesha ko yabikorewe ataraca ubwenge ariko arashimira abavyeyi bamukurikiranye hakiri kare, ngo biramuhesha n\u2019agateka ari mu bandi banyeshure mu kutinubwa, nk\u2019uko abishikiriza<\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-embed is-type-wp-embed is-provider-jimbere wp-block-embed-jimbere\"><div class=\"wp-block-embed__wrapper\">\n<blockquote class=\"wp-embedded-content\" data-secret=\"QsgitXrZyd\"><a href=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/kwisiramuza-bisaba-gushinyiriza-birakenewe-cane-amagara-burundi\/\">\u00ab Nubwo kwisiramuza bisaba gushinyiriza, birakenewe cane \u00bb<\/a><\/blockquote><iframe loading=\"lazy\" class=\"wp-embedded-content\" sandbox=\"allow-scripts\" security=\"restricted\" style=\"position: absolute; clip: rect(1px, 1px, 1px, 1px);\" title=\"\u00ab\u00a0\u00ab Nubwo kwisiramuza bisaba gushinyiriza, birakenewe cane \u00bb\u00a0\u00bb &#8212; Jimbere\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/kwisiramuza-bisaba-gushinyiriza-birakenewe-cane-amagara-burundi\/embed\/#?secret=prfpHE7nf6#?secret=QsgitXrZyd\" data-secret=\"QsgitXrZyd\" width=\"600\" height=\"338\" frameborder=\"0\" marginwidth=\"0\" marginheight=\"0\" scrolling=\"no\"><\/iframe>\n<\/div><\/figure>\n\n\n\n<p><strong>Abajejwe amagara y\u2019abantu babivugako iki?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Martin Jambonimana umuvuzi wo kw\u2019ivuriro Saint Michel yasiguye ati:\u201d <em>Ni vyo, burya kugenyera umwana w\u2019umuhungu biratuma igihimba c\u2019irondoka ciwe kidakunda guterwa n\u2019ubucafu eka mbere no mu gihe c\u2019ugukora isuku&nbsp; bikoroha cane<\/em>.\u201d<\/p>\n\n\n\n<p>Amenyesha ko hari n\u2019aho umutwe w\u2019igitsina ushobora kujako utuguma, n\u2019uducafu tukinjira, ubwandu bwo mu mukoyo n\u2019ibindi. Mw\u2019ico gihe ku mwana yagenyerewe vyibonekeza n\u2019ingoga tukavurwa hakiri kare ariko umutwe ubaye&nbsp; ugipfutswe na ka gashato umwana aguma ababarira imbere, hagera igihe c\u2019isuku akababwa, no kutuvura bikagorana\u201d<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Kwitaho igikomere inyuma yo kugenyerwa<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Philippe Niyo (Izina ryahinduwe), ni umusore yigenyereje afise imyaka 19. Ngo igihe yisiramuza atarakira, yarondera agatambara katagumaraye kugira ntikamutoneke agaheza akakabohesha bukebuke ku gitsina ciwe gahorogahoro kugira ntababare akabona kucuhagira<em>:\u201d Naho igikomere cari kikiri gishasha, sinigeze ngirira isuku kwa muganga , nabifashwamwo n\u2019abagenzi ariko amazi ankorokeye ku kiguma vyarambabaza cane nkabura iyo ndagikwirwa<\/em>\u201d<\/p>\n\n\n\n<p>Nta n\u2019umwe mu bo twayaze yashimye ko tuvuga izina ryiwe, ariko uwu we avuga ko nubwo imisonga itabuze kubaho, ngo yabandanije kuja kwa muganga nk\u2019uko yari yabibwiwe&nbsp; na Muganga kandi abavuzi ngo barakurikiranye ikiguma gushika akire neza, ubu aravyishimira cane.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Gute uwutaragenyerwa yokora isuku mu buryo bubereye?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Si ukwisukako amazi ku mubiri hanyuma akihanagura akaba arahejeje. Muganga Martin Jambonimana amenyesha ko igihe cose umuhungu atagenyereye agiye kwiyuhagira, yomera nk\u2019uwukwega buhorobuhoro agasato gapfutse umutwe w\u2019igitsina ciwe amera nk\u2019uwukikwegerako, uno mutwe ukaja ahabona hanyuma agasukako amazi akuhagira neza ubucafu buriyo agaheza agapfuka.<\/p>\n\n\n\n<p>Naho biri uko, abajejwe amagara y\u2019abantu batandukanye barahanurira umwana w\u2019umuhungu kwisiramuza kuko ata co bimwicira. \u201c<em>Usivye ko ari uburyo bwo kugira isuku uwabikoze aba yikingiye ubwandu bw\u2019ingwara zifatira mu bihimba vy\u2019irondoka (IST) ku rugero rushika ibice 60%.<\/em>\u201d<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Hari abemeza ko kugenyera igitsina c\u2019umwana w\u2019umuhungu bikenewe cane mw\u2019isuku ryiwe&nbsp;abandi bakabona ko atari ngombwa mu gihe akorera isuku&nbsp;igihimba c\u2019irondoka ciwe neza. Twaregereye abana b\u2019abahungu batandukanye ndetse n\u2019abaganga turegeranya umuco kuri ivyo. Kugenyera ni igikorwa co gukura agashato kaba gapfutse umutwe w\u2019igitsina c\u2019umuhungu. Ku ruhande rw\u2019abagenyerewe, bamwe bavuga ko babikoze kubera ugutinya ingaruka mbi zifatiye [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":33,"featured_media":7588,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[203],"tags":[391,621],"coauthors":[231],"class_list":["post-7586","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-amagara","tag-amagara","tag-kugenyera"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7586","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/33"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=7586"}],"version-history":[{"count":3,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7586\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":7593,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7586\/revisions\/7593"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/7588"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=7586"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=7586"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=7586"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=7586"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}