{"id":7082,"date":"2022-04-18T16:01:46","date_gmt":"2022-04-18T14:01:46","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=7082"},"modified":"2023-10-08T10:46:10","modified_gmt":"2023-10-08T08:46:10","slug":"imbeba-ikurikira-akaryoshe-ikanduruka-ihera-mutego-burundi-njebas","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/imbeba-ikurikira-akaryoshe-ikanduruka-ihera-mutego-burundi-njebas\/","title":{"rendered":"\u00ab Imbeba ikurikira akaryoshe kenshi ikanduruka ihera mu mutego\u2026 \u00bb"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Uru rwaruka rwiyita ngo ni abana bo mw\u2019i \u2018cit\u00e9\u2019 canke abanyamuji (watoto wa mjini), oya mu vyukuri barakavya. Si abakobwa si abahungu hari abo usanga ugushurashura babigize ubutwari. <\/strong><strong>Aho batamaramarira ntibanabinyegeza ngo babigire n\u2019ibanga. Umusore amaze kuryamana n\u2019abakobwa benshi yumva ko kuvyihaya mu bantu ari ubuhizi. Ubahanuye kubiheba ntibumva. Njebas nawe ati&nbsp;:&nbsp;<em>\u00ab&nbsp;Imbeba ikurikira akaryoshe kenshi ikanduruka ihera mu mutego\u2026\u00bb<\/em><\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ubu ho hari imvugo igisibije mu rwaruka ngo \u00ab&nbsp;kurya umwana&nbsp;\u00bb, oya pe&nbsp;! Ibara ryaraguye. Erega ryari nari kumwe n\u2019umuhungu numva aritoye ngo : <em>\u00ab&nbsp;Yooh \u2026 bro<\/em>, &#8230;&nbsp;\u00bb nca ndakanguka. Ndamuravye mbona yikoreye amaboko, ngira ngo hari ikintu kimushikiye kikamutera ubwoba. Ni ko guca ndamubaza ico abaye, numva arinamuye ati&nbsp;:&nbsp;<em>\u00ab&nbsp;Bro, ndagowe, uzi ko nibutse ko indwi izohera ejo ntariye umwana\u2026&nbsp;!\u00bb<\/em> Sinaronse n\u2019ico nsubizayo.<\/p>\n\n\n\n<p>Erega ahubwo nagiye gutangazwa n\u2019ingene adatinya kubitera ko inkuru&nbsp;!&nbsp; Yaguma yihaya, yivuga amazina adondagura abakobwa ngo batinyitse ku gihagararo amaze kurya mugani wiwe. Mu giswahili yagize ati&nbsp;:&nbsp;<em>\u00ab&nbsp; Sisi watoto wa mjini usituchezee&nbsp;! Tunakula tule tusichana tuzuri-tuzuri tena twenye umri mdogo\u00bb<\/em> (Twebwe abana bo mu muji ntudukinishe, dukorana na turya dukobwa twiza tutarasaza). Ni kwo kumbwira ko abakobwa azi ubwambure canke abamuzi ari benshi cane, n\u2019igitiri ata co azi ku mutwe. Aho rero akabivuga yikubita mu gikiriza yerekana ko ari intwari muri ico gikorwa.<\/p>\n\n\n\n<p>Akamaramaza, n\u2019uwundi muhungu ntashimye kuvuga izina &nbsp;numvise ariko arabwira bagenzi we,&nbsp; mbere ico gihe n\u2019abakobwa barimwo, ati&nbsp;:&nbsp;<em>\u00ab&nbsp; Ndatesa. Uziko mu ndwi iheze nararumanije umwaka ata weekend n\u2019imwe yijana ntariye akadada. Kandi &nbsp;incuro nyishi twaba ari utudemu dutandukanye.&nbsp;\u00bb <\/em>Muri bagenzi we aragara ngo ni intwari, mbere bohava banamwita umukuru w\u2019abasore kuko ngo umukobwa arinze ashima ntamugera umutwe&nbsp;! Ubabajije nimba ho bikingira, bakubwira ko bivana n\u2019uwo bari kumwe. Ngo iyo ari \u00ab&nbsp;icuki&nbsp;\u00bb (umukobwa mwiza) nta vyo kwiboha\u2026<\/p>\n\n\n\n<p>&nbsp;Bagenzi, uzi ko hari n\u2019abakobwa ata co bibanga&nbsp;? Ukumva umukobwa ariko aratera inkuru ngo nta mu \u00ab&nbsp;type&nbsp;\u00bb yomunanira yamushatse. Umwigeme ryahiye, yubahuka akavuga ko umuhungu atararyamana n\u2019umukobwa canke umukobwa batararya ari uwa ruguru, umunyarutoki, mu majambo make atari umusirimu. Ngo umusirimu ni uwusohoka kandi akirekura. Ni ibara&nbsp;!