{"id":7450,"date":"2023-06-19T10:09:20","date_gmt":"2023-06-19T08:09:20","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayarwa\/?p=7450"},"modified":"2023-08-08T12:25:24","modified_gmt":"2023-08-08T10:25:24","slug":"inoti-10000-5000-fbu-burundi-amahera-ubutunzi-banks","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/inoti-10000-5000-fbu-burundi-amahera-ubutunzi-banks\/","title":{"rendered":"Ubwo ivyashikiye inoti za 10 000 na 5000 Fbu za kera, bizoreka kugera umutwe inoti zishasha koko?"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Za noti sumba zose zivugwa ko zanyurujwe zikabikwa mu masandugu atamenwa mu mazu y\u2019abantu, zicitse ibipapuro. Inoti zishasha ziraje. Zije uko izahahora zaje. Zishikiye aho izindi zahora. Zizanye ubuhe bukomezi bwo kunanira abazinyuruza ngo nazo zisange zirunze mu mazu ya bamwe? Njebas ati: <em>\u00ab&nbsp;Uwuramvye azobona\u2026\u00bb<\/em><\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Bagenzi nta gitangaza kiruta kubona abantu bashonje baterana inoti za 10 000 na 5000Fbu. Izo noti abantu bahora bazigwanira mbere usamaye no kuyakwiba bakayakwiba, ugashima Imana utayasizeko agahanga. Utabonye Umurundi uha inoti nkuru akakwimyoza, wagura ikintu bakakikwima, ntiwokwemera ko za noti bahaya wozigoranwe.<\/p>\n\n\n\n<p>Nabishimye kare, numva ngo hari igihe amafaranga y\u2019amarundi azocika ibipapuro. Abatabizi twibaza ngo ni inkuru. Umuhero wazo watanguye kwibonekeza ku wa 7 Ruheshi 2023. Abajejwe Ububiko bukuru bakongera bagacungera ikoreshwa zayo ni ho batangaje ko inoti za 10.000 na 5000 Fbu zikurwa mu bantu. Maze zihabwa iminsi cumi ntarengwa. Kuva ubwo ni ho izo noti zatanguye gucika ingorane. Uwahora azumva mu mufuko akumva ko ari umugabo, atangura kuyankanwa.<\/p>\n\n\n\n<p>Nukuri kwose, narabonye abantu basohowe muri bisi bazira kugoborora 10 000Fbu ngo barihe, narumvise uwiriwe ubusa afise iyabitanu mu mufuko. Mu masoko uwarengukana imwe muri izo noti yarabwa iry\u2019ininga. Abumiwe nabagiye kuzibitsa no kuzikabisha mu banki n\u2019amashirahamwe yo kuziganya no kuguranana. Aho ni ho umukiriya yahora ari umukwe, ariko aho kwakirwa bamutondesha \u00ab&nbsp;isheni&nbsp;\u00bb. Naho nyene kubitsa no kubikura hari ivyisungwa ntarengwa.<\/p>\n\n\n\n<p>Bamwe mu bari bazigize abagenzi mu mazu bapfanye intuntu n\u2019agahinda kuko zababanye ibipapuro. Kuva kuri uyu wa 18 Ruheshi 2023, abazisigaranye, baraziraba bakarira. Hari abazozitekeza itabi, hari abazozifatisha umuriro, eka, ntibukuka no mu mayarara zizoshikayo. Baripfuje ko zongerwa ikiringo, ariko ntivyakunze.<\/p>\n\n\n<div class=\"wp-block-image\">\n<figure class=\"alignright size-large is-resized\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2023\/06\/Inoti_NJEBAS-1024x707.jpg\" alt=\"\" class=\"wp-image-7452\" width=\"595\" height=\"410\" srcset=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2023\/06\/Inoti_NJEBAS-1024x707.jpg 1024w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2023\/06\/Inoti_NJEBAS-300x207.jpg 300w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2023\/06\/Inoti_NJEBAS-768x530.jpg 768w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2023\/06\/Inoti_NJEBAS.jpg 1500w\" sizes=\"auto, (max-width: 595px) 100vw, 595px\" \/><\/figure>\n<\/div>\n\n\n<p><strong>Ubwo bizokunda ko amafaranga yose abikwa ku makonte&nbsp;?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ni vyo ihindurwa z\u2019iryo noti biravugwa ko harimwo no gushaka guhasha abazinyuruje bakazinyegeza mu mazu ntibanazishira ku makonti yabo kubera ugutinya ko bafatwa. Nta nkeka ko nk\u2019abari bafise amamiriyaridi, mu minsi icumi bitakunze ko bayakabisha canke ngo bayabikishe yose. Nti habuze ayoba yaracitse ibipapuro.