{"id":7563,"date":"2023-07-18T10:41:44","date_gmt":"2023-07-18T08:41:44","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/?p=7563"},"modified":"2023-08-08T12:25:44","modified_gmt":"2023-08-08T10:25:44","slug":"rdc-gushora-ubutare-muri-angola-inzira-itereni-amakuru-eac-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/rdc-gushora-ubutare-muri-angola-inzira-itereni-amakuru-eac-burundi\/","title":{"rendered":"RDC igiye gushora ubutare muri Angola biciye mu nzira y\u2019itereni"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Muri Uganda&nbsp;: \u00ab&nbsp;Rolex&nbsp;\u00bb yaduze igiciro<\/strong>. <strong>Imodokari 3 zarahiye ziratokombera mw\u2019isanganya ry\u2019umuriro<\/strong> <strong>mu<\/strong> <strong>Rwanda<\/strong>. <strong>Muri Kenya, abantu 6 barahitanywe n\u2019imyiyerekano yo kwiyamiriza iduga ry\u2019amatagisi<\/strong>. <strong>Nayo RDC igiye gushora ubutare muri Angola biciye ku nzira ya gari ya moshi<\/strong>. <strong>Ni amakuru yaranze ibihugu vya EAC mu ndwi irangiye yo kuva ku wa 10 gushika ku wa 16 Mukakaro 2023<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Iyo nzira ikaba izohuza ibisagara vya Lobito muri Angola na Kolwezi muri Reta iharanira Demokarasi ya Kongo, ahasanzwe hacukurwa na cane cane ubutare bwa \u00ab&nbsp;cuivre&nbsp;\u00bb. Amafaranga yababa imiriyoni 555 y\u2019amadorare y\u2019amerika akaba ariyo akenewe kugira ngo uyo mugambi wo gusubiramwo inzira y\u2019itereni y\u2019ibirometero 1.700 (yari yubatswe n\u2019abongereza haraheze imyaka 100) ushobore kuja mu ngiro.<\/p>\n\n\n\n<p>Ivyo ngo bizotuma ikiringo co kwunguruza ibidandazwa hagati y\u2019ivyo bisagara vyompi kigabanuka gushika musi y\u2019amasaha 36 ndetse amatereni agera kuri 6 akaba ariyo yitezwe ko azoza araca muri iyo nzira ku musi ku musi. Igice c\u2019amafaranga akenewe, kikaba kizotangwa n\u2019ishirahamwe IDFC, ryegukira Reta Zunze Ubumwe z\u2019Amerika (USA).<\/p>\n\n\n\n<p>Ubufasha nkubwo bwa USA bukaba buje inyuma yaho hamaze kwibonekeza ugushaka kwurwanira kwimba ubutare muri RDC (mu gihe kiri mu bihugu vya mbere birimwo \u00ab&nbsp;cuivre&nbsp;\u00bb na \u00ab&nbsp;cobalt&nbsp;\u00bb nkenerwa mu guhingura ivyuma bigezweho) hagati ya USA n&rsquo;igihugu ca RDC. Hambavu y\u2019ivyo, bisa nkibibaye impinduka idasanzwe mu bijanye n\u2019imigenderanire, mu gihe Reta ya Angola ifataniye ubucuti budasanzwe n\u2019Uburusiya hamwe n\u2019Ubushinwa (mu bijanye n\u2019ugucukura igitoro), ibihugu bidacana uwaka na Reta Zunze Ubumwe z\u2019Amerika <a href=\"https:\/\/shorturl.at\/oZ349\">nkuko vyandikwa n\u2019ikinyamakuru Jeune Afrique<\/a><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Uganda&nbsp;: \u00ab&nbsp;Rolex&nbsp;\u00bb yaduze igiciro<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Iyahora igurwa amafaranga 500 y\u2019amaganda, ubu isigaye igurwa ayagera ku 1.000. Abaguzi bidoga ko hambavu yuko yazimvye, n&rsquo;uburinganire bwayo bwagabanutse. \u00ab&nbsp;Rolex&nbsp;\u00bb ni kiribwa gikozwe mu mw\u2019ifarini, amagi n\u2019amavuta, kikaba gikunzwe cane mu gihugu ca Uganda. Ku murwa mukuru Kampala, amazu ateka ico gifungurwa akaba ari menshi cane, ku buryo kw\u2019ibarabara ryose mu ma karitiye atandukanye, uhasanga inzu imwe canke zibiri ziteka \u00ab&nbsp;Rolex&nbsp;\u00bb.