{"id":7190,"date":"2022-05-17T08:07:20","date_gmt":"2022-05-17T06:07:20","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=7190"},"modified":"2023-10-08T10:47:07","modified_gmt":"2023-10-08T08:47:07","slug":"amakuru-yaranze-akarere-burundi-numero6","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/amakuru-yaranze-akarere-burundi-numero6\/","title":{"rendered":"Amakuru yaranze akarere ka EAC: ikomezwa ry&rsquo;imigenderanire hagati ya Ouganda na Tanzaniya, ishirwa mu mwiherero ry&rsquo;urubanza rw&rsquo;uwutunganya Miss Rwanda yagirizwa gusambanya abigeme bahiganwa&#8230;"},"content":{"rendered":"\n<p><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Igihugu ca <a href=\"https:\/\/www.facebook.com\/hashtag\/ouganda?__eep__=6&amp;__cft__%5b0%5d=AZU7j4ci_le2VyBXsp4Ayc892Gf1Mat8WYLGC4k2HhgLMfE0y09Pzu8s0SGTCvlD3FkgqE8KrW8CsTupiq8ltQIqDqUY1YjW0GelIj6hzX-4NIZy-i5an45hXkYcZW5WJACy7_uMHHbl-Si75M6M16Zx4CfytU-3e0EM1GOPXHuqIUwJEnSz1D8fmG8Av2Ptnqc&amp;__tn__=*NK-R\">Ouganda<\/a> ciyemeje gutanga amatoni y\u2019isukari 10.000 kuri <a href=\"https:\/\/www.facebook.com\/hashtag\/tanzaniya?__eep__=6&amp;__cft__%5b0%5d=AZU7j4ci_le2VyBXsp4Ayc892Gf1Mat8WYLGC4k2HhgLMfE0y09Pzu8s0SGTCvlD3FkgqE8KrW8CsTupiq8ltQIqDqUY1YjW0GelIj6hzX-4NIZy-i5an45hXkYcZW5WJACy7_uMHHbl-Si75M6M16Zx4CfytU-3e0EM1GOPXHuqIUwJEnSz1D8fmG8Av2Ptnqc&amp;__tn__=*NK-R\">Tanzaniya<\/a><\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Mu masezerano ivyo bihugu vyompi vyaraye biteyeko umukono ku bijanye no gufashanya, igihugu ca Ouganda ciyemeje gutanga amatoni y\u2019isukari 10.000 ku gihugu ca Tanzania<\/p>\n\n\n\n<p>Ayo masezerano yateweko umukono mu rugendo rw&rsquo;iminsi 2 umukuru w\u2019igihugu ca Tanzania Samia Suluhu yagize mu gihugu ca Ouganda kuva ku wa mbere w&rsquo;indwi iheze itariki 9 Rusama 2022. Samia Suluhu aremeza kandi yuko ivyo bihugu vyompi bigiye gusangira umurongo wo gutanga umuyagankuba ungana na KV 400 uzohuza ibisagara 2 arivyo <a href=\"https:\/\/www.facebook.com\/hashtag\/masaka?__eep__=6&amp;__cft__%5b0%5d=AZU7j4ci_le2VyBXsp4Ayc892Gf1Mat8WYLGC4k2HhgLMfE0y09Pzu8s0SGTCvlD3FkgqE8KrW8CsTupiq8ltQIqDqUY1YjW0GelIj6hzX-4NIZy-i5an45hXkYcZW5WJACy7_uMHHbl-Si75M6M16Zx4CfytU-3e0EM1GOPXHuqIUwJEnSz1D8fmG8Av2Ptnqc&amp;__tn__=*NK-R\">Masaka<\/a> muri Ouganda hamwe na <a href=\"https:\/\/www.facebook.com\/hashtag\/mwanza?__eep__=6&amp;__cft__%5b0%5d=AZU7j4ci_le2VyBXsp4Ayc892Gf1Mat8WYLGC4k2HhgLMfE0y09Pzu8s0SGTCvlD3FkgqE8KrW8CsTupiq8ltQIqDqUY1YjW0GelIj6hzX-4NIZy-i5an45hXkYcZW5WJACy7_uMHHbl-Si75M6M16Zx4CfytU-3e0EM1GOPXHuqIUwJEnSz1D8fmG8Av2Ptnqc&amp;__tn__=*NK-R\">Mwanza<\/a> muri Tanzaniya.<\/p>\n\n\n\n<p>Nkuko vyandikwa na <em><a href=\"https:\/\/bit.ly\/39pLLSk\">Agence Ecofin<\/a>,<\/em> ngo hambavu yuko ivyo bihugu vyiyemeje kubandanya bifashanya mu bijanye n\u2019umutekano, hamwe n\u2019amagara, Tanzania yemeye kwigiye kuza iragurira imiti yo gupfupfahaza umugera wa <a href=\"https:\/\/www.facebook.com\/hashtag\/sida?__eep__=6&amp;__cft__%5b0%5d=AZU7j4ci_le2VyBXsp4Ayc892Gf1Mat8WYLGC4k2HhgLMfE0y09Pzu8s0SGTCvlD3FkgqE8KrW8CsTupiq8ltQIqDqUY1YjW0GelIj6hzX-4NIZy-i5an45hXkYcZW5WJACy7_uMHHbl-Si75M6M16Zx4CfytU-3e0EM1GOPXHuqIUwJEnSz1D8fmG8Av2Ptnqc&amp;__tn__=*NK-R\">SIDA<\/a> muri Ouganda.<\/p>\n\n\n\n<p><em><a href=\"https:\/\/rb.gy\/5vo5ek\">VOA<\/a><\/em> yoyo yandika kuri urwo rugendo nyene ko Perezida wa Tanzaniya ashikiriza ko ubucuruzi hagati y\u2019ibihugu vyo mu karere ka Afurika y\u2019Ubuseruko muri rusangi, butegerezwa kworoherezwa hakukurwaho inzitizi z\u2019ubucuruzi. Ni muri iyo ntumbero Tanzaniya yasezeranyije kugabanya amakori ku makamyo yo muri Ouganda kuva ku madorare arenga 500 kugeza ku madolari 150 guhera 01\/7\/2022.