{"id":7235,"date":"2022-06-06T07:24:33","date_gmt":"2022-06-06T05:24:33","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=7235"},"modified":"2023-10-08T10:47:42","modified_gmt":"2023-10-08T08:47:42","slug":"amakuru-akarere-eac-numero9-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/amakuru-akarere-eac-numero9-burundi\/","title":{"rendered":"Amakuru makuru yaranze akarere  ka EAC"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Igihugu ca Kongo carahagaritse ingendo z\u2019indege z\u2019ishirahamwe RwandAir zigira muri ico gihugu, i Namugongo aho bibuka abamaratiri b\u2019i Buganda, bose ntibari bazanywe no gusenga gusa. Ngo bopfuma biyahura hako bajanwa mu Rwanda \u2026 kaze mwisomere amakuru makuru makuru yaranze akarere ka EAC<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Ibikoko vyo mw\u2019ishamba vyo muri Tanzaniya bigiye gusubira gushorwa hanze<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Hari haciye imyaka itandatu yose harafashwe ingingo yo kubuza ishorwa hanze ry\u2019ibikoko vyo mw\u2019ishamba. Nkuko vyandikwa n\u2019ikinyamakuru \u00ab&nbsp;<a href=\"https:\/\/www.thecitizen.co.tz\/tanzania\/news\/national\/tanzania-lifts-ban-on-wildlife-exports-3838494\">The Citizen<\/a>&nbsp;\u00bb, iyo ngingo yari yafashwe kugira ngo hakingirwe ibikoko n\u2019inyoni bisanzwe bituma ba mukerarugendo isinzi bagendera ico gihugu.<\/p>\n\n\n\n<p>Igihugu ca Tanzaniya gifise ibikoko bigera ku miliyoni 4 vyo mu bwoko butandukanye bugera ku 430. Kubw\u2019iyo ngingo yafashwe vy\u2019agateganyo ku kiringo kingana n\u2019amezi atandatu, ikigo kijejwe gukurikirana ubuzima bw\u2019ibikoko vyo mw\u2019ishamba gihamagarira abadandaza b\u2019ivyo bikoko kwisunga ico kiringo mu kugurisha ivyo bari basanganywe.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Kongo n\u2019Urwanda ibintu ntibiradadanuka<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Mu gihe igihugu ca Kongo giherutse kwagiriza igihugu c\u2019Urwanda ko coba kiriko kirashigikira umugwi M23 uriko uragwanya igisirikare ca Kongo mu karere k\u2019ubuseruko, igihugu c\u2019Urwanda naco kikagiriza Kongo yuko iriko irifadikanya n\u2019umugwi FDLR ugwanya ico gihugu c\u2019Urwanda, abahanuzi batandukanye bakomeza kuganira n\u2019abakuru b\u2019ivyo bihugu bibiri kugira ngo batorere inyishu impari ziri hagati y\u2019ibihugu vyabo.<\/p>\n\n\n\n<p>Hagati aho, nkuko vyandikwa na&nbsp;\u00ab&nbsp;<a href=\"https:\/\/www.bbc.com\/gahuza\/amakuru-61656488\">BBC&nbsp;<\/a>\u00bb, igihugu ca Kongo carahagaritse ingendo z\u2019indege z\u2019ishirahamwe RwandAir muri ico gihugu. Ikindi kivugwa muri izo mpari, ni abasirikare babiri b\u2019Urwanda igihugu ca Kongo cerekanye kivuga ko bafatiwe ku butaka bwaco yamara Urwanda rukavyamirira kure ruvuga ko nyabuna bariko bagenzura umutekano ku rubibe rugabura ivyo bihugu bibiri. Abo nabo igihugu ca Kongo ngo coba citeguye kuzobasubiza [\u2026]<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Muri Kenya hayagwa imyiteguro y\u2019amatora y\u2019umukuru w\u2019igihugu&nbsp;<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Inkuru ijanye n\u2019amatora igezweho, ni ukwemererwa n\u2019umugwi utegura ayo matora kwa Raila Odinga ko akwije ibisabwa kugira aze yitoze kuba umukuru w\u2019igihugu. Uwo mukandida yahoze ari uwutavuga rumwe na Uhuru Kenyatta agiye kurangiza ikiringo ndetse akaba ubu ashigikiye ukwitoza kwiwe, azohiganwa na William Ruto asanzwe ari icegera c\u2019Umukuru w\u2019igihugu. Vyandikwa na \u00ab&nbsp;<a href=\"https:\/\/www.the-star.co.ke\/news\/2022-06-05-raila-gets-green-light-to-contest-in-august-polls\/\">The Star<\/a>&nbsp;\u00bb.