{"id":7096,"date":"2022-04-23T18:44:23","date_gmt":"2022-04-23T16:44:23","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=7096"},"modified":"2023-10-08T10:46:24","modified_gmt":"2023-10-08T08:46:24","slug":"gukingira-ibidukikije-ntawe-bitega-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/gukingira-ibidukikije-ntawe-bitega-burundi\/","title":{"rendered":"Gukingira ibidukikije ntawe bitega !"},"content":{"rendered":"\n<p><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Barongowe na Nicolas Oguge umuhinga w&rsquo;umunyakenya, umugwi w\u2019abahinga bava mu bihugu vya Afrika y\u2019ubuseruko barakoze ubushakashatsi bufashwe mu mugongo n\u2019umugambi wa USAID wo gukingira ibinyabuzima biri mu bidukikije no kwiga inkurikizi zokwigaragaza mu gihe ata cokorwa. Ico cigwa kikaba kiri mu gitabu bise \u00ab&nbsp;Proteger le capital Naturel&nbsp;: co\u00fbt de l\u2019inaction&nbsp;\u00bb<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ico cigwa cabaye mu bihugu bitandatu ari vyo&nbsp;: Uburundi, Urwanda, Ubuganda, Tanzaniya, Kenya na Sudani y\u2019epfo. Pr. Diom\u00e8de Manirakiza umwigisha akaba n\u2019umuyobozi mu gisata c\u2019ivyigwa vy\u2019ubutunzi (Economie Rurale et des Entreprises Agro-Alimentaires) muri kaminuza y\u2019Uburundi, nawe nyene ari mu mugwi wabakoze ico cigwa ku bidukikije mu karere ka EAC, avuga ko igikorwa bakoze kiri mu ntumbero y\u2019ibihugu vyo mu buseruko bwa Afrika yo gukorere hamwe mu bisata vy\u2019ubutunzi n\u2019imibano.<\/p>\n\n\n\n<p>Ivyo rero ngo babigize kuko ibidukikije na vyo biri mu biraje ishinga ibihugu kandi biteza imbere ibihugu n\u2019abenevyo canecane ababa iruhande y\u2019ahari ubutunzi kama. Na canecane ko ibidukikije bitagihabwa agaciro, abatware bo ku mitumba canke abatwarwa badashaka kubona akamaro k\u2019ibidukikije, gutyo ugasanga bahitamwo kuvyonona.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Mu Burundi&nbsp;: ikiyaga ca Rweru n\u2019ishamba cimeza rya Kibira\u2026<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Manirakiza avuga ko aha mu Burundi bakoreye canecane ku kiyaga Rweru kiri mu ntara ya Kirundo n\u2019ishamba cimeza rya Kibira. Ico kiyaga Uburundi busangiye n\u2019Urwanda barerekanye ko harimwo ubutunzi bw\u2019ifi nyishi zofasha imiryango myinshi iba ku nkengera z\u2019ivyo bihugu vyompi kubaho mu gihe cokingirwa. Harimwo kandi imvubu nyinshi abantu boza baraja kuratira ijisho gutyo ikigega ca Reta kikabomboka. Iyo rero uruhande rumwe rufashwe nabi ibinyabuzima birimwo birimuka bikaja ahari amazi meza ugasanga ni uruhombo ku gihugu.<\/p>\n\n\n\n<p>Mw\u2019ishamba rya Kibira na ryo nyene rifatanye n\u2019ishamba rya Nyungwe mu Rwanda, harimwo inkende, inkoto, ibiti biteye igomwe n\u2019ibindi biri mu karanga k\u2019igihugu. Ubwo butunzi rusangi kama burakwiye kubungabungwa kugira bibe ibibanza vy\u2019iratiro. Mu gihe rero atacokorwa hokononekara vyinshi, kuko ayo mashamba n\u2019amazi birabuza ko ivyuka bibi biduga hejuru kwonona ikirere ivyo na vyo bikaba arivyo bikwega ubushuhe bwinshi, abantu bakaba bonagwara.<\/p>\n\n\n\n<p>Ikindi nuko ibidukikije vyononekaye abenegihugu baba hafi, baramererwa nabi. Nk\u2019uwahora aja mu Rweru kurondera agafi aca asanga atakariho biturutse ku kuba ico kiyaga bagicafuje kubera ivu barundamwo bariko bararima ku nkengera, isabuni basuka mu mazi bariko baramesuriramwo ubona ko ari na ho ifi zita amagi. Iyo amashamba yahonye na ho, ubugaragwa bukaduka, canke inkukura ikaba nyishi gurtyo ugasanga hariko harakoreshwa uburyo bwinshi mu guca imikobeko ku mitumba, mu gutera ibitara vy\u2019ibiti bishasha n\u2019ibindi kandi vyari gukunda ko bibungabungwa.