{"id":7166,"date":"2022-05-09T13:45:48","date_gmt":"2022-05-09T11:45:48","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=7166"},"modified":"2022-06-06T07:34:59","modified_gmt":"2022-06-06T05:34:59","slug":"amakuru-akarere-eac-numero5-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/amakuru-akarere-eac-numero5-burundi\/","title":{"rendered":"Amakuru makuru yaranze akarere ka EAC"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Ubwoba bwa Ebola muri RDC, umushikiranganji w\u2019imicokama n\u2019akaranga yakuwe mu Rwanda\u2026<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Hagiye gucukurwa igitoro kitari gike muri <a href=\"https:\/\/www.facebook.com\/hashtag\/rdc?__eep__=6&amp;__cft__%5b0%5d=AZW-fFeAuq9H9JS9vDi8xSndjLJeOVfA2rNyv0dNBlJTk-L5Bk82qm3NL6eOFn3aE69rpz9d4HeLCiD5ikcQpO9jjakViWu3WPgYpBIwMicaV9khTyeRUNBqy0KrpWwLmkKkan5gP1X6yK7WE8BBk_7bvjLsRfkDSyFayygMrRtWyhq4MYPiPRDC0g4zDAZFGdo&amp;__tn__=*NK-R\">RDC<\/a><\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ubushikaranganji mu vyo bujejwe harimwo ivy\u2019ibitoro mu gihugu ca Reta iharanira Demokarasi ya Kongo buremeza yuko bugiye guhamagaza mu kwezi kwa Mukakaro uno mwaka abanyamitahe kugira baze guhiganira isoko ryo gucukura igitoro muri Kongo.<\/p>\n\n\n\n<p>Intumbero akaba ariyo kugwiza igitoro gicukurwa incuro cumi ni kuvuga gushika ku rugero rw\u2019amaritiro yababa 32.000.000 y\u2019igitoro acukurwa ku munsi. Tubikesha <em><a href=\"https:\/\/bit.ly\/3vT7eMw\">RFI<\/a><\/em><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Hatowe umuntu agira gatatu yanduye umugera wa Ebola muri RDC<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Uyo mugabo w\u2019imyaka 48 aba mu gisagara ca <a href=\"https:\/\/www.facebook.com\/hashtag\/mbandaka?__eep__=6&amp;__cft__%5b0%5d=AZW-fFeAuq9H9JS9vDi8xSndjLJeOVfA2rNyv0dNBlJTk-L5Bk82qm3NL6eOFn3aE69rpz9d4HeLCiD5ikcQpO9jjakViWu3WPgYpBIwMicaV9khTyeRUNBqy0KrpWwLmkKkan5gP1X6yK7WE8BBk_7bvjLsRfkDSyFayygMrRtWyhq4MYPiPRDC0g4zDAZFGdo&amp;__tn__=*NK-R\">Mbandaka<\/a> mu ntara <a href=\"https:\/\/www.facebook.com\/hashtag\/equateur?__eep__=6&amp;__cft__%5b0%5d=AZW-fFeAuq9H9JS9vDi8xSndjLJeOVfA2rNyv0dNBlJTk-L5Bk82qm3NL6eOFn3aE69rpz9d4HeLCiD5ikcQpO9jjakViWu3WPgYpBIwMicaV9khTyeRUNBqy0KrpWwLmkKkan5gP1X6yK7WE8BBk_7bvjLsRfkDSyFayygMrRtWyhq4MYPiPRDC0g4zDAZFGdo&amp;__tn__=*NK-R\">Equateur<\/a>. Uwo mugwayi yikekwa ko yoba yarabonanye n\u2019uyundi mugwayi yaheruka kurwara ikiza Ebola kigaheza kikanamuhitana<\/p>\n\n\n\n<p>Ubu igihugu ca Reta iharanira Demokarasi ya Kongo kikaba giharurwamwo abantu bagera kuri 2 bamaze kwitaba Imana bahitanwe na Ebola kuva aho bitanguye kuvurwa ko casubiye kwibonekeza muri ico gihugu. Abajejwe amagara y\u2019abantu bamenyesha ko bari ku kivi kugira ngo bashobore gucandaga abashoboye kubonana n\u2019abo bamaze kwitaba Imana.<\/p>\n\n\n\n<p>Abagera kuma 444 bakaba bamaze kwegeranirizwa hamwe kugira ntibanduze abandi, 281 muribo bakaba bamaze gucandarwa ikiza ca Ebola. Tubikesha <em><a href=\"https:\/\/bit.ly\/3LW58kE\">Actualit\u00e9 CD<\/a><\/em><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Umunyamabanga wa Leta araba ivy\u2019urwaruka n\u2019imicokama arapfunzwe yagirizwa kurya igiturire<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Bamporiki Edouard apfungiwe i muhira iwe kuva ku musi wa kane igenekerezo rya 05\/05\/2022. Uyo yamenyekanye nk\u2019umukinyi w\u2019amareresi n\u2019ivyese aho akina no mu gikino benshi bakunda <a href=\"https:\/\/www.facebook.com\/hashtag\/urunana?__eep__=6&amp;__cft__%5b0%5d=AZW-fFeAuq9H9JS9vDi8xSndjLJeOVfA2rNyv0dNBlJTk-L5Bk82qm3NL6eOFn3aE69rpz9d4HeLCiD5ikcQpO9jjakViWu3WPgYpBIwMicaV9khTyeRUNBqy0KrpWwLmkKkan5gP1X6yK7WE8BBk_7bvjLsRfkDSyFayygMrRtWyhq4MYPiPRDC0g4zDAZFGdo&amp;__tn__=*NK-R\">Urunana<\/a> yaramaze no gukuurwa mubagize Reta y\u2019Urwanda nkuko biri mw\u2019itangazo ryasohowe n\u2019umushikiranganji wa mbere w\u2019ico gihugu. Tubikesha <em><a href=\"https:\/\/bbc.in\/3snc962\">BBC Gahuza<\/a><\/em><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Indirimbo ya Diamond Platinumz yahagaritswe ku mboneshakure zo muri Tanzaniya<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Inyuma y\u2019ikiringo kingana n\u2019ukwezi isohotse, indirimbo <a href=\"https:\/\/www.facebook.com\/hashtag\/mtasubiri?