{"id":7118,"date":"2022-04-26T15:24:26","date_gmt":"2022-04-26T13:24:26","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=7118"},"modified":"2023-10-08T10:46:38","modified_gmt":"2023-10-08T08:46:38","slug":"imigwi-whatsapp-guhanahana-amashusho-abantu-bahenye-ikebuke-urwaruka-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/imigwi-whatsapp-guhanahana-amashusho-abantu-bahenye-ikebuke-urwaruka-burundi\/","title":{"rendered":"Ngo imigwi ya WhatsApp yo guhanahana amashusho y\u2019abantu bahenye\u2026? Ikebuke!"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Nimba hari ibintu vyeze mu rwaruka ndetse no mu babakurira: guhanahana amashusho n\u2019utuvidewo tw\u2019abakobwa n\u2019abahungu bambaye ubusa canke bariko barikinisha ahandi naho bashurashura. Ivyo ni biterasoni. Mbere uko ubiraba kenshi vyogusuka nawe mu ngeso mbi, canke bikagukwegera akarambaraye. Njebas aratera ivyatsi iyo nyifato igayitse.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Bagenzi ivyo udashaka ko bakugirira ntukabigirire abandi. Ni ukutisonera ni no kudasonera abandi kuko nta teka riri mu gukwiragiza amashusho n\u2019amareresi yerekana ubwambure bw\u2019umuntu. Iyumvire nawe nk\u2019urwaruka rwubahuka rugafata amaterefone yarwo rugashiramwo imigwi ruhuriramwo n\u2019abagenzi barwo (groupes) kugira gusa uwutanze uwundi kuronka ifoto y\u2019abakobwa canke abahungu bahenye bace bayikororeramwo.&nbsp; Gutyo ayo mafoto y\u2019ibiterasoni ugasanga yakwiragiye hose.<\/p>\n\n\n\n<p>Ni ibara! Ese ho ngo baguye kw\u2019ishusho canke ku kavidewo k\u2019umuntu bazi, mu kugakwiragiza hirya no hino bivayo ngo bamukomeshe. Mbere ngo basigaye batwita \u201cudusobanuye\u201d canke \u201cinama\u201d kugira usanzwe utabarimwo ntumenye ico bashatse kuvuga. Mugenzi iyumvire nk\u2019ivyo ugirira abandi usanze babigiriye mushiki wawe, mwenewanyu canke bakabigirira wewe nyene ubwawe! Niwishire mu kibanza c\u2019uwo muntu yakwiye agahinga kubera iyo nyifato igayitse y\u2019urwaruka rudasonera abandi. Ukaba ukora ivyo, ikebuke wigenge ubuntu ! uwubonye ifoto y\u2019ibiterasoni yihutire kuyifuta, kuko nta teka riri mu kwararaza mugenzawe.<\/p>\n\n\n\n<p>Erega kandi burya, arya mafoto na turya tuvidewo si vyiza kuguma ubiraba. Wari uzi ko bishobora kugukwegera nawe gukora birya muhererekana? Nk\u2019ubu ugasanga usigaye wikinisha kubera wabibonye muri iyo migwi canke bikabakwegera mu buhumbu kubera kumbure wabonye akareresi k\u2019abantu uzi canke utazi bariko barashurashura. Uvyisutsemwo rero ugasanga ukuyeyo ingwara zandukira biciye mu guhuza ibitsina mbere ugatera canke ugatwara inda utavyipfuza. Eka mbere birashobora no kukwica mu mutwe ugasanga waramaze kuba umuja yamugajwe no kuraba ivyo biterasoni. Uretse n\u2019ivyo burya uwufashwe ariko arakwiragiza amasanamu y\u2019ibikozasoni ngo hariho n\u2019amategeko amuhana.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Kwifata amashusho uri gusa vyogukwegera akarambaraye\u2026<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>None mu vy\u2019ukuri nk\u2019ubu wifashe ifoto agahuzu wataye, canke ukifata videwo uri mu buhumbu canke uriko urikinisha uba wibaza ko bigarukira he? Mwana wa mama, &nbsp;ehe ndakwereke, niwoye gufyinisha amashusho yawe akwerekana wataye agashambara. Ni uguta ibanga.<\/p>\n\n\n\n<p>Mugenzi kubika amafoto canke utuvidewo twawe twerekana ibiterasoni ni bibi. Ntuba uzi umuntu ashobora kwubukira kuri terefone yawe agaca aja mu mafoto ugasanga yagiye hejuru ata vyo uzi. Hoho, kuki utibaza ko woshobora no gutakaza canke kwibwa terefone yawe ugasanga urandagaye ku mbuga ngurukanabumenyi. Inzira bishobora gucamwo ni nyinshi. Umuti wa vyose ni ukwirinda kwifata amashusho wambaye ubusa canke uriko urakora ibitera soni.<\/p>\n\n\n\n<p>Vyongeye\u2026, hoho urazi ko ushobora kwisanga uriko uragirirwa iterabwoba n\u2019umuntu afise amafoto y\u2019ubwambure bwawe? Arashobora kuyakwereka akakubwira ko atayafuta utamuhaye amafaranga canke utamuhaye vya bindi (udashurashuye). Erega ivyo biraba! Nawe kubera ugutinya kwandagara, kandi ushaka ko ayafuta, amafaranga agusavye urayamuha kandi na vya bindi ukabikora. Ubikoze utazi ingene amagara yiwe yifashe naho, ushobora kuhandurira ingwara zifatira mu bihimba vy\u2019irondoka nk\u2019umugera wa sida, mburugu, sifirisi n\u2019izindi, kandi utibagiye ko n\u2019inda utipfuza zishobora kuvyukiramwo. Ni vyiza ko urwaruka, baba abahungu canke abakobwa bose biga kwigenga ubuntu. Nta teka riri mu kwararazanya canke kwiyararaza. Ikibwirwa ni icumva na yo icerekwa ni ikibona.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Nimba hari ibintu vyeze mu rwaruka ndetse no mu babakurira: guhanahana amashusho n\u2019utuvidewo tw\u2019abakobwa n\u2019abahungu bambaye ubusa canke bariko barikinisha ahandi naho bashurashura. Ivyo ni biterasoni. Mbere uko ubiraba kenshi vyogusuka nawe mu ngeso mbi, canke bikagukwegera akarambaraye. Njebas aratera ivyatsi iyo nyifato igayitse. Bagenzi ivyo udashaka ko bakugirira ntukabigirire abandi. Ni ukutisonera ni no [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":7119,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[213],"tags":[510,438],"coauthors":[189],"class_list":["post-7118","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ukubana","tag-njebas","tag-urwaruka"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7118","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=7118"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7118\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":7120,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7118\/revisions\/7120"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/7119"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=7118"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=7118"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=7118"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=7118"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}