{"id":7220,"date":"2022-05-27T20:56:36","date_gmt":"2022-05-27T18:56:36","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=7220"},"modified":"2022-05-27T22:45:46","modified_gmt":"2022-05-27T20:45:46","slug":"reta-ntiyari-ikwiye-gushinga-ibiciro-kiretse-ishaka-gushiraho-ikigega-intega-bizoza-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/reta-ntiyari-ikwiye-gushinga-ibiciro-kiretse-ishaka-gushiraho-ikigega-intega-bizoza-burundi\/","title":{"rendered":"\u00abReta ngo ntiyari ikwiye gushinga ibiciro kiretse ishaka gushiraho ikigega c\u2019intega bizoza\u2026\u00bb"},"content":{"rendered":"\n<p class=\"wp-block-paragraph\"><strong>Kw\u2019igenekerezo rya 21 Ntwarante 2022, Ubushikiranganji mu vyo bujejwe harimwo uburimyi bwarafashe ingingo yo gushinga ibiciro ku bifungurwa nk\u2019ibigori, ibiharage, ibiraya n\u2019umuceri, ariko bikaba bitigeze vyubahirizwa na gato ku masoko yo hirya no hino mu Burundi.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p class=\"wp-block-paragraph\">Ibiciro vyari vyashinzwe uku&nbsp;: ikiro c\u2019intete z\u2019ibigori umurimyi yari kugurirwa 800 Fbu, mu bubiko bw\u2019ikigo ANAGESSA akaba 1.100 Fbu, umuguzi nawe akabironka ku 1.200 Fbu.&nbsp; Ikiro c\u2019ibiraya ku murimyi yari 700 Fbu ku muguzi yari 900.Fbu. Ikiro c\u2019umuceri usanzwe ku murimyi yari 1.200Fbu, mu bubiko bw\u2019ikigo ANAGESSA yari 1.500Fbu ku muguzi yari 2.200 Fbu. Umuceri mwiza w\u2019intete ndende umurimyi yari kugurirwa 1.300 Fbu, mu kigo ANAGESSA yari 1.700 Fbu na yo ku muguzi yari 2.400 Fbu.<\/p>\n\n\n\n<p class=\"wp-block-paragraph\">Ikiro c\u2019ibiharage vy\u2019umuhondo ku murimyi yari 1.400Fbu, mu bubiko bw\u2019ikigo ANAGESSA yari 1800Fbu, ku muguzi yari 1900Fbu. Ibiharage vy\u2019ubwoko bumwe atari&nbsp; ivyumuhondo ku murimyi ni 1300Fbu, mu bubiko bw\u2019ikigo ANAGESSA ni 1700Fbu ku muguzi ni 1800Fbu.&nbsp; Na yo ibiharage bivanze umurimyi akaba yari kugurirwa ku kiro ni 900Fbu, mu bubiko bw\u2019ikigo ANAGESSA ni 1300Fbu, umuguzi nawe akabigura ku 1400Fbu. D\u00e9o Guide Rurema umushikiranganji mu vyo ajejwe harimwo uburimyi akamenyesha ko ishingwa ry\u2019ivyo biciro ryisunga inguvu umurimyi aba yakoresheje kugira ngo nawe abashe kwihanagura akuya yabize.<\/p>\n\n\n\n<p class=\"wp-block-paragraph\">Naho ivyo biciro vyashinzwe, nta na hamwe vyigeze vyubahirizwa kuko usanga nko ku biharage canke umuceri ibiciro vyiyongereyeko amafaranga arenga 1.000 Fbu mu kiringo c\u2019amezi abiri gusa. Abaguzi bakaba baguma bidoga bavuga ko abadandaza bahonyanga ibiciro vyashinzwe na Reta, mbere ko abikika mu kiza mu kuduza ibiciro bofatwa bagahanwa.<\/p>\n\n\n\n<p class=\"wp-block-paragraph\">Ariko rero baba abadandaza canke abarimyi bavuga ko bitokunda ko ibiciro vyubahirizwa kuko hari uburyo bakoresha Reta itigera imenya. Ahishakiye Pierre umudandaza wo mu ntara ya Kirundo avuga ko nk\u2019iyo bagiye kurangura umuceri, ibiharage n\u2019ibindi ababipakira n\u2019ababipakurura bose babaha amafaranga. Ngo hari n\u2019ibitasi vya komine bariha. Eka na Antoine Manariyo umurimyi wo mu ntara ya Bujumbura avuga ko imbuto bayigura ugutandukanye n\u2019abakozi babahemba ayatandukanye bivanye n\u2019aho bari ku buryo Reta ivuze ngo ishinge ibiciro yosanga hari ivyo itakurikije. &nbsp;&nbsp;<\/p>\n\n\n\n<p class=\"wp-block-paragraph\">Eka hari n\u2019abavuga ko ikigo ca Reta ANAGESSA, kidakenewe mu kugura umwimbu w\u2019abarimyi kuko gituma inzira abaguzi bakuramwo ivyo bagura ziba nyinshi. A.M ati&nbsp;: <em>\u00ab&nbsp;Nk\u2019ubu umurimyi agurishije na ANAGESSA ikiro c\u2019umuceri mwiza ku 1.300 Fbu, kigeze mu bubiko bw\u2019ico kigo abadandaza ni bo baca baja ku birangura ku 1.700 Fbu babishikanye umuguzi aca uwugura ku 2.400 Fbu. Iyo biguze uwundi aja ku bidandaza mw\u2019ibutike aca aduza ibiciro. Icokworoha, umudandaza n\u2019umurimyi bokwiyumvikanira, Reta itarimwo.