{"id":7293,"date":"2022-08-02T14:54:24","date_gmt":"2022-08-02T12:54:24","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=7293"},"modified":"2022-08-02T16:05:59","modified_gmt":"2022-08-02T14:05:59","slug":"amakuru-yaranze-akarere-burundi-eac","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/amakuru-yaranze-akarere-burundi-eac\/","title":{"rendered":"Amakuru yaranze akarere"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Kwiyamiriza abasoda ba MONUSCO biguma bihitana abantu muri RDC<\/strong> <\/p>\n\n\n\n<p>Abantu batatu barishwe barashwe ku musi w\u2019Imana &nbsp;31\/07\/2022, mu karere ka Beni, ku mupaka wa Kasindi, igihugu ca Reta iharanira demokarasi ya Kongo gihana na Uganda.Abo bantu bakaba barashwe &nbsp;n\u2019abasirikare ba MONUSCO mu gihe bano bariko bagerageza kwinjira mu gihugu ca RDC. Abandi 15 bakaba barakomeretse murizo ntureka. Ni mu gihe abantu 19 bari bamaze guhitanwa n\u2019imyiyerekano yo kwiyamiriza inteko za MONUSCO.<\/p>\n\n\n\n<p>Ivyo vyabaye biriyamirizwa n\u2019abajejwe intwaro muri ako karere ka Beni ndetse bigaterwa ivyatsi n\u2019abarongoye MONUSCO. Bavuga yuko abakoze ako kabi bamaze kumenyekana ndetse n\u2019amatohoza kuribo yamaze gutangura.<\/p>\n\n\n\n<p>Twokwibutsa yuko &nbsp;&nbsp;kuva igenekerezo rya 25\/08\/2022, abanyagihugu bo muri RDC na cane cane mu turere twa Goma, Butembo na Beni batanguye imyiyerekano yo kwiyamiriza abasoda ba MONUSCO, bavuga ko ataco bariko barafasha mu kagarukana amahoro mu gihugu. Vyandikwa na RFI (<a href=\"https:\/\/bit.ly\/3QelCWQ\">https:\/\/bit.ly\/3QelCWQ<\/a> )<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Tanzaniya igiye gushorera &nbsp;ubutare bwa \u00ab&nbsp;diamant&nbsp;\u00bb i Duba\u00ef<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Iyo niyo ntumbero Reta ya Tanzaniya yihaye, inyuma yaho iboneye yuko umwimbu w\u2019iryo buye ry\u2019agaciro wabaye mwinshi ndetse n\u2019igiciro caryo kikaba kikaduga kw\u2019isoko mpuzamakungu. Ikinyamakuru The Citizen (<a href=\"https:\/\/bit.ly\/3d1YMTW\">https:\/\/bit.ly\/3d1YMTW<\/a> ) candika ko amafaranga angana n\u2019imirayiridi 11 y\u2019amadorari ariyo yinjiye mu kigega c\u2019igihugu ca Tanzania, bivuye mu gushora amabuye y\u2019agaciro. Igihugu ca Tanzania kikaba kiri mu bihugu kw\u2019isi bizwi cane mu butunzi bw\u2019amabuye y\u2019agaciro ya \u00ab&nbsp;diamant&nbsp;\u00bb.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Kenya&nbsp;: uwitoza mu kibanza c\u2019Umukuru w\u2019igihugu ku ruhande rwa William Ruto yagirizwa igiturire<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Rigathi Gachagua akurikiranwa kuva kuri uyu wa 28\/07\/2022, ku caha co kunyuruza amafaranga yababa imiriyoni 1,7 y\u2019abanyaburaya na Reta ya Kenya. Ivyo ngo akaba yabikoze hagati y\u2019umwaka w\u2019i 2013 ushira 2020, aho yagiye ararongora amashirahamwe atandukanye.<\/p>\n\n\n\n<p>Mu rubanza yaciriwe, bakaba bamenyesheje ko Rigathi Gachagua yananiwe gusigura ayo mafaranga aho yavuye, ivyo uyo munyepolitike yamirira kure, akavuga yuko arivyo gushaka ku mucafuza na rirya amatora y\u2019umukuru w\u2019igihugu muri Kenya asigaje iminsi 6 nkuko tubikesha iradiyo RFI (<a href=\"https:\/\/bit.ly\/3vy8yE5\">https:\/\/bit.ly\/3vy8yE5<\/a> )<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Uganda&nbsp;: abantu cumi barahitanwe n\u2019imvura y\u2019igihuhusi<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>&nbsp;Mw\u2019ijoro ry\u2019uwa 30 Myandagaro 2022, mu bisagara vya Mbale na Kapchorwa,&nbsp; imvura ivanze n\u2019imiyaga