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Muti none hokorwa iki?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Pr. Diom\u00e8de Manirakiza ati&nbsp;:&nbsp;<em>\u00ab&nbsp;Hoba ugukorera hamwe n\u2019abegwa bose n\u2019ibinyabuzima tutibagiye n\u2019ibidukikije. Aho harimwo intwaro, amashirahamwe n\u2019abanyagihugu eka n\u2019ibihugu bisangiye ubwo butunzi bigakorera mu runani, nk\u2019uko bikorwa ku Kiyaga Tanganyika. Nko mu Burundi hariho itegeko ribuza gukora ibikorwa imbere y\u2019imetero 50 uvuye ku kiyaga. Ariko ubu nka hose uhasanga indimo. Ni ukuvuga ko iryo tegeko ridakurikizwa namba. Bisaba ko abantu bahimirizwa bakerekwa ineza iri mu kubungabunga ubutunzi buri mu bidukikije kandi Reta igashira mu ngiro itegeko ryo ku bikingira.&nbsp;\u00bb <\/em>Yongera ati<em>&nbsp;: \u00ab&nbsp;Reta ibwirizwa kwongereza amafaranga afadika mu gutunganya neza ibidukikije mbere igahimiriza n\u2019abanyamitahe kuharangurira imigambi ishobora&nbsp; gukwegakwega ingenzi.&nbsp;Ugiye nko kuri Rweru ushobora kuvayo utarose n\u2019ikigori cokeje. Ukavayo udakoze ku munwa. N\u2019uwugiyeyo bumwiriyeko ntaronke aho akika umusaya,&nbsp;\u2026&nbsp;\u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Uyo mwigisha avuga ko mu bihugu biri mu muryango wa EAC, Uburundi aribwo bukiri inyuma mu kwitwararika ibidukikije no gutunganya neza ivyerekeye igisata c\u2019ingenzi kandi aribwo bufise ibintu vy\u2019ukurata vyinshi: nk\u2019inzuzi n\u2019ibiyaga vyo mu buraruko, ubutunzi kama buri mu Kibira, ibikoko vy\u2019ubwoko butandukanye, amasenga y\u2019amabuye, imitumba n\u2019ibiyaya biteye igomwe n\u2019ibindi.<\/p>\n\n\n\n<p>Agira ati&nbsp;:&nbsp;<em>\u00ab&nbsp;Uravye ico gisata ugisanga mu bushikiranganji bw\u2019ubudandaji, mu bushikiranganji bw\u2019ibidukikije no mu bushikirangnanji bw\u2019imico kama. Urumva ko hari naho usanga habuze uwufata ingingo. Hakwiye ko ubwo bushikiranganji busabikanya ibikorwa ntibuze busange buriko burabujuragurika.\u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p><strong>&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;<\/strong><\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Barongowe na Nicolas Oguge umuhinga w&rsquo;umunyakenya, umugwi w\u2019abahinga bava mu bihugu vya Afrika y\u2019ubuseruko barakoze ubushakashatsi bufashwe mu mugongo n\u2019umugambi wa USAID wo gukingira ibinyabuzima biri mu bidukikije no kwiga inkurikizi zokwigaragaza mu gihe ata cokorwa. Ico cigwa kikaba kiri mu gitabu bise \u00ab&nbsp;Proteger le capital Naturel&nbsp;: co\u00fbt de l\u2019inaction&nbsp;\u00bb Ico cigwa cabaye mu bihugu [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":7099,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[212],"tags":[],"coauthors":[189],"class_list":["post-7096","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ibidukikije"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7096","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=7096"}],"version-history":[{"count":2,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7096\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":7100,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7096\/revisions\/7100"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/7099"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=7096"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=7096"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=7096"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=7096"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}