{"id":7395,"date":"2022-10-03T16:12:10","date_gmt":"2022-10-03T14:12:10","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=7395"},"modified":"2023-08-08T12:25:07","modified_gmt":"2023-08-08T10:25:07","slug":"ukaza-wumva-ngo-nzobarya-ndabamare-bahungu-muragabe-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/ukaza-wumva-ngo-nzobarya-ndabamare-bahungu-muragabe-burundi\/","title":{"rendered":"Ukaza wumva ngo \u00abnzobarya ndabamare\u00bb, bahungu muragabe\u2026!"},"content":{"rendered":"\n<p><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Hari ibintu biharawe mu bakobwa bamwebamwe aho usanga bashaka ko abahungu babafata nk\u2019abana babo. Ico bashatse cose bagashaka ko barinda kugihabwa n\u2019abahungu nk\u2019uko umenga ntibovyironderera canke bakabisaba abavyeyi babo. Aho rero akenshi usanga ari abakobwa ata n\u2019umugambi bafise kuri abo bahungu atari ukubarya gusa. Bigeme, ivyagusa bitera ubwenge buke. Kandi nkunda kurya yariye igifyera kimumena itama. Njebas arabahanura\u2026<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Aha, ivyo ndabivuga kubera hari aho nabibonye. Twari ahantu turiko turatera inkuru n\u2019abakobwa barimwo. Haca umuhungu, bugingo arenganye n\u2019umva umukobwa umwe aritoye agira ati: <em>\u00ab Urya muhungu naramuriye ndamuyogeza. Uziko iyo mbandanya n\u2019umuduga mba narawumuriye? Urya twarasohokana, akambwira ko ankunda nanje nkamuhenda akajana na rwo ngo tuvyumva kumwe. Naramuriye iterefone ya \u201ctablette\u201d. Na yo ivyambarwa, ibinyobwa, ikirori, ibifungurwa n\u2019ibindi bisaba akanoti, simvuga.&nbsp; Yari yaranyemereye n\u2019umuduga. N\u2019ubu nobivyura ndazi twoheza. \u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Ikibabaje n\u2019uko iyo ngeso umenga ni umugirwa w\u2019abakobwa batari bake. Hari uwundi yitoye avuga ko ata muhungu bakundana yorya amahera. Ayarya abahungu b\u2019abagendana n\u2019abagenzi babo. Ati: <em>\u00ab Jewe umukobwa w\u2019umugenzi afise umu-type basohokana, ndamufasha guteka imitwe y\u2019ingene tumurya amahera. Nk\u2019ubu umuhungu amusavye azoze kumuraba ata mwiyumvamwo, agenda yitwaje abagenzi. Tuhageze, turamunywera, tukamurira ata kibabarwe hanyuma tukitahira. Ariko ivyo biryoshe mu ba \u201csugar daddy\u201d kuko ari bo birekura. Abahungu b\u2019ubu ubibagira gatatu ubwa kane ntusubira. \u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Mwigeme mwana wa mama, kubera iki utagirira impuwe abahungu. Erega umuntu utamufise ko umugambi si vyiza ko uguma umurya utwiwe uzi neza ko ata co muzoshikako. Kuki ushaka kwitwara nka ya mbeba irya umuntu imuhuha? Ikebuke.&nbsp; Hari abahungu bazi ubwenge bashobara kugukenyura ugasanga ubaye nka wa muntu yakunda kurya ahereza ku gifyera kimumena itama.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Kurya ivyo utabiriye akuya bishobora kukumaramaza\u2026<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Nagize gutya mbona umukobwa baje kwishuza amaterefone bamuhaye. Bamudondagurira uburyo bwamuhereyemwo. Kandi aho hari mu bantu. &nbsp;Bano na bo, baramukuba umuzingi. Ego yarariye ivyatsi ndakubariye. Ikibabaje n\u2019uko nyina w\u2019uwo mukobwa yadutse ararira kuko iyo terefone atayo yari bwamubonane. Yayikoresha mu mpisho. Eka nta n\u2019iyo yari yarigeze asaba abavyeyi ngo bayimwime. Yashimye kuyisaba umuhungu. Yamuhenda ko umukunda. Yamusaba ngo aje ku muraba akajana n\u2019inkundura. Umuhungu yandurutse amuhinyura ahitamwo kumumaramaza.<\/p>\n\n\n\n<p>Eka kandi burya si ivyo gusa. Abakobwa benshi batwara inda z\u2019indaro muri ubwo buryo bwo kwinyegeza mu nkundo mu gushaka kurya ivyo batabiriye akuya. Uramunywera, uramwambarira, uramurira hanyuma mukanduruka muryana. Aho rero utahakuye inda y\u2019indaro uhakura ingwara zandukira kuko umuhinga ahingurwa n\u2019uwundi.<\/p>\n\n\n\n<p>Mwana wa mama, uzorye bike uryame kare. Nakare ngo akarizo k\u2019impene kiyaga aho gahamvya. Urakwiye kwiga kubumbwa n\u2019ivyo ufise. Kuko amaronko menshi aziba amatwi. Iga kubaho nka wewe nyene. Ureke agakuku k\u2019abandi bihaye inzira yo kurya ibishobora kubarya. Teka imitwe yawe, kura amaboko mu mpuzu ukore woye kuba nka ba ba \u201cSlay queens\u201d batunzwe n\u2019ingondo y\u2019abahungu bayirondereye. Abo na bo bakaba ari bamwe kwisorora no gutanga umubiri babifata nk\u2019ubusirimu.&nbsp;<\/p>\n\n\n\n<p>Ako ni agace nkuciriye mwana wa mama, kugira ntuzokwicuze ngo nakunze kurya none menetse itama ubonye utanguye kuzegembana inda utagira uwuyiraba. Canke usigaye ku mutwe kubera ukwondeshwa n\u2019ingwara wanduriye mu kwasama ngo ushaka guhazwa n\u2019ivy\u2019abahungu. Mbwira gito canje nshaka ko n\u2019icuwundi cumviraho.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Hari ibintu biharawe mu bakobwa bamwebamwe aho usanga bashaka ko abahungu babafata nk\u2019abana babo. Ico bashatse cose bagashaka ko barinda kugihabwa n\u2019abahungu nk\u2019uko umenga ntibovyironderera canke bakabisaba abavyeyi babo. Aho rero akenshi usanga ari abakobwa ata n\u2019umugambi bafise kuri abo bahungu atari ukubarya gusa. Bigeme, ivyagusa bitera ubwenge buke. Kandi nkunda kurya yariye igifyera kimumena [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":7397,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[2],"tags":[438],"coauthors":[189],"class_list":["post-7395","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-opinions","tag-urwaruka"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7395","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=7395"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7395\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":7398,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7395\/revisions\/7398"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/7397"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=7395"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=7395"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=7395"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=7395"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}