{"id":7506,"date":"2023-07-05T17:00:53","date_gmt":"2023-07-05T15:00:53","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayarwa\/?p=7506"},"modified":"2023-07-05T17:15:44","modified_gmt":"2023-07-05T15:15:44","slug":"rwandair-ingendo-kigali-paris-eac-kenya-accident","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/rwandair-ingendo-kigali-paris-eac-kenya-accident\/","title":{"rendered":"Rwandair yaratanguje ingendo hagati ya Kigali na Paris\u2026"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Inyuma yaho ubutegetsi bw\u2019Ubufaransa n\u2019ubw\u2019Urwanda bwari bumaze igihe kinini burabana nabi kubera Kigali yagiriza Paris ko yagize uruhara muri jenoside yo mu 1994, indege y\u2019ikompanyi ya Reta y\u2019Urwanda yaratanguje ingendo ku murwa mukuru w\u2019Ubufaransa. Aya hamwe n\u2019ayandi ni mu makuru yaranze indwi yo kuva ku wa 26 Ruheshi gushika ku wa 2 Mukakaro 2023.<\/strong><\/p>\n\n\n<div class=\"wp-block-image\">\n<figure class=\"alignright size-full is-resized\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2023\/07\/Rwandair-Kigali-Paris.jpg\" alt=\"\" class=\"wp-image-7508\" width=\"600\" height=\"334\" srcset=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2023\/07\/Rwandair-Kigali-Paris.jpg 800w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2023\/07\/Rwandair-Kigali-Paris-300x167.jpg 300w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2023\/07\/Rwandair-Kigali-Paris-768x427.jpg 768w\" sizes=\"auto, (max-width: 600px) 100vw, 600px\" \/><\/figure>\n<\/div>\n\n\n<p>Ku wa 27 Ruheshi 2023, indege y\u2019ikompanyi ya Reta y\u2019Urwanda ni ho yatangura kugera ku kibuga c&rsquo;indege c&rsquo;umurwa mukuru w\u2019Ubufaransa mu ntumbero yo gutanguza ingendo zayo z\u2019ubucuruzi zijayo. Ivyo rero bikaba bibaye inyuma yaho ubutegetsi bw\u2019Ubufaransa n\u2019ubw\u2019Urwanda bwari bumaze igihe kinini burabana nabi kubera Kigali yagiriza Paris ko yagize uruhara muri jenoside yo mu 1994, <a rel=\"noreferrer noopener\" href=\"http:\/\/ln.run\/CDQoR\" target=\"_blank\">nk\u2019uko tubisoma ku kinyamakuru BBC<\/a>.<\/p>\n\n\n\n<p>Umubano wongeye kuba mwiza ku butegetsi bwa Perezida Emmanuel Macron, kuba Rwandair izohora ijayo gatatu mu ndwi, ngo ni ikimenyetso c\u2019impinduka zidasanzwe. BBC yandika ko urubuga rw\u2019ikibuga c\u2019indege ca Paris rwatangaje ko ari \u201cumunezero udasanzwe kwakira i Paris urugendo rwa mbere rw\u2019indege ya Rwandair\u201d, ruvuga ko indege ya Airbus A330-300 ariyo izoja irajayo.<\/p>\n\n\n\n<p>I paris rero ngo ni umurwa mukuru wa kabiri i Burayi indege za Rwandair zigiye kuja zijamwo inyuma ya Bruxelles na Londres. Rwandair ngo isanzwe kandi ija mu bindi bice birenga 20 muri Afirika na Aziya.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Ibihugu Angola, S\u00e9n\u00e9gal na Gabon vyaratanze imiriyoni 2.5 $ ku ngabo za EAC ziri muri DRCongo<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Inyuma y\u2019uko Angola, S\u00e9n\u00e9gal bitanze imiriyoni imwe imwe y\u2019amadorari buri kimwe, Gabon nayo yaciye yiyemeza gutanga 500,000 USD, agamije gufasha ibikorwa vy\u2019ingabo z\u2019umuryango wa Afirika y\u2019ubuseruko zarungitswe kugarukana amahoro mu buseruko bwa DRCongo.