{"id":7199,"date":"2022-05-19T14:35:00","date_gmt":"2022-05-19T12:35:00","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=7199"},"modified":"2023-10-08T10:47:13","modified_gmt":"2023-10-08T08:47:13","slug":"burundi-birashoboka-kwiga-ivyigwa-kirundi-hatifashishijwe-izindi-ndimi-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-birashoboka-kwiga-ivyigwa-kirundi-hatifashishijwe-izindi-ndimi-burundi\/","title":{"rendered":"Burundi: birashoboka kwiga ivyigwa vyose mu kirundi hatifashishijwe izindi ndimi\u00a0?"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Bigirimana Cl\u00e9ment umunyamabanga ntayegayezwa w\u2019urwego nshingwakirundi avuga ko mu vyo urwo rwego rujejwe harimwo uguteza imbere ikoreshwa ry&rsquo;ururimi rw&rsquo;ikirundi mu nyigisho z&rsquo;igice c&rsquo;amashure shingiro n&rsquo;ay&rsquo;inyuma y&rsquo;amashure shingiro. Ivyigwa nk\u2019ibiharuro, icigwa menyesha ntara, indondabihugu n\u2019ivy&rsquo;ubuhinga n&rsquo;ubumenyi vyose bikigishwa mu kirundi. None ubwo vyoshoboka&nbsp;?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<div class=\"wp-block-image\"><figure class=\"alignright size-large is-resized\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2022\/05\/Image-JPEG-15-5-1-683x1024.jpeg\" alt=\"\" class=\"wp-image-7202\" width=\"240\" height=\"361\" srcset=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2022\/05\/Image-JPEG-15-5-1-683x1024.jpeg 683w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2022\/05\/Image-JPEG-15-5-1-200x300.jpeg 200w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2022\/05\/Image-JPEG-15-5-1-768x1151.jpeg 768w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2022\/05\/Image-JPEG-15-5-1-1025x1536.jpeg 1025w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2022\/05\/Image-JPEG-15-5-1.jpeg 1366w\" sizes=\"auto, (max-width: 240px) 100vw, 240px\" \/><figcaption> <em>D\u00e9nis Bukuru umwigisha muri kaminuza y\u2019Uburundi mu gisata c\u2019indimi, imico n\u2019imigenzo nyafurika <\/em><\/figcaption><\/figure><\/div>\n\n\n\n<p>Mu Burundi indimi zigishwa ahanini ni ikirundi, igifaransa, icongereza n\u2019igiswahiri. Ariko usanga ikirundi kidahabwa amasaha menshi, mu gihe igifaransa n\u2019icongereza ari vyo vyigishwa umwanya munini. Ivyo rero ngo biratuma abanyeshure nabo basuzugura ikirundi kuko babona na Reta umenga nta kibanza kinini igiha mu nyigisho. Ku bw\u2019ivyo ngo birakwiye ko ikirundi gihabwa agaciro, kikigishwa mbere kikaba ururimi rwa mbere abana bigamwo kuko ari vyo vyobafasha gutahura neza ivyo biga. Ivyo rero bikaba biri mu myitwarariko y\u2019urwego nshingwakirundi nk\u2019uko bivugwa na Cl\u00e9ment Bigirimana ayoboye urwo rwego<\/p>\n\n\n\n<p>D\u00e9nis Bukuru umwigisha muri kaminuza y\u2019Uburundi mu gisata c\u2019indimi, imico n\u2019imigenzo nyafurika avuga ko kwigisha ivyigwa mu mashure mu kirundi bishoboka cane. Ariko ngo ni igikorwa kirekire c\u2019igihe kirekire gisaba uburyo bwinshi, n\u2019ubuhinga bwinshi n\u2019ukwitanga cane, na canecane Reta ikacihebera. Ico ngo ni igikorwa coja mu migambi ngenderwako y\u2019igihugu.<\/p>\n\n\n\n<p>Uyo muhinga mu kirundi avuga ko akenshi abantu basuzugura ikirundi kubera bavuga ko kitarenga imbibe. Ariko amenyesha ko ata gihugu na kimwe kw\u2019isi citwa icateye imbere cigisha abana baco ururimi rw\u2019abanyamahanga. Atanga akarorero ku ndimi zimwezimwe nk\u2019igitariyano co mu Butariyano, ikidanwa co muri Danemark, ikiyapani co mu Buyapani, indimi z\u2019ivyo bihugu ntizirenga imbibe zavyo ariko abana baho biga mu ndimi kavukire. Ubumenyi ni ubw\u2019isi yose ni n\u2019ubw\u2019abarundi. No mu Burundi birashoboka ko ivyigwa bihindurwa mu kirundi. Ariko ivyigwa vy\u2019indimi nk\u2019igifaransa, icongereza n\u2019igiswahiri bikigwa mu mwanya wa vyo, ariko ibindi vigwa bikaja mu kirundi.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Muti none hokorwa iki&nbsp;kugira bikunde ?