{"id":7389,"date":"2022-10-03T12:45:56","date_gmt":"2022-10-03T10:45:56","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=7389"},"modified":"2023-08-08T12:25:03","modified_gmt":"2023-08-08T10:25:03","slug":"amakuru-yaranze-akarere-eac-indwi-26nyakanga-2gitugutu2022-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/amakuru-yaranze-akarere-eac-indwi-26nyakanga-2gitugutu2022-burundi\/","title":{"rendered":"Amakuru yaranze akarere ka EAC mu ndwi yo kuva ku wa 26 Nyakanga gushika ku wa 2 Gitugutu 2022"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>RDC&nbsp;: Hagiye gushirwaho ikigo kijejwe kwegeranya uburyo bwo kugarukira abakorewe amabi afatiye ku gitsina bivuye ku ntambara<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ivyo bikaba vyateweko umukono n\u2019inama nshikiranganji ya Reta iharanira demokarasi ya Kongo (RDC) aho yari yakoranye kuri uyu wa 30\/09\/2022. Umushikaranganji w\u2019agateka ka zina muntu, Albert Fabrice Puela, ari nawe yashize imbere iyo nteguro y\u2019itegeko rigenga ico kigo, yamenyesheje ko kahise kico gihugu &nbsp;karanzwe n\u2019intambara n\u2019indyane zahekuye igihugu na bene co ndetse bigatuma abantu batari bake bata izabo bagahunga.<\/p>\n\n\n\n<p>Kubw\u2019uyo mushikiranganji, ngo ivyaha bitari bike vyakozwe mu ntambara ntivyahanywe.Ivyo&nbsp; &nbsp;bigatuma haguma higaragaza inzigo, ukwinubana, ukwikekana ndetse no kurabana ribi hagati y\u2019abantu. Albert Fabrice Puela abonako muri bimwe muvyokorwa n\u2019ubutungane bw\u2019inyuma y\u2019intambara hoba gufasha kugarukira ku bakozweko n\u2019amabi canke ababakomokako. Tubikesha ikinyamakuru <a href=\"https:\/\/www.politico.cd\/encontinu\/2022\/10\/02\/rdc-bientot-la-creation-dun-etablissement-public-pour-les-victimes-des-violences-sexuelles-et-autres-atrocites.html\/116917\/\">Politico.cd<\/a><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Uganda&nbsp;: imiriyoni zababa 18 z\u2019amadorare y\u2019abanyamerika nizo zikenewe kugira ngo hagwanywe ikiza ca Ebola mu mezi 3 ari mbere<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ivyo bishikirizwa n\u2019inzego z\u2019igihugu zifadikanije n\u2019indongozi z\u2019ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y\u2019abantu (OMS). Aho ni mu gihe umwe mu bajejwe amagara y\u2019abantu aherutse guhitanwa n\u2019ico kiza ca Ebola, akiyongera ku bantu bagera kuri batandatu bamaze guhitanwa n\u2019ico kiza hamwe na 35 bimaze kwibonekeza ko banduye ico kiza.<\/p>\n\n\n\n<p>Nkuko vyandikwa n\u2019insamirizi y\u2019Abanyamerika <a href=\"https:\/\/www.voanews.com\/a\/uganda-seeks-ebola-funding-amid-exposure-of-health-workers\/6771762.html\">VOA<\/a>, ico kiza ca Ebola kikaba muri kino gihe kibangamiye ibisagara vya Kyegwegwa, Kassandra, Kagadi, Mubende, na cane cane ahitwa Madudu. Umushikaranganji w\u2019amagara y\u2019abantu muri Uganda amenyesha ko hari abaganga bagera kuri 65 bamaze kwikekwako ico kiza ari na co gituma bashizwe mu bibanza vya bonyene.