{"id":7574,"date":"2023-07-19T16:41:03","date_gmt":"2023-07-19T14:41:03","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/?p=7574"},"modified":"2023-08-08T12:25:48","modified_gmt":"2023-08-08T10:25:48","slug":"musee-vivant-ikigo-iratiro-gahinda-ingenzi-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/musee-vivant-ikigo-iratiro-gahinda-ingenzi-burundi\/","title":{"rendered":"Mus\u00e9e Vivant\u00a0: ikigo c\u2019iratiro kiri mu gahinda\u2026"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Ikibanza c\u2019iratiro c\u2019i Bujumbura Mus\u00e9e Vivant cobwirijwe kuba igikwega ingezi, gihurumbirwa na bose gutyo kikinjiza amafaranga menshi. Ariko aho kuba ikibanza c\u2019iratiro ni ikibanza kigwaye, kidashigikiwe, kitagira uburyo bukigenewe, kidatunganijwe neza. Ibikoko bihari biri mu bibazo nk\u2019uko bimeze no ku bakozi bahakorera. Ido n\u2019ido.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ku wa 16 Ruheshi 2023, inguge zaratotse. Zigeze hanze zaridagaduye kuko kari akaryo keza kuri zo ko kwerekana ko zivuye mw\u2019ibohero zarimwo. Ni ko kurengera mu kabare ko kuri Bahamas zirirenza inzoga, zonona n\u2019ibindi, abantu barasanzara. Inyuma yo kubabwira kw\u2019itoroka <a href=\"https:\/\/shorturl.at\/BGQ59\">ry\u2019ingunge<\/a> zibiri zo ngaho nyene muri Mus\u00e9e vivant, twararondeye kumenya n\u2019ingene ico kigo cifashe muri rusangi.<\/p>\n\n\n\n<p>Ugishika ku bwinjiriro bwa Mus\u00e9e Vivant, ikigo c\u2019iratiro <a href=\"https:\/\/fr.m.wikipedia.org\/wiki\/Mus%C3%A9e_vivant_de_Bujumbura\">catangujwe mu 1977<\/a>, hari akabotike bandarizamwo ibinyobwa bitagira umwambiro n\u2019utundi tuntu abantu bashobora gukenera. Ibubamfu utera winjira hari inyubakwa z\u2019ubunywero urabisha amaso ubona ko zitacakira abakiriya. Ariko kandi hari n\u2019ahadandarizwa ibihingurwa mvabwenge, nk\u2019ibisimbo n\u2019ibindi.<\/p>\n\n\n\n<p>Uhageze, biragoye kumenya aho werekeza. Nta capa na kimwe kiranga iyo ugiye gihari. Ntumenya uwo witura kuko abafasha ingenzi kumenya aho berekeza nta mwambaro ubaranga bafise. Muri ico gihe uwo ushikiriye ubwa mbere ni we ubaza aho werekeza. Nta ruja n\u2019uruza rw\u2019abantu ruhari. Igihe twahashika, nta ngenzi n\u2019imwe yabarizwaho.<\/p>\n\n\n\n<p>Uwo twegereye tugishika twamubajije ibiciro na we ati: <em>\u201cKu murundi kwinjira muri Mus\u00e9e Vivant ni 5000, ku mwana ava ku myaka 3 gushika ku myaka icenda ni 1000Fbu, umuyabaga afise imaka icenda gushika kwi 17 ariha 2000.&nbsp; Ingezi iva mu karere ka Afirika y\u2019Ubuseruko iyo ikuze iriha 5$, umwana ava ku myaka 3 gushika 17 ariha 2$, abanyamahanga bava mu bindi bihugu bitari muri EAC bariha 10$.\u201d <\/em>Tumaze kumubwira ko turi abamenyeshamakuru, twarahavuye turumvikana ko twinjira tutarishe.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Ikigo kitagira uburyo bukigenewe, kiri mu bibazo&#8230;<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ikigo Mus\u00e9e Vivant ntigishobora gutunganywa neza kitagira uburyo bukigenewe. <em>\u201cNone ahantu n\u2019ingezi zije ku mugoroba kugira tuzereke aho ibikoko biri turinda gucana amatoroshi y\u2019amaterefone, ubona tworonka ingenzi zingahe?\u201d <\/em>Ico ni ikibazo uwatuyagishije yibajije imbere yo kutubwira ko muri Mus\u00e9e Vivant kubera amadeni y\u2019amafaranga menshi abahora baramutswa ico kigo baheraniye Regideso vyatumye ibacira umuyagankuba. <em>\u201cUbu hageze ku mugoroba haba ari mu kizime\u201d.