{"id":7250,"date":"2022-06-06T16:27:15","date_gmt":"2022-06-06T14:27:15","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=7250"},"modified":"2022-06-06T16:28:39","modified_gmt":"2022-06-06T14:28:39","slug":"reta-yogwiza-sages-femmes-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/reta-yogwiza-sages-femmes-burundi\/","title":{"rendered":"Burundi : ngo hamwe Reta yogwiza aba \u00ab Sages-femmes \u00bb mu kazi, vyogabanya impfu z\u2019abibaruka"},"content":{"rendered":"\n<p><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Umwuga w\u2019abanonosoye irondoka rijanye n\u2019amagara meza (Sages-femmes) umaze imyaka 17 mu Burundi. Kuva ubayeho abakenyezi bapfa bariko baribaruka bagenda baragabanuka. Bavuye ku barenga 500 baja ku 334 mu 2017, aho rero haba hafatiwe ku bakenyezi 100&nbsp;000&nbsp; baba bagiye kwibaruka. Ariko ngo n\u2019aho biri uko, abakora uwo mwuga ngo ntibakunda kuronka akazi kandi bafise uruhara ntangere mu kurokora ubuzima bw\u2019abavyeyi n\u2019ibibondo<\/strong>.<\/p>\n\n\n\n<p>Muganga Jean Baptiste Nzorironkankuze, umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw&rsquo;amagara y&rsquo;abantu mu Burundi avuga ko igikorwa abanonosoye irondoka rijanye n\u2019amagara meza bakora ari ntangere. Ariko ngo n\u2019ubwo Reta itanga akazi ku bavuzi buri mwaka n\u2019abo banonosoye irondoka rijanye n\u2019amagara meza barimwo, ngo baracari bake. Agira ati:&nbsp;<em>\u00ab&nbsp;Ishirahamwe mpuzamakungu rya ONU rijejwe amagara y&rsquo;abantu kw\u2019isi (OMS) ritegekanya ko hoba hariho uwanonosoye ivy&rsquo;irondoka rijanye n&rsquo;amagara meza 1 ku benegihugu bashika 5000. Ariko hafatiwe ku bari mu Burundi, uwanonoseye ivy&rsquo;irondoka rijanye n&rsquo;amagara meza 1 asangirwa n&rsquo;abenegihugu bashika 50.000.&nbsp;\u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Akavuga ko hagikenewe gutera intambwe kugira ngo abo banonosoye uwo mwuga bashobore kwongerezwa kuburyo mu bitaro bitandukanye hoba hariyo umu sage-femme 1 gushika no mu mavuriro matomato.<\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-image size-large\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" width=\"1024\" height=\"683\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2022\/06\/IMG_8944-1-1024x683.jpg\" alt=\"\" class=\"wp-image-7253\" srcset=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2022\/06\/IMG_8944-1-1024x683.jpg 1024w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2022\/06\/IMG_8944-1-300x200.jpg 300w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2022\/06\/IMG_8944-1-768x512.jpg 768w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2022\/06\/IMG_8944-1-1536x1024.jpg 1536w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2022\/06\/IMG_8944-1-scaled.jpg 2048w\" sizes=\"auto, (max-width: 1024px) 100vw, 1024px\" \/><figcaption><em>Abarongoye amashirahamwe mpuzamakungu ya ONU, UNFPA na OMS mu Burundi bariko barifatanya n&rsquo;amashirahamwe ahurikiyemwo abanonosoye irondoka rijanye n&rsquo;amagara meza mu guhimbaza umunsi mpuzamakungu wabahariwe<\/em><\/figcaption><\/figure>\n\n\n\n<p>Muganga Jean Baptiste Nzorironkankuze afatiye ku biharuro biva mu cigwa cakozwe 2017, anamenyesha ko abakenyezi bitaba Imana bagiye kwibaruka bashika ku 334 hafatiwe ku baba bibarutse bashika 100.000, na yo abana batakaza ubuzima bariko baravuka bangana na 23 hafatiwe ku bana 1000 bavuka. Akamenyesha ko ihangiro ry&rsquo;igihugu ari uko gushika mu mwaka wa 2030 ico gitigiri coba caramanutse gushika 140 gusa. Ivyo rero kugira babishikeko ni uko abanonosoye uwo mwuga bohabwa akazi ari benshi.