<\/p>\n\n\n\n<p>Muganga Yonas Tegegn Woldermariam, aserukira ishirahamwe mpuzamakungu ry\u2019 amagara y\u2019abantu OMS muri Uganda ,amenyesha ko afise impungenge ko ayo mafaranga agera ku miriyoni 18 z\u2019amadorare y\u2019abanyamerika yasabwe atazohava akwira kuko ibikenewe gukorwa ari vyinshi. Aho yerekana nk\u2019ibijanye no kwiyunguruza, igitoro, ndetse n\u2019abakozi bose bakenewe mu kurwanya ico kiza. Ivyo biruko mu gihe umukuru w\u2019igihugu ca Uganda aherutse kumenyesha ko ata ngingo zo kwugarana abantu mu mazu kubera ico kiza zigiye gufatwa, ahubwo ko Reta izoshira ikigo co gupima&nbsp;&nbsp; n\u2019ubushakashatsi (laboratoire)&nbsp; ku biro vy\u2019akarere ka Mubende, aho ico ikiza cabonetse ubwambere, mu ntumbero yo kwihutisha kuyipima.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Kenya&nbsp;: Umukuru w\u2019igihugu asaba ko hoshirwaho ikori ridasanzwe ku batunzi<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Hari kuri uyu wa 29\/09\/2022, imbere y\u2019inama nshingamateka y\u2019igihugu ca Kenya, aho umukuru w\u2019igihugu William Ruto yongeye gusaba abashingamateka ko bokwiga ndetse bagatera umukono ku nteguro y\u2019itegeko rishinga gutoza ikori ridasanzwe abatunzi ndetse n\u2019abahembwa amafaranga menshi muri Kenya. Haheze imyaka iyo nteguro y\u2019itegeko iguma isubizwa inyuma.<\/p>\n\n\n\n<p>Ico ciyumviro ca William Ruto kikaba kije gufasha kugabanya amafaranga Reta yahora isaba nk\u2019ideni kugira ngo izoyakoreshe mu migambi y\u2019igihugu nkuko vyandikwa&nbsp; n\u2019ikinyamakuru <a href=\"https:\/\/www.businessdailyafrica.com\/bd\/economy\/ruto-pledges-wealth-tax-on-tycoons-to-fix-budget-3967380\">Business Daily<\/a>. Umukuru w\u2019igihugu akaba yamenyesheje kandi ko bizotuma n\u2019ikori ryahora ritozwa abakozi n\u2019abandandaza basanzwe rigabanuka.<\/p>\n\n\n\n<p>Ngo iryo kori rero rizotozwa hisunzwe umutungo muri rusangi hakuwemwo amadeni uwo mutunzi afise. Abakurikirana hafi ivy\u2019ubutunzi muri Kenya bo babona ko mu gihe iyo ngingo izoja mu ngiro, abanyagwizatunga batari bake bashobora kwinyegeza, ntibatange ikori uko bikwiye canke bakaja gushinga imitahe hanze ya Kenya&nbsp;<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Aba \u2018Masa\u00ef\u2019 batsinzwe mu rubanza bitwariye Reta ya Tanzanie<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Sentare y\u2019akarere k\u2019Afrika y\u2019Ubuseruko yamenyesheje kuri uyu wa 30\/09\/2022 ko ikirego c\u2019abava mu bwoko bwa ba masa\u00ef cagiriza Reta ya Tanzanie yuko yirukanye ku nguvu kandi idakurikije amategeko mu mwaka w\u2019i 2017 imiryango yabo baba mw\u2019ishamba rikingiwe rya Serengeti, ko kidafashe. Aba \u2018Masa\u00ef\u2019 bo bavuga ko aho baba muri iryo shamba bari kw\u2019itongo basigiwe n\u2019abasokuru.<\/p>\n\n\n\n<p>Reta ya Tanzanie ivuga ko mu gushaka kwimura abo ba \u2018Masa\u00ef\u2019, ifise umugambi wo gukingira ico kibanza kiri mu bibanza vy\u2019iratiro bigenderwa cane. Nkuko tubisanga ku rubuga ngurukanabumenyi rw\u2019insamirizi y\u2019Abafaransa<a href=\"https:\/\/www.rfi.fr\/fr\/afrique\/20221001-un-revers-pour-les-membres-de-la-communaut%C3%A9-masa%C3%AF-en-tanzanie\"> RFI<\/a>, umushingwamanza Donald Deya avugira abitwariye Reta ya Tanzanie ngo iyo ngingo yafashwe na Sentare y\u2019akarere irateye isoni, ngo bakaba bagiye kwunguruza urwo rubanza.