{"id":7283,"date":"2022-08-01T21:15:29","date_gmt":"2022-08-01T19:15:29","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=7283"},"modified":"2022-08-01T21:19:19","modified_gmt":"2022-08-01T19:19:19","slug":"amahinguriro-yicayi-gisata-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/amahinguriro-yicayi-gisata-burundi\/","title":{"rendered":"<strong>\u00ab&nbsp;Amahinguriro y\u2019icayi yokwongerekana, ico gisata cotera imbere&nbsp;\u00bb<\/strong>"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Mu ntumbero yo kurabira hamwe ingene hoduzwa umwimbu w\u2019icayi kandi c\u2019akanovera n\u2019igiciro caco kidasigaye inyuma, amashirahamwe, rimwe riraba ibijanye n&rsquo;icayi mu Burundi \u00ab&nbsp;OTB&nbsp;\u00bb hamwe n&rsquo;iry&rsquo;ubudandaji bw&rsquo;icayi c\u2019Afirika y&rsquo;ubuseruko EATTA, yarakiriye kuva kuri uwu wa 20&nbsp; gushika ku wa 22 Mukakaro 2022, i Bujumbura<\/strong> <strong>mu Burundi ihuriro rigira 5 n&rsquo;ihayanishwa n\u2019ibihingugwa n\u2019abahinga bakorera mu gisata c&rsquo;icayi muri Afirika.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Dr D\u00e9o Guide Rurema, umushikiranganji w\u2019uburimyi, ubworozi n\u2019ibidukikije, avuga ko ari akaryo keza ko abakorera mu gisata c&rsquo;icayi mu karere, baba abarimyi, abagihingura n\u2019abakidandaza bahura bakaganira ku ntambamyi bahura, bagahanahana ivyiyumviro ku vyokorwa, bakanaronderera hamwe isoko ryiyaguye mu makungu.<\/p>\n\n\n\n<p>Iryo huriro ryari rifise icivugo kigira giti: \u00ab&nbsp;Gutunganya kubwa kazoza urudandazwa rurama rw\u2019igitegwa c\u2019icayi \u00bb. Ibihugu 11 vyo kw\u2019isi vyari vyitabiriye iryo huriro ryariko rirabera mu bigo vy\u2019ihoteri Club du Lac Tanganyika. Mu vyo barabiye hamwe&nbsp;hari: kuduza umwimbu w\u2019icayi c\u2019akanovera. Mu myaka itanu iheze vyagaragaye ko cagiye kiratituka. Ikindi n&rsquo;ingene bogiha igiciro gifadika kugira umurimyi ahatorere akoyoko, nk\u2019uko bivugwa na Arthur D. Sewe ayoboye ishirahamwe EATTA.<\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-image size-large\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" width=\"1024\" height=\"683\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2022\/08\/IMG_20220801_205146-1-1024x683.jpg\" alt=\"\" class=\"wp-image-7289\" srcset=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2022\/08\/IMG_20220801_205146-1-1024x683.jpg 1024w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2022\/08\/IMG_20220801_205146-1-300x200.jpg 300w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2022\/08\/IMG_20220801_205146-1-768x512.jpg 768w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2022\/08\/IMG_20220801_205146-1-1536x1024.jpg 1536w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2022\/08\/IMG_20220801_205146-1-scaled.jpg 2048w\" sizes=\"auto, (max-width: 1024px) 100vw, 1024px\" \/><\/figure>\n\n\n\n<p><strong>Mu Burundi igisata c\u2019icayi cifashe gute?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Dr D\u00e9o Guide Rurema avuga ko igiterwa c&rsquo;icayi kiza mu kibanza ca kabiri mu biterwa bishoka hanze. Ku mwaka haboneka umwimbu ugera ku matoni 12.000. Icayi cinzija amafaranga mvamakungu ku rugero rw&rsquo;ibice 20% kandi gitunze ingo zirenga 52.000 zishora amababi yaco. Kiratuma n\u2019abantu baba iruhande y&rsquo;amahinguriro yaco baharonka akazi.<\/p>\n\n\n\n<p>Mu kugwiza umwimbu w&rsquo;ico giterwa, hari ibikorwa biriko birakorwa nk&rsquo;uko D\u00e9ogratias Nduwimana Umuyobozi Mukuru w\u2019ikigo OTB abimenyesha: <em>\u00ab<\/em><em>Tuguma dutera imivyaro mishasha y&rsquo;icayi twongera dusubiriza icayi gishaje. Turaronsa ifumbire abarimyi kugira tuborohereze mu bikorwa vyabo. Twaraguye akarere ko kukirimamwo aho Reta y\u2019Uburundi yatanze amahegitari 200 i Matana mu ntara ya Bururi, n\u2019ayandi 150 i Mabayi mu ntara ya Cibitoke. Kandi, amahegitari 110 y&rsquo;icayi mu Burundi yaranaguwe. <\/em><em>\u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>&nbsp;Emmanuel Ndayiziga umuyobozi ajejwe ubudandaji muri OTB, avuga ko icayi