{"id":7106,"date":"2022-04-25T17:46:49","date_gmt":"2022-04-25T15:46:49","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=7106"},"modified":"2023-10-08T10:46:32","modified_gmt":"2023-10-08T08:46:32","slug":"eac-isabukuru-muhoozi-inama-abakuru-ibihugu-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/eac-isabukuru-muhoozi-inama-abakuru-ibihugu-burundi\/","title":{"rendered":"Amakuru yaranze akarere ka EAC: isabukuru ya Jenerali Muhoozi, Inama y&rsquo;abakuru b&rsquo;ibihugu b&rsquo;akarere, bodaboda zabangiriwe guhagarikwa muri Tanzaniya&#8230;"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Muri <a href=\"https:\/\/www.facebook.com\/hashtag\/uganda?__eep__=6&amp;__cft__%5b0%5d=AZXUpCRRyEsl6ZgBBcVuhbzBrOenwGfQo7zLrz6nlEEgdtgsmV_wWVcOCIZVzAtxiaAABPTM3NDyq6-5Z5lj1VeJR42jooOw5I8jJAOaPyCWaXKehwl30IjAUINjLwtqx-RB_LBa3Egrf_Gono7DuiaBVw_A2CsS_fT5YWiDXI0rCoymDP9P1XyPOkDD9uh0Vbs&amp;__tn__=*NK-R\">Uganda<\/a> isabukuru ya Jenerali Muhoozi yarayazwe ryongera rirayagwa<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Isabukuru y\u2019imyaka 48 ya Jenerali Muhoozi Kainerugaba, imfura ya Yoweri Museveni arongoye igihugu ca Uganda yahimbajwe iminsi ibiri yose kandi mu buryo budasanzwe. Ku munsi wa gatandatutu itariki 23 Ndamukiza 2022 habanje haba ibirori bita \u00ab kasiki \u00bb. Ni ukuvuga urubanza rw\u2019ibanze. Ivyo birori vyabereye mu mihingo itandukanye y\u2019igihugu, nko ku kibuga \u00ab Lugogo \u00bb kiri ku mugwa mukuru no mu bindi bisagara bigize Uganda, vyitabiriwe n\u2019abantu isinzi biyita ko ari abakunzi ba Muhoozi.<\/p>\n\n\n\n<p>Ku munsi w\u2019Imana itariki 24 Ndamukiza 2022 naho urubanza rw\u2019isabukuru rya Muhoozi rwabereye ku kirimba c\u2019Umukuru w\u2019igihugu aho hari hategekanijwe gushika abatumire bagera ku 250 harimwo na Paul Kagame Umukuru w\u2019Igihugu c\u2019Urwanda, abaririmvyi rurangiranwa bo mu bihugu vyo mu karere n\u2019abandi bubahwa.<\/p>\n\n\n\n<p>Urwo rubanza rubaye mu buryo budasanzwe inyuma y\u2019uko Jenerali Muhoozi asanzwe arongoye ingabo za Uganda zigwanira ku butaka yaheruka gutanga imihoho muri ayo mabanga, se wiwe ariwe Museveni ntabimwemerere. Ni inyuma kandi yuko aserutse mu biganiro vyo kunagura imigenderanire vyabaye hagati ya Uganda n\u2019Urwanda. Bamwe mu bayagiye ikinyamakuru<em> <a href=\"https:\/\/www.monitor.co.ug\/uganda\/news\/national\/what-s-in-a-birthday-the-curious-case-of-muhoozi-s-national-event-3792784?fbclid=IwAR2VpvG_FPot2EP7lXBZh3Udpqpu151aggeHJ0yJr64ijAUm4kz7KL719dw\">Daily Monitor<\/a><\/em> dukesha iyi nkuru bakaba bavuga ko urwo rubanza rushobora kuba rufitaniye isano n\u2019ibinugwanugwa yuko Muhoozi yoba azokwitoza mu matora yimirije ngo azosubirire se wiwe ku burongozi bw\u2019igihugu.