{"id":7206,"date":"2022-05-24T18:03:33","date_gmt":"2022-05-24T16:03:33","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=7206"},"modified":"2023-10-08T10:47:26","modified_gmt":"2023-10-08T08:47:26","slug":"ubuzima-bwabantu-mugoboka-mukaza-abanyagisagara-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/ubuzima-bwabantu-mugoboka-mukaza-abanyagisagara-burundi\/","title":{"rendered":"Ubuzima bw\u2019abantu bo ku Mugoboka muri komine Mukaza ngo si nk\u2019ubw\u2019abanyagisagara\u2026"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Ivyo rero abanyamugoboka bakabivuga bafatiye ku kuntu babayeho batagira amazi, umuyagankuba, amabarabara, nayo ibihomoka vy\u2019ibimanga bituruka ku ruzi Ntahangwa vyo, ngo biza bisongera isibe. Bakavuga &nbsp;mbere ko batanatahura ukuntu aho hantu ari mu gisagara ca Bujumbura kandi hatabisa\u2026<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ni uducimbiri 2: Mugoboka ya mbere na Mugoboka ya kabiri. Utwo twose turi muri karitiye Mutanga Sud yo muri komine Mukaza mu gisagara ca Bujumbura<strong>.<\/strong> Kaneza Jeanne&nbsp; umukenyezi wo ku Mugoboka ya kabiri, ibido mu ntoki n\u2019umwana mu mugongo agiye kuvoma agira ati:&nbsp;<em>\u00ab Hageze kuja kuvoma turaganya. Dufise ibombo ry&rsquo;amazi rimwe gusa duhurirako twese abo ku Mugoboka ya 2. N\u2019abo ku Mugoboka ya 1 bafise ibomba rimwe. Kandi hose yama yakamye. Uja kuvoma ugasanga n&rsquo;imitwe iriko irayaga ari ukunyaranira amazi gusa<strong>. <\/strong>Imvura iguye tuba dutomboye.&nbsp; Nk\u2019ubu ici ryaturitse, duca&nbsp; dukoresha amazi y\u2019uruzi Ntahangwa ibikorwa vyose, no kuyanwa bidasigaye inyuma. Ubuzima tubayemwo si nk\u2019ubw\u2019abanyagisagara, kuko bobo baba bayifitiye mu mazu.\u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Minani Alain umugabo yariko ararengana nawe ati:&nbsp;<em>\u00ab&nbsp;Aha ikibazo si icamazi gusa. Uragwaza umuntu mw&rsquo;ijoro, kugira ashike kwa muganga mumuhambirira mu mashuka mugasengeta gushika mugeze kw\u2019ivuriro ryo ku Mugoboka ya 1. Nta barabara na rimwe dufise ryocamwo umuduga, ni utuyira twinjira mu nzu z&rsquo;abantu gusa. Na yo ikitakivugwa n\u2019ibihomoke vy&rsquo;ibimanga bituruka ku ruzi Ntahangwa. &nbsp;Ubu ho n\u2019iryo vuriro rihari n\u2019urusengero vyegeranye bigira bitwarwe n\u2019ivyo bihomoka. Bizomera nk&rsquo;inzira yahuza Mugoboka ya mbere n\u2019iya kabiri yasenyutse ikajana n&rsquo;inzu z&rsquo;abantu zitari nke.\u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Emmanuella Bucumi umukenyezi yari avuye gusyesya utugori ku Mutanga Nord, nawe nyene amera nk\u2019uwunganira abandi, avuga ko n\u2019ikibazo c\u2019umuyagankuba kibahanze.&nbsp; Agira ati: <em>\u00abKubera ubukene bw\u2019umuyagankuba, imashini zisya tuzisanga mu makaritiye awufise. Amatereviziyo nayo ku bayafise barahevye barayafuka n&rsquo;udutambara kuko nta co bayakoza. Ino ku Mugoboka nta co harushije imitumba ya ruguru, ni nka co kimwe. \u00bb<\/em> Abantubahobose rero bagahuriza ku gusaba Reta amazi, umuyagankuba, amabarabara n&rsquo;ugutunganirizwa neza ahari ibihomoka gurtyo hagasa neza ubuzima bukoroha.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Mu buyobozi bwa komine nabo bati: \u00ab Aho bikunda turiko turagerageza ivyo dushoboye\u2026<em>\u00bb<\/em><\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Musitanteri wa komine Mukaza R\u00e9novat Sindayihebura avuga ko ivyo bibazo vyo ku Mugoboka babizi, ariko kuba ata matara, ata mazi ata n&rsquo;amabarabara ahari bivana n&rsquo;uko hasanzwe hadatunganijwe neza( hatari viabilis\u00e9). Ngo ata mabarabara ahari Regideso ntijanayo amatara canke amazi.<\/p>\n\n\n\n<p>&nbsp;R\u00e9novat Sindayihebura ati: <strong><em>\u00ab<\/em><\/strong><em>Ikibazo duca tugisubiza ku benegihugu baho. <\/em><em>Bisabwa ko bicara bakumvikana bakicira amabarabara bo nyene ubwabo kugirango duce tubasabira Regideso ibaronse amazi n&rsquo;amatara. Ariko aho tubona ko bishoboka twama turiko turasaba Regideso ibafashe kugira ngo ibarose amatara n&rsquo;amazi. Vuba Regideso igiye gutanga amabombo rusangi kugira abenegihugu babandanye baronka amazi.<strong>\u00bb<\/strong><\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Mugabo ku bijanye no gushinga amapoto y&rsquo;amatara, uyo musitanteri avuga ko bikenewe ko amapoto&nbsp; ashingwa ku mabarabara azwi kugira ngo ntihaze hagire umuntu avuga ko bashinze ipoto mw&rsquo;itongo ryiwe. Rero ngo nibumvikana bakicira amabarabara bazobasabira umuyagankuba.<\/p>\n\n\n\n<p>Na yo ku kijanye n&rsquo;ib&rsquo;ihomoka vy\u2019ibimanga bihari, R\u00e9novat avuga ko bikeneye uburyo bwinshi kugira bikorwe. Ko komine mbere n&rsquo;ubushikiranganji bubijejwe butovyishoboza bwonyene. Ariko amenyesha ko hariho umugambi wo kugikora uriko urigwa mu bushikiranganji mu vyo bujejwe harimwo ibidukikije bafadikanije n&rsquo;abasanzwe bafasha igihugu c\u2019Uburundi, ko vuba uburyo bushobora kuboneka bwo gutangura gukora ibimanga bihari.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Ivyo rero abanyamugoboka bakabivuga bafatiye ku kuntu babayeho batagira amazi, umuyagankuba, amabarabara, nayo ibihomoka vy\u2019ibimanga bituruka ku ruzi Ntahangwa vyo, ngo biza bisongera isibe. Bakavuga &nbsp;mbere ko batanatahura ukuntu aho hantu ari mu gisagara ca Bujumbura kandi hatabisa\u2026 Ni uducimbiri 2: Mugoboka ya mbere na Mugoboka ya kabiri. Utwo twose turi muri karitiye Mutanga Sud [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":7207,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[212],"tags":[354],"coauthors":[189],"class_list":["post-7206","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ibidukikije","tag-ibidukikije"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7206","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=7206"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7206\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":7208,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7206\/revisions\/7208"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/7207"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=7206"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=7206"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=7206"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=7206"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}