{"id":7483,"date":"2023-06-20T08:52:00","date_gmt":"2023-06-20T06:52:00","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayarwa\/?p=7483"},"modified":"2023-08-08T12:25:30","modified_gmt":"2023-08-08T10:25:30","slug":"ingoro-gasenyi-bujumbura-burundi-ikibazo-reta","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/ingoro-gasenyi-bujumbura-burundi-ikibazo-reta\/","title":{"rendered":"\u00ab\u00a0Natwe nibadufate nk\u2019uko bagize abahora baba ahubatswe ingoro y\u2019umukuru w\u2019igihugu\u00a0\u00bb"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Abafise amaparasera mu mahegitari 160 yegereye ingoro y\u2019umukuru w\u2019igihugu, muri karitiye Gasenyi iri mu gisagara ca Bujumbura bavuga ko imizibukiro bemerewe kuronswa kugira bave mu vyabo ari intica ntikize. Basaba umugwi wa Reta ubijejwe kwubahiriza amategeko n\u2019amabwirizwa agenga amatongo\u2026<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ingoro y\u2019umukuru w\u2019igihugu yubatswe mu mahegitari 40. Abenegihugu bahora baba muri ayo mahegitari barahawe imizibukiro, kandi Reta yaranabaronkeje ayandi maparasera mu Maramvya mu ntara ya Bujumbura. Mu mwaka wa 2016, harasohotse itegeko rivuga ko ahubatswe ingoro hongerejweko ayandi mahegitari. Hava ku mahegitari 40 hashika ku mahegitari 200. Ni ukuvuga ko hongeweko amahegitari 160, ayo na yo akaba arimwo imiryango irenga 15.000, ariko akaba ata mizibukiro bararonswa kugira bave muri ivyo bibanza, nk\u2019uko bimenyeshwa na bamwe mu benegihugu bahaba.<\/p>\n\n\n\n<p>Umwe mu benegihugu twahasanze agira ati&nbsp;:&nbsp;<em>\u00ab&nbsp;Hari umugwi wa Reta ujejwe guharura, amaparasera, amazu arimwo n\u2019ibindi bintu biri muri ayo maparasera waje mu 2022. Abari bawugize, barakoze akazi bari bajejwe baranerekana ivyavuyemwo. Ariko icibonekeje ni uko harimwo uduhaze twinshi. Hari abo wasanga ivyo banditse bidahuye n\u2019ivyo ba nyene amaparasera bafise, abandi ugasanga uko amaparasera yabo angana yagabanutse, n\u2019ibindi.&nbsp; Ariko ikibabaje gusumba ni uko twumvise ngo bazoduha umuzibukiro gusa nta yandi maparasera bazoduha. \u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Uwitwa M.D. (izina ryahinduwe) aba mu Gasenyi, amera nk\u2019uwunganira mugenziwe, yagize ati: <em>\u00ab Nta mwana n\u2019ikinono, nk\u2019uko bahaye amaparasera abahora baba mu mahegitari 40 yubatswemwo ingoro y\u2019umukuru w\u2019igihugu, natwe nibatugenze gutyo, tugende duhimbawe nk\u2019abandi. Atari uko naho, bazoba batwomoye.&nbsp;\u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Uyo mwenegihugu abandanya avuga ko batahimbawe no kubona batanaserukiwe mu mugwi wari ujejwe guharura ibijanye n\u2019imizibukiro. Ati&nbsp;:&nbsp;<em>\u00ab&nbsp;Nta karyo twaronse ko guhanahana ivyiyumviro n\u2019abagize uwo mugwi kugira tubereke ivyo tubona ahandi tunabaserurire akaturi ku mutima. Tubona umenga tuzohava twirukanwa ku nguvu&nbsp;\u00bb.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p><strong>\u00ab&nbsp;Turihebuye\u2026&nbsp;!&nbsp;\u00bb<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Umushingwamanza Emmanuel&nbsp;Niyongabo, aba muri ako gace ka hegitari 160, akaba anaserukira abenegihugu bahafise amatongo, amenyesha ko ukwo kwimugwa muma maparasera biriko bikorwa bitubahirije amabwirizwa araba ibijanye n\u2019amatongo.<\/p>\n\n\n\n<p>Afatiye ku ngingo zimwezimwe ziri mw\u2019ibwirizwa ritunganya ibijanye n\u2019amatongo, Niyongabo agira ati&nbsp;:&nbsp;<em>\u00ab&nbsp;Ingingo ya 424 ivuga ko umuzibukiro utegerezwa kuringanira n\u2019agahombo uwasohowe yagize. Umuzibukiro wumvikanwa n\u2019abo biraba, canke bitagenze uko, na sentare ibifitiye ububasha yituwe n\u2019umwe mu bo vyega nk\u2019uko bitegekanijwe mu ngingo ya 428 y\u2019iryo bwirizwa.