{"id":7227,"date":"2022-05-30T14:50:47","date_gmt":"2022-05-30T12:50:47","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=7227"},"modified":"2023-10-08T10:47:37","modified_gmt":"2023-10-08T08:47:37","slug":"amakuru-makuru-akarere-eac-numero8-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/amakuru-makuru-akarere-eac-numero8-burundi\/","title":{"rendered":"Amakuru makuru yaranze akarere ka EAC"},"content":{"rendered":"\n<p>abanyatanzaniya bahamagarirwa kwikingira \u00ab Variole du singe<strong> \u00bb, muri Uganda abaforoma bari muri yegereyegere\u2026<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Abaforoma bo muri Uganda bari muri yegeregere kubera agashahara gake no gufatwa nabi<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Iyo yegeregere barimwo kuva kuri uwu wa 26\/05\/2022, ije yiyongera kuri yegeregere y\u2019abaganga bakuru yatanguye ku wa 16\/05\/2022. Nkuko vyandikwa n\u2019ikinyamakuru <a href=\"https:\/\/bit.ly\/3z5LAGU\">Daily Monitor<\/a>, ngo uyo mugwi w\u2019abakozi ba Reta ya Ouganda washimye kugira yegeregere mu gihe wari wagerageje kuyisaba yuko wokwongerezwa agashahara ariko ikaguma yica amatwi<\/p>\n\n\n\n<p>Justus Cherop Kiplangat, atwara ihuriro ry\u2019abaganga \u00ab&nbsp;UNMU&nbsp;\u00bb, amenyeshako mw\u2019ikete barungikiwe n&rsquo;ubushikiranganji bw\u2019abakozi n\u2019akazi rivuga yuko bagiye kwongerezwa agashahara ariko ritamenyesha neza agashahara kazokongerwa abaforoma nkuko ku baganga vyerekanwe neza<\/p>\n\n\n\n<p>Kubw\u2019uyo atwara ihuriro ry\u2019abaganga \u00ab&nbsp;UNMU&nbsp;\u00bb, ngo agashahara k\u2019abaforoma kari gakwiye kuva ku miriyoni 2 z\u2019amashiringi kagashirwa ku miriyoni 4,8 y\u2019amashiringi, mu gihe bitegekanijwe ko abaganga bobo bazohabwa imiriyoni 5 z\u2019amashiringi nkuko inama nshikiranganji yabitegetse ko bizoja mu ngiro mw\u2019itegeko rigenga amafaranga Reta izokoresha mu mwaka w\u2019i 2022 ushira uw\u2019i 2023<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Inyuma y\u2019imyaka 45 carahagaritswe, icese \u00ab&nbsp;Ngaahika Ndeenda&nbsp;\u00bb casubiye kwemererwa gukinirwa ku mugaragaro<\/strong> <strong>muri Kenya<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ico cese c\u2019umwanditsi Ngugi wa Thiong\u2019o kigaruka ahanini ku buzima abanyakenya bari babayemwo mu myaka y\u2019i 1977, aho bakoreshwa nk\u2019abacakara na bamwe mu bategetsi bo murico gihugu, icatumye abategetsi bico gihe bitabanezera bagahitamwo kugihagarika ndetse bagata muri yompi umwanditsi n\u2019abakinyi muri rusangi<\/p>\n\n\n\n<p>Inyuma y\u2019umwaka apfunzwe, ikinyamakuru <a href=\"https:\/\/bit.ly\/3LVBdYL\">TV5 MONDE<\/a>, kimenyesha ko Ngugi wa Thiong\u2019o yanditse ico cese mu rurimi kavukire bita \u00ab&nbsp;Kikuyu&nbsp;\u00bb yahavuye arekurwa, ariko yakwa uburenganzira bwo kuronka akazi co gihugu, ivyanamutumye ata agahunga<\/p>\n\n\n\n<p>Nubwo ngo ico cese cemerewe gusubira gukinwa ku mugaragaro, bamwe mubagikinye bamenyesha ko ivyo biyamiriza murico cese mu mwaka w\u2019i 1977, ko bicibonekeza mu gihugu. Nice Githinji, umwe mu bakinyi amenyesha ku bwiwe ko icatumye ico cese kimara igihe kinini kitaremerwa gukinwa aruko nubu bimwe muvyo biyamiriza bitarahinduka ku rugero ruboneka<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Abanyatanzaniya bahamagarirwa kwikingira ikiza ca \u00ab&nbsp;variole du singe&nbsp;\u00bb<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Mw\u2019itangazo ryiwe kuruyu wa 26\/05\/2022, icegera c\u2019umushikiranganji ajejwe amagara y\u2019abantu muri Tanzania yahamagariye abanyagihugu kudakorako canke gufungura ibikoko birwaye \u00ab&nbsp;variole du singe&nbsp;\u00bb. Ivyo bikaba bitangajwe inyuma yuko, ubushikaranganji bw\u2019amagara y\u2019abantu bwaheruka gushira ku mugaragaro bimwe mu biranga uwurwaye iyo ndwara n\u2019ingene yandukira<\/p>\n\n\n\n<p>Nubwo biruko, Reta