{"id":7257,"date":"2022-06-13T13:08:31","date_gmt":"2022-06-13T11:08:31","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=7257"},"modified":"2023-10-08T10:47:59","modified_gmt":"2023-10-08T08:47:59","slug":"amakuru-yaranze-akarere-burundi-numero10","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/amakuru-yaranze-akarere-burundi-numero10\/","title":{"rendered":"Amakuru makuru yaranze akarere"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Inyuma y&rsquo;ukwo atakigiye muri Kongo, Papa arasaba imbabazi abanyekongo, Denis Mukwege ati ibiriko biraba muri Kongo ntibitandukanye n&rsquo;ibiriko biraba muri Ukraine, Tanzaniya yoyo igiye gutanguza ibikorwa vyo kwimba gaz yayo&#8230;<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Papa arasaba ikigongwe abanyekongo<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Mu nkuka ya misa yo kuri uwu w\u2019Imana Papa Faransisiko yarasavye ikigongwe abanyekongo hamwe na Sudani y\u2019epfo, inyuma y\u2019uko urugendo rwiwe rwari rutegekanijwe muri ivyo bihugu 2 mu ntango z\u2019ukwezi kw\u2019indwi kuza ruhagaritswe kubera ikibazo c\u2019ubugwayi bw\u2019ivi Papa afise. Vyandikwa n\u2019ikinyamakuru <a href=\"https:\/\/rb.gy\/rlwhjy\">Le Potentiel. <\/a>&nbsp;<\/p>\n\n\n\n<p>Aho ni mu gihe hari abisumamwo batari bake bari bamaze kurungura ibidandazwa bizogurishwa kuri uwo munsi nk\u2019imipira icafyeko Papa, amashapule, imisalaba n\u2019ibindi bashikiriza ko bagize uruhombo runini&#8230; Mwomenyako urugendo rwa Papa rutahagaritswe burundu, mu gihe amagara y\u2019uwo mwungere w\u2019Ekleziya Katorika kw\u2019isi yose yo kwisununura rukaba ruzoshobora kuba.<\/p>\n\n\n\n<p>Muri Kongo kandi havugwa urugendo rw\u2019Umwami w\u2019Ababiligi Philippe n\u2019umutambukanyi wiwe bagiriye mu gisagara ca Bukavu aho bakiriwe ejo ku munsi w\u2019Imana. Aho ni inyuma yo kugendera ibisagara vya Kinshasa, Lubumbashi na Haut-Katanga. Muri urwo rugendo rw\u2019iminsi 6, &nbsp;umwami w\u2019Ububirigi amaze muri Kongo akaba yarasavye imbabazi icese abakongomani ku mahano igihugu ciwe cakoze mu gihe c\u2019Ubukoroni nk\u2019ukwo tubisoma mu yindi nkuru yanditswe na <a href=\"https:\/\/rb.gy\/e59low\">La Croix<\/a>.<\/p>\n\n\n\n<p>Muri urwo rugendo yagiriye mu gisagara ca Bukavu rero, umwami w\u2019Ububirigi yaragiranye umubonano na Dr Denis Mukwege, uyu nawe akaba yaramenyekanye cane kw\u2019isi nk\u2019umuganga yakira akongera akavura abagore bafatwa ku nguvu mu gice c\u2019Ubuseruko bwa RDC aho yanabironkeye agashimwe ka Prix Nobel de la Paix. Ku bijanye n\u2019ibitero vy\u2019umugwi ugwana wa M23 uwo muganga yatanze ubutumwa bukomeye akaba yagize ati: <em>\u201cNta tandukaniro mbona hagati y\u2019ibiriko biraba muri Ukraine n\u2019ibiriko biraba ng\u2019aha. Igihugu c\u2019Urwanda carateye Kongo kandi si irya mbere bibaye. Amakungu kurya yashigikiye Ukraine mu gutanga amamiriyaridi y\u2019amafaranga n\u2019izindi mfashanyo nikwo yarakwiye no kubikora kuri Kongo. N\u2019ayahandi ho bitagenze ukwo ntitwovuga ko turi kw\u2019isi imwe.\u201d<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Ivyo rero Dr Mukwege akaba yabivuze inyuma y\u2019aho ingwano yasubiye kureta mu gice c\u2019ubuseruko bwa Kongo. Umugwi wa M23 ukaba wamenyesheje icese ko ugiye gutangura ingwano ku gisirikare FARDC ca Kongo. Ibice bivugwamwo intambara kuri uno munsi akaba ari nk\u2019agace ka Bunagana bivugwa ko uwo mugwi wagirizwa na Reta ya Kongo ko ushigikiwe n\u2019Urwanda woba ugomba kwigarurira. Iyo nkuru ikaba yandikwa na <a href=\"https:\/\/rb.gy\/5zjvwv\">RFI.<\/a><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Urwanda mu myiteguro yo kwakira impunzi zivuye muri Kongo<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Mu Rwanda ngo haritezwe umugwi wa mbere w\u2019impunzi 50 za mbere zizoshika kw\u2019itariki ya 14 z\u2019ukw\u2019indwi uvuye mu gihugu c\u2019Ubwongereza. Vyandikwa n\u2019ikinyamakuru Euronews aho kivuga ko cashitse muri Hoteri Hope of Kigali kigasanga imyiteguro yo kwakira izo mpunzi imeze neza. Bati:\u00ab Tuzobakira neza, bazotembera ukwo bashaka bishire kandi bizane.