{"id":7351,"date":"2022-09-13T17:19:56","date_gmt":"2022-09-13T15:19:56","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=7351"},"modified":"2023-08-08T12:24:42","modified_gmt":"2023-08-08T10:24:42","slug":"amakuru-yaranze-akarere-afirika-yubuseruko-indwi-irangiye-numero13-eac-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/amakuru-yaranze-akarere-afirika-yubuseruko-indwi-irangiye-numero13-eac-burundi\/","title":{"rendered":"Amakuru yaranze akarere ka Afirika y\u2019ubuseruko mu ndwi irangiye ya 5-11\/09\/2022"},"content":{"rendered":"\n<p><strong><strong>Ibirori vyo kwita amazina ingunge 20<\/strong><\/strong> <strong><strong>mu Rwanda<\/strong><\/strong>, <strong>muri RDC<\/strong> <strong>ikiraro carasidutse ubwo nyene ariho bagiheza kucugurura icese, ibirego vyashikirijwe ntivyotuma hahakanwa ivyavuye mu matora muri Kenya\u2026<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Mu Rwanda habandanije hayagwa ibirori vyo kwita amazina ingunge 20<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ni umugirwa bivugwa ko wari ubaye ku ncuro yawo igira 18. Muri ivyo birori vyitiriwe \u00ab&nbsp;Kwita izina&nbsp;\u00bb vyabaye ku wa 2 Nyakanga uyu mwaka hari hatumiwemwo abantu bakomeye bo mu mihingo itandukanye y\u2019isi. Ubona ko ari na vyo vya mbere bisubiye kuba abantu bishikiye nyezina mu kibanza kuva mu 2019 bitumwe n\u2019ikiza ca Covid19.<\/p>\n\n\n\n<p><a href=\"https:\/\/fr.africanews.com\/2022\/09\/04\/rwanda-20-gorilles-de-montagne-baptises-par-des-personnalites\/\">Ikinyamakuru Africanews<\/a> canditse iyi nkuru kivuga yuko ivyo birori bituma ba mukerarugendo (ingenzi) babandanya guhurumbira igihugu c\u2019Urwanda. Ariko kandi kwita izina izo nguge ngo birafasha mu kugira bashobore kuzitandukanya ndetse banakurikirane ubuzima bwazo vyoroshe.<\/p>\n\n\n\n<p><br><strong>Igihugu ca Uganda cararishe igice ca mbere c\u2019indishi y\u2019akababaro kubw\u2019intambara cateje muri Kongo.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Sentare mpuzamakungu yaciriye Uganda ihadabu y\u2019imiriyoni 325 z\u2019amadorari y\u2019abanyamerika izotegerezwa guha Repubirika iharanira intwaro rusangi ya Kongo nk\u2019indishi y\u2019akababaro kubera intambara yateje mu buseruko bw\u2019ico gihugu. Haraciye imyaka yababa 25.<\/p>\n\n\n\n<p>Ubushikiranganji bw\u2019ubutungane bwa Kongo buvuga ko Uganda yahaye ico gihugu igice ca mbere kingana n\u2019imiriyoni 65 z\u2019amadorari y\u2019abanyamerika mu ndwi irangiye.<\/p>\n\n\n\n<p>Sentare mpuzamakungu ya ONU yakiriye urwo rubanza mu mwaka wa 1999 yategetse ko Uganda izotegerezwa kuriha iryo hadabu mu bice bitanu, kimwekimwe kingana n\u2019imiriyoni 65 z\u2019amadorari. <a href=\"https:\/\/www.bbc.com\/gahuza\/articles\/cv2dnl9k4pko?at_custom3=BBC+News+Gahuza&amp;at_custom2=facebook_page&amp;at_custom1=%5Bpost+type%5D&amp;at_custom4=4016EAF6-31C5-11ED-93AA-702B2152A482&amp;at_campaign=64&amp;at_medium=custom7&amp;fbclid=IwAR0zHUtRo2yqMhrG7na5GMvfk45vViEtN56eQVgZVXAq1J6f3o-1wuHlHoQ\">Ikinyamakuru BBC<\/a> candika iyi nkuru kivuga ko kubona Uganda itanguye kuriha iyo ndishi vyerekana ko imigenderanire iri hagati y\u2019ibi bihugu bibiri yateye imbere cane.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Kongo (RDC)&nbsp;: ikiraro carasidutse ubwo nyene ariho bagiheza kucugurura icese<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ni inkuru yahanahanywe cane mu buryo bwa videwo ku mbuga hwaniro irya n\u2019ino bamwe bakibaza ngo vyoba atari ivyabaye. <a href=\"https:\/\/www.bbc.com\/gahuza\/articles\/cn02x666pk2o\">Ikinyamakuru BBC<\/a> canditse iyo nkuru kivuga ko ico kiraro cari cubatswe ku kagezi kari muri karitiye ya Mont Ngafula i Kinshasa ku mugwa mukuru. Cubatswe ku mfashanyo y\u2019umugiraneza Hurlaine Badila inyuma yo kubona ko icahahora cari gishaje.<\/p>\n\n\n\n<p>Ivyononekaye inyuma y\u2019ugusiduka kw\u2019ico kiraro bivugwa ko cari cubatswe n\u2019abantu batari babifitiye ubumenyi bikaba bitatangajwe na BBC.