{"id":7492,"date":"2023-07-02T23:50:25","date_gmt":"2023-07-02T21:50:25","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayarwa\/?p=7492"},"modified":"2023-08-08T12:25:40","modified_gmt":"2023-08-08T10:25:40","slug":"ici-imanza-intererano-njebas-burundi-twikebuke","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/ici-imanza-intererano-njebas-burundi-twikebuke\/","title":{"rendered":"Ugatumira isinzi mu rubanza witeze intererano, ariko utagira inzimano\u2026 Twikebuke!"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Ugira gutya ukumva ngo umuntu yatanze ubutumire igihumbi bw\u2019abazomuzira mu rubanza, ariko ugasanga nyene urubanza mu buryo bwiwe ntashoboye no kuzimana abantu mirongo ibiri. Mu bitavye ubutumire, ugasanga inzimano ishikiriye abicaye imbere gusa n\u2019ay\u2019abandi bagataha bamiramitwa, bidodomba. Njebas ahanura abategura imanza kutiyemeza ivyo badashoboye, ngo bimaramaze.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Bagenzi mwebwe ivyo muramaze kubibona mu manza mumara? Ici rirageze, imanza nazo zibe umuyoro. Ab\u2019imanza batangure gutumira abo bazi n\u2019abo batazi. Ubutumire barungika ngo urampera abagenzi bawe. Abadashikiriwe nabo bagakoranirizwa mu ma \u00ab&nbsp;group WhatsApp&nbsp;\u00bb mbere bamwe batanagishijwe inama. Ariko murantunge. Ugutumira si bibi ariko gutumira abo udashobora kwakira ngo ubazimane na vyo ni ibindi.<\/p>\n\n\n<div class=\"wp-block-image\">\n<figure class=\"alignright size-large is-resized\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2023\/07\/Njebas-imanza-1024x553.jpg\" alt=\"\" class=\"wp-image-7493\" width=\"666\" height=\"359\" srcset=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2023\/07\/Njebas-imanza-1024x553.jpg 1024w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2023\/07\/Njebas-imanza-300x162.jpg 300w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2023\/07\/Njebas-imanza-768x415.jpg 768w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2023\/07\/Njebas-imanza.jpg 1200w\" sizes=\"auto, (max-width: 666px) 100vw, 666px\" \/><\/figure>\n<\/div>\n\n\n<p>Ni vyo ntawifasha urubanza. Kanatsinda urubanza rumarwa n\u2019abagenzi nk\u2019uko biri mu mico y\u2019Abarundi. Ariko umuntu aterera ku vyo asanze. Ntiwokwitega ko urubanza ruzoryoha kubera ivyo witeze mu ntererano. Biraryoshe kubona isinzi ry\u2019abantu bitavye urubanza, ariko mu gihe batashe bakagenda baragusiba ngo nta n\u2019amazi bahanyoye kandi bamwe baje bikoreye biramaramaza.<\/p>\n\n\n\n<p>Hari umugenzi yambwiye ko ku wagatandatu uheze yitavye ubutumire bw\u2019umugenzi wiwe. Yari afise urubanza rw\u2019ubugeni. Ng\u2019uwo umuhungu afashe ibahasha akubisemwo inoti 3 z\u2019ibihumbi icumi cumi. Ntabaye ibihumbi 30000Fbu? Barinjiye ahariko harabera imigirwa y\u2019ubugeni, inzimano ziraza zishikira ku bavyeyi b\u2019umuhungu n\u2019ab\u2019umukobwa n\u2019abandi bake bicaye imbere, nuko inzimano ziba zirakamye.<\/p>\n\n\n\n<p>Mw\u2019ijambo ryavugwa, abashingantahe barongeza urukanywa ku baronse bagasabira n\u2019abatararonka, ariko none zivehe&nbsp;? Nta buryo yari yategekanije bukwiye kuko yari yiteze intererano za \u00ab&nbsp;comit\u00e9&nbsp;\u00bb, iyi nayo yari yaronse intererano atari ikirenga.<\/p>\n\n\n\n<p><a><\/a> Uyo mugenzi, ngo amaze kubona ko ata cupa aronse, yarasohotse hanze akora mw\u2019ayamafaranga yashira mw\u2019ibahasha aravunjisha aca asigamwo inoti y\u2019igihumbi kimwe kugira aje kuramutsa umugeni abone ko yitavye ubutumire bwiwe.<\/p>\n\n\n\n<p>Kandi si uwo gusa yagabanije intereraro, ngo n\u2019abandi niko babigenza. Mbere ngo hari n\u2019abadatanga n\u2019icasha, iyo babonye babuze inzimano mu rubanza. Amahera baba bateguye guterera ngo baca bicira ku kabare kuyisororeramwo icupa, bakaboneraho n\u2019akaryo ko kunegura abatumira igihugu batanategekanije inzimano.<\/p>\n\n\n\n<p>Ariko ndaguye ndagarutse, guterera ni umutima. Naho woba wabuze ico ufata mu rubanza, amafaranga wari wategekanije yo gushigikira umugenzi yashinze urwiwe ntiyari akwiye gusubira inyuma adakoze ico yagenewe.<\/p>\n\n\n\n<p>Mugabo ubu hamwehamwe mu manza hariho abatanguye kubona ko bikwiye ko umuntu atumira abo yiteguriye. Aho usanga ivyo gutembereza amabahasha mu bantu ngo akira bidakorwa. Naho uyisaba bakubwira ko atazobafise. Utaje uyizaniye uca uyironderera canke intererano yawe ukamenya uko uyitanga.<\/p>\n\n\n\n<p>Mu yandi majambo, mu manza nk\u2019izo baba biteguriye abo batumiye bose kuko akenshi muri zo abantu bose bararonka n&rsquo;imiburibiri icupa rimwe. Abo bategura imanza baba bazi ko atari ngombwa ko uw\u2019utumiye aguterera ariko umuzimana iyo yaje. Burya bagenzi \u00ab&nbsp;akamuntu kamara iyagwe&nbsp;\u00bb.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Ugira gutya ukumva ngo umuntu yatanze ubutumire igihumbi bw\u2019abazomuzira mu rubanza, ariko ugasanga nyene urubanza mu buryo bwiwe ntashoboye no kuzimana abantu mirongo ibiri. Mu bitavye ubutumire, ugasanga inzimano ishikiriye abicaye imbere gusa n\u2019ay\u2019abandi bagataha bamiramitwa, bidodomba. Njebas ahanura abategura imanza kutiyemeza ivyo badashoboye, ngo bimaramaze. Bagenzi mwebwe ivyo muramaze kubibona mu manza mumara? Ici [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":45,"featured_media":7493,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[213],"tags":[287,510],"coauthors":[614],"class_list":["post-7492","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ukubana","tag-imanza","tag-njebas"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7492","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/45"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=7492"}],"version-history":[{"count":3,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7492\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":7498,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7492\/revisions\/7498"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/7493"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=7492"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=7492"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=7492"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=7492"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}