\u00bb, ivyo bikaba bishikirizwa n\u2019abajejwe iyo hoteri izoshikiramwo umuce wa mbere w\u2019izo mpunzi.<\/p>\n\n\n\n<p>Ikinyamakuru Euronews rero kikba carashitse ngo no mu gisagara ca Kigali hagai aho cashoboye kuganira n\u2019abanyagihugu kuco bibaza kwiyakirwa ry\u2019izo mpunzi. Abanyakigali ngo bakaba bamenyesha ko biteguriye kwakira izo impunzi igishika kandi ataco bibatwaye. Mukamenyako Kigali izoronswa amafaranga agera ku miriyoni 120 z\u2019amafaranga y\u2019abanyaburaya yo kwakira izo mpunzi nk\u2019uko tubisoma ku rubuga <a href=\"https:\/\/rb.gy\/5fq7xv\">Politico EU<\/a><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Tanzania yateye umukene ku masezerano afise agacira k&rsquo;imiriyaridi 30 z&rsquo;amadorare yo kwimba gaz yayo<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Igihugu ca Tanzaniya n\u2019amashirahamwe Shell na Equinor cateye umukono ku masezerano yo kwubaka umuhora uzocamwo gaz yimbwe muri ico gihugu. Ayo masezerano akaba afise agaciro k\u2019imiriyaridi 30 z\u2019amadorare y\u2019abanyamerika. Nk\u2019ukwo tubikesha iradiyo y\u2019abafaransa <a href=\"https:\/\/rb.gy\/lnhl0n\">RFI<\/a> ngo uwo muhora uzubakwa mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Tanzaniya mu gisagara ca Lindi. Amafaranga ya nyuma y\u2019umutahe akaba azokwegeranywa mu mwaka wa 2025 imbere y\u2019ukwo ibikorwa vyo gucukura gaz bitangura mu mwaka wa 2029<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Umukuru w\u2019igihugu ca Ouganda ati: \u00ab\u00a0Ubukene igihu cacu gifise bwatewe n\u2019ubutegetsi bwabanje hamwe n\u2019abakoroni<\/strong>\u00ab\u00a0<\/p>\n\n\n\n<p> Museveni ari ku butegetsi kuva mu mwaka wa 1986 yabishikirije imbere y\u2019abarongozi bo mu turere twitwa Acholi na Lango nk\u2019ukwo tubisoma mu kinyamakuru The Monitor.<\/p>\n\n\n\n<p>Museveni agira ati: \u2018\u2019 Abakoroni batwigishije kurima ibiterwa ata kamaro bifitiye umunyagihugu uretse bonyene ubwabo ahi ni nk\u2019ipampa, ikawa, icayi, itabi&#8230;ivyo rero bikaba vyaracereje iterambere kuko abanyagihugu babayeho bipfuza kwinjiza udufaranga duke two kuronka utwa bafungura ku munsi ku munsi. Niwisomere inkuru yose ng\u2019<a href=\"https:\/\/www.monitor.co.ug\/uganda\/news\/national\/museveni-blames-past-regimes-for-poverty-3846976\">aha<\/a>.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Inyuma y&rsquo;ukwo atakigiye muri Kongo, Papa arasaba imbabazi abanyekongo, Denis Mukwege ati ibiriko biraba muri Kongo ntibitandukanye n&rsquo;ibiriko biraba muri Ukraine, Tanzaniya yoyo igiye gutanguza ibikorwa vyo kwimba gaz yayo&#8230; Papa arasaba ikigongwe abanyekongo Mu nkuka ya misa yo kuri uwu w\u2019Imana Papa Faransisiko yarasavye ikigongwe abanyekongo hamwe na Sudani y\u2019epfo, inyuma y\u2019uko urugendo rwiwe [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":35,"featured_media":7260,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[568],"tags":[566],"coauthors":[441],"class_list":["post-7257","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ayagezweho","tag-amakuru-ya-eac"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7257","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/35"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=7257"}],"version-history":[{"count":5,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7257\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":7267,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7257\/revisions\/7267"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/7260"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=7257"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=7257"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=7257"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=7257"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}