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Domitien Nizigiyimana umwigisha muri kaminuza y\u2019Uburundi mu gisata c\u2019indimi, imico n\u2019imigenzo nyafurika avuga ko umugambi w\u2019itunganywa ry\u2019indimi mu Burundi uha ikibanza gikomeye ikirundi kuko mw\u2019itegeko ryo ku wa 03 Munyonyo 2014 ryerekana ko ikirundi coza imbere y\u2019izindi ndimi nk\u2019igifaransa, icongereza n\u2019igiswahiri mu buzima bw\u2019igihugu.<\/p>\n\n\n\n<p>Mu nteguro y\u2019iryo tegeko yakozwe n\u2019abahinga, Domitien Nizigiyimana avuga ko hari herekanywe ko ikirundi cokwigishwa kuva mu mashure yo kwimenyereza gushika mu mwaka wa 6 w\u2019ishure shingiro, igifaransa kuva mu w\u2019indwi gushika muri kaminuza, iconegereza kikigishwa mu mashure y\u2019ibisata vya kaminuza bivanye n\u2019ivyo igisata cose cigisha. Kuva mu mwaka w\u2019indwi ivyigwa bimwebimwe bijanye n\u2019akaranga k\u2019abarundi nk\u2019ikirundi, ivyerekeye indoramana, inyigisho zo gukunda igihugu, inyigisho z\u2019akahise n\u2019indonda b\u2019ihugu y\u2019Uburundi vyokwigishwa mu kirundi. Muri kaminuza, abanyeshure banonosora inyigisho z\u2019ikirundi boroswa inyigisho mu kirundi. Abanonosora icongereza n\u2019igiswahiri n\u2019abo nyene inyigisho zikaba muri izo ndimi bahisemwo.<\/p>\n\n\n\n<p>D\u00e9nis Bukuru ati&nbsp;: <em>\u00ab&nbsp;Inzira ni ndende, ubwa mbere hoba igikorwa c\u2019ubutohoji, hokwandikwa ibitabu vya kazinduzi bw\u2019amajambo y\u2019ubuhinga mu kirundi nka&nbsp;: kazinduzi y\u2019ibiharuro, ya phisique, ya chimie, ya astronomie, ya g\u00e9ographie n\u2019izindi zose zofasha mu nyigisho.&nbsp; Ivyo bigakorwa n\u2019abande&nbsp;? Si abahinga b\u2019ikirundi gusa n\u2019abahinga b\u2019ubwo bumenyi boba barimwo. Abahinga mu kirundi baca bakorana n\u2019abo b\u2019ubwo buhinga butandukanye bagatora amazina n\u2019amajambo y\u2019ivyo bashaka kuvuga mu kirundi bafatiye ku kamaro no kw\u2019ikoreshwa ryavyo.&nbsp;\u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Anamenyesha kandi ko hobaho igikorwa cokwiyumvira akarangamutima k\u2019ivyo vyigwa, imvo n\u2019imvano ya vyo n\u2019ico uwo mugambi ushaka gushika ko.&nbsp; Bukuru yemeza ko kwigisha mu kirundi bishoboka neza cane ariko Reta ikabishiramwo umwete n\u2019umutima. Mu mafaranga Reta ikoresha, indero n\u2019integuro y\u2019ibikorwa vyo guhindura ivyigwa mu kirundi bigahabwa ikibanza kinini gusumba uko vyahora. Rero ngo vyose birashoboka, igituma bidashoboka nuko bidafatirwa umwanya wo kuvyiyumvira.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Bigirimana Cl\u00e9ment umunyamabanga ntayegayezwa w\u2019urwego nshingwakirundi avuga ko mu vyo urwo rwego rujejwe harimwo uguteza imbere ikoreshwa ry&rsquo;ururimi rw&rsquo;ikirundi mu nyigisho z&rsquo;igice c&rsquo;amashure shingiro n&rsquo;ay&rsquo;inyuma y&rsquo;amashure shingiro. Ivyigwa nk\u2019ibiharuro, icigwa menyesha ntara, indondabihugu n\u2019ivy&rsquo;ubuhinga n&rsquo;ubumenyi vyose bikigishwa mu kirundi. None ubwo vyoshoboka&nbsp;? Mu Burundi indimi zigishwa ahanini ni ikirundi, igifaransa, icongereza n\u2019igiswahiri. Ariko usanga ikirundi [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":7200,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[258],"tags":[228,310],"coauthors":[34],"class_list":["post-7199","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-itorokanirizo-ryuruganda-rwa-jimbere","tag-ikirundi","tag-ururimi"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7199","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=7199"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7199\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":7203,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7199\/revisions\/7203"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/7200"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=7199"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=7199"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=7199"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=7199"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}