<\/p>\n\n\n\n<p>Mu nama ku bijanye no kugarukana amahoro mu buseruko bwa DRCongo yahuje abakuru b\u2019imiryango y\u2019ibihugu vyo muri Afirika yo hagati, ubuseruko, ubumanuko, Ubumwe bwa Afirika, na ONU, ibihugu vya Angola, Gabon, na Senegal bikaba vyashimwe cane.<\/p>\n\n\n\n<p>Itangazo ry\u2019umuryango w\u2019Ubumwe bwa Afirika ryerekeye ivyavuye mu nama yo kuwa kabiri yabereye i Luanda muri Angola rivuga ko risaba \u201cn\u2019ibindi bihugu bigize Ubumwe bwa Afirika gutanga intererano z\u2019amafaranga ku bikorwa bijanye no gutsimbataza amahoro muri Afirika\u201d.<\/p>\n\n\n\n<p>Iyi nama yasavye kandi \u201cimigwi yitwaje ibigwanisho yose gushira ibigwanisho hasi, canecane M23, ADF hamwe na FDLR\u201d. Isaba M23 \u201ckuva mu bice vyose yafashe ata co irinze gusaba\u201d. Ariko M23 yo ivuga ko itazoshira ibigwanisho hasi igihe cose Reta ya Kinshasa izoba itaremera kuganira nabo. Ivyo Kinshasa nayo ikaba ivyamirira kure, <a rel=\"noreferrer noopener\" href=\"http:\/\/ln.run\/2IVNz\" target=\"_blank\">nk\u2019uko tubisoma kuri BBC<\/a>.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Kenya: isanganya rikomeye rimaze guhitana abantu 48<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Abantu 48 ni bo bari bamaze ku menyekana mu mpera z\u2019indwi irangiye ko baguye mw\u2019isanganya ry\u2019imodoka yabereye mu gisagara ca Londiani mu gace ka Kericho. Iryo sanganya rikaba ryabaye mw\u2019ijoro buca ari ku wa gatandatatu igenekerezo rya 1 Mukakaro, aho imodoka nini yari ivuye ahitwa Nakuru, yananiwe no gukata neza ibarabara mu gihe yari igeze mw\u2019ikorosi maze ica igonga imodoka zunguruza abantu, ijaniranya n\u2019amamoto menshi hamwe n\u2019abariko baragenda n\u2019amaguru, nk\u2019<a href=\"http:\/\/ln.run\/Dz6aw\" data-type=\"URL\" data-id=\"ln.run\/Dz6aw\">uko<\/a><a href=\"http:\/\/ln.run\/Dz6aw\" data-type=\"URL\" data-id=\"ln.run\/Dz6aw\" target=\"_blank\" rel=\"noreferrer noopener\"> tubisoma ku kinyamakuri Igihe.<\/a><\/p>\n\n\n\n<p>Muri iryo sanganya bimaze kumenyekana ko ryaguyemwo abantu 48, abandi benshi bakomeretse. Ibikorwa vyo gutabara abaguye muri iryo sanganya bikaba vyaciye vyihutirwa ariko hakaba hikekwako ibitigiri vy\u2019abahasize ubuzima bishobora kwiyongera.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Uganda: harabonetse ku ncuro ya mbere imbwa zo mw\u2019ishamba inyuma y\u2019imyaka 40<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Mu Buganda, bari bibaza ko izo mbwa zo mw\u2019ishamba zitakibaho. Ariko zabonetse ku wa 26 Ruheshi mu buraruko bw\u2019igihugu ca Uganda ku ncuro ya mbere inyuma y\u2019imyaka 40. Zabonetse zitonze umurongo muri parake ya Kidepo Valley.<\/p>\n\n\n\n<p>Uwujejwe kwakira abantu muri iyo parake avuga ko izo mbwa bazibonye mu gihe umwe mu bahakora yari aherekeje ingenzi ngo aze kuzereka ivyiza biharangwa. Abazibonye barahimbawe kuko ngo zaheruka kwibonekeza muri iyo parake mu myaka ya za 80, <a href=\"http:\/\/ln.run\/bBnDY\" target=\"_blank\" rel=\"noreferrer noopener\">nk\u2019uko tubisoma kuri RFI<\/a>.<\/p>\n\n\n\n<p>Ukuba izo mbwa zo mwishamba zarongeye kwibonekeza ngo ni igitangaro ku baganda. Ariko abajejwe ibikoko muri ico gihugu bakavuga ko kuba izo mbwa zo mw\u2019ishamba zaragarutse vyerekana ko umutekano w\u2019ibikoko ukingiwe muri iyo parake.