{"id":7487,"date":"2023-06-27T08:58:03","date_gmt":"2023-06-27T06:58:03","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayarwa\/?p=7487"},"modified":"2023-08-08T12:25:34","modified_gmt":"2023-08-08T10:25:34","slug":"urumogi-marijuana-tanzania-kenya-francophonie-covid19","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/urumogi-marijuana-tanzania-kenya-francophonie-covid19\/","title":{"rendered":"Urumogi rwa marijuana rugiye kuranduranwa n\u2019imizi muri Tanzania"},"content":{"rendered":"\n<p class=\"has-medium-font-size\"><strong>Amakuru yaranze akarere mu ndwi ya 19 &#8211; 27 Rusama 2023<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ikigo kijejwe gukinga no kurwanya ibiyayuramutwe \u2013 DCEA kivuga ko kiriko kirakora ubushakashatsi mu kurondera umuti wo kurwanya igiterwa c\u2019urumogi c\u2019ubwoko bwa marijuana guhera mu mizi.<\/p>\n\n\n\n<p>Nk&rsquo;uko <a rel=\"noreferrer noopener\" href=\"https:\/\/shorturl.at\/vLMVY\" target=\"_blank\">tubisoma muri The Citizen<\/a>, Aretas Lyimo, umuyobozi w\u2019ico kigo avuga ko uyu muti uriko uraronderwa utazobangamira na gato ibindi biterwa canke isi ndimwa. Ivyo biruko mu gihe benshi mu bandura cane indwara ya Sida baba banywa ivyo biyayuramutwe muri Tanzania.<\/p>\n\n\n\n<p>Umwe mu bahoze bihereza ivyo biyayuramutwe, Eric Bernard, yamenyesheje ko bamwe mu bihereza ibiyayuramutwe bakoze ibikorwa vy\u2019ubugizi bwa nabi, nk\u2019ubusuma mu gihe hari hatunganijwe igikorwa co gufata abanywarumogi muri Tanzania, catumye hafatwa abatari bake bakajana mu bigo vyo kubagorora, aho basanze 16% muribo baranduye ikiza ca Sida. <\/p>\n\n\n\n<p><strong>Umukuru w\u2019igihugu ca Kenya ati <em>\u00ab&nbsp;Ntidukeneye gusaba imfashanyo, ahubwo dushaka gutorera inyishu ingorane zijanye n\u2019ihindagurika ry\u2019ibihe&nbsp;\u00bb<\/em><\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Mu nama ku bijanye n\u2019ihindagurika ry\u2019ibihe yabereye mu gisagara ca Paris mu Bufaransa, William Ruto yavuze ko icamuzanye atari gusaba imfashanyo ku bihugu bitunze ahubwo aje gusaba ko hari ivyohinyanyurwa mu bijanye no kwirinda ihindagurika ry\u2019ibihe, na cane cane ko ibihugu vyitwa ko bikenye navyo vyohabwa akaryo ko guterera inyishu kuri ico kibazo.<\/p>\n\n\n\n<p>Ruto avuga ko ibihugu vyitwa ko bikenye biriha kugeza ku ncuro 8 y\u2019inyungu kurusha ibihugu biteye imbere kuko bifatwa nk\u2019ibikorwako cane n&rsquo;ingaruka mbi z\u2019ihindagurika ry\u2019ibihe. Mu kugira ngo iyo mpinduka yipfuza ishikweko, nuko hotunganywa ingene ibigo nka FMI n\u2019ibanki y\u2019isi bikora, ndetse hagashirwaho n\u2019amatagisi angana atangishwa ku rwego mpuzamakungu ku bijanye no kwiyunguruza mu mato, indege canke guhanahana amafaranga.<\/p>\n\n\n\n<p>William Ruto avuga kandi ko igihugu ciwe gitanga ku mwaka amafaranga agera ku miriyaridi 10 y\u2019amadorare y\u2019amerika muriyo ntumbero, mu gihe hari ibihugu vyitwa ko bitunze bidatanga amafaranga vyemeye mu ntumbero yo kwirinda ihindagurika ry\u2019ibihe. Kubw\u2019iwe ngo ibihugu vyose bitegerezwa kuriha nkuko vyavyiyemeje nayo ngo bitagenze uko isi irabandanya isinzikara. Aho aributsa kandi ko ibihugu vyitwa ko bitunze arivyo bifata iyambere mu gukora ibikorwa bituma ihindagurika ry\u2019ibihe rirwira ku rugero rwo hejuru, nkuko vyandikwa n\u2019<a href=\"https:\/\/shorturl.at\/eyCDY\" target=\"_blank\" rel=\"noreferrer noopener\">urubuga rw\u2019imboneshakure TV5 Monde<\/a>.