{"id":7445,"date":"2023-06-17T20:45:23","date_gmt":"2023-06-17T18:45:23","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayarwa\/?p=7445"},"modified":"2023-08-08T12:25:20","modified_gmt":"2023-08-08T10:25:20","slug":"umupfasoni-urugo-tuyage-sfcg-usaid-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/umupfasoni-urugo-tuyage-sfcg-usaid-burundi\/","title":{"rendered":"Umupfasoni aturubikwa mu rugo ntashobora kwiyungunganya ngo yiteze imbere"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Nubwo bitavugwa kenshi, kugira amahoro mu mutima, ni kimwe mu nkingi nyamukuru imigambi yo kwiteza imbere yubakirako. Ni isoko ry\u2019umunezero mu bubakanye, ni karahara mu ruganda ntibacura. Biciye mu biganiro ikinyamakuru Jimbere Magazine kimaze iminsi gitunganya mu mugambi \u00ab\u00a0Tuyage\u00a0\u00bb w\u2019ishirahamwe Search For Common Ground Burundi, bifashwe mu mugongo na USAID, twarashoboye gutororokanya ivyiyumiro vy\u2019abarundikazi ku bijanye n\u2019intambamyi zibahanamiye mu vyo kwitunganiriza imigambi yo kwiteza imbere.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Mu ngendo zo gutororokanya ivyiyumviro bishingiye ku nzitizi abakenyezi bakunda kugira igihe bipfuza kurangura imigambi yo kwiteza imbere, igitigiri kitari gito cagarutse ku ngendo y\u2019abagabo bamwebamwe baciziziwe n\u2019ingeso yo kuragiza amahiri abagore babo, gushora amatungo y\u2019urugo, bakaja kwinywera utuyoga, ukutemererwa n\u2019abashingantahe babo kuja kurangura imigambi yo kwiteza imbere ariko cane cane uguturubikwa n\u2019abo bubakanye. Ibi vyiyumviro vyatororokanijwe n\u2019imiburiburi muri komine imwe y\u2019intara zigize Uburundi, bibona gusukiranywa.<\/p>\n\n\n\n<p>Anne Marie, umukenyezi wo mu ntara ya Makamba, asanzwe arangura umugambi wo gusuka imishatsi:\u00a0\u00ab\u00a0<em>Ntivyoroshe kuvyuka uja kurangura imigambi yo kwiteza imbere waraye wicaye ku musaya w\u2019inzu, ijoro rikagukerako ujunje muri ico kibanza. Nubwo jewe bitaranshikira, ndabibona kuri bagenzanje, ariko nishize mu kibanza cabo, ndabona ko buba ari ubuzima butoroshe<\/em>.\u00bb Anne Marie cokimwe n\u2019abandi bashikiriza ko nubwo ishaka ryoba rihari ku ruhande rw\u2019umukenyezi, hagera igihe rikamuheramwo bivanye n\u2019uko naho yoja guca udufaranga aba asa n\u2019uwuvomera mu kiva, kuko utwo yegeranije hari n\u2019aho ashika atwakwa n\u2019umugabo.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Ituze mu bubakanye riruta amaronko\u2026<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Kuronsa umutahe uwo mwubakanye ni vyiza. Ariko ugumye umurya umutima ni hahandi. Mu gihe ivyo akora vyose abikorana umutima uri mu kirere, nta ntambwe urugo rushobora gutera. Ni yo mpamvu abubakanye bakwiye gushira hamwe, naho hogira ico badahurijeko, ntihabe ugutanako umwikomo, ahubwo hashirwe imbere ikiyago. Kubwa Godefroid, yakurikiranye ivyigwa bijanye n\u2019inyifato muri kaminuza y\u2019Uburundi, bikwiye ko naho vyoshika abubakanye bagatata, boca baja hamwe bagafata akanya ko kwitatura, bakayaga kandi bakagerageza gutahurana, bagaheza bagasanasana ya migambi y\u2019iterambere yo gukuza urugo rwabo, ahandi ho kurangurana imigambi n\u2019uwo mudahuza ni nk\u2019ukwiyumvira kwubaka mu kirere, iyi nzu nta ho iba ifashe.<\/p>\n\n\n\n<p>Godefroid abandanya agira ati&nbsp;:&nbsp;\u00ab&nbsp;<em>Ikiyago hagati y\u2019abubakanye gikinga amabi menshi, kigasasagaza umunezero mu rugo. Mwarumvise canke muhora mubona mu bubakanye umwe agasuka amarike ku wundi, hakaba ivyaha vy\u2019ugucumitana uwudakoze ivyo ukamutora yiyatse ubuzima canke naho hakaba ukurengerwa n\u2019impuzu akazita akagenda ari amenya mw\u2019ibarabara. Ibi akenshi hari aho usanga biba vyavuye mu kutiyugurura ngo umwe wese ashikirize mugenziwe ivyamutuntuje, habe ugusabana imbabazi, nk\u2019igihe hari uwahemukiye uwundi. Ikiyago hagati y\u2019abubakanye rero gifise ububasha budasanzwe, abubakanye bogikomeza<\/em>. <em>Ni ivyo mwiyumvira namwe ko birinze bishika kuri urwo rugero, uwagize ivyo bibazo atoba agishobora kwiyungunganya<\/em>.&nbsp;\u00bb<\/p>\n\n\n\n<p>Nayo Samuel Nininahazwe umuhanuzi wa Buramatari w\u2019intara ya Gitega mu vyo ajejwe harimwo ugukurikirana ibibazo vy\u2019imibano, imico n\u2019akaranga, ahanura umushingantahe wese kwirinda guhuha canke kuryagagura umupfasoni wiwe, guheba ingendo yo kwama akankamira uwo bubakanye, bame bibuka ko bagize umubiri umwe, kuko ata mugambi w\u2019iterambere ushoboka mu gihe ababana barabana ay\u2019ingwe. <br>Nayo abakenyezi na bo nyene, ngo bokwama bibuka ko uko biri kwose, umugabo ari serugo, bakama bubahana na cane cane bakagerageza kunagura rwa rukundo bari bafitaniye bakireshanya, bereke akarorero keza abana babo, umwana wese azokure agira ati\u00a0:\u00a0<em>\u00ab\u00a0Icompa urugo nk\u2019urwa Data na mama.\u00bb<\/em><\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Nubwo bitavugwa kenshi, kugira amahoro mu mutima, ni kimwe mu nkingi nyamukuru imigambi yo kwiteza imbere yubakirako. Ni isoko ry\u2019umunezero mu bubakanye, ni karahara mu ruganda ntibacura. Biciye mu biganiro ikinyamakuru Jimbere Magazine kimaze iminsi gitunganya mu mugambi \u00ab\u00a0Tuyage\u00a0\u00bb w\u2019ishirahamwe Search For Common Ground Burundi, bifashwe mu mugongo na USAID, twarashoboye gutororokanya ivyiyumiro vy\u2019abarundikazi ku [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":33,"featured_media":7447,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[213],"tags":[597],"coauthors":[231],"class_list":["post-7445","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ukubana","tag-usaid"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7445","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/33"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=7445"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7445\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":7448,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7445\/revisions\/7448"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/7447"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=7445"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=7445"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=7445"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=7445"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}