<\/em><\/p>\n\n\n<div class=\"wp-block-image\">\n<figure class=\"alignleft size-large is-resized\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2023\/07\/20230620122434_IMG_0932-1-1024x819.jpg\" alt=\"\" class=\"wp-image-7578\" width=\"384\" height=\"307\" srcset=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2023\/07\/20230620122434_IMG_0932-1-1024x819.jpg 1024w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2023\/07\/20230620122434_IMG_0932-1-300x240.jpg 300w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2023\/07\/20230620122434_IMG_0932-1-768x614.jpg 768w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2023\/07\/20230620122434_IMG_0932-1-1536x1229.jpg 1536w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2023\/07\/20230620122434_IMG_0932-1.jpg 2048w\" sizes=\"auto, (max-width: 384px) 100vw, 384px\" \/><figcaption class=\"wp-element-caption\"><em>Ingona yiryamiye mu vyondo aho isanzwe iba mu kigo c\u2019iratiro ca Mus\u00e9e Vivant c\u2019i Bujumbura<\/em><\/figcaption><\/figure>\n<\/div>\n\n\n<p>Harateye ikigongwe. N\u2019ibikoko bike bihari birarushe. Mu kibanza kirimwo ibikoko, ntushobora kumenya ko ugeze ahari ingwe canke ko ugeze mu ngona usanzwe utahazi. Nta capa kivyerekana gihari. Ntunashobora kumenya umwidondoro w\u2019ibikoko bihari n\u2019imyaka bimaze kuko ntaho vyanditse. Uwutembereza ingezi akubwira ibimuri mu mutwe. Utuyira tujayo, dutunganije nabi. Ubajije igituma hadateguwe neza kandi hari ibikoko bike, inyishu ni iy\u2019uko ata buryo ico kigo gihabwa kugira kinagurwe. <em>\u201cBirakwiye ko mu mafaranga Reta itegekanya gukoresha buri mwaka, hashirwamwo uburyo bugenewe ico kigo\u201d<\/em> nk\u2019uko bivugwa na bamwe mu bahakora.<\/p>\n\n\n\n<p>Uwo twayaze avuga ko ibikoko bihari ari bike cane.&nbsp; Ingenzi zihaza zibabwira ko bohazana ibindi bikoko bishasha, kandi bikubakirwa neza ku buryo vyisanga biri mu buzima bwiza. Agira ati: <em>\u201cNk\u2019izo ngona zibereye mu biziba. Mu bisanzwe ingona ziba mu mazi menshi kandi meza. Ariko kubera aho ziri hadateguwe neza raba zirambaraye ku zuba. Inzoka harakenewe ubundi bwoko. Aha ibikoko bipfuye ntibisubirizwa. Ibigwaye, kuvurwa ni Mana mpa, kuko ata muganga wavyo ahari mu Burundi. None hokwinjira amahera gute atavyo kurata bihari?\u201d<\/em><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Amafaranga ava muri Mus\u00e9e Vivant aruhukira kw\u2019ikonte ya Reta&#8230;<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ico kigo naho kidafashwe neza hari amafaranga cinjiza. Hari ayava mu gisata c\u2019ingenzi zihatemberera, hari n\u2019ayava mu nyubakwa zipanzwe n\u2019abazidandarizamwo ibihingurwa mvabwenge. Ayo mafaranga ashirwa kuri konte ya OBR iri muri BRB. Abatwara Mus\u00e9e vivant ngo nta burenganzira bwo kubikura bafise. Ni konte ya Reta. Mu kigo hasigara gusa amahera make yo kugura ibifungurwa vy\u2019ivyo bikoko bihatungiwe. Uyo twayaze avuga ko hari ho itegeko ry\u2019umukuru w\u2019igihugu rivuga ko ibisata vyose vya Reta vyinjiza amahera biyashira ku makonte ya Reta ari muri BRB.<\/p>\n\n\n\n<p>Afatiye ku mahera yoba aboneka, umwe mu bakora muri ico kigo agira ati&nbsp;:&nbsp;<em>\u00ab&nbsp;Mu mwaka uheze wa 2022, ni ho haboneka abakozi bagerageza gufata mu minwe Musee Vivant. Ubwa mbere kari akajagari. Amahera nimba barayashira kuri konte canke batayashirako, ntawabimenya kuko ntawabigenzura. Muri make, uburyo bwarasanzara mu mifuko ya bamwe bamwe. Ariko kuva mu kwa kane kw\u2019umwaka uheze, bahinduye abakozi, umwaka wagiye guhera hinjiye imiriyoni 47 z\u2019ivuye mu bahagendera gusa. Ni mu gihe ubwa mbere wasanga ata n\u2019imiriyoni 10 zabonetse. Ahubwo ngo hari igihe hanavugwa ko n\u2019ivyo bagaburiye ibikoko babifashe amadeni. Kari akajagari, harimwo n\u2019akabare. Ubu karugawe. \u00bb<\/em><\/p>\n\n\n<div class=\"wp-block-image\">\n<figure class=\"alignleft size-large is-resized\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2023\/07\/20230620142144_IMG_1040-1024x820.jpg\" alt=\"\" class=\"wp-image-7580\" width=\"443\" height=\"355\" srcset=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2023\/07\/20230620142144_IMG_1040-1024x820.jpg 1024w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2023\/07\/20230620142144_IMG_1040-300x240.jpg 