<\/p>\n\n\n\n<p>Abadandaza bico kiribwa bavuga iduga ry\u2019ibiciro vy\u2019ifarini n\u2019amavuta, vyavuye ahanini ku ntambara hagati ya Ukraine n&rsquo;Uburusiya, vyatumye baduza ico kiribwa kugira ngo ntibakore bahomba. Umufuko w\u2019ifarini ukaba wavuye ku mafaranga ari hagati 5.500 uja ku 7.500 y\u2019amaganda. Naho biruko abadandaza bico kiribwa bavuga ko badategekanya guhagarika kudandaza kuko bizera gushika ubu ko Reta ya Uganda harico izokora mu kugira ibiciro bigabanuke. <a href=\"https:\/\/shorturl.at\/arxQ8\">Vyandikwa na Africa News<\/a><br><br><strong>Kenya&nbsp;: abantu 6 barahitanywe n\u2019imyiyerekano yo kwiyamiriza iduga ry\u2019amatagisi<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ivyo bikaba vyabaye ku wa 12\/07\/2023, bigatuma abajejwe umutekano ndetse n\u2019abatari muriyo myiyerekano bakomereka cane, nayo amazu y\u2019ubudandarizo aribwa, nkuko vyashikirijwe na Kithure Kindiki, umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo intwaro yo hagati mu gihugu ca Kenya.<\/p>\n\n\n\n<p>Iyo myiyerekano ikaba itasize abana bakiri bato, aho abagera kuri 53 bakomeretse, abandi bata ubwenge bivuye ku vyotsi vyokera batewe n\u2019igiporisi. Bakaba baciye baja kuvurirwa mu bitaro bibegereye.<\/p>\n\n\n\n<p>Kuva muri Ntwarante 2023, Reta ya Kenya iriyamirizwa cane n\u2019abatavuga rumwe nayo, bavuga ko ubuzima buzimvye ndetse ko yanadugije amatagisi ku rugero rudasanzwe, aho yadugije na cane cane itagisi ry\u2019ibitoro kuva ku bice 8% gushika kuri 16%, n&rsquo;ikatwa ry&rsquo;imishahara kugira ngo ishobore gushira mu ngiro umugambi w\u2019inyubako z\u2019uburaro zizimbutse, <a href=\"https:\/\/shorturl.at\/hwOX4\">nkuko vyandikwa n\u2019urubuga rw\u2019imboneshakure France 24<\/a><\/p>\n\n\n\n<p>Mwene iyo myiyerekano ikaba yari imaze guhitana abantu 3 hagati ya Ntwarante na Rusama uno mwaka, nayo ngo amafaranga agera ku miriyaridi 3 z\u2019amashiringi arahatakarira buri ndwi.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Reta ya Tanzania itegekanya gushiramwo ama miriyaridi 47 y\u2019ama shiringi mu rudandazwa rw\u2019ivyuka vya \u00ab&nbsp;carbone&nbsp;\u00bb<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Amashirahamwe mvamakungu arenga 20 aramaze kugaragaza ubushake bwo gukorera mu gisata c\u2019urudandazwa rwa \u00ab&nbsp;carbone&nbsp;\u00bb, nkuko vyasiguwe n&rsquo;umushikir\u2019nganji wa Reta ya Tanzania, Dr Jafo Selemani, kuri uyu wa 16\/07\/2023 mu nama yateguwe n\u2019ishirahamwe ry\u2019abakorera mu gisata c\u2019abigenga \u2013 TPSF.<\/p>\n\n\n\n<p>Ngo ivyo bizotuma ikirere gikingirwa n\u2019ibangamirwa ryaco riva ahanini ku vyuka birimwo na \u00ab&nbsp;carbone&nbsp;\u00bb. Ihangiro ryo kugabanya ivyo vyuka gushika ku rugero rwa 30% mu mwaka wa 2030, rishobora gushikwako muri Tanzania, bivuye kuri uyo mugambi, nkuko bishimangirwa na Dr Jafo Selemani.