{"id":7057,"date":"2022-04-16T09:47:06","date_gmt":"2022-04-16T07:47:06","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=7057"},"modified":"2023-10-08T10:45:59","modified_gmt":"2023-10-08T08:45:59","slug":"gutanga-amakuru-ineza-abenegihugu-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/gutanga-amakuru-ineza-abenegihugu-burundi\/","title":{"rendered":"Uburyo bwo gutanga amakuru ku neza y\u2019abenegihugu\u2026"},"content":{"rendered":"\n<p><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Hagiye kubaho imigwi ku mitumba y\u2019abenegihugu bumviriza amaradiyo, basoma ibimenyeshamakuru, bakurikirana tereviziyo bagahanahana ivyiyumviro ku biganiro bishikirizwa kandi inyigisho bakuyemwo bakazisangiza abandi mu kibano. Iyo migwi ikazoba ifise n\u2019uburenganzira bwo gusaba ivyo binyamakuru kubashikiriza ibiganiro bihuye n\u2019ivyo bakeneye<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Jacques Bukuru umuyobozi mukuru mu bushikiranganji bwo gutumatumanako amakuru, ubuhinga ngurukanabumenyi n\u2019ibinyamakuru amenyesha ko iyo migwi ibwirizwa kubaho. Agira ati&nbsp;:&nbsp;<em>\u00ab&nbsp; Ico ni iciyumviro twazanye tumaze kubona yuko ibinyamakuru vyinshi canecane ivya Reta birondera amakuru, bigira ibiganiro, bikandika ibintu ubona ko bitajanye n\u2019imyitwarariko y\u2019abenegihugu. Ugasanga umuntu yakoresheje amafaranga menshi cane mu kuja kubirondera mugabo ntabe azi ko abaja kubisoma, kuvyumviriza canke abaja kubiraba ko arivyo bipfuza.\u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Kubw&rsquo;ivyo Jacques bigirimana amenyesha ko ubushikiranganji bwo gutumatumanako amakuru, bwaciye bugiriranirana ibiganiro n\u2019abarongoye ibinyamakuru n\u2019amaradiyo mu kwezi kwa Ruhuhuma, burabereka ko badakwiye ko babandanya bakoresha uburyo bwinshi bavuga canke bavugisha abantu ibintu bitagirira akamaro abenegihugu kuko amakuru meza ari ayafasha abenegihugu kuva mu ngorane barimwo. Abenegihugu nabo kugira bave mu ngorane barimwo nuko babwirizwa kuronka amakuru abubaka.<\/p>\n\n\n\n<p>Ivyo rero biri mu vyavugiwe mu kiganiro co kuri uwu wa 8 Ndamukiza 2022 catunganijwe n\u2019ubwo bushikiranganji cabereye mu nyubakwa za King\u2019s Conference Center mu gisagara ca Bujumbura aho bariko barigira hamwe n\u2019abayoboye ibinyamakuru n\u2019amaradiyo ivyokorwa kugira iyo migwi ishingwe.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Uti none iyo migwi y\u2019abenegihugu yoba imeze gute?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Jacques Bukuru ati\u00a0:\u00a0<em>\u00ab Iyo migwi ni iyiri mu mitumba, hariya mu rutoki. Abari muri yo ni abantu basangiye ingorane. Ni ba nyarucari badakunda kuronka amakuru abubaka.\u00a0\u00bb<\/em> kutaronka amakuru na vyo ngo biterwa nuko usanga abamenyeshamakuru bibereye i Bujumbura, abagerageje kwegera abenegihugu nabo\u00a0 ugasanga bashika ku migwa mikuru y\u2019intara gusa. Ubwo bushikiranganji rero busaba abamenyesahamakuru gushika hariya mu rutoki, bakumviriza ingorane abenigihugu bafise, akaba arizo bakorerako ibiganiro, bandikako inkuru hanyuma bakaboneraho n\u2019akaryo ko kurondera abahinga bababwira ivyotuma abo benegihugu bava mu ngorane barimwo.<\/p>\n\n\n\n<div class=\"wp-block-image\"><figure class=\"alignleft size-full is-resized\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2022\/04\/FB_IMG_1649930579288-1.jpg\" alt=\"\" class=\"wp-image-7061\" width=\"579\" height=\"772\" srcset=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2022\/04\/FB_IMG_1649930579288-1.jpg 720w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2022\/04\/FB_IMG_1649930579288-1-225x300.jpg 225w\" sizes=\"auto, (max-width: 579px) 100vw, 579px\" \/><figcaption> Jacques Bukuru ati:  \u00ab\u00a0<em>Turamaze kubona yuko ibinyamakuru vyinshi canecane ivya Reta birondera amakuru, bikora ibiganiro, bikandika ibintu ubona ko bitajanye n\u2019imyitwarariko y\u2019abenegihugu.<\/em>\u00ab\u00a0<\/figcaption><\/figure><\/div>\n\n\n\n<p>Bukuru anamenyesha ko hari abo mu maradiyo y\u2019abenegihugu (radios communautaires) bamaze kubikora. Aho&nbsp; usanga barashizeho imigwi ibumviriza canke ugasanga iyo migwi yaranishizeho bivanye n\u2019ibiganiro vyubaka ayo maradiyo abashikiriza. Eka mbere ngo kubera ibiganiro bimwebimwe abo benegihugu bumvirije hari abariko baritunganiriza imirimo ya minsi yose, bakaja mu vyo kuziganya no kuguranana, mu vyo kurima kijambere, bakitunganiriza vyose kubera amakuru barose.<\/p>\n\n\