300w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2023\/07\/20230620142144_IMG_1040-768x615.jpg 768w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2023\/07\/20230620142144_IMG_1040-1536x1229.jpg 1536w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2023\/07\/20230620142144_IMG_1040.jpg 2048w\" sizes=\"auto, (max-width: 443px) 100vw, 443px\" \/><figcaption class=\"wp-element-caption\"><em>Ku bwinjiriro bw&rsquo;ikigo c&rsquo;iratiro c\u2019i Bujumbura Mus\u00e9e Vivant<\/em><\/figcaption><\/figure>\n<\/div>\n\n\n<p>Bishimira ko uyu mwaka bazoronka menshi. Bati&nbsp;:&nbsp;<em>\u00ab&nbsp;Kuva mu kwezi kwa Nzero gushika muri Rusama, hamaze kuboneka imiriyoni zoba zishika 42. Umwaka ushobora guhera hegeranijwe ayababa imiriyoni 100.&nbsp; Ivyo rero bakemeza ko biriko birakunda kubera ko hashizweho itegeko nshikiranganji, haraba integuro y\u2019ibikorwa (planification), maze haratangwa intumbero y\u2019ingene Mus\u00e9e Vivant itunganijwe. Hari intambwe yashitswe ko n\u2019aho ata buryo buyigenewe buhari&nbsp;\u00bb.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Hamwe boshiraho uburyo, bakazana n\u2019ibindi bikoko, uwo twayaze yemeza ko amahera yokwinjira yoba menshi cane. Ati: <em>\u00ab Nk\u2019ubu bokwongeramwo nk\u2019ibikoko nka bibiri, abantu bakumva ko hari ibindi bishasha vyaje, bosidukana n\u2019iyonka. <\/em><em>Bama badusaba ko tuzana Intare, imparage, ingeregere n\u2019iyindi ngwe kuko iyihari ishaje\u2026\u00bb.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Bamwe mu bakora muri Mus\u00e9e Vivant basaba ko Reta ibicishije mu bushikiranganji mu vyo bujejwe harimwo ibidukikije, yozana ibikoko bimwebimwe ibikuye mu ruhongore rwa Ruvubu. Kuko nk\u2019imparage ziriyo. Ibitaboneka mu Burundi navyo bakagenda kubirondera nko muri Tanzaniya, Congo, n\u2019ahandi. Ibishoboka ko birondoka vyimishijwe ku rushinge (insemination) bigakorwa. Gutyo Mus\u00e9e Vivant kikaba koko ikibanza c\u2019iratiro, kikaja ku rugero rw\u2019ibindi mu karere.&nbsp;<\/p>\n\n\n\n<p>Ku bijanye n\u2019imamfu z\u2019Uburundi ziri muri Kenya, bamwe mu bakozi bo muri Mus\u00e9e Vivant bavuga ko bavyumva nk\u2019uko Abarundi bose bavyumva. Ariko ku bijanye no kuzigarukana, bagira bati:&nbsp;<em>\u00ab&nbsp;Ico ni igikorwa ca Reta. Ni igihugu kivugana n\u2019ikindi, bakumvikana kugira zigarukanwe.&nbsp;\u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Nta turusho abakora muri ico kigo bahabwa kandi bitanga uko bashoboye \u2026<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Abo twaganiriye bemeza ko muri Mus\u00e9e Vivant hari umukozi inguge yariye urutoke. Bavuga ko vyagoranye kwivuza kubera ko batarihirwa amafaranga yo kwivuza mu gihe hagize uwugirira ikibazo mu bikorwa bijanye n\u2019akazi. Bati:<em> \u00abUmukozi ni we yivuje mu mahera yiwe. Ariko kubera yari umukozi wo ngaho, abandi bakozi twaramuvugiye, hanyuma arazana impapuro yivurijeko, amafaranga yakoresheje arayasubizwa. Ariko naho yakize urutoke rwaciye rumugara.&nbsp;\u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Bakavuga ko bakeneye ko umukozi waho aronka uburenganzira bwo kuvuzwa kandi agiriye ikibazo ku kazi agashumbushwa (indemnit\u00e9 de risque). Bagira bati:&nbsp;<em>\u00ab&nbsp;Nk\u2019uwo ingona yorya ni umuryango wiwe wosigara urarira. Gukora muri ino Mus\u00e9e ni nko kwiheba. Kwiyahura.&nbsp;Ubona ko n\u2019ibikoko bihari bidakingiwe ubumara (non vaccin\u00e9s) kuburyo kikuriye kigusinzikaza. Kiretse inguge zozo zitaziraniza iyo zikuriye.&nbsp;Nta n\u2019imiti muri ico kigo ihari (Mini pharmacie) ku buryo nk\u2019uwo igikoko corya yoba arapfupfahaza mu kurindira ko ashika kwa muganga.