&nbsp;\u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p class=\"wp-block-paragraph\"><strong>Ishingwa ry\u2019ibiciro ngo ryoba ryiza rije nk\u2019inyishu ku buzima bw\u2019abantu batobato\u2026<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p class=\"wp-block-paragraph\">Kuri uwu wa 19 Rusama 2022 mu makuru yashikirijwe n\u2019urunani rw\u2019ibinyamakuru 8 (Isanganiro, Rema FM, Bonesha FM, Izere FM, Jimbere Magazine, Yaga, Burundi Eco na Iwacu), kuri ico kibazo c\u2019ibiciro baravugishije abahinga batandukanye, maze baragira ico babivuzeko&nbsp;:<\/p>\n\n\n\n<p class=\"wp-block-paragraph\">Niyongabo Jean Marie aserukira imbere y\u2019amategeko urunani rw\u2019abarimyi borozi mu Burundi FOPABU we avuga ko iryo shingwa ry\u2019ibiciro ritigera rikorera ku kuya k\u2019umurimyi. Agira ati: <em>\u00ab Ishingwa ry\u2019ibiciro ry\u2019ibidandazwa bimwebimwe vya nkenerwa nk\u2019ibifungurwa vyari kuba vyiza bije nk\u2019inyishu mu buzima bw\u2019abantu batobato nk\u2019abarimyi borozi. Ariko ni uko hariho ababigura kuri ivyo biciro vyashinzwe kandi babigarukanye ku masoko, abari bavyimbuye ntibashobore kubigura kubera biba vyadugijwe cane. \u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p class=\"wp-block-paragraph\">Anavuga kandi ko imbere y\u2019ugushinga ivyo biciro hashobora kuba hari bimwebimwe biba bitakoreweko cane nk\u2019ibijanye no guharura neza uburyo uyo murimyi aba yarakoresheje kugira aronke uyo mwimbu. Ngo biraboneka kandi ko bishobora kuba vyungukira abadandaza bigatuma abarimyi bihutira gusohora umwimbu hageze gusuma badashobora kubigura. Akabona ko uwo mugambi wononosorwa neza ufatiwe ku mpande zose n\u2019abo vyega barimwo.<\/p>\n\n\n\n<p class=\"wp-block-paragraph\">Nawe L\u00e9onidas Ndayizeye, umushakashatsi mu vy\u2019ubutunzi akaba n\u2019umwigisha muri kaminuza abona ko Reta yinjiye mu vyo gushinga ibiciro ku bidandazwa bituma hataba ubwigenge mu vy\u2019ubutunzi. Agira ati : <em>\u00ab Ibiciro birishira ho ugasanga vyagabanutse kw\u2019isoko canke vyaduze bivanye n\u2019umwimbu wabonetse uko ungana ugereranije n\u2019abawurondera. \u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p class=\"wp-block-paragraph\">Agashikiriza ko, iyo Reta ivyinjiyemwo hari igihe bidatanga inyishu nziza kuko ishobora gushiraho igiciro kiri hejuru gatoya y\u2019icotegerejwe kuba kw\u2019isoko, abaguzi bagaca bagura bike kubera bizimvye gurtyo hagaca habaho ibigega vyumwimbu uri ngaho kuburyo n\u2019umwaka ukurikira umwimbu uza usanga hakiri uwundi, ibiciro bikaruhira kugabanuka cane.&nbsp; Canke ngo Reta ugasanga ishinze igiciro kiri munsi y\u2019icategerezwa kuba kw\u2019isoko bigatuma ivyo vyimburwa bitaboneka kuko iyo bigiye ku giciro gitoyi abaguzi baca bashaka kubigura ku murindi munini hanyuma ababirima bagaca babiheba kuko ico giciro kitabaha inguvu zo kugira babandanye babikora.<\/p>\n\n\n\n<p class=\"wp-block-paragraph\">L\u00e9onidas Ndayizeye akavuga kandi ko Reta yoshinga ibiciro mu gihe gusa ishaka gushiraho ikigega c\u2019intega bizoza ivyo na vyo ngo ntibishoka bikwira igihugu cose, biba bukebuke naho nyene ngo ni mu gihe bibaza ko muri kazoza umwimbu ushobora kudakwira bivuye nko kw\u2019ihindagurika ry\u2019ibihe.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Kw\u2019igenekerezo rya 21 Ntwarante 2022, Ubushikiranganji mu vyo bujejwe harimwo uburimyi bwarafashe ingingo yo gushinga ibiciro ku bifungurwa nk\u2019ibigori, ibiharage, ibiraya n\u2019umuceri, ariko bikaba bitigeze vyubahirizwa na gato ku masoko yo hirya no hino mu Burundi. Ibiciro vyari vyashinzwe uku&nbsp;: ikiro c\u2019intete z\u2019ibigori umurimyi yari kugurirwa 800 Fbu, mu bubiko bw\u2019ikigo ANAGESSA akaba 1.100 Fbu, [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":7221,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"footnotes":""},"categories":[207],"tags":[15,328],"coauthors":[189],"class_list":["post-7220","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ubutunzi","tag-burundi","tag-uburimyi"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7220","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=7220"}],"version-history":[{"count":2,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7220\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":7224,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7220\/revisions\/7224"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/7221"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=7220"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=7220"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=7220"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=7220"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}