{"id":7363,"date":"2022-09-19T15:54:48","date_gmt":"2022-09-19T13:54:48","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=7363"},"modified":"2022-09-19T16:31:01","modified_gmt":"2022-09-19T14:31:01","slug":"ngo-abahungu-ntibacubaka-izabo-imibano-burundi-njebas","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/ngo-abahungu-ntibacubaka-izabo-imibano-burundi-njebas\/","title":{"rendered":"Ngo abahungu ntibacubaka izabo\u2026"},"content":{"rendered":"\n<p><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Ubu rero hari abakobwa basigaye bavuga ngo abahungu barahevye kugira ubugeni. Aho rero baba bafatira ku kuntu ata bahungu baronka bababwira imigambi y\u2019ugushinga urugo. None ko ata munsi wa gatandatu wijana imanza z\u2019ubugeni zitabaye, muhera he muvuga ngo ntabahungu bacubaka? Ubwo wewe widoga uvuga ivyo, wirimbuye ubona koko urabereye urugo? Aho wosanga urara mu kirori, mu bubare canke wirirwa mu \u201cmaghetto\u201d y\u2019abahungu batandukanye, hanyuma ngo ushaka kwubaka. Njebas arabavunira akagohe\u2026<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Umukobwa umwe ariko yababa imyaka 40, ata co abuze, afise inoti, yaritoye avuga ko abahungu b\u2019ubu batacubaka. Ariko yarihenze abivuga ari kumwe n\u2019umukenyezi. Uno nawe aca amusamira hejuru, amubaza ati none wewe baguhora iki ko mbona abandi birirwa barubaka? Mu kwikurayo, yamwishuye ati: <em>\u00ab<\/em><em> Nkeka bampora ko mfise akazi kampemba amahera menshi, nkaba nkunda gusohokera ahantu hazimvye kandi hiyubashe. Abahungu nibaza ko baca bantinya bibwira ko nobagaya. <\/em><em>\u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Bashikanje, ehe tube turayaga. Nakare ngo ukuri gushirira mu kuyaga. &nbsp;None mu vyukuri wibaza ko ari uwuhe muhungu yokenera umufasha w\u2019ikiyerere? Anywa akarara mu birabo. Intahaga. Nta \u201cm\u00e9lange\u201d ya 2000Fbu ikugera ku munwa. Usohokana n\u2019abahungu ukama ushaka gutatagura inkoko n\u2019amafi. Nta soni ugira, urenyaguza. Ehe raba, \u201cweekend\u201d itangura wavuye muhira. Uhagaruka ku wa mbere \u201camaghetto\u201d y\u2019abahungu batandukanye wayahetuye. Mu bubare n\u2019ubuvyiniro ni yo ubarizwa. Iwanyu baraguhevye.<\/p>\n\n\n\n<p>Uranywa ugata ubwenge bakagutahana iyo bashaka. Amahoteri n\u2019inzu z\u2019abahita, izo utarinjira ni izitabaho. Ariko ngo abahungu ntibacubaka. Erega nimwebwe mwiyicira isoko. Umuhungu naho yoba ari ikirara co ku rwego rwo hejuru, hageze ko yubaka aza kuraba uwo atazi. Uwufise ingeso nziza. Uwomubera umufasha w\u2019ukuri. Kuko wewe uri ikibuga co gukoreramwo imyimenyerezo. Uri uw\u2019ikirori mbaye nka babahungu bari hano. Bose barakuzi. Uwutagukinirako ni uwutagushaka. Reka kwidoga, kuko uwigize agatebo bamuyoza ivu.&nbsp;<\/p>\n\n\n\n<p><strong>N\u2019umuhungu w\u2019ikirara yipfuza umugore w\u2019indero runtu\u2026<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Mwana wa mama, Irimbure. Nta co uhereza amaboko. Amafyeri yarakumaze. Uratambuka ukirya ukimara. Ntawuguhamagara ngo umwitabe. Wirata ngo ufise akazi, ufise amahera. Uryama aho bakuryamitse hose. Imivinyu n\u2019ama \u201cliqueurs\u201d ni vyo binyobwa vyawe. Hanyuma ngo wabuze uwukubwira mwubake. Barya ubona mugendana, mupfana akaborerwe no kumarana umusonga. Nta bindi. Mu rugo ntarota akujanayo. Kwubaka niyabishaka azohiga umukobwa w\u2019indero runtu. Yiyubaha. Atananiye abavyeyi. Wewe uriragira ukicura nk\u2019impene yo mu ci, ntuzi kuvugira hasi, iyo uvuze womenga wamize mikoro. Ubona arinde yokwitega? Erega ibuka ko uwuhusha itunga ahusha umugore. Ntawukeneye rero kukwihendeko.