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Uganda \u2013 Rwanda&nbsp;: uruja n\u2019uruza rw\u2019ibidandazwa rwaduze<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Abakora urudandazwa ku mipaka ya Katuna na Cyanika, mu burere bwa Kabale na Kisoro baganiriye n\u2019<a href=\"https:\/\/shorturl.at\/ouDJ0\" target=\"_blank\" rel=\"noreferrer noopener\">ikinyamakuru The East African<\/a> bavuga ko banezerejwe n\u2019urugero rw\u2019uruja n\u2019uruza rw\u2019ibidandazwa rwibonekeza inyuma yaho hafuswe ingingo yuko abava mu Rwanda batemerewe kwinjira muri Uganda badatanze amafaranga y\u2019amanyarwanda agera ku 5.000 mu kugira bakorerwe igipimo ca COVID-19.<\/p>\n\n\n\n<p>Aho ni mu gihe imipaka iri hagati y\u2019igihugu c\u2019Urwanda na Uganda yari yuguruwe kuva muri Ntwarante 2023, inyuma y\u2019imyaka igera kuri 3 yugawe, ariko hari hakiri intambamyi ku basanzwe biyunguruza hagati y\u2019ivyo bihugu, kuko atari bose bashobora kwirihira ayo mafaranga. Uwutwara umupaka wa Katuna, Soter Kabyogamu amenyesha ahubwo ko hagiye kwongerezwa abakozi kuri uyo mupaka kugira ngo uruja n\u2019uruza rworohe.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>RDC mu myiteguro idasanzwe yo kwakira inkino za \u00ab&nbsp;Francophonie&nbsp;\u00bb<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Mu nama y\u2019urwego rwa \u00ab&nbsp;Francophonie&nbsp;\u00bb yabereye mu gisagara ca Paris mu ndwi twaraye turangije, benshi mu bayitavye bamenyesheje ko batewe impungenge na cane cane zivuye ku mutekano muke uvugwa muri RDC, aho ni mu gihe abaserukiye ico gihugu kizokwakira inkino za \u00ab&nbsp;Francophonie&nbsp;\u00bb bavuga ko hafashwe ingingo zose zishoboka mu kugira hakingirwe umutekano na cane cane ko aba porisi bagera ku 4.500 aribo bategekanijwe ngo bakingire umutekano w\u2019izo nkino.<\/p>\n\n\n\n<p>Izindi mpungenge zashikirijwe mu gihe hasigaye imisi 32 ngo izo nkino zitangure, harimwo izijanye n\u2019inyubako zizokwakira izo nkino, aho zimwe murizo zitaruzura neza. Hari kandi n\u2019ikibazo kijanye n\u2019uburyo bwategekanijwe, aho ubugera kuri 60% gusa aribwo bumaze gukoreshwa ku bugera ku miriyoni 66 z\u2019abanyaburaya. Kuri ivyo bibazo vyose, abaserukiye igihugu ca RDC bo bavuga ko mu misi isigaye, bizoba vyavuye mu nzira, nkuko vyandikwa n\u2019<a rel=\"noreferrer noopener\" href=\"https:\/\/shorturl.at\/fsMVY\" target=\"_blank\">ikinyamakuru c\u2019Abafaransa RFI<\/a>.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Amakuru yaranze akarere mu ndwi ya 19 &#8211; 27 Rusama 2023 Ikigo kijejwe gukinga no kurwanya ibiyayuramutwe \u2013 DCEA kivuga ko kiriko kirakora ubushakashatsi mu kurondera umuti wo kurwanya igiterwa c\u2019urumogi c\u2019ubwoko bwa marijuana guhera mu mizi. Nk&rsquo;uko tubisoma muri The Citizen, Aretas Lyimo, umuyobozi w\u2019ico kigo avuga ko uyu muti uriko uraronderwa utazobangamira na [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":7488,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[258],"tags":[519,609,608],"coauthors":[34],"class_list":["post-7487","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-itorokanirizo-ryuruganda-rwa-jimbere","tag-covid19","tag-francophonie","tag-urumogi"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7487","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=7487"}],"version-history":[{"count":2,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7487\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":7491,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7487\/revisions\/7491"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/7488"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=7487"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=7487"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=7487"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=7487"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}