ya Tanzania ndetse n\u2019ikigo kijejwe amagara y\u2019abantu kw\u2019isi OMS bimenyesha yuko muri co gihugu atamuntu numwe aratorwa iyo ndwara, ariko yuko mu bihugu bibanyi na cane cane Reta iharanira demokarasi ya Kongo ico kiza kimaze kugaragara cane. Tubikesha ikinyamakuru <a href=\"https:\/\/bit.ly\/3GBCSSn\">The East African<\/a><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Icuka ntikimeze neza hagati y\u2019ibihugu vya<\/strong> <strong>RDC na Rwanda<\/strong> <\/p>\n\n\n\n<p>Nkuko tubisoma kuri <a href=\"https:\/\/bbc.in\/3NJZbaG\">BBC<\/a>, inama nkuru yo kwivuna abansi muri Republika iharanira Demokarasi ya Congo yatangaje kuruyu wa 26\/05\/2022, ko umuhari M23 urwanya reta ari umuhari w\u2019iterabwob<\/p>\n\n\n\n<p>Mw\u2019itangazo ryasomwe na Patrick Muyaya, umushikiranganji wa Congo ajejwe kumenyesha amakuru, yavuze ko iyo nama yagiriza igisirikare c\u2019Urwanda ko gifashe mu mugongo uyo muhari.<\/p>\n\n\n\n<p>Mu ngingo zafashwe na Reta ya Congo, ni uko ikompanyi y\u2019indege ya leta y\u2019Urwanda, \u00ab&nbsp;Rwandair&nbsp;\u00bb, yahagaritswe gusubira kwinjira muri Republika iharanira Demokarasi ya Congo<\/p>\n\n\n\n<p>Aganira na <a href=\"https:\/\/bbc.in\/3MUnRN\">BBC<\/a>, umuvugizi wa Reta y\u2019Urwanda Alain Mukuralinda yamenyesheje ko \u00ab&nbsp;ata ruhara&nbsp; Urwanda rufise mu bibera muri Congo&nbsp;\u00bb. Sibwo bwa mbere kandi RD Congo yagirije Urwanda gufasha umuhari M23, kandi si ubwa mbere u Rwanda rubihakanye<\/p>\n\n\n\n<p>Iryo tangazo ry\u2019inama nkuru yo kwivuna abansi muri RDC rivuga kandi riti&nbsp;: \u00ab&nbsp;Inama nkuru yo kwivuna abansi iriyamiriza yivuye inyuma umugambi w\u2019ububeshi bukwiragizwa n\u2019Urwanda, aho rwagiriza igisirikare ca Congo ko cifatanya n\u2019imirwi y\u2019inkorabara nk\u2019urwitwazo mu gushigikira umurwi w\u2019iterabwoba wa M23&nbsp;\u00bb<\/p>\n\n\n\n<p>Iyo nama kandi yafashe ingingo yo gutumako uwuserukira Urwanda i Kinshasa kugira ngo bamumenyeshe akababaro ka Repubulika y\u2019Intwaro Rusangi ya Congo. Ivyo biruko mu gihe ishami ry&rsquo;ishirahamwe rya ONU, rijejwe ibikorwa vy&rsquo;ubutabazi OCHA, rivuga ko abagera <a href=\"https:\/\/bit.ly\/3GrVLXQ\">8.000<\/a> bamaze guhunga intambara iriko ihuza abarwanyi b&rsquo;umugwi M23, n&rsquo;igisirikare ca Congo, mu ntara ya Kivy ya ruguru ya Congo<br><br><strong>Amakuru yatorokanijwe na Adiel BASHIRAHISHIZE<\/strong><\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>abanyatanzaniya bahamagarirwa kwikingira \u00ab Variole du singe \u00bb, muri Uganda abaforoma bari muri yegereyegere\u2026 Abaforoma bo muri Uganda bari muri yegeregere kubera agashahara gake no gufatwa nabi Iyo yegeregere barimwo kuva kuri uwu wa 26\/05\/2022, ije yiyongera kuri yegeregere y\u2019abaganga bakuru yatanguye ku wa 16\/05\/2022. Nkuko vyandikwa n\u2019ikinyamakuru Daily Monitor, ngo uyo mugwi w\u2019abakozi ba [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":7228,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[258],"tags":[566],"coauthors":[34],"class_list":["post-7227","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-itorokanirizo-ryuruganda-rwa-jimbere","tag-amakuru-ya-eac"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7227","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=7227"}],"version-history":[{"count":5,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7227\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":7242,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7227\/revisions\/7242"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/7228"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=7227"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=7227"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=7227"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=7227"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}