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Ikibazo c\u2019umutekano wo mu buseruko bwa Kongo cafashwe mu minwe n\u2019akarere kose<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ku wa 21 Ndamukiza 2022 abakuru b\u2019ibihugu vya <a href=\"https:\/\/www.facebook.com\/hashtag\/kenya?__eep__=6&amp;__cft__%5b0%5d=AZXUpCRRyEsl6ZgBBcVuhbzBrOenwGfQo7zLrz6nlEEgdtgsmV_wWVcOCIZVzAtxiaAABPTM3NDyq6-5Z5lj1VeJR42jooOw5I8jJAOaPyCWaXKehwl30IjAUINjLwtqx-RB_LBa3Egrf_Gono7DuiaBVw_A2CsS_fT5YWiDXI0rCoymDP9P1XyPOkDD9uh0Vbs&amp;__tn__=*NK-R\">Kenya<\/a>, <a href=\"https:\/\/www.facebook.com\/hashtag\/uburundi?__eep__=6&amp;__cft__%5b0%5d=AZXUpCRRyEsl6ZgBBcVuhbzBrOenwGfQo7zLrz6nlEEgdtgsmV_wWVcOCIZVzAtxiaAABPTM3NDyq6-5Z5lj1VeJR42jooOw5I8jJAOaPyCWaXKehwl30IjAUINjLwtqx-RB_LBa3Egrf_Gono7DuiaBVw_A2CsS_fT5YWiDXI0rCoymDP9P1XyPOkDD9uh0Vbs&amp;__tn__=*NK-R\">Uburundi<\/a>, <a href=\"https:\/\/www.facebook.com\/hashtag\/urwanda?__eep__=6&amp;__cft__%5b0%5d=AZXUpCRRyEsl6ZgBBcVuhbzBrOenwGfQo7zLrz6nlEEgdtgsmV_wWVcOCIZVzAtxiaAABPTM3NDyq6-5Z5lj1VeJR42jooOw5I8jJAOaPyCWaXKehwl30IjAUINjLwtqx-RB_LBa3Egrf_Gono7DuiaBVw_A2CsS_fT5YWiDXI0rCoymDP9P1XyPOkDD9uh0Vbs&amp;__tn__=*NK-R\">Urwanda<\/a> na <a href=\"https:\/\/www.facebook.com\/hashtag\/uganda?__eep__=6&amp;__cft__%5b0%5d=AZXUpCRRyEsl6ZgBBcVuhbzBrOenwGfQo7zLrz6nlEEgdtgsmV_wWVcOCIZVzAtxiaAABPTM3NDyq6-5Z5lj1VeJR42jooOw5I8jJAOaPyCWaXKehwl30IjAUINjLwtqx-RB_LBa3Egrf_Gono7DuiaBVw_A2CsS_fT5YWiDXI0rCoymDP9P1XyPOkDD9uh0Vbs&amp;__tn__=*NK-R\">Uganda<\/a> barahuriye muri Kenya mu nama yo kwiga ingene ikibazo c\u2019umutekano muke urangwa mu buseruko bw\u2019igihugu ca Reta iharanira demokarasi ya Kongo giherutse kwinjira mu muri EAC cotorerwa inyishu.<\/p>\n\n\n\n<p>Ingingo zafunditswe muri iyo nama ni uko hotunganywa ibiganiro hagati ya Reta ya Kongo n\u2019imigwi iyigwanya yose. Muri iyo nama harafunditswe kandi ko hashingwa mu maguru masha, igisoda c\u2019akarere kizofasha gucungera umutekano muri ako karere bibaye ngombwa congere kigwanye n\u2019iyo migwi.<\/p>\n\n\n\n<p>Nkuko tubikesha <a href=\"https:\/\/twitter.com\/NtareHouse\/status\/1517234435170701312?fbclid=IwAR2RTUtVzBSdF5Wj_5aJALebEuyPlZO8KFBMZgo24EizrgDeRUjfKiw_YYY\">ibiro vy\u2019umukuru w\u2019igihugu c\u2019Uburundi<\/a> , Abakuru b\u2019ibihugu bigize EAC bazosubira guhura kandi inyuma y\u2019ukwezi kumwe kugira barabe aho gushira mu ngiro ivyafunditswe bizoba bigeze.<\/p>\n\n\n\n<p>Aho muri Kongo nyene havugwa iduzwa ry\u2019imishara y\u2019abakozi ba Reta. Nkuko vyandikwa ku rubuga rw\u2019iradiyo <em><a href=\"https:\/\/www.radiookapi.net\/2022\/04\/20\/actualite\/politique\/rdc-le-gouvernement-augmente-de-30-le-salaire-de-base-des\">Okapi,<\/a><\/em> umushahara w\u2019ibanze wa buri mukozi wongerejwe gushika ku rugero rwa 30% hongera haragabanywa n\u2019ikori ku mushara riva ku bice 15% rishirwa ku bice 3% vyonyene.