{"id":7268,"date":"2022-06-14T08:32:44","date_gmt":"2022-06-14T06:32:44","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=7268"},"modified":"2022-06-14T08:35:36","modified_gmt":"2022-06-14T06:35:36","slug":"ikawa-zihurumbirwa-ikiro-2000fbu-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/ikawa-zihurumbirwa-ikiro-2000fbu-burundi\/","title":{"rendered":"Burundi : \u00abKugira ikawa zongere guhurumbirwa cane, ikiro c\u2019ibiturumbwe cogurwa nka 2000Fbu\u00bb"},"content":{"rendered":"\n<p><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Abarimyi b\u2019ikawa barituye mu 2019 inama nshingamateka basaba ko igiciro c\u2019ikawa coduga kugira umurimyi abandanye ashiruka umwete wo kuyirima. Baravye utwigoro umurimyi akoresha, abashingamateka bakaba bashikirije ko n\u2019imiburiburi ikiro c\u2019ikawa y\u2019ibiturumbwe cogurwa 1500Fbu, aho ni mu gihe uno munsi iri kuri 800 Fbu. Abarimyi bo bashikiriza ko ari nka hamwe yogurwa nka 2000Fbu ku kiro c\u2019ibiturumbwe ariho vyoba vyiza gusumba ngo n\u2019urwaruka rwoheza rukayihurumbira\u2026 \u00a0<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Umushikiranganji mu vyo ajejwe harimwo uburimyi, D\u00e9o Guide Rurema, avuga ko ikawa ikiri mu minwe y\u2019abikorera ivyabo abarimyi badashobora kuronka agahembo kabo ku gihe. Ariko ko ubu ico kibazo caheze kubera Reta ariyo ibihembera kandi ku gihe. Igiciro ca nyuma aheruka gutanganza ku kiro c\u2019ikawa nziza y\u2019ibiturumbwe kikaba ari 800Fbu, mu gihe iy\u2019ibisorwa ari 400Fbu.<\/p>\n\n\n\n<p>Jean Pierre Ntabomenyereye, umuyobozi w\u2019urunani mpuzamashirahamwe CNAC Murima w\u2019isangi avuga ko kuba bahembwa ku gihe babishima, ariko, ko hari n\u2019ibindi bahomba. Amenyesha ko ubu, ku matonorero amwe amwe, umurimyi yibwa ibiro biri hagati ya 4 na 5 uko apimye. Muri ukwo kwibwa, uwurongoye itonorero ngo ategekwa gutanga ico bita \u201crendement ya 4\u201d.<\/p>\n\n\n\n<p>Ni ukuvuga ko uwo ajejwe itonorero ategerezwa kuraba ko ikiro kimwe c\u2019ikawa yumye kiva mu biro 4 vy\u2019ibiturumbwe, kandi basanzwe bazi ko ibiro 5 vy\u2019ibiturumbwe arivyo bivamwo ikiro 1 c\u2019iyumye. Rero kugira akwize iyo \u201crendement\u201d asabwa, ategerezwa kwiba umurimyi ibiro vy\u2019ikawa. Agatanga akarorero kuri komine Gashoho, aho musitanteri waho yahevye akagirisha inama avuga ko ubwo busuma ku matonorero bwohagarara.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Kuva ikawa ivuye mu minwe y\u2019abikorera utwabo, umwimbu waragabanutse<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Jean Pierre Ntabomenyereye, amenyesha ko umwimbu mwinshi w\u2019ikawa ishoka hanze uheruka kuboneka mu mwaka wa 2018-2019 hakirimwo amashirahamwe y\u2019abikorera utwabo, aho habonetse amatoni arenga 24000. Kuva ubwo uwo mwimbu ukaba utarongera kuboneka.&nbsp; Bisigura ko iyo abarimyi bikawa bagiye hamwe n\u2019abandi bakorera muri ico gisata, bagira ico baterera.<\/p>\n\n\n\n<p>Hafatiwe ku mwimbu usigaye uboneka, mu kiganiro n\u2019abamenyesha makuru D\u00e9o Guide Rurema yagirishije ku wa 19 Ndamukiza 2021, yamenyesheje ko umwimbu w\u2019ikawa ishoka hanze wabonetse mw\u2019isizeni ya 2020-2021 wangana n\u2019amatoni 15.054. Na yo mu kiganiro co ku wa 22 Ntwarante 2022, akaba yavuze ko mw\u2019isizeni ya 2021-2022 ikawa ishoka hanze yabonetse yari amatoni 6490, 662. Aca agirako amenyesha ko mw\u2019isizeni ya 2022-2023 hitezwe ikawa ishoka hanze ingana n\u2019amatoni 17&nbsp;898. Uwo mwimbu muke uboneka akaba yavuze ko uvana n\u2019ihindagurika ry\u2019ikirere.<\/p>\n\n\n\n<p>Nawe Jean Pierre Ntabomenyereye akavuga ko igituma umwimbu ugabanuka ari uko atabikoresho bikenewe abarimyi b\u2019ikawa baronka. Agira ati: <em>\u00ab <\/em><em>Haraheze hafi imyaka 2 imiti ijanye no gupompa, imyavu yo gufumbira n\u2019ibindi bikoresho bikoreshwa mw\u2019ikawa bitaboneka ku rugero rukwiriye. Ivyo bigatuma ikawa zidashobora kuronka ivyo zari zikeneye kugira zitange umwimbu ushemeye. Ikindi kandi abantu baguma bagwira. Abakenera kwubaka udusagara baca bazirandura. <\/em><em>\u00bb<\/em><em><\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Anavuga kandi ko rusasuma yakozwe na ISTEEBU ari na yo Reta ifatirako mu gutanga imiti yo gupompa ikawa yerekanye ibitigiri vy\u2019abarimyi bikawa bike. Ivyo bigatuma n\u2019imiti itangwa mu barimyi iba mike cane, kuko, &nbsp;ubu nk\u2019umutumba wahora uronka amaritiro 20 mu gihe CNAC yari yasasumye ingo z\u2019abarimyi b\u2019ikawa 600 000, ubu uronka &nbsp;amaritiro ari hagati ya 4 na 5. Gutyo ababura imiti bapompa bakaba benshi, n\u2019umwimbu ugaca ugabanuka.