<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Ugushurashura kwogukwegera ingaruka mbi\u2026<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Bane ba mama ukuntu urwaruka rwihaya ubusambanyi, rwatumye mbaza umuganga ko atangaruka vyohava bitera ababugenderamwo. Muvy\u2019ukuri, baganzi umve ndabahanure, uwo muganga yagize ati&nbsp;:&nbsp;<em>\u00ab&nbsp;Usambana iyo utibutse ngo wikingire ushobora kuhandurira ingwara zandukira biciye mu bihimba vy\u2019irondoka, nka Sida, Sifirisi, Mburugu n\u2019izindi. Kandi ko ushobora kwisanga wanateye canke ugasama inda utipfuza mu gihe wobikora utikingiye.&nbsp;\u00bb<\/em> Rero uwo muganga avuga ko umuti w\u2019izo ngorane zose ari ukwihangana, ariko uwo vyorinda vyankira nawe, ahuko agwa mu ngorane zituruka kuri ubwo buhumbu ko yopfuma yikingira.<\/p>\n\n\n\n<p>Umve ndanabibire akabanga, uwitwa Vital asanzwe yarize ivyigwa bijanye n\u2019inyifato, avuga ko ugusambana iyo wabigize umwuga bishobora kukwica mu mutwe. Umuhungu canke umukobwa kubera yamenyereye kuyerera mu bushurashuzi, ngo hari igihe bishika inyota yo kwubaka urwiwe ikamuherana. Canke ngo umunezero wo kuba yokwishimira umuntu umwe ukamuvamwo bitewe n\u2019uko azi benshi batameze kumwe. Mbere ngo umukobwa arashobora no guhura n\u2019ingorane yo mu kibano bakamwinuba ugasanga arabuze n\u2019uwumubenguka ngo amushire mu rugo, agatangura kwicuza imyaka imujanye, kuburyo yoshobora no kuhagirira ikibazo co mu mutwe.<\/p>\n\n\n\n<p>Rero benewacu, nobahanura kureka kwiratira ubutwari mu buhumbu ahubwo mu kihaya ingeso nziza n\u2019ibikorwa bibashikana ku kwiteza imbere, kuko ubushurashuzi usivye ko ari n\u2019icaha imbere y\u2019Imana, ubwishinze wozohava umera nka ya mbeba yakurikirana akaryoshe igahera mu mutego. Bibwirwa benshi bikumva benevyo.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Uru rwaruka rwiyita ngo ni abana bo mw\u2019i \u2018cit\u00e9\u2019 canke abanyamuji (watoto wa mjini), oya mu vyukuri barakavya. Si abakobwa si abahungu hari abo usanga ugushurashura babigize ubutwari. Aho batamaramarira ntibanabinyegeza ngo babigire n\u2019ibanga. Umusore amaze kuryamana n\u2019abakobwa benshi yumva ko kuvyihaya mu bantu ari ubuhizi. Ubahanuye kubiheba ntibumva. Njebas nawe ati&nbsp;:&nbsp;\u00ab&nbsp;Imbeba ikurikira akaryoshe kenshi [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":7083,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[526],"tags":[510,564,438],"coauthors":[189],"class_list":["post-7082","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ubuzima","tag-njebas","tag-ubuzima","tag-urwaruka"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7082","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=7082"}],"version-history":[{"count":2,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7082\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":7087,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7082\/revisions\/7087"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/7083"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=7082"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=7082"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=7082"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=7082"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}