<\/p>\n\n\n\n<p>Bagira bati&nbsp;:&nbsp;<em>\u00ab&nbsp;Twarabonye ibikoko vyinshi biva muri Sudani y\u2019epfo biza mu ruhongore rwa Kidepo kubera ko mu Buganda ariho hari umutekano gusumba muri Sudani y\u2019epfo.&nbsp;\u00bb<\/em> bavuga kandi ko aborozi b\u2019ibitungwa bahora hafi y\u2019iyo parake bimutse batakiharangwa, kuko kera iyo aborozi babuze ibitungwa vyabo baca birara muri izo mbwa z\u2019ishamba bakazihiga. Ubu rero ko zagarutse bemeza ko bazokora ivyo bashoboye vyose kugira zihagume.<\/p>\n\n\n\n<p>Mwomenya ko imbwa zo mw\u2019ishamba ari ibikoko bibangamiwe cane. Mu mwaka wa 2020, ikigo mpuzamakungu kijejwe kubungabunga ibinyabuzima cerekanye ko hari imbwa zo mw\u2019ishamba 6.000 kw\u2019isi yose.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Tanzaniya: umukoresha yarishwe n\u2019umukozi wiwe wo mu nzu aca amuta mu kinogo c\u2019akazu kasurwumwe<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p> Uyo yishwe yaba mu gace ka Ubeta akaba yari afise imyaka 60. Bivugwa ko yishwe n\u2019umukozi wiwe wo mu nzu amutemaguje umupanga mu mutwe hanyuma akamukororera mu kinogo c\u2019akazu kasurwumwe. Uwutwara igiporisi mu ntara ya kilimanjaro avuga ko ivyo vyabaye inyuma yaho uwo mutama yari avuye mw\u2019isoko kugurisha ingurube ziwe akazironkamwo amashiringi ibihumbi 800.000, <a rel=\"noreferrer noopener\" href=\"http:\/\/ln.run\/rjIGJ\" target=\"_blank\">nk\u2019uko tubisoma ku kinyamakuru Mwananchi<\/a>.<\/p>\n\n\n\n<p>Ikiziga c\u2019uwo mutama kikaba cabonetse inyuma y\u2019iminsi ibiri kiri mu kinogo c\u2019akazu kasurwumwe. Uyo mukozi wo mu nzu yamwishe akaba yamwishe amaze kumenya ko avuye kugurisha ingurube kandi yazikuyemwo amafaranga atari make. Amaze kumwica akaba yaciye yiruka kandi akaba atarafatwa, ariko igiporisi kikizera ko impera n\u2019imperuka azofatwa kuko uwakoze iryo bara camaze kumenya ko yari umukozi wo mu nzu w\u2019aho nyene.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Inyuma yaho ubutegetsi bw\u2019Ubufaransa n\u2019ubw\u2019Urwanda bwari bumaze igihe kinini burabana nabi kubera Kigali yagiriza Paris ko yagize uruhara muri jenoside yo mu 1994, indege y\u2019ikompanyi ya Reta y\u2019Urwanda yaratanguje ingendo ku murwa mukuru w\u2019Ubufaransa. Aya hamwe n\u2019ayandi ni mu makuru yaranze indwi yo kuva ku wa 26 Ruheshi gushika ku wa 2 Mukakaro 2023. Ku [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":7508,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[591],"tags":[],"coauthors":[189],"class_list":["post-7506","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-inkuru-zo-mu-karere"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7506","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=7506"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7506\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":7509,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7506\/revisions\/7509"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/7508"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=7506"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=7506"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=7506"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=7506"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}