{"id":7404,"date":"2023-05-16T10:00:00","date_gmt":"2023-05-16T08:00:00","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayarwa\/?p=7404"},"modified":"2023-06-09T13:17:56","modified_gmt":"2023-06-09T11:17:56","slug":"rdc-congo-agaciro-inkwano-amakuru-akarere-eac","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/rdc-congo-agaciro-inkwano-amakuru-akarere-eac\/","title":{"rendered":"RDC\u00a0: agaciro k\u2019inkwano koba kagiye kugabunuka gushika ku madorari 500"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Ng&rsquo;izi inkuru nkurunkuru zivugwa mu karere kur&rsquo;uyu wa 16 Rusama 2023, zatororokanijwe n&rsquo;Uruganda rwa Jimbere<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p><a href=\"https:\/\/bit.ly\/4599crQ\" target=\"_blank\" rel=\"noreferrer noopener\">Mu nama nshingamateka yakoranye ku wa 12\/05\/2023<\/a>, harazanywe itegeko rijanye n\u2019ingene inkwano no kureshanya vyokurikizwa hisunzwe amategeko y\u2019igihugu. Ivyo bikaba bisa nkuko ari nkenerwa kuko bimaze kugaragara ko ata bukwe bukiba hagati y\u2019inkumi n\u2019imisore na cane cane mu gisagara ca Kinshasa, bivuye ku bukene.<\/p>\n\n\n\n<p>Umushingamateka yashimye kuzana iryo tegeko ngo ryigwe, asaba ko n\u2019imiburiburi inkwano itorenza amafaranga 500 y\u2019amadorari, mu gihe imiryango itari mike isaba agaciro k\u2019inkwano kari hejuru incuro 4 canke zitanu kuri ayo mafaranga, ndetse hakaba hari n\u2019abasaba amaterefone agezweho, ama mashini, ama pikipiki nk\u2019inkwano vyiyongera ku mafaranga aba yatanzwe.<\/p>\n\n\n\n<p>Ibitabonywe kumwe n\u2019umushingamateka mugenzi we, abona ko mu gihe vyofatwa uko, umukobwa ataba akiri umuntu, ahubwo yoba ari ikidandazwa co gushira kw\u2019isoko nkuko vyandikwa na RFI. Kubw\u2019iwe ngo agaciro k\u2019umwigeme yogahabwa nuwo bakundana, bivanye n\u2019uburyo bwiwe aho bugera.<\/p>\n\n\n\n<p>Ikindi uwo mushingamateka yazanye nk\u2019integuro y\u2019itegeko mu nama nshingamateka yokwirwako nuko umusore n\u2019inkumi batokwemererwa kugira ubugeni inyuma y\u2019ikiringo c\u2019amezi 12 bakundanye. Ivyo ngo vyofasha kwurwanya ingendo y\u2019inkumi n\u2019imisore ikundana hafi imyaka 3, 4 canke iyirenga, ariko bigahera umwe agiye kugira ubukwe ahandi.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Uganda&nbsp;: Arafunzwe yagirizwa gushira ahabona amasanamu ariko akora ibikorwa vy\u2019ubusambanyi<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Uyo ni uwitwa J.N yaheruka gushira ahabona ku rubuga rwiwe rwa TikTok, amasanamu ariko arakora ibikorwa bijanye n\u2019ubusambanyi n\u2019umwigeme w\u2019umuyabaga. Ivyo ngo vyakorewe muri imwe mu nzu iri mu karere ka Mubende, ndetse ko n\u2019uwujejwe kuraba iyo nzu nawe nyene akaba yarahagaritswe, nkuko bishikirizwa n\u2019umuvugizi w\u2019igiporisi Fred Enanga. J.N akaba yafatiwe mu gace ka Kilintale mu gisagara ca #Kampala, aho yari yinyegeje.<\/p>\n\n\n\n<p>Ivyo vyabaye mu gihe ayo masanamu yari yakwiragijwe ku mbuga zitandukanye, ivyatumye umuvyeyi w\u2019uyo mwigeme atabaza porisi, maze nya mwigeme afasha mu kurondera uyo muhungu. <a href=\"https:\/\/bit.ly\/42GA4xA\" target=\"_blank\" rel=\"noreferrer noopener\">Umuvugizi w\u2019igiporisi aganira n\u2019ikinyamakuru The Monitor<\/a> akaba yavuze kandi ko atewe impungenge n\u2019amasanamu yerekana ubugizi bwa nabi, amaze igihe akwiragizwa ku mbuga ngurukanabumenyi, aho ndetse binagoye kumenya neza ikibanza yafatiwemwo.<\/p>\n\n\n\n<p>Ku munsi wa mbere w\u2019indwi iheze, umugore yitwa Esther Nabirye yarafatiwe mu karere ka Jinja, inyuma yaho hagaragariye amasanamu ku mbuga ngurukanabumenyi yerekana agahohotero yakoreye umwana, amutegeka yuko yotamira amazirantoke yiwe.