&nbsp;\u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Yongera ati&nbsp;:&nbsp;<em>\u00ab&nbsp;Ingingo ya 426, ivuga ko abashikiranganji bajejwe ivy\u2019amatongo batera igikumu bose ku rugero rw\u2019amafaranga atawushobora kuja musi, rukurikizwa ku vyerekeye imizibukiro ku matongo asohowemwo abantu ku neza yabose atimuka, kubera kamere kayo n\u2019ibitimuka kubera bifatanye n\u2019ayo matongo, babanje guhanuza umugwi w\u2019igihugu ujejwe ivyerekeye amatongo. Ivyo biciro bitegerezwa kwama bishigwa ku bihe.&nbsp;\u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Niyongabo yemeza ko itegeko abashikiranganji bashizeho, ritashinze igiciro atawushobora kuja musi mu gutanga imizibukiro, ahubwo ryashinzeho ibiciro ntabanduka, kandi rishinga imiriyoni 5 kuri are&nbsp;1. Ivyo rero biri uko, mu gihe iruhande y\u2019izo hegitari 160, are 1 igurwa hagati y\u2019imiriyoni 15 na 20, nk\u2019uko Emmanuel abandanya abivuga.<\/p>\n\n\n\n<p>Akibaza ati&nbsp;:&nbsp;<em>\u00ab&nbsp;None izo miriyoni 5 bashaka kuduha tuzoca tuja kugura he? Reta yoba itwomoye. Ntitwovuga ko iduhaye imizibukiro, kuko ntitworonka ahandi tugura. Uravye n\u2019ibiciro vy\u2019ukwubaka n\u2019ivyo bakoresha mu kwubaka ingene bigurwa, ugereranije n\u2019uko kera twubaka vyagurwa, nta n\u2019umwe azoshobora kwubaka inzu nk\u2019iyo twari dufise. Boduha ayo maparasera vyoba mitende tugapfuma tugabanya inzu twubaka ariko tukaronka aho tuba. Kandi twizeye ko Umukuru w\u2019igihugu azodutunganiriza, kuko twaramwandikiye tumumenyesha ko itegeko ryasohowe n\u2019abashikiranganji ridahuye n\u2019ibwirizwa rigenga amatongo \u00bb.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Ariko kandi uyo mushingwamaza amenyesha ko hari ibiganiro umuhuza yagiranye n\u2019abaserukira abenegihugu bahora baba ahubatse ingoro y\u2019Umukuru w\u2019igihugu hamwe na Reta iserukiwe n\u2019umushikiranganji w\u2019amazi, ibidukikije, amatongo no gutunganya ibisagara, bari bahurije ku ciyumviro c\u2019uko babaha imizibukiro bakabaha n\u2019amaparasera ahandi, kandi ko hageze igihe ababa mu mahegitari 184 (naho ubu hafashwe amahegitari 160) bagenda, nabo bazobaha imizibukiro bakongera bakabaha n\u2019amaparasera aho bazubaka, nk\u2019uko biri ku rupapuro rwa 4 ku ngingo ya 5 y\u2019icegeranyo cafashwe ku wa 12 Nyakanga 2011. Niyongabo agira ati: <em>\u00ab Rero gushika uno munsi, umugwi Reta yashizeho, ntiwemera kuganira natwe duserukira abenegihugu turavye umuzibukiro bariko baraduha uko ungana. Turihebuye. Nibaduhe umuzibukiro ujanye n\u2019ivyo tuzoba duhomvye. Baduhe n\u2019amaparasera ahandi kugira tugende dutekanye, nk\u2019uko biri mu masezerano \u00bb.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p><strong>\u00ab&nbsp;Hotunganijwe neza atawimuwe\u2026&nbsp;\u00bb<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Emmanuel Niyongabo avuga ko, ku wa 25 Ruheshi 2021, uwujejwe ibiro vy\u2019umukuru w\u2019igihugu yanditse ikete rivuga ko ico kibanza ca hegitari 160 kizotunganywa neza ata muntu arinze kuvamwo. Ko umwenegihugu yotanze igice ca parasera afise kigatunganywa neza, hanyuma ahasigaye akahubaka akurikije indinganizo yatanzwe na Reta. Ariko ngo si ko vyangenze.<\/p>\n\n\n\n<p>Agira ati&nbsp;:&nbsp;<em>\u00ab&nbsp;Iryo kete twagiye kuribona mu kwezi kwa Mukakaro 2022. Turibonye twariruhukije, twibwira ko dukize kwangara. Turanandikira ikete umukuru w\u2019igihugu ryo kumushimira. Ariko hashize iminsi twabonye hasohoka itegeko rivuga ko hongeye gufatwa ku neza ya bose kandi tubwirizwa kuhava. Ariko kubera bavuze ko bazoduha ahandi tuja, naho twarakengurutse, kuko Reta ishaka kuhakorera imigambi y\u2019iterambere. Turarindiriye batwereke iyo tuzoja.&nbsp;\u00bb<\/em> Yongera akavuga kandi ko, icobababaza gusumba, ari mu gihe Reta yohabakura igaca ihaha abandi bahubaka.&nbsp;\u00bb<\/p>\n\n\n\n<p>Hampande y\u2019ayo mahegitari 200, hariho n\u2019ayandi mahegitari 334 ategekanijwe ko abayarimwo bazohabwa imizibukiro bakahava kuko bivugwa ko ari ikibanza kigenewe abajejewe umutekano w\u2019ingoro y\u2019Umukuru w\u2019igihugu. Hose hamwe hoba hangana n\u2019amahegitari 534, nk\u2019uko Niyongabo abivuga.