__eep__=6&amp;__cft__%5b0%5d=AZW-fFeAuq9H9JS9vDi8xSndjLJeOVfA2rNyv0dNBlJTk-L5Bk82qm3NL6eOFn3aE69rpz9d4HeLCiD5ikcQpO9jjakViWu3WPgYpBIwMicaV9khTyeRUNBqy0KrpWwLmkKkan5gP1X6yK7WE8BBk_7bvjLsRfkDSyFayygMrRtWyhq4MYPiPRDC0g4zDAZFGdo&amp;__tn__=*NK-R\">Mtasubiri<\/a> y\u2019umuririmvyi w\u2019igihangange Diamond yasohoranye n\u2019umwigeme Zuchu yarahagaritswe ku mboneshakure zisanzwe n\u2019izikorera ku mbuga ngurukanabumenyi zo muri Tanzaniya<\/p>\n\n\n\n<p>Iyo ngingo ikaba yafashwe n\u2019urwego rukuru rujejwe gukurikirana ibitangazwa mu binyamakuru kuruyu wa 06\/05\/2022, inyuma yo kumenyesha yuko iyo ndirimbo igaragaramwo amasanamu y\u2019ibintu biteye isoni ndetse binateza urubwa abakozi b\u2019Imana. Abo barongozi bo murico kigo bakaba basaba abo baririmvyi gukuramwo ayo masanamu ateye isoni. Tubikesha <em><a href=\"https:\/\/bit.ly\/3KXeD1m\">The East African<\/a><\/em><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Amatoni 18.000 y\u2019ibigori yasohowe kugira ngo asahirize kw\u2019isoko<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Mugihe ifu y\u2019ibigori izimvye mu gihugu ca Kenya muri kino gihe, ikigo c\u2019igihugu kijejwe kubika ivyimburwa cemeye gusohora amatoni 18.000 y\u2019ibigori ku giciro kiri hasi ugereranije ni kihasanzwe kw\u2019isoko. Iyo ngingo ikaba yafashwe mu ntumbero yo guhangana n\u2019iduzwa ry\u2019igiciro c\u2019ibigori<\/p>\n\n\n\n<p>Naho biruko, ikigo kiraba ivyumburwa kimenyesha yuko gifise impungenge z\u2019ingene kizosubiriza ivyo bigori casohoye kuko ngo umwimbu uno mwaka utabaye mwinshi kubera. Tubikesha <em><a href=\"https:\/\/bit.ly\/3MWokyE\">Agence Ecofin<\/a><\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Abana 4 bapfunzwe kubera ugukora uburovyi budaciye mu mategeko basabirwa n\u2019abavyeyi babo kurekurwa atakirinze gusabwa<\/p>\n\n\n\n<p>Abo bana biga mu mashure yisumbuye mu gihugu ca Uganda ariko bakaba bafise amamuko mu gihugu ca Kenya bafatiwe mu mugwi w\u2019abantu 60 ku kiyaga Victoria bariko bakora uburovyi budaciye mu mategeko<\/p>\n\n\n\n<p>Muri kino gihe abo basabiwe gutanga amande y\u2019amafaranga y\u2019amadorari 431 umwumwe, canke gupfungwa mu kiringo c\u2019amezi 6. Denis Sikhembo, umwe mu bavyeyi yagerageje kuja gusaba irekurwa ry\u2019umwana wiwe yabwiwe yuko amategeko akingira abana ku vyerekeye amakosa nkayo mu gihugu c\u2019Ubuganda atayahari. Uyo muvyeyi akaba amenyesha ko muri kino gihe abo bana babayemwo ubuzima butoroshe mw\u2019ibohero. Tubikesha <em><a href=\"https:\/\/bit.ly\/3LZhng6\">The East African<\/a><\/em><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Amakuru yatororokanijwe na Adiel Bashirahishize<\/strong><\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Ubwoba bwa Ebola muri RDC, umushikiranganji w\u2019imicokama n\u2019akaranga yakuwe mu Rwanda\u2026 Hagiye gucukurwa igitoro kitari gike muri RDC Ubushikaranganji mu vyo bujejwe harimwo ivy\u2019ibitoro mu gihugu ca Reta iharanira Demokarasi ya Kongo buremeza yuko bugiye guhamagaza mu kwezi kwa Mukakaro uno mwaka abanyamitahe kugira baze guhiganira isoko ryo gucukura igitoro muri Kongo. Intumbero akaba ariyo [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":35,"featured_media":7167,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[258],"tags":[],"coauthors":[441],"class_list":["post-7166","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-itorokanirizo-ryuruganda-rwa-jimbere"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7166","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/35"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=7166"}],"version-history":[{"count":4,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7166\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":7246,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7166\/revisions\/7246"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/7167"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=7166"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=7166"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=7166"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=7166"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}