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Ibiciro vy\u2019ikawa bidugijwe n\u2019abohurumbira kugwiza umwimbu bokwiyongera<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Mu ntumbero yo kwongereza umwimbu w\u2019ikawa D\u00e9o Guide Rurema avuga ko bariko baragwiza ibipimo vy\u2019ikawa. Agira ati: <em>\u00ab<\/em><em> Amatongo ya Reta amaze guterwamwo imivyaro y\u2019ikawa biciye mu kigo ca Reta ODECA angana n\u2019amahegitari 91. Na yo urwego rwa Gisirikare FDN rukaba rumaze gutera ibipimo bipima hegitari 53. Amakoperative, n\u2019amashirahamwe na yo akaba adasigara inyuma. <\/em><em>\u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Jean Pierre Ntabomenyereye amenyesha ko muri CNAC Murima w\u2019isangi, bo, bari batanguye kwigisha urwaruka ibijanye no kwijukira igiterwa c\u2019ikawa. Aho ni inyuma yo kubona ko ikawa irimwa n\u2019abatama gusa. Kugira rero urwaruka rujemwo n\u2019uko ikawa yogurwa neza. Agira ati: <em>\u00ab <\/em><em>Mu 2019 twari twituye abashingamateka tubasaba kuvugira abarimyi ko ikawa yoduzwa igiciro. Bano n\u2019abo baca basaba Reta ko ikawa yogurwa n\u2019imiburiburi 1500 Fbu ku kiro c\u2019ibiturumbwe. Ariko twebwe nk\u2019abarimyi turavye ivyo dukoresha twosaba ko yoshika ku 2000Fbu ku kiro c\u2019ibiturumbwe.<\/em><em> \u00bb<\/em><em><\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Afatiye ku bindi bihugu, anamenyesha ko amahera baronka mu Burundi ari intica ntikize:<em>\u00ab<\/em><em>Nko mu Rwanda ikiro c\u2019ikawa yumye ni 9000Fbu. Muri Tanzaniya ni amashiringi 7500. Ariko mu Burundi ikiro c\u2019ikawa yumye n\u2019inka 4000Fbu kuko ikiro c\u2019ikawa nziza y\u2019ibiturumbwe kigurwa 800Fbu, ikiro c\u2019iyumye na co kikaba kiva mu biro 5 vy\u2019ibiturumbwe. Ikawa y\u2019i Burundi igurwa make, kandi mu karere eka no kw\u2019isoko mpuzamakungu ariyo iza mu kibanza ca mbere mu kanovera.<\/em><em> \u00bb<\/em><em><\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Mbere Ntabomenyereye akavuga ko kuba ikawa y\u2019i Burundi igurwa amafaranga make, bituma hari abagerageza kuzishora bazicishije mu nzira z\u2019ikinywabi. Ivyo bikibonekeza kw\u2019ikawa iri hagati y\u2019amatoni 26 na 27 yafatiwe muri komine Gatara mu ntara ya Kayanza ku wa 25 Rusama 2022.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Abarimyi b\u2019ikawa barituye mu 2019 inama nshingamateka basaba ko igiciro c\u2019ikawa coduga kugira umurimyi abandanye ashiruka umwete wo kuyirima. Baravye utwigoro umurimyi akoresha, abashingamateka bakaba bashikirije ko n\u2019imiburiburi ikiro c\u2019ikawa y\u2019ibiturumbwe cogurwa 1500Fbu, aho ni mu gihe uno munsi iri kuri 800 Fbu. Abarimyi bo bashikiriza ko ari nka hamwe yogurwa nka 2000Fbu ku kiro [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":7269,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[258,215],"tags":[],"coauthors":[189],"class_list":["post-7268","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-itorokanirizo-ryuruganda-rwa-jimbere","category-uburimyi"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7268","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=7268"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7268\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":7270,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7268\/revisions\/7270"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/7269"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=7268"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=7268"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=7268"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=7268"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}