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Rwanda&nbsp;: Ndimbati yambitswe izera, umushikaranganji Bamporiki yaciriwe gufungwa imyaka 4<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Mu makuru yavuzwe cane mu gihugu c\u2019Urwanda harimwo iyambikwa izera kuri uyu wa 29\/09\/2022 z\u2019umugabo yamenyekanye mu gukina amareresi Uwihoreye Jean Bosco batazira Ndimbati.Nkuko vyandikwa na <a href=\"https:\/\/www.radiyoyacuvoa.com\/a\/6768698.html\">VOA<\/a> ,uyo mugabo akaba yagirizwa ivyaha vyo gushurashuza umwana w\u2019umwigeme yamuhaye ibiyovyabwenge. Mu gihe yaramaze amezi 6 apfunzwe, Ndimbati akaba yambitswe izera kuri ivyo vyaha vyompi ndetse agasohoka agasho atanatanze indishi y\u2019akababaro yari yasabiwe igera ku miriyoni 30 z\u2019Urwanda, sentare ikamenyeshako ivyemezo abagiriza ivyaha Ndimbati atarivyo.<\/p>\n\n\n\n<p>Muri ico gihugu kandi , uwahoze ari umushikaranganji w\u2019imico Edouard Bamporiki yaciriwe gufungwa imyaka 4 n&rsquo;ihadabu y&rsquo;amafaranga agera ku miriyoni 60 y\u2019amanyarwanda na sentare nkuru ya Nyarugenge mu gisagara ca Kigali.Ikinyamakuru <a href=\"https:\/\/www.bbc.com\/gahuza\/articles\/cm5y4yxpxgjo\">BBC<\/a> kimenyesha ko nyuma yo kwagirwa n\u2019icaha gifitanye isano na n\u2019igiturire yakiriye bivuye ku mugwizatunga yagomba kwuguruza ihinguriro ry\u2019ibinyobwa mu Rwanda no gukoresha igikenye mu kurondera inyungu ze bwite. Bamporiki yari yaburanye yemera ivyaha kandi asaba imbabazi. Umucamanza yavuze ko Bamporiki Edouard yagirwa n\u2019ivyaha vyompi. Ivyo biruko mu gihe yari yasabiwe gufungwa imyaka 20 n\u2019ihadabu y\u2019amafaranga y\u2019amarundi imiriyoni 200 y\u2019Urwanda.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>RDC&nbsp;: Hagiye gushirwaho ikigo kijejwe kwegeranya uburyo bwo kugarukira abakorewe amabi afatiye ku gitsina bivuye ku ntambara Ivyo bikaba vyateweko umukono n\u2019inama nshikiranganji ya Reta iharanira demokarasi ya Kongo (RDC) aho yari yakoranye kuri uyu wa 30\/09\/2022. Umushikaranganji w\u2019agateka ka zina muntu, Albert Fabrice Puela, ari nawe yashize imbere iyo nteguro y\u2019itegeko rigenga ico kigo, [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":43,"featured_media":7391,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[258],"tags":[567],"coauthors":[572],"class_list":["post-7389","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-itorokanirizo-ryuruganda-rwa-jimbere","tag-eac"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7389","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/43"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=7389"}],"version-history":[{"count":2,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7389\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":7394,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7389\/revisions\/7394"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/7391"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=7389"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=7389"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=7389"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=7389"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}