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Uganda&nbsp;: mu misa yo kwibuka abamaratiri harafashwe abagizi ba nabi barenga 30<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ivyo birori vyo kwibuka abamaratiri vyabaye ku wa 3 Ruheshi ahitwa i Namugongo aho hari hari hasubiriwe kwemererwa abakirisu isinzi gushika muri ico kibanza inyuma yuko vyari vyarahagaritswe kubera ikiza Covid19 kuva mu 2020.<\/p>\n\n\n\n<p>Nkuko vyandikwa na \u00ab&nbsp;<a href=\"https:\/\/www.monitor.co.ug\/uganda\/news\/national\/police-round-up-over-30-suspects-during-martyr-s-day-fete-3837064\">Daily Monitor&nbsp;<\/a>\u00bb, Igipolisi ca Uganda kimenyesha ko cashoboye gufata abantu 36, abenshi bakaba bafatwa bivye. Mu gihe abenshi bafatwa bivye amaterefone canke bivye mu miduga, ngo hari n\u2019uwafashwe ariko arakwiragiza inoti za magendu.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Ngo bahitamwo kwiyicisha inzara hako bokwimurirwa mu Rwanda\u2026<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Abo ni bamwe mu bimukira bimirije kwimurirwa mu Rwanda bavuye mu gihugu c\u2019Ubwongereza nkuko ivyo bihugu bibiri biherutse kuvyemeranya. Ikinyamakuru \u00ab&nbsp;<a href=\"https:\/\/www.bbc.com\/gahuza\/articles\/cd1d7ned3pgo\">BBC&nbsp;<\/a>\u00bb kivyandika kivuga ko aho begeranirijwe, abo bimukira (binjiye mu bwongereza ata ruhusha babifitiye) ngo bafise intuntu n\u2019akababaro kuba bariko baragondozwa ngo bajanwe mu kindi gihugu mu gihe bamwe bamwe basanzwe bafise n\u2019imiryango ngaho mu gihugu c\u2019Ubwongereza.<\/p>\n\n\n\n<p>Nkuko BBC ibandanya ivyandika, indege ya mbere itwaye abo bimukira yitezwe gushika mu gihugu c\u2019Urwanda itariki ya 14 uku kwezi kwa Ruheshi.<\/p>\n\n\n\n<p><\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Igihugu ca Kongo carahagaritse ingendo z\u2019indege z\u2019ishirahamwe RwandAir zigira muri ico gihugu, i Namugongo aho bibuka abamaratiri b\u2019i Buganda, bose ntibari bazanywe no gusenga gusa. Ngo bopfuma biyahura hako bajanwa mu Rwanda \u2026 kaze mwisomere amakuru makuru makuru yaranze akarere ka EAC Ibikoko vyo mw\u2019ishamba vyo muri Tanzaniya bigiye gusubira gushorwa hanze Hari haciye imyaka [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":38,"featured_media":7248,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[258],"tags":[566],"coauthors":[505],"class_list":["post-7235","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-itorokanirizo-ryuruganda-rwa-jimbere","tag-amakuru-ya-eac"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7235","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/38"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=7235"}],"version-history":[{"count":5,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7235\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":7264,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7235\/revisions\/7264"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/7248"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=7235"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=7235"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=7235"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=7235"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}