yirara mu mihana, inzuzi ziruzura zirasesa, amazu arabomoka n\u2019ibindi bitari bike biratikira. Kubw\u2019Umushikaranganji wa mbere w\u2019igihugu ca Uganda, Robinah Nabanja, ngo izo ni ingaruka zitituka ry\u2019ibidukikije<\/p>\n\n\n\n<p>Ikinyamakuru Le Figaro (<a href=\"https:\/\/bit.ly\/3PVrNiM\">https:\/\/bit.ly\/3PVrNiM<\/a> ), kivuga ko akarere ka Mbale n\u2019ubundi burere bwegereye ako gace buri mu bubangamirwa n\u2019imyizurira kuko ababa murubwo burere bubatse amazu hafi y\u2019inzuzi no ku misozi ihanamye<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Rwanda&nbsp;: abigisha n\u2019abayobozi b\u2019amashure bongerewe agashahara<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Inyuma y\u2019imyaka 15 batongerezwa agashahara,abigisha bo mu Rwanda baributswe na reta yabo. Inkuru nziza kuribo kukaba nkako &nbsp;ibiciro vy\u2019ibidandazwa vyagumye biduga murico kiringo nkuko vyandikwa n\u2019ikinyamakuru BBC. (<a href=\"https:\/\/bbc.in\/3zq3JxJ\">https:\/\/bbc.in\/3zq3JxJ<\/a>)<\/p>\n\n\n\n<p>Iyo nyongera izoja ku mushahara w\u2019umwigisha atahana nyuma yuko umushahara wiwe wakuweho ibindi birimwo ubwishingizi, n\u2019ibindi bakurako ku mushahara.<\/p>\n\n\n\n<p>Umushahara wadugijwe hafatiwe kuyo umwigisha canke umuyobozi w\u2019ishure rya Reta asanzwe ahembwa agitangura akazi, hashingiwe ku mpamyabushobozi mu buryo bukurikira&nbsp;:<\/p>\n\n\n\n<p>A2 (impamyabushobozi y\u2019amashure yisumbuye) yahembwa 57.639 y\u2019amanyarwanda yongejwe 50.849 ni kuvuga ko azoca ahembwa 108.488 y\u2019amanyarwanda<\/p>\n\n\n\n<p>A1 (impamyabushobozi y\u2019urugero rwa mbere rwa kaminuza) yahembwa 136.895 y\u2019amanyarwanda yongejwe 54.916 ni kuvuga ko azoca ahembwa 191.811 y\u2019amanyarwanda<\/p>\n\n\n\n<p>A0 (Ni impamyabushobozi y\u2019urugero rwa kabiri rwa kaminuza-licence\/bachelor\u2019s degree) yahembwa 176.189 y\u2019amanyarwanda yongejwe 70.195 azoza ahembwa 246.384 y\u2019amanyarwanda<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Kwiyamiriza abasoda ba MONUSCO biguma bihitana abantu muri RDC Abantu batatu barishwe barashwe ku musi w\u2019Imana &nbsp;31\/07\/2022, mu karere ka Beni, ku mupaka wa Kasindi, igihugu ca Reta iharanira demokarasi ya Kongo gihana na Uganda.Abo bantu bakaba barashwe &nbsp;n\u2019abasirikare ba MONUSCO mu gihe bano bariko bagerageza kwinjira mu gihugu ca RDC. Abandi 15 bakaba barakomeretse [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":43,"featured_media":7294,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[258],"tags":[582,581,580,168,578,91,579],"coauthors":[572],"class_list":["post-7293","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-itorokanirizo-ryuruganda-rwa-jimbere","tag-diamant","tag-kenya","tag-monusco","tag-ouganda","tag-rdc","tag-rwanda","tag-tanzanie"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7293","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/43"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=7293"}],"version-history":[{"count":2,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7293\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":7300,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7293\/revisions\/7300"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/7294"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=7293"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=7293"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=7293"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=7293"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}