{"id":7331,"date":"2022-09-04T16:52:14","date_gmt":"2022-09-04T14:52:14","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=7331"},"modified":"2023-10-08T10:43:34","modified_gmt":"2023-10-08T08:43:34","slug":"abafundi-amazu-basaba-reta-yohagurukira-abanyegeza-isima-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/abafundi-amazu-basaba-reta-yohagurukira-abanyegeza-isima-burundi\/","title":{"rendered":"Abafundi b\u2019amazu basaba ko Reta yohagurukira abanyegeza isima"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Nta kazi kakiboneka mu bafundi bubaka amazu mu gisagara ca Bujumbura. N\u2019aho kabonetse bahembwa intica ntikize. Ivyo bigaterwa n\u2019uko abubaka amazu batakironka isima ya Buseko(BUCECO). Bagasaba ko Reta yokurikiranira hafi abantu bayidandaza kuko hoba harimwo abayinyegeza kugira bayigurishe izimvye.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Kuri Gare du Nord neza na neza ahazwi kw\u2019izina ryo kuri Main d\u2019\u0153uvre, mu gisagara ca Bujumbura ni kimwe mu bibanza abafundi bubaka amazu barindirirako ababaha akazi. Ariko muri ibi bihe, ubwanwa bwarapfutse umunwa. Kuronka uwubajana kubereka aho bubaka n\u2019ink\u2019ukubonekerwa.&nbsp;<\/p>\n\n\n\n<p>Ajumumarariwe, kubera isaha yariko irerekana igihe c\u2019isaha zitanu, ata cizere co kuronka ikiraka agifise, Gasupari avuga ko imiryango yabo itakibukura mu cibo. Ubu ngo arataha yagera mw\u2019irembo akamaramara kuko abana baza kumusanganira ata n\u2019itu afise mu minwe abaha ngo binjize mu nzu.<\/p>\n\n\n\n<p>Agira ati: <em>\u00ab Akazi kakiboneka, ku munsi umu \u201cma\u00e7on\u201d yahembwa 25.000Fbu, umu \u201ct\u00e2cheron\u201d akaronka 30.000Fbu, na yo umu \u201cingenieur\u201d yahembwa 60.000Fbu. Ariko ubu akazi karagoye kuronka kubera abubaka bitwaza ko isima yabuze n\u2019aho ibonetse iba izimvye. Ugize amahirwe ukakaronka rero uwo wubakira, n\u2019amafaranga aguhemba nawe aca ayagabanya, ngo isima yamuzimvye. Dusaba Reta ko yohagurukira abadandaza b\u2019isima, abayinyegeza bagahanwa vy\u2019akarorero, kuko bari mu batuma tubura akazi. \u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p><strong>\u00abMuri Mukaza harafashwe ingingo zo gutuza abanyuruza isima\u2026\u00bb<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Mu gihe yari mu nama n\u2019abafise ivyo bakorera mu makaritiye ya Centre-ville na Asiatique kuri uwu wa 24 Myandagaro 2022, Musitanteri wa komine Mukaza Renovat Sindayihebura yaragabishije abadandaza b\u2019isima boba baja kuyizana muri buseko, ariko ntibayishikane aho bayicururiza. Ngo ikamyo ikayizanye bagaca bayikatishiriza mu bundi bubiko bwabo butazwi buri mu yandi ma karitiye canke mu yindi komine kugira idandazwe n\u2019abakomisiyoneri ku giciro kiri hejuru. Aho usanga isima igurwa 24500Fbu boba bayitanga ku yarenga 30.000Fbu kugira bunguke umurengera.&nbsp;<\/p>\n\n\n\n<p>Uyo musitaneri anavuga kandi ko, hari n\u2019abatakizana isima ku murango. Bikika ijoro bakayizana mu gicugu, iyo kamyo bakayipakururira mu wundi muduga bugaca bamaze kuyungururiza mu bundi bubiko butazwi. Eka kandi ngo hari n\u2019abayizana, ariko hageze kuyitanga ugasanga hari abantu baje kuyitora bafise impapuro bamaze kuyirihirako kuri banki, ivyo na vyo bigatera amakenga.<\/p>\n\n\n\n<p>Ku bw\u2019ivyo, Renovat Sindayihebura ati: <em>\u00ab Ingingo zafashwe ni uko abacuruza isima babwirizwa kuyitanga ku mugaragaro, bizwi n\u2019abajejwe intwaro, abajejwe umutekano hamwe n\u2019abajejwe iperereza. Ko abazoyitanga izo nzego zose zitabizi bazofatwa kandi bagahanwa hisunzwe amategeko. Na yo abo bitwaza impampuro zerekana ko isima bayirihiye itaraza, bazobanza kwerekana inzu bariko barubaka iyo ziri. N\u2019ayo ububiko bw\u2019isima butazwi, bugiye gutohozwa, iyo buzofatirwa hose, banyenebwo bazobuhanirwa. \u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Mwomenya ko umwe mu bari muri iyo nama yariko iragirishwa na musitanteri, yaterereye iciyumviro c\u2019uko imiduga ija kurangura isima, yoshirwako ivyuma bifata amasanamu (cam\u00e9ra de surveillance) kugira bigende birafata amasanamu y\u2019ahantu hose iyo miduga yaciye kandi habeho abajejwe kuyikurikirana. Ivyo vyotuma isima bazana ishika. Ubwo none ico ciyumviro coshoboka? Tubitege amaso.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Nta kazi kakiboneka mu bafundi bubaka amazu mu gisagara ca Bujumbura. N\u2019aho kabonetse bahembwa intica ntikize. Ivyo bigaterwa n\u2019uko abubaka amazu batakironka isima ya Buseko(BUCECO). Bagasaba ko Reta yokurikiranira hafi abantu bayidandaza kuko hoba harimwo abayinyegeza kugira bayigurishe izimvye. Kuri Gare du Nord neza na neza ahazwi kw\u2019izina ryo kuri Main d\u2019\u0153uvre, mu gisagara ca [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":7332,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[207],"tags":[222],"coauthors":[189],"class_list":["post-7331","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ubutunzi","tag-ubutunzi"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7331","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=7331"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7331\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":7334,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7331\/revisions\/7334"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/7332"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=7331"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=7331"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=7331"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=7331"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}