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Tanzaniya yiyemeje ko mu myaka 3 itazosubira gusumira isukari n\u2019amavuta hanze y\u2019igihugu<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Mu gihe igihugu ca Tanzaniya gisumisha hafi imiriyoni 100 ku mwaka y\u2019amadorari y\u2019abanyamerika kugira kironke amatoni ashika 371.000 ashobora gukwira abanyagihugu hamwe n\u2019amafaranga 250.000 ku mwaka y\u2019amadorari y\u2019abanyamerika kugira kironke amatoni 320.000 y\u2019amavuta, Umukuru w\u2019igihugu ca Tanzaniya Samia Suluhu amenyesha ko Reta yiwe yafashe ingingo yo kwongereza umwimbu kugira mu myaka itatu ntihagire n\u2019igiceri kizosubira gusohoka kugira ngo baje gusuma hanze y\u2019igihugu isukari canke amavuta.<\/p>\n\n\n\n<p>Ikinyamakuru <em><a href=\"https:\/\/bit.ly\/3NjhbZB,\">La Tribune<\/a><\/em> candika ko Tanzaniya itegekanya mu maguru masha gutanga imbuto zirobanuye za tournesol ku birimizi batobato. Hagati yaho, amahegitari agera ku 10.000 yaramaze gutegekanwa kugira ngo abanyamitahe babishoboye baze kuyarimamwo ibigazi. Hambavu yivyo, ngo Reta itegekanya kandi gufata ingingo zizotuma abanyamitahe bahurumbira kuza gushinga amahinguriro y\u2019isukari n\u2019amavuta<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Urubanza<\/strong> <strong>rwuwahora ategura <a href=\"https:\/\/www.facebook.com\/hashtag\/missrwanda?__eep__=6&amp;__cft__%5b0%5d=AZU7j4ci_le2VyBXsp4Ayc892Gf1Mat8WYLGC4k2HhgLMfE0y09Pzu8s0SGTCvlD3FkgqE8KrW8CsTupiq8ltQIqDqUY1YjW0GelIj6hzX-4NIZy-i5an45hXkYcZW5WJACy7_uMHHbl-Si75M6M16Zx4CfytU-3e0EM1GOPXHuqIUwJEnSz1D8fmG8Av2Ptnqc&amp;__tn__=*NK-R\">MissRwanda<\/a> rugiye kuburanishwa mu mwiherero<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ishimwe Dieudonn\u00e9 atwara ikigo \u00ab <a href=\"https:\/\/www.facebook.com\/hashtag\/rwanda?__eep__=6&amp;__cft__%5b0%5d=AZU7j4ci_le2VyBXsp4Ayc892Gf1Mat8WYLGC4k2HhgLMfE0y09Pzu8s0SGTCvlD3FkgqE8KrW8CsTupiq8ltQIqDqUY1YjW0GelIj6hzX-4NIZy-i5an45hXkYcZW5WJACy7_uMHHbl-Si75M6M16Zx4CfytU-3e0EM1GOPXHuqIUwJEnSz1D8fmG8Av2Ptnqc&amp;__tn__=*NK-R\">Rwanda<\/a> Inspiration Back Up \u00bb ryahora ritunganya amahiganwa ya Miss Rwanda ariko ubu ryamaze guhagarikwa yararengutse kuruyu wa 13\/05\/2022 muri sentare nkuru yo ku mugwa mukuru <a href=\"https:\/\/www.facebook.com\/hashtag\/kigali?__eep__=6&amp;__cft__%5b0%5d=AZU7j4ci_le2VyBXsp4Ayc892Gf1Mat8WYLGC4k2HhgLMfE0y09Pzu8s0SGTCvlD3FkgqE8KrW8CsTupiq8ltQIqDqUY1YjW0GelIj6hzX-4NIZy-i5an45hXkYcZW5WJACy7_uMHHbl-Si75M6M16Zx4CfytU-3e0EM1GOPXHuqIUwJEnSz1D8fmG8Av2Ptnqc&amp;__tn__=*NK-R\">Kigali<\/a><\/p>\n\n\n\n<p>Mugihe urwo rubanza rwari rwitabwe n\u2019abantu batandukanye ndetse n\u2019abamenyeshamakuru, umucamanza yariko araburanisha urwo rubanza akaba yategetse yuko urwo rubanza rwoburanishwa atabantu bahari naho Ishimwe Dieudonn\u00e9 yagirizwa ivyaha vyo gufata ku nguvu abigeme bari mw\u2019ihiganwa Miss Rwanda no kubasaba yuko bokorana imibonano mpuzabitsina yagumye asaba yuko urwo rubanza rwoburanishwa ku mugaragaro. Tubikesha <em><a href=\"https:\/\/bit.ly\/3FO5wiJ\">BBC<\/a>.