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Abababa 1200 nta kazi bafise\u2026<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Richmond Ti\u00e9moko &nbsp;aserukira mu Burundi ishirahamwe mpuzamakungu UNFPA, ryitwararika ibijanye n\u2019igwirirana ry\u2019abantu hamwe n\u2019irondoka rijanye n\u2019amagara meza, amenyesha ko ibitigiri vy\u2019abanonosoye irondoka rijanye n\u2019amagara meza bikiri bito cane mu Burundi. Agira ati&nbsp;:&nbsp;<em>\u00ab Aha mu Burundi hari abanonosoye irondoka rijanye n\u2019amagara meza bakora bangana 241 gusa.&nbsp; Nk\u2019ubu dufatiye ku gisata co kuvyaza abakenyezi conyene hoba hakenewe abanonosoye uwo mwuga barenga 580. Aho rero siniriwe ndavuga ko banakenewe nko mu bijanye no guhimiriza ikibano kwijukira kuja kwa muganga gupimisha imbanyi, kubahimiriza kuvyarira kwa muganga, gukangurira abavyeyi gusubira kwa muganga inyuma yo kwibaruka, gupima umugera wa Sida, gutanga incanco ku bana, kwigisha urwaruka ibijanye n\u2019irondoka rijanye n\u2019amagara meza n\u2019ibindi vyinshi.&nbsp;\u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Bernadette Nkanira arongoye ABUSAFE, ishirahamwe rihurikiyemwo abanonosoye irondoka rijanye n\u2019amagara meza mu Burundi nawe avuga ko, ko OMS itegekanya ko uwanonosoye irondoka rijanye n\u2019amagara meza 1 yitwararika abantu 5000, mu Burundi hakaba hoba hari abantu imiriyoni 12, ni ukuvuga ko abanonosoye irondoka rijanye n\u2019amagara meza boba bakenewe ari 2400. Akamenyesha ko mu Burundi kuva mu 2005 gushika ubu hamaze gusohoka abanonosoye ivy\u2019irondoka rijanye n\u2019amagara meza 1407, ariko abamaze kuronka akazi ari 241 gusa. Ni ukuvuga ko abarenga 1200 batariko barakora. Mbere akavuga ko mu gihe hokurikizwa ivyo OMS isaba, abo bose badafise akazi bokaronka kandi ntibanakwire.<\/p>\n\n\n\n<p>Ivyo rero bikaba vyavuzwe kuri uwu wa 27 Rusama 2022, mu gihe amashirahamwe y&rsquo;abanonosoye irondoka rijanye n&rsquo;amagara meza mu Burundi yariko arifatanya n&rsquo;amakungu mu guhimbaza umunsi mpuzamakungu wabahariwe ku civugo :\u00a0\u00bb Abakenyezi barakeneye abanonosoye irondoka rijanye n&rsquo;amagara meza ku neza y&rsquo;amagara yabo n&rsquo;ukubaho neza\u00a0\u00bb. Uwo munsi usanzwe uhimbazwa buri igenekerezo rya 5 Rusama uko umwaka utashe. Ivyo birori bikaba vyahuriranye kandi n&rsquo;ihimbazwa ry&rsquo;isabukuru ry&rsquo;imyaka 100 iheze uwo mwuga ukorwa kw&rsquo;isi yose.<\/p>\n\n\n\n<p>Uyo munsi ukaba wahimbajwe n\u2019ubushikiranganji bujejwe amagara y\u2019abantu bufashwe m\u2019umugongo n\u2019amashirahamwe mpuzamakungu ya ONU, UNFPA, na OMS.<\/p>\n\n\n\n<p><\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Umwuga w\u2019abanonosoye irondoka rijanye n\u2019amagara meza (Sages-femmes) umaze imyaka 17 mu Burundi. Kuva ubayeho abakenyezi bapfa bariko baribaruka bagenda baragabanuka. Bavuye ku barenga 500 baja ku 334 mu 2017, aho rero haba hafatiwe ku bakenyezi 100&nbsp;000&nbsp; baba bagiye kwibaruka. Ariko ngo n\u2019aho biri uko, abakora uwo mwuga ngo ntibakunda kuronka akazi kandi bafise uruhara ntangere [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":7252,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[258],"tags":[],"coauthors":[34],"class_list":["post-7250","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-itorokanirizo-ryuruganda-rwa-jimbere"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7250","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=7250"}],"version-history":[{"count":2,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7250\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":7255,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7250\/revisions\/7255"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/7252"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=7250"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=7250"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=7250"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=7250"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}