{"id":7309,"date":"2022-08-13T01:07:17","date_gmt":"2022-08-12T23:07:17","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=7309"},"modified":"2022-08-13T01:07:46","modified_gmt":"2022-08-12T23:07:46","slug":"kubera-iki-bishika-ikawa-burundi-igashoka-mukinywabi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/kubera-iki-bishika-ikawa-burundi-igashoka-mukinywabi\/","title":{"rendered":"Kubera iki bishika ikawa y\u2019i Burundi igashoka mu kinywabi\u00a0?"},"content":{"rendered":"\n<p class=\"wp-block-paragraph\"><strong>Uguteba guhemba abarimyi b\u2019ikawa, igiciro gito mu gihe mu bindi bihugu bihana imbibe n\u2019Uburundi batanga agahembo kisununuye, ukuba hari abikorera ivyabo bayigura bakihigira isoko iyo bashaka, ivyo vyose ngo vyoba biri mu bituma ikawa y\u2019i Burundi ishobora gushorwa mu kinywabi. Ido n\u2019ido.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p class=\"wp-block-paragraph\">Mu Burundi, ikawa ntiyemewe ko isyererwa mu mihana. Ishorwa ibiturumbwe kandi ikagurirwa ku matonorero azwi na Reta. Ariko hari igihe bishika ikawa za nyuma na nyuma zimwe bita \u00ab&nbsp;Imbunya&nbsp;\u00bb, zigatonorerwa muhira. Izo rero ziraheza zikagurwa n\u2019ikigo ca Reta kijejwe gutunganya ibijanye n\u2019ikawa ODECA ku giciro cashinzwe. Nk\u2019uko bivugwa na Remy Cishahayo Buramatari w\u2019intara ya Kayanza.<\/p>\n\n\n\n<p class=\"wp-block-paragraph\">Ariko n\u2019ubwo bibujijwe ko ikawa y\u2019i Burundi ishorerwa ku matonorero atazwi, mbere bikaba bibujijwe ko yojabukanwa imbibe, hari abinyegeza bakazishora iyo baba bumvise igiciro kiri hejuru. Ivyo vyaribonekeje&nbsp; aho ku wa 25 Rusama 2022, mu ntara ya Kayanza hafashwe ikawa itonoye yababa amatoni 27. Yafatiwe kw\u2019isoko yo mu Dutwe muri komine Gatara. Inyuma y\u2019aho gato harafashwe muri komine Butaganzwa ibiro 100. Izo zose zafashwe zikaba zaciye zishikirizwa ikigo ODECA, nk\u2019uko vyemezwa na Buramatari w\u2019intara ya Kayanza.<\/p>\n\n\n\n<p class=\"wp-block-paragraph\">Mu matohoza yakozwe basanze iyo kawa ishoka mu Rwanda. Buramatari wa Kayanza ati&nbsp;:&nbsp;<em>\u00ab Kubera ikawa y\u2019i Burundi ifise akanovera, abanyarwanda barahevye begereza amatonorero ku mbibe ico gihugu gihana n\u2019Uburundi kugira kize kiragura ikawa iva i Burundi ku giciro kiri hejuru mbere badasanzwe banagura ko iy\u2019iwabo. Kugira bakwegere abarundi bazijaneyo. Aho rero kuba ari ukugira baronke ikawa y\u2019akanovera bashobora gucanga n\u2019iyabo gutyo babone kuyihigira isoko mu makungu.\u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p class=\"wp-block-paragraph\"><strong>None kuki bazishora hanze binyegeje\u2026<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p class=\"wp-block-paragraph\">M. I umurimyi w\u2019ikawa aba ku mutumba Nyamiyogoro, avuga ko imvo yoba ituma abantu biyumvira kuyishora hanze, ari kubera baba bashaka amafaranga yihuta (ama cash). Agira ati:&nbsp;<em>\u00abNk\u2019ubu umuntu aramura ikawa akajana kw\u2019itonorero akarindira ko bamuhemba akabura. Aciye yumva aho bamuha ayabona aca azishorayo. Ikindi kandi, abantu bikorera utwabo baje kugura ikawa&nbsp;usanga bakorana n\u2019amatonorero, barashobora guhenda abarimyi bakabaha amafaranga ubwo nyene ariko ku giciro kiri musi y\u2019icashinzwe na Reta.&nbsp; Izo kawa bagura mu kinyegero ni na zo bahigira isoko iyo bashaka. \u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p class=\"wp-block-paragraph\">Uwundi murimyi wo mu Kabuye muri komine Kayanza avuga ko ibintu bishobora gutuma ikawa ishoka hanze mu kinyegero, ari ubusuma bubera ku matonorero, aho usanga uko umuntu ashoye bamwiba ikawa kuko bazirika iminzane. Agira ati<em>: \u00abHari ukuntu ikawa uyishora wayipimye neza ugeze kw\u2019itonorero ugasanga ibiro vyagabanutse. Babikugize akarenga gatatu wanduruka uhiga ahandi uyijana. Kandi izo kawa biba abarimyi ku matonorero ni zo zanduruka zijanwa kugurishwa mu kinywabi kuko ataho ziba zanditswe kw\u2019ifishi. \u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p class=\"wp-block-paragraph\">Mbere biravugwa ko mw\u2019ikawa zafashwe mu Kayanza harimwo izafaboneka ko zisa n\u2019iziva ku matonorero. Ariko buramatari w\u2019iyo ntara avuga ko bagerageje gukora amatohoza, abakuru b\u2019amatonorero 4 barahagarikwa, ODECA iraza gusuzuma ko ata kawa zoba zarahanyurujwe isanga ntazo. Ariko uwo mu buramatari avuga ko mu bafatanywe itonga z\u2019ikawa, hari abafatanywe imashine 3 zigezweho zitonora ikawa.