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Umuforomakazi w\u2019umunyakenya yahawe agashimwe kw\u2019isi kubera kurwanya ivyo gusiramura abigeme<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Anna Qabale Duba akorera ku bitaro vya Marsabit County Referral Hospital yahawe agashimwe gafise agaciro k\u2019amafaranga 250.000 y\u2019amadorari y\u2019abanyamerika. Uyo muforomakazi abicishije mu kigo ciwe yose Qabale Duba Foundation akaba yaragerageje kurwanya uko ashoboye imigenzo ijanye no gukata ku gitsina c\u2019umwigeme harimwo no kubasiramura bisanzwe vyigaragaza mu miryango imwimwe naho Reta ya Kenya yabibujije. Ikinyamakuru<em><a href=\"https:\/\/bbc.in\/3PmGZG4\"> BBC<\/a><\/em> kikaba kimenyesha yuko mu 2014, abagore imiriyoni zine boba aribo bamaze gukorerwa iyo migenzo ifatwa nkiyihungabanya agateka k\u2019umukenyezi<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Ababibirigi 2 bagirizwa kuba bariganye ireresi y\u2019abakongomani<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Kuruyu wa 10\/05\/2022, niho urubanza rw\u2019imisore ibiri ivukana yo muri Kongo yagiriza ababirigi babiri bategura ireresi yuko biganye igikorwa cabo. Nkuko vyandikwa n\u2019ikinyamakuru <em><a href=\"https:\/\/bit.ly\/3yE1S9Q\">Actualit\u00e9s.Cd<\/a><\/em> abo basore Gilbert Balufu na Bakupa-Kanyinda Balufu bagiriza Thierry Michel na Christine Pireaux ko biganye amasanamu y\u2019ireresi yabo yasohotse mu 2015 yitwa \u00ab Congo ! Le silence des crimes oubli\u00e9s \u00bb, mu gihe ireresi yabo babirigi yasohotse mu 2021 yiswe \u00ab Empire du silence \u00bb , yompi akaba yavuga amabi yakozwe mu ntambara zabereye mu buseruko bw\u2019igihugu ca Congo<\/p>\n\n\n\n<p>Sentare ihejeje kwumviriza abashingwamanza ikaba yahavuye ishinga yuko urwo rubanza ruzosubira kwumvirizwa mu mezi atatu, mu ntumbero yo guha akaryo impande zose guseruka muri urwo rubanza canke kurondera abashingwamanza bazobaserukira. Naho biruko, abo bakongomani bakaba basaba indishi y\u2019akababaro kuko bamenyesha yuko amasanamu yabo yakoreshejwe ataruhusha batanze. <\/p>\n\n\n\n<p><strong>Amakuru yatororokanijwe na<\/strong> <strong>Li\u00e9vin Niyogusengwa <\/strong><\/p>\n\n\n\n<p><a href=\"https:\/\/www.facebook.com\/Jimbere.Magazine\/?__cft__%5b0%5d=AZXEH3SH5Zdu8KpJltFvGGjmRI-PRSoxLYvZs7ahIVSCmLS54z4VP3dTDb5z15hFiKtaj_3dHI33Ok9PdxPOjXIKH3Rs8KweCN6QdWTHZ4lx1L0BlKfHnH9ThNMsp7pVIxbnfrSRA9wOrXGeVcNK09_Xl6K8jRfBHOPFOoazBuM4wLt-jDrCifCrBNKOdiHCfvc&amp;__tn__=%3C%2CP-R\"><\/a><\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Igihugu ca Ouganda ciyemeje gutanga amatoni y\u2019isukari 10.000 kuri Tanzaniya Mu masezerano ivyo bihugu vyompi vyaraye biteyeko umukono ku bijanye no gufashanya, igihugu ca Ouganda ciyemeje gutanga amatoni y\u2019isukari 10.000 ku gihugu ca Tanzania Ayo masezerano yateweko umukono mu rugendo rw&rsquo;iminsi 2 umukuru w\u2019igihugu ca Tanzania Samia Suluhu yagize mu gihugu ca Ouganda kuva ku [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":7191,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[258],"tags":[593],"coauthors":[34],"class_list":["post-7190","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-itorokanirizo-ryuruganda-rwa-jimbere","tag-tanzania"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7190","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=7190"}],"version-history":[{"count":4,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7190\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":7197,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7190\/revisions\/7197"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/7191"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=7190"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=7190"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=7190"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=7190"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}