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Kenya : baragandaye ariko kandi abanyamafaranga baguma bahahurumbira<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ku wa 22 Ndamukiza, Perezida Mwai Kibaki yahoze arongoye Kenya yaritavye Imana ageze ku myaka 90 y\u2019amavuko. Uwo muhisi yagize perezida wa 3 wa Kenya, akaba yitavye Imana inyuma y\u2019umupfasoni wiwe yapfuye mu 2016. <a href=\"https:\/\/www.thecitizen.co.tz\/tanzania\/news\/national\/bashungwa-rescinds-ban-on-boda-boda-in-dar-s-cbd-3789622?fbclid=IwAR0nK-Of4-lPwOKvHr2lbKRisaIbcrmK37Ly5uRo0rH3ryoFiO62ivUQ_Rg\">Ikinyamakuru BBC<\/a> dukesha iyi nkuru cibutsa ko umuhisi Mwai yari arumanije imyaka 30 ari muri poritike aho kuva mu 2002 gushika mu 2013 yari Umukuru w&rsquo;Igihugu. <\/p>\n\n\n\n<p>Uretse iyo nkuru y\u2019umubabaro, ikinyamakuru <em><a href=\"https:\/\/www.businessdailyafrica.com\/bd\/corporate\/technology\/google-to-open-tech-hub-in-nairobi-as-part-of-sh115-5bn-3788490\">Business Daily Africa<\/a> <\/em>naco canditse ku kigo kigiye kwugururwa n\u2019ishirahamwe Google i Nairobi mu gihugu ca Kenya. Uwo mugambi uzotwara umutahe ugera ku muriyaridi w\u2019amadorare y\u2019Abanyamerika ngo uzofasha mu kuronsa Abanyafrika ibihinguriwe iwabo, uronse akazi abafise ubumenyi mu vy\u2019ubuhinga wongere unongerereze urugero rw\u2019ikoreshwa rya interineti muri Afrika.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Rwanda: umushinwa yaciriwe igihano co gufungwa imka 20<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Imvo n\u2019imvano y\u2019ihanwa ry\u2019uwo mucukuzi akaba n\u2019umudandaza w\u2019amabuye y\u2019agaciro ngo ni ireresi yakwiragijwe ku mbuga hwaniro imwerekana ariko arahasha n\u2019inkoni umwe mu bo yakoresha yamubamvye ku giti kimeze nk\u2019umusaraba.<\/p>\n\n\n\n<p>Ikinyamakuru <a href=\"https:\/\/www.bbc.com\/gahuza\/amakuru-61158908?at_custom1=%5bpost+type%5d&amp;at_custom4=46F90572-C080-11EC-80B1-96780EDC252D&amp;at_campaign=64&amp;at_medium=custom7&amp;at_custom3=BBC+Gahuza&amp;at_custom2=twitter\">BBC<\/a> candika ino nkuru, kivuga ko imvo yatumye uwo mushinwa ahana muri ubwo buryo uwo mukozi ngo nuko yoba yari yanyuruje umusenyi bayungurura bakuramwo amabuye y\u2019agaciro. Inyuma y\u2019isomwa ry\u2019urwo rubanza ubuserukizi bw&rsquo;Igihugu c\u2019Ubushinwa mu Rwanda bwasavye abashinwa bose bahaba kwubahiriza amategeko y\u2019Igihugu.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Muri <a href=\"https:\/\/www.facebook.com\/hashtag\/tanzaniya?__eep__=6&amp;__cft__%5b0%5d=AZXUpCRRyEsl6ZgBBcVuhbzBrOenwGfQo7zLrz6nlEEgdtgsmV_wWVcOCIZVzAtxiaAABPTM3NDyq6-5Z5lj1VeJR42jooOw5I8jJAOaPyCWaXKehwl30IjAUINjLwtqx-RB_LBa3Egrf_Gono7DuiaBVw_A2CsS_fT5YWiDXI0rCoymDP9P1XyPOkDD9uh0Vbs&amp;__tn__=*NK-R\">Tanzaniya<\/a>, ingingo yo kubuza amapikipiki n\u2019amabajaji yunguruza abantu gushika hagati mu gisagara ca <a href=\"https:\/\/www.facebook.com\/hashtag\/daressalaam?