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Itegeko riraba ivy\u2019imizibukiro ryarakurikijwe\u2026<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Diom\u00e8de Ndayirukiye, umuyobozi ajejwe ivyo gutunganya amatongo n\u2019ibisagara mu Bushikiranganji mu vyo bujejwe harimwo ibidukikije yemeza ko ibijanye no gutanga imizibukiro biriko biraba mu Gasenyi ahegereye ingoro y\u2019Umukuru w\u2019igihugu biri mu muco kandi bihuye n\u2019amategeko. Agira ati&nbsp;:&nbsp;<em>\u00ab&nbsp;Iyo itongo ritangajwe ko rigiye gukorerwamwo ibikorwa ku neza ya bose, iryo tongo riba ricitse irya Reta. Ikiba gisigaye ni ugushira mu ngiro ivyo amategeko ajanye n\u2019ivyo avuga. Mbere, itegeko (ordonnance) rivuga ibijanye no gutanga imizibukiro, riratomoye cane kuburyo umuntu uwo ari we wese aritahura&nbsp;\u00bb.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Abandanya agira ati:&nbsp;<em>\u00ab&nbsp;Abenegihugu batari bake bo muri ako gace barashimye umuzibukiro babwiwe ko bazoronka. Aboba bavuga ko ari intica ntikize, ni abafise ibindi vyiyumviro.&nbsp;\u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p><a><\/a> Yishura ku ciyumviro c\u2019abavuga ko amaparasera yegeranye n\u2019aho Reta igomba gukorera imigambi ku neza ya bose agurwa imiriyoni 20 kuri are imwe, kandi ko n\u2019imizibukiro yoharurwa bafatiye ku gaciro aho hantu hagezeko ubu, Ndayirukiye yibutsa ko hari itegeko ryerekana uko imizibukiro itangwa hisunzwe aho ahantu haherereye.<\/p>\n\n\n\n<p>Agira ati&nbsp;: \u00ab&nbsp;<em>Si kubera ko bamwe bitwa abakomisiyoneri b\u2019amazu n\u2019amaparasera bashinga ibiciro vy\u2019ahantu kugira bironkere inyungu, ngo natwe abe ari vyo duca dukorerako mu gutanga imizibukiro. Habanamba&nbsp;! Mwiyumvire namwe dufashe nk\u2019akarorero, aha mu gisagara ca Bujumbura, umukomisiyoneri arashobora kugurisha iparasera ipima ari 30 ku miriyaridi 3&nbsp;z\u2019amarundi. None ivyo mwumva vyumvikana&nbsp;? Ni hehe handitswe ko amaparasera yegereye ingoro y\u2019Umukuru w\u2019Igihugu agurwa imiriyoni 20&nbsp;? Hari ho itegeko ryerekana ingene haba hagati mu gisagara ca Bujumbura canke ku nkengera zaco, hatangirwa imizibukiro. Iryo tegeko rero, ni ryo dutegerezwa kwisunga no gushira mu ngiro kandi atawe turenganije.&nbsp;\u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Ndayikengurukiye anamenyesha kandi ko mw\u2019itegeko atanahanditse ko ababa impande y\u2019ingoro y\u2019umukuru w\u2019igihugu mu mahegitari 160 bazoronswa ayandi maparasera ahandi, ariko agahumuriza ko, ico yizeye ari uko bose bazotunganirizwa neza hisunzwe amategeko, ata karenganyo kagiyemwo.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Abafise amaparasera mu mahegitari 160 yegereye ingoro y\u2019umukuru w\u2019igihugu, muri karitiye Gasenyi iri mu gisagara ca Bujumbura bavuga ko imizibukiro bemerewe kuronswa kugira bave mu vyabo ari intica ntikize. Basaba umugwi wa Reta ubijejwe kwubahiriza amategeko n\u2019amabwirizwa agenga amatongo\u2026 Ingoro y\u2019umukuru w\u2019igihugu yubatswe mu mahegitari 40. Abenegihugu bahora baba muri ayo mahegitari barahawe imizibukiro, kandi [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":7484,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[511],"tags":[23,606],"coauthors":[189],"class_list":["post-7483","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-inyubako","tag-bujumbura","tag-gasenyi"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7483","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=7483"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7483\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":7485,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7483\/revisions\/7485"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/7484"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=7483"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=7483"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=7483"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=7483"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}