<\/p>\n\n\n\n<p><strong><a href=\"https:\/\/bit.ly\/3Bw50Ve\" target=\"_blank\" rel=\"noreferrer noopener\">Imipaka iri hagati ya Kenya na Somaliya igiye kwugururwa inyuma y\u2019imyaka 12<\/a><\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Iyo mipaka iri mu burere bwa Bula-hawa, Mandera, Liboi na Ras Kamboni ikaba itegekanya kwugururwa yose mu kiringo kitarenza iminsi 90. Ikaba yari yarugawe mu 2011, inyuma y\u2019ibitero vy\u2019umugwi Al-Shabab uturuka muri Somaliya, vyigaragaje mu gihugu ca Kenya, ivyatumye hafatwa ingingo yo kuyugara mu ntumbero yo gukingira umutekano.<\/p>\n\n\n\n<p>Mu kiganiro ku bamenyeshamakuru ku munsi wa mbere w\u2019indwi iheze, umunyamabanga mu bushikiranganji bw\u2019intwaro yo hagati muri Kenya Kithure Sindiki yamenyesheje ko hari umugambi wo gucungerera hamwe ibijanye n&rsquo;umutekano, amahoro ndetse n\u2019ubutunzi ku mipaka ico gihugu gihana na Somaliya. Kithure yavuze kandi ko muri iyo ntumbero, hazokwugururwa umupaka mushasha hagati y\u2019ivyo bihugu, uri mu karere ka Wajir nkuko vyandikwa na The East African). Ivyo biri uko mu gihe ivyo bihugu vyompi bisangiye ibirometero bigera 680 vy\u2019imipaka yo hasi.<\/p>\n\n\n\n<p><strong><a href=\"https:\/\/bit.ly\/42GdyF7\" target=\"_blank\" rel=\"noreferrer noopener\">Tanzania igiye gutunganya ibibanza 37 vyo gupima imiti y\u2019ibiterwa ku mipaka<\/a><\/strong><\/p>\n\n\n\n<p><a><\/a> Iyo ngingo ikaba yafashwe mu ntumbero yo gukingira ibiterwa, inyuma yaho haheruka gufatwa imiti yo gupoma ibiterwa idakurikije ubuziranenge. Icegera c\u2019umuyobozi w\u2019ikigo kijejwe gukingira ibiterwa (TPHPA), Joseph Ndunguru avuga kandi ko ivyo bibanza (laboratoire) 37 vyo gupima iyo miti bizoshirwa ku mipaka 8 igihugu ca Tanzania gisangiye n\u2019ibindi bihugu, ndetse no ku bibuga vy\u2019indege mpuzamipaka.<\/p>\n\n\n\n<p>Uyo mutegetsi amenyesha kandi ko ivyo bibanza bizopima kandi imiti ishorwa hanze ya Tanzania kugira ngo harabwe yuko nayo ikwije ubuziranenge. Muri iyo ntumbero nyene, ngo haraguzwe amapikipiki 19 hamwe n\u2019utudege (drones) 20 tuzokoreshwa muri ico gikorwa. Tubikesha The Citizen.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Ng&rsquo;izi inkuru nkurunkuru zivugwa mu karere kur&rsquo;uyu wa 16 Rusama 2023, zatororokanijwe n&rsquo;Uruganda rwa Jimbere Mu nama nshingamateka yakoranye ku wa 12\/05\/2023, harazanywe itegeko rijanye n\u2019ingene inkwano no kureshanya vyokurikizwa hisunzwe amategeko y\u2019igihugu. Ivyo bikaba bisa nkuko ari nkenerwa kuko bimaze kugaragara ko ata bukwe bukiba hagati y\u2019inkumi n\u2019imisore na cane cane mu gisagara ca [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":7410,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[591],"tags":[592,578],"coauthors":[34],"class_list":["post-7404","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-inkuru-zo-mu-karere","tag-inkwano","tag-rdc"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7404","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=7404"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7404\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":7411,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7404\/revisions\/7411"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/7410"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=7404"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=7404"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=7404"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=7404"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}