c&rsquo;Uburundi cifashe neza, kuko mu vyerekeye akanovera ari ica kabiri muri Afirika. Agira ati: <em>\u00ab<\/em><em>Ako kanovera kaboneka kubera inguvu Reta ishiramwo: harakoreshwa ubuhinga bushasha bw&rsquo;uburimyi, harashigikirwa mu buryo no mu bikoresho amakoperative, haranaguwe ibikoresho vyo mu mahinguriro y&rsquo;icayi, n\u2019abikorera ivyabo bahamagarirwa gushira imitahe muri ico gisata. <\/em><em>\u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-image size-full\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" width=\"720\" height=\"405\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2022\/08\/IMG_20220801_205005.jpg\" alt=\"\" class=\"wp-image-7290\" srcset=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2022\/08\/IMG_20220801_205005.jpg 720w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2022\/08\/IMG_20220801_205005-300x169.jpg 300w\" sizes=\"auto, (max-width: 720px) 100vw, 720px\" \/><\/figure>\n\n\n\n<p><strong>Amahinguriro ntaraba menshi\u2026<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Mu Burundi hari amahinguriro 5 ya OTB na 2 y&rsquo;abikorera utwabo. Emmanuel Ndayiziga avuga ko kuba umwimbu baronka utaragera ku rugero bashaka biva no kuba amahinguriro ahari atari menshi. Mbere anamenyesha ko OTB iriko irubaka irindi hinguriro rigira 6 ry&rsquo;i Matana kugira ryongereze umwimbu. Ihangiro akaba ari ukurenza amatoni 20.000 ku mwaka no kuduza agahembo ku barimyi.<\/p>\n\n\n\n<p>Uyo muyobozi ajejwe ubudandaji muri OTB, akishimira ko hariho abarimyi bashasha bafise amahinguriro nka Lovimax na Protem baje gukora kugira baje hamwe na OTB mu ntumbero yo kugwiza umwimbu, hanyuma uje kw&rsquo;isoko mpuzamakungu . Ariko kandi avunira akagohe abikorera ivyabo ko batoza baje gushinga amahinguriro kugira bagure umwimbu w\u2019abarimyi gusa. Ahubwo nabo bogira imirima y\u2019icayi y\u2019akarorero kugira bagire uruhara mu guteza imbere icayi c\u2019i Burundi mu makungu.<\/p>\n\n\n\n<p>Mu vyo abakorera mu gisata c\u2019icayi mu Burundi bungukiye muri iryo huriro rigira gatanu, nuko bashoboye kwicarana n\u2019abarimyi, ab\u2019amahinguriro n\u2019abadandaza icayi bo mu bindi bihugu birenga 11 vyo kw\u2019isi baraganira uburyo bagiye gukorana bishemeye, bararahuranirako ubumenyi bongera baravugana uburyo boshobora kuza barahanahana ibidandazwa n&rsquo;ibikoresho batibagiye gukomeza ubucuti mu bijanye n&rsquo;ubudandaji, nk\u2019uko bivugwa na Emmanuel Ndayiziga<\/p>\n\n\n\n<p><\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Mu ntumbero yo kurabira hamwe ingene hoduzwa umwimbu w\u2019icayi kandi c\u2019akanovera n\u2019igiciro caco kidasigaye inyuma, amashirahamwe, rimwe riraba ibijanye n&rsquo;icayi mu Burundi \u00ab&nbsp;OTB&nbsp;\u00bb hamwe n&rsquo;iry&rsquo;ubudandaji bw&rsquo;icayi c\u2019Afirika y&rsquo;ubuseruko EATTA, yarakiriye kuva kuri uwu wa 20&nbsp; gushika ku wa 22 Mukakaro 2022, i Bujumbura mu Burundi ihuriro rigira 5 n&rsquo;ihayanishwa n\u2019ibihingugwa n\u2019abahinga bakorera mu gisata c&rsquo;icayi [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":7286,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[215,207],"tags":[576,577,575,469,574,244],"coauthors":[189],"class_list":["post-7283","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-uburimyi","category-ubutunzi","tag-agaciro","tag-amafaranga","tag-eatta","tag-icayi","tag-otb","tag-umwimbu"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7283","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=7283"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7283\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":7291,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7283\/revisions\/7291"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/7286"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=7283"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=7283"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=7283"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=7283"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}