&nbsp;\u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Hari impinduka zitegekanijwe muri \u00ab&nbsp;Mus\u00e9e vivant&nbsp;\u00bb<\/strong><\/p>\n\n\n<div class=\"wp-block-image\">\n<figure class=\"alignright size-full is-resized\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2023\/07\/WhatsApp-Image-2023-07-19-at-16.35.44.jpeg\" alt=\"\" class=\"wp-image-7579\" width=\"250\" height=\"242\" srcset=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2023\/07\/WhatsApp-Image-2023-07-19-at-16.35.44.jpeg 744w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2023\/07\/WhatsApp-Image-2023-07-19-at-16.35.44-300x290.jpeg 300w\" sizes=\"auto, (max-width: 250px) 100vw, 250px\" \/><figcaption class=\"wp-element-caption\"><em>Jacques Bigirimana Umuyobozi mukuru w\u2019igisata c\u2019ingenzi<\/em> <em>mu Burundi<\/em><\/figcaption><\/figure>\n<\/div>\n\n\n<p>Jacques Bigirimana Umuyobozi mukuru w\u2019igisata c\u2019ingenzi mu bushikirangaji bw\u2019ubudandaji, amahinguriro n\u2019ingenzi avuga ko hari ibikorwa biriko birategekanywa vyo gutunganya neza Mus\u00e9e Vivant harimwo no kwubakira neza no kwongereza ibikoko bihari no kuzana ibindi bidahari. Anamenyesha ko basavye Reta ko yotegekanya mu mahera ikoresha buri mwaka uburyo bugenewe ico kigo kugira ngo imigambi yose itegekanywa ijanye no kwagura no gushira ico kibanza ku rugero rw\u2019ibindi bigo bikunde neza, gutyo cinjize amafaranga menshi.<\/p>\n\n\n\n<p>Uwo muyobozi abandanya amenyesha ko nihaboneka amafaranga agenewe ico kigo bazoraba bagashiramwo amafaranga ategekanijwe kuvuza uworibwa n\u2019igikoko kiri muri Mus\u00e9e Vivant yaba uwuhakorera canke ingezi zihagendera. Ariko we ahumuriza ko ibikoko bihari ubu bikingiwe ubumara.<\/p>\n\n\n\n<p>Mwomenya rero ko mu bakora muri Mus\u00e9e Vivant nk\u2019uko bamwe bavyivugira bahembwa na Reta. Kandi umushahara baronka batawishimira baravye umwanya bakora. Umwe muri bo agira ati&nbsp;:&nbsp;<em>\u00ab&nbsp;Duhembwa umushara ungana n\u2019uw\u2019abakozi ba Reta bakora kuva ku wa mbere gushika ku wa gatanu bagataha isaha icenda z\u2019umugoroba batanguye isaha zibiri. Ariko hano dukora iminsi yose kuva sambiri gushika isaha cumi n\u2019imwe n\u2019inusu z\u2019umugoroba. N\u2019iminsi y\u2019akaruhuko (jours feri\u00e9s) ntibaho muri Mus\u00e9e Vivant. Nta buryo bwo kwiyunguruza eka n\u2019agahimbaza musyi (prime d\u2019encouragement) twigera turonka. Nta na kimwe. Ni ingorane gusa.&nbsp;\u00bb <\/em>Bagasaba ko bofatwa neza kuko n\u2019akazi bakora katoroshe<em>.<\/em><\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Ikibanza c\u2019iratiro c\u2019i Bujumbura Mus\u00e9e Vivant cobwirijwe kuba igikwega ingezi, gihurumbirwa na bose gutyo kikinjiza amafaranga menshi. Ariko aho kuba ikibanza c\u2019iratiro ni ikibanza kigwaye, kidashigikiwe, kitagira uburyo bukigenewe, kidatunganijwe neza. Ibikoko bihari biri mu bibazo nk\u2019uko bimeze no ku bakozi bahakorera. Ido n\u2019ido. Ku wa 16 Ruheshi 2023, inguge zaratotse. Zigeze hanze zaridagaduye kuko [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":7576,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[212],"tags":[620,619,618],"coauthors":[189],"class_list":["post-7574","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ibidukikije","tag-ingenzi","tag-iratiro","tag-musee-vivant"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7574","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=7574"}],"version-history":[{"count":3,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7574\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":7583,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7574\/revisions\/7583"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/7576"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=7574"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=7574"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=7574"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=7574"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}