<\/p>\n\n\n\n<p class=\"wp-block-paragraph\"><strong>Hoba hari ibiriko birakorwa kugira ikawa ntize irashorwa mu kinyegero?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p class=\"wp-block-paragraph\">Umushikiranganji mu vyo ajejejwe harimwo uburimyi D\u00e9o Guide Rurema ati: <em>\u00ab Abantu bari mu gisata c\u2019ikawa benshi nta n\u2019ikawa bafise. Bagura ikawa z\u2019abanegihugu. Imbere yuko Reta ifata ingingo yo kuzikurikiranira ibintu vyari vyayangaye. Mu 2015 abarimyi b\u2019ikawa bari baheraniwe amafaranga y\u2019amarundi arenga imiriyaridi 2. Abari mu bisata vy\u2019ikawa barayigurira abarimyi ku giciro gito cane kitarenga amahera 400 Fbu ku kiro. hanyuma bakazishora, amahera bakuyemwo bagakubita ku mufuko. Ntibabahembe. Ubu vyarahindutse tubahemba ku gihe.&nbsp;Amashirahamwe na yo adahemba abarimyi, ni ukuyavira hasi, yase kwikubita agashi tuyasezerere. \u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p class=\"wp-block-paragraph\">Yongera kandi akavuga ko Reta yadugije igiciro c\u2019ikawa. Yagikuye ku mafaranga 380Fbu ubu kikaba kigeze ku mafaranga 800 Fbu. Kandi iyo ikawa yaguzwe neza kw\u2019isoko mpuzamakungu babongera agahembo kugira abarimyi ntibidoge. Kandi ko abantu abikorera ivyabo bari muri ico gisata badashaka gutanga agahembo neza ku benegihugu, ko bahagurukiwe ku buryo mbere bazonakwirukanwa muri ico gisata. Ko zizogurwa na ODECA kuko ifise uburyo bukwiye.<\/p>\n\n\n\n<p class=\"wp-block-paragraph\">Uyo mushikiranganji akamenyesha ko muri iki gihe bariko bararaba amahera boza barahemba umurimyi gutyo ntasubire kugira igisharara co kuza gushora ikawa hanze ngo ni ho igurwa neza. Ariko mwomenya ko mu Rwanda ikiro c\u2019ikawa itonoye ivuye mu Burundi cagurwa 9000Fbu igihe hafatwa ikawa mu Kayanza muri Rusama uyu mwaka, nk\u2019uko vyavuzwe ku wa 7 Ruheshi na Jean Pierre Ntabomenyereye arongoye urunani mpuzamashirahamwe y\u2019abarimui b\u2019ikawa CNAC mu gihe yariko yishura ku bibazo vy\u2019abamenyeshamakuru.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Uguteba guhemba abarimyi b\u2019ikawa, igiciro gito mu gihe mu bindi bihugu bihana imbibe n\u2019Uburundi batanga agahembo kisununuye, ukuba hari abikorera ivyabo bayigura bakihigira isoko iyo bashaka, ivyo vyose ngo vyoba biri mu bituma ikawa y\u2019i Burundi ishobora gushorwa mu kinywabi. Ido n\u2019ido. Mu Burundi, ikawa ntiyemewe ko isyererwa mu mihana. Ishorwa ibiturumbwe kandi ikagurirwa ku [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":7310,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"footnotes":""},"categories":[215],"tags":[313,328],"coauthors":[189],"class_list":["post-7309","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-uburimyi","tag-ikawa","tag-uburimyi"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7309","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=7309"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7309\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":7313,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7309\/revisions\/7313"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/7310"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=7309"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=7309"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=7309"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=7309"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}