<\/p>\n\n\n\n<p>Erega muramenya ko hariho n\u2019abahungu ivyo kwubaka utobabwira. Batunzwe n\u2019ikirori gusa. Mbere hari abasigaye bavuga ko bahitamwo kwivuza bataha. Aho baba bashaka kuvuga ko badakeneye kwubaka. Bikurira umusonga aho bageze hose. Rero nimba abagenzi bawe bari muri uwo mugwi w\u2019abo bahungu, menya ko amahitamwo yawe ari mabi. Uzokwama mu kibuga baguhanahana nk\u2019agapira, utinde uhereze inyuma y\u2019urukino.<\/p>\n\n\n\n<p>Bagenzi, burya abahungu bashaka kwubaka hari ivyo baraba. &nbsp;Mbe hoho ukoresha amahera uronka gute ko wama mu madeni? Uba kwa so na nyoko, ntibazi ayo uhembwa iyo uyamarira.&nbsp; Ntuzi kuziganya no gukoresha amahera yawe, ariko witeze ibitangaza ngo hari uwuzokwizera umubere umufasha\u2026 ubona womufasha iki? Ko bapfuma bahitamwo kwubakana n\u2019abatagira akazi canke abakiri kw\u2019ishure kuko bababonana inyifato nziza. &nbsp;Imbere yuko uvuga ngo abahungu ntibacubaka, isuzume, urabe igituma bagusimbisha amaso.<\/p>\n\n\n\n<p>Ehe rero, bana ba mama nimwaba mushaka kwubaka, nimwigenge ubuntu. Ca bugufi. Reka kuba abakobwa b\u2019ububare n\u2019amaghetto y\u2019abahungu ngo mugiye kuryimara. &nbsp;Burya ndaryimare ni we ndaryitere. Ubu ufise hafi imyaka 40. Uri mu guca imvyaro none utanguye kubona ko abahungu mwagendanye hafi imyaka 10 ata migambi yo kugushira mu rugo bafise. Ntibokwikoza kuko umwanya bagukenereyeko ni wo bakuronkerako. Mugani w\u2019abakera, agatu gatekeye gatera amatsiko. Iyo rero ubaye sanza bihore, uwo ari we wese akurako rwiwe yigira. Vavanura n\u2019ingeso mbi. Ba umukobwa w\u2019indero n\u2019akaranga. Niho abakwipfuriza imigambi y\u2019urugo uzobabona. Barirwa wumve.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Ubu rero hari abakobwa basigaye bavuga ngo abahungu barahevye kugira ubugeni. Aho rero baba bafatira ku kuntu ata bahungu baronka bababwira imigambi y\u2019ugushinga urugo. None ko ata munsi wa gatandatu wijana imanza z\u2019ubugeni zitabaye, muhera he muvuga ngo ntabahungu bacubaka? Ubwo wewe widoga uvuga ivyo, wirimbuye ubona koko urabereye urugo? Aho wosanga urara mu kirori, [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":7364,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[2],"tags":[510],"coauthors":[189],"class_list":["post-7363","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-opinions","tag-njebas"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7363","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=7363"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7363\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":7365,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7363\/revisions\/7365"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/7364"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=7363"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=7363"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=7363"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=7363"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}