<\/p>\n\n\n\n<p>Bakundwa, ego ni ko inoti zishasha ziraje. None ubwo ivyashikiye inoti zo ku wa 04 \/07\/ 2018, si vyo bishobora gushikira izo ku wa 07\/11\/2022? Ubwo izo zishasha zo ntizizonyuruzwa nk\u2019uko vyavuzwe ku zaraye zihagaritswe? Abazinyuruza baraheze mu bwa Nyaburunga canke barihanuye? Ni amahinduka ayahe azananye ni noti zishasha azotuma zishirwa cane ku makonti?<\/p>\n\n\n\n<p>Ruguru, hariya kure mu mitumba, hariho abantu batari bake baronka amafaranga bakuye mu vyo bakora nk\u2019uburimyi n\u2019ubworozi. Maze inoti baronse bakazitsinda musi y\u2019umusego w\u2019uburiri bararako, ku gutinya urugendo rwo gushika mu mabanki kuko ari kure. Amabanki canke amashirahamwe yo kuziganya no kuguranana aho ari, usanga ari nko ku mugwa mukuru wa komine.<\/p>\n\n\n\n<p>Mu vy\u2019ukuri hari abiyumvira ingene bazofata ibirometero n\u2019ibirometero bagiye kwuguruza konte bikabananira. Bakabona ko batokwama bariko baravunika bafata ingendo bagiye kubikisha inoti hanyuma ngo bazosubireyo bagiye kubikura ayo kwifashisha. Narirya bayakenera kenshi. Baca bahitamwo kuyabika mu nzu.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Kugwiza ububiko bw&rsquo;amahera mu mitumba<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ruguru mu mitumba bakeneye amabanki canke amashirahamwe yo kuziganya no kuguranana hafi yabo kugira bijukire kubitsa ku makonti. Kurya hagwijwe amashure n\u2019amavuriro ku mitumba bimere ko no ku mashami n\u2019ibiro vy\u2019amabaki n\u2019amashirahamwe yo kuziganya no kuguranana, kugira ababitsa n\u2019ababikura boroherwe badafashe ingendo zibavuna.<\/p>\n\n\n\n<p>Kandi amahinduka mu kubika amafaranga azanane n\u2019ubuhinga bugezweho. Ivyo tuguze, tubirihe dukoreshe amaterefone yaba amaterefone mato amwe bita \u201cuduhinda\u201d yaba manini amwe bita \u201cibitabu\u201d, ariko bikorwe kugira ukubika inoti mu mazu bihere. Ariko none ubwo buhinga bwa none tuzobushobora na y\u2019ama \u201creseaux\u201d n\u2019ama \u201cconnexion\u201d mu materefone yacu adafata mu mitumba. Ko mu ntara zimwe zimwe amarezo twitorera ari ayo mu bihugu bibanyi!<\/p>\n\n\n\n<p>Kaze namwe noti zishasha ariko muzanane n\u2019ubuhinga buzotuma namwe mutanyuruzwa. Mubarizwe ku makonti. Abarundi bati: <em>\u00abInkoni ikubiswe umukeba uyirenza urugo\u00bb.<\/em><\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Za noti sumba zose zivugwa ko zanyurujwe zikabikwa mu masandugu atamenwa mu mazu y\u2019abantu, zicitse ibipapuro. Inoti zishasha ziraje. Zije uko izahahora zaje. Zishikiye aho izindi zahora. Zizanye ubuhe bukomezi bwo kunanira abazinyuruza ngo nazo zisange zirunze mu mazu ya bamwe? Njebas ati: \u00ab&nbsp;Uwuramvye azobona\u2026\u00bb Bagenzi nta gitangaza kiruta kubona abantu bashonje baterana inoti za [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":7470,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[207],"tags":[600],"coauthors":[189],"class_list":["post-7450","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ubutunzi","tag-amabanki"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7450","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=7450"}],"version-history":[{"count":2,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7450\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":7472,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7450\/revisions\/7472"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/7470"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=7450"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=7450"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=7450"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=7450"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}