{"id":7357,"date":"2022-09-16T16:32:00","date_gmt":"2022-09-16T14:32:00","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=7357"},"modified":"2023-08-08T12:24:47","modified_gmt":"2023-08-08T10:24:47","slug":"abahuza-mitumba-bagiye-gusubirira-abashingatahe-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/abahuza-mitumba-bagiye-gusubirira-abashingatahe-burundi\/","title":{"rendered":"Abahuza bo ku mitumba bagiye gusubirira abashingatahe"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Kuri uyu uwa mbere uheze igenekerezo rya 12 Nyakanga 2022, harabaye amatora y\u2019abahuza bo ku mitumba mu Burundi bwose. <\/strong><strong>Intumbero yayo ni kunagura intahe yo ku mugina. Abatowe bafise amabanga yo kwumvikanisha abatase no kunywanisha abafise ivyo bapfa mu kibano. Muri make, ni abacamanza bo ku mitumba. Mbega abo batowe bazokorana n\u2019abashingatahe twari tumenyereye?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Mu gihe hariko haraba amatora y\u2019abahuza bo ku mitumba, abantu baguma biyumvira uko abashingantahe batiwe ku ntahe yo ku mugina bazokorana n\u2019abahuza bo ku mitumba. Ariko inyishu ntiyatevye kuboneka. Ubushikiranganji mu vyo bujejwe harimwo intwaro yo hagati mu gihugu bwaciye bumenyesha buti: <em>\u00ab<\/em><em>Abashingantahe batiwe, aho bari hose mu gihugu c&rsquo;Uburundi <a href=\"https:\/\/twitter.com\/MininterInfosBi\/status\/1569299022132973569?t=CoOXjE6tIJQzpEkZ-2uBOA&amp;s=19\">ntibazosubira kwiturwa n&rsquo;abenegihugu<\/a>. Hazohora hakora abahuza bo ku mitumba batowe n\u2019abenegihugu. Ivyo bikaba bizotangura kuja mu ngiro umunsi abatowe bazorahira. <\/em><em>\u00bb<\/em><em><\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Abenegihugu bamwebamwe barashimye cane iryo nagurwa ry\u2019intahe. Hari abidoga bavuga ko, abashingantahe batiwe batasoma urubanza ababurana batabanje kubaha inzoga. Ngo ni naho havuye imvugo igira iti: <em>\u00ab<\/em><em>Intahe iragura inyoye<\/em><em>\u00bb<\/em><em>. <\/em>Ntakarutimana wo mu gisagara ca Bujumbura ati: <em>\u00ab<\/em><em> Kera hari abashingantahe batirwa n\u2019inzoga batatirwa n\u2019ijambo. Hariho n\u2019abantu b\u2019imvugakuri batatirwa kubera bakenye, bataronse imibindi y\u2019inzoga batanga. Harimwo ugukumirwa kw\u2019abatifise. <\/em><em>\u00bb <\/em>Akishimira ko ubu abantu bazohora bacirirwa imanza n\u2019abo bitoreye atakirinze gusabwa.<\/p>\n\n\n\n<p>Igiraneza nawe ati: \u00ab<em>Intahe ya kera yarakumira abakenyezi<\/em>.<em> Ntibatirwa. Hatirwa urugo. Ni ukuvuga ko hatirwa umugabo mu rugo. Ubwo rero bukaba bwari uburyo bwo kwegeza inyuma abakenyezi.<\/em> <em>Ariko ubu n\u2019abakenyezi baritoza. <\/em><em>\u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Umushikiranganji w\u2019ubutungane Domine Banyankimbona, aho yariko araraba uko amatora y&rsquo;abahuza bo ku mitumba ariko aragenda yaravuze ko abakenyezi bohabwa ikibanza. Yagize ati: <em>\u00ab<\/em><em>Kuri buri mutumba canke ikaritiye hategerezwa gutorwa abakenyezi 5 n&rsquo;abagabo 10 kiretse aho vyoshika akaba ata bakenyezi bakwiye ico gitigiri biyandikishije.<\/em> <em>\u00bb<\/em> Ivyo bikaba ari ibiha ikibanza abakenyezi mu mabanga yo gutatura amatati ku mitumba.