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Muri Kongo (RDC) harateweko umukono ku masezerano y\u2019irungikwa ry\u2019abasirikare b\u2019akarere ka EAC kugarukana umutekano mu buseruko bw\u2019ico gihugu<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Gutera umukono kuri ayo masezerano vyabaye bihagarikiwe n\u2019umukuru w\u2019igihugu F\u00e9lix Tshisekedi igihe yaha umubonano intumwa z\u2019akarere ka EAC zari mu rugendo muri ico gihugu ca Kongo ku wa 09 Nyakanga 2022. Gushira umukono kuri ayo masezerano biabaye mu gihe haheruka gutangazwa ku wa 15 Myandagaro ko abasirikare b\u2019Uburundi binjiye icese ku butaka bw\u2019ico gihugu bagiye muri ico gikorwa co kugarukana amahoro.<\/p>\n\n\n\n<p><a href=\"https:\/\/www.politico.cd\/encontinu\/2022\/09\/09\/deploiement-de-force-regionale-dans-lest-la-rdc-signe-laccord-portant-statut-de-la-force-regionale-de-leac.html\/115270\/\">Ikinyamakuru PoliticoCD<\/a> giti\u00a0: <em>\u00ab\u00a0Iyo ngingo yo kurungika inteko z\u2019akarere ntibonwa neza na bose.\u00bb<\/em> Umwe mubagize ico banegura kuri uwo mugambi ni D\u00e9nis Mukwege agira ati\u00a0:\u00a0\u00ab\u00a0Ntivyumvikana ingene umutekano woza kugarurwa n\u2019abantu batungwa agatoki kuba mu bawuhungabanya. Uyu muganga we akabona iyo ngingo nk\u2019iyije gutuma nyabuna ibintu biyangara. Ku bwiwe ngo hakwiye nyabuna ugutunganywa gushasha igisirikare, igiporisi hamwe n\u2019inzego z\u2019iperereza vy\u2019igihugu imbere ya vyose. <em>\u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Kenya: ubutungane bwaremeje ivyavuye mu matora y\u2019umukuru w\u2019igihugu<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p><a href=\"https:\/\/www.the-star.co.ke\/news\/2022-09-05-how-supreme-court-ruled-on-nine-petition-issues\/\">Ni yo nkuru yaranze indwi muri ico gihugu<\/a>. Inyuma yaho Raila Odinga ahakaniye intsinzi ya William Ruto mu matora yo ku wa 9 Myandagaro akitura n\u2019ubutungane, sentare gasamburamanza yatangaje ku wa 5 Nyakanga 2022 yuko ibirego vyashikirijwe bidafashe. Ivyo rero bikaba bitotuma hahakanwa ivyavuye mu matora.<\/p>\n\n\n\n<p>Haciye akanya gato urubanza rusomwe, Raila Odinga akaba yaciye asohora itangazo amenyesha ko ashize aho intahe ishize. Ariko avuga ko adashigikiye ingene urubanza rwiwe rwaciwe. William Ruto akaba agiye kurahirira amabanga yo kurongora Igihugu ca Kenya nk\u2019Umukuru w\u2019igihugu agira gatanu kuri uyu wa 13&nbsp;Nyakanga 2022.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Ibirori vyo kwita amazina ingunge 20 mu Rwanda, muri RDC ikiraro carasidutse ubwo nyene ariho bagiheza kucugurura icese, ibirego vyashikirijwe ntivyotuma hahakanwa ivyavuye mu matora muri Kenya\u2026 Mu Rwanda habandanije hayagwa ibirori vyo kwita amazina ingunge 20 Ni umugirwa bivugwa ko wari ubaye ku ncuro yawo igira 18. Muri ivyo birori vyitiriwe \u00ab&nbsp;Kwita izina&nbsp;\u00bb vyabaye [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":7353,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[258],"tags":[567],"coauthors":[34],"class_list":["post-7351","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-itorokanirizo-ryuruganda-rwa-jimbere","tag-eac"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7351","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=7351"}],"version-history":[{"count":3,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7351\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":7356,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7351\/revisions\/7356"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/7353"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=7351"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=7351"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=7351"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=7351"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}