__eep__=6&amp;__cft__%5b0%5d=AZXUpCRRyEsl6ZgBBcVuhbzBrOenwGfQo7zLrz6nlEEgdtgsmV_wWVcOCIZVzAtxiaAABPTM3NDyq6-5Z5lj1VeJR42jooOw5I8jJAOaPyCWaXKehwl30IjAUINjLwtqx-RB_LBa3Egrf_Gono7DuiaBVw_A2CsS_fT5YWiDXI0rCoymDP9P1XyPOkDD9uh0Vbs&amp;__tn__=*NK-R\">Dar Es Salaam<\/a> yarahagaritswe<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Iyo ngingo yari yafashwe n\u2019umukuru w\u2019igisagara ca Dar Es Salaam ariko iriyamirizwa cane gushika naho abagendesha ivyo vyuma bagira n\u2019imyiyerekano. Bisabwe n\u2019inama nshingamateka y\u2019ico gihugu, umushikiranganji ajejwe ivy\u2019intwaro mu biro vy\u2019Umukuru w\u2019igihugu yari yafashe iyo ngingo, yahavuye atangaza ko yoba irabangiriwe kuko yari gukora ku buzi bw\u2019urwaruka rutari ruke. Nkuko vyandikwa na <em><a href=\"https:\/\/www.thecitizen.co.tz\/tanzania\/news\/national\/bashungwa-rescinds-ban-on-boda-boda-in-dar-s-cbd-3789622?fbclid=IwAR0nK-Of4-lPwOKvHr2lbKRisaIbcrmK37Ly5uRo0rH3ryoFiO62ivUQ_Rg\">The Citizen<\/a><\/em> iyo ngingo ikaba yari kuja mu ngiro itariki 20 Ndamukiza.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Amakuru yatororokanijwe na Li\u00e9vin Niyogusengwa<\/strong><\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Muri Uganda isabukuru ya Jenerali Muhoozi yarayazwe ryongera rirayagwa Isabukuru y\u2019imyaka 48 ya Jenerali Muhoozi Kainerugaba, imfura ya Yoweri Museveni arongoye igihugu ca Uganda yahimbajwe iminsi ibiri yose kandi mu buryo budasanzwe. Ku munsi wa gatandatutu itariki 23 Ndamukiza 2022 habanje haba ibirori bita \u00ab kasiki \u00bb. Ni ukuvuga urubanza rw\u2019ibanze. Ivyo birori vyabereye mu [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":7107,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[258],"tags":[623],"coauthors":[34],"class_list":["post-7106","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-itorokanirizo-ryuruganda-rwa-jimbere","tag-uganda"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7106","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=7106"}],"version-history":[{"count":6,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7106\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":7117,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7106\/revisions\/7117"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/7107"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=7106"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=7106"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=7106"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=7106"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}