<\/p>\n\n\n\n<p>Ibiharuro vyerekana yuko urugero rw\u2019urudandazwa rw\u2019ivyuka vya \u00ab&nbsp;carbone&nbsp;\u00bb rwongerekanye gushika ku rugero rwa 13,5% mu mwaka 2022, ivyatumye rwinjiza amafaranga y\u2019abanyaburaya agera ku miriyaridi 865. Ibizotuma Tanzania yinjiza amafaranga atari make, mu gihe ifise uburinganire bugera ku miriyoni 48 z\u2019amahegitari bwiziziwe n\u2019amashamba. Mwene ivyo bibanza bikaba arivyo bisanzwe birangwamwo ivyuka vya \u00ab&nbsp;carbone&nbsp;\u00bb. <a href=\"https:\/\/shorturl.at\/lyBC7\">Tubikesha ikinyamakuru The Citizen<\/a>.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Rwanda&nbsp;: imodokari 3 zarahiye ziratokombera mw\u2019isanganya ry\u2019umuriro<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ivyo vyabereye mu gisagara ca Gatsata mu karere ka Gasabo. <a href=\"https:\/\/shorturl.at\/PSVZ4\">Nkuko ikinyamakuru Igihe dukesha ino nkuru kivyandika<\/a>, iryo sanganya ryabereye mu kibanza gisanzwe kigorerwamwo imodokari (garage) igihe c\u2019isaha zitanu kuri uyu wa 11\/07\/2023.<\/p>\n\n\n\n<p>Ababonye iryo sanganya bavuga ko ryaturutse ku ntsinga z\u2019umuriro z\u2019imiduga, ariko ngo ibiduga bijejwe kuzimya ngo ntivyashoboye kuhashika kare mu kugira bizimye uyo mucanwa, ivyatumye zisha zigatokombera.<\/p>\n\n\n\n<p>Ivyo biruko, mu gihe ata kiringo kinini cari giheze hadutse isanganya ry\u2019umuriro ku murwa mukuru Kigali zikaba zafashe uburiro ndetse n&rsquo;inyubako yakoreramwo ikinyamakuru \u00ab&nbsp;Imvaho Nshya&nbsp;\u00bb, nayo ibintu bifise agaciro k\u2019amafaranga y\u2019amanyarwanda agera ku miriyoni zababa 200&nbsp; bikaba vyarahatikiriye.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Muri Uganda&nbsp;: \u00ab&nbsp;Rolex&nbsp;\u00bb yaduze igiciro. Imodokari 3 zarahiye ziratokombera mw\u2019isanganya ry\u2019umuriro mu Rwanda. Muri Kenya, abantu 6 barahitanywe n\u2019imyiyerekano yo kwiyamiriza iduga ry\u2019amatagisi. Nayo RDC igiye gushora ubutare muri Angola biciye ku nzira ya gari ya moshi. Ni amakuru yaranze ibihugu vya EAC mu ndwi irangiye yo kuva ku wa 10 gushika ku wa 16 [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":43,"featured_media":7565,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[591],"tags":[566,567,578,617],"coauthors":[572],"class_list":["post-7563","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-inkuru-zo-mu-karere","tag-amakuru-ya-eac","tag-eac","tag-rdc","tag-ubutare"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7563","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/43"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=7563"}],"version-history":[{"count":4,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7563\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":7571,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7563\/revisions\/7571"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/7565"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=7563"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=7563"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=7563"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=7563"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}