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Inagurwa ry\u2019intahe yo ku mugina ntaho risaniye n\u2019ivya poritike\u2026<\/strong><strong><em><\/em><\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Fabien Segatwa, umushingwamanza yanonosoye ivy\u2019amategeko avuga ko ugutora abahuza bo ku mitumba ari igikorwa co gushira mu ngiro ibwirizwa inomero 01\/03 ryo ku wa 23 Nzero 2021 ryunganira ingingo y&rsquo;igitabu c&rsquo;amategeko agenga itohoza n&rsquo;iburanishwa ry&rsquo;amatati ryerekeye ukunagura intahe yo ku mugina. Iryo rero ngo ni itegeko ryashinzwe n&rsquo;igihugu. Ntawe rikumira kandi nta n\u2019uwo rihata ngo niyitoze. Yaba uwatiwe canke uwutatiwe. Nta n\u2019umugambwe ushirwa imbere.<\/p>\n\n\n\n<p>Hishimikije ingingo ziri mw\u2019itegeko inomero 100\/188 ryo ku wa 29 Mukakaro 2021 rishinga ingene abagize intahe yo ku mugina batorwa: \u00ab Uwitoza aba afise ubwenegihugu bw\u2019umurundi. Afise imyaka iva ku 35 kandi abaye kw\u2019uwo mutumba ikiringo kitari musi y\u2019imyaka 5. Ari imvugakuri kandi agendera ubutungane. Yiyubahiriza kandi yitwararika ivyo ajejwe, ashobora gutahura ibibazo vy\u2019uwumwituye. yigenza runtu.&nbsp; Atagira aho yegamiye kandi atagira nkunzi. Atorwa n\u2019abanyagihugu bamuzi. \u00bb<\/p>\n\n\n\n<p>Uyo mushingwamanza rero akabona ko ugutora umugwi ugizwe n\u2019abahuza 15 kuri buri mu mutumba, hisunzwe ingene imanza ziburanishwa. Kugira izo manza cane cane z\u2019amatongo n\u2019izindi ntonto zaduka ku misozi zibanze guca imbere y\u2019abahuza bo ku mitumba batowe n\u2019abenegihugu babiyumvamwo, babahanure, babumvikanishe. Ivyo bizogabanya n\u2019imanza zahora zijanwa mu masentare. &nbsp;<\/p>\n\n\n\n<p>Amabanga y\u2019abagize intahe yo ku mugina nta kiringo arangirirako gihari. Ntibahembwa ariko bararonka agashirikabute n\u2019aho kataramenyekana uko kangana. Uwuri mu bagize iyo ntahe yo ku mugina ashobora gutakaza ayo mabanga iyo apfuye, akoze amakosa ahambaye mu kurangura amabanga ashinzwe bikemezwa n\u2019intahe yo ku mugina, yaciriwe igihano kubera yakoze icaha gisanzwe canke gikomeye. Agize ubumuga bwo mu mubiri canke bwo mu mutwe, atakironkera umwanya amabanga ashinzwe. Atanze imihoho canke habaye iyindi mvo yose ishobora gutosekaza iteka ry\u2019intahe yo ku mugina, nk\u2019uko biri mw\u2019ibwirizwa inomero 1\/03 ryo ku wa 23 Nzero 2021 ryunganira ingingo z\u2019igitabu c\u2019amategeko agenga itohoza n\u2019iburanishwa ry\u2019imanza z\u2019amatati, ryerekeye ukunagura intahe yo ku mugina.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Kuri uyu uwa mbere uheze igenekerezo rya 12 Nyakanga 2022, harabaye amatora y\u2019abahuza bo ku mitumba mu Burundi bwose. Intumbero yayo ni kunagura intahe yo ku mugina. Abatowe bafise amabanga yo kwumvikanisha abatase no kunywanisha abafise ivyo bapfa mu kibano. Muri make, ni abacamanza bo ku mitumba. Mbega abo batowe bazokorana n\u2019abashingatahe twari tumenyereye? Mu [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":7358,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[568],"tags":[585,586],"coauthors":[189],"class_list":["post-7357","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ayagezweho","tag-abahuza","tag-ku-mugina"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7357","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=7357"}],"version-history":[{"count":2,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7357\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":7361,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7357\/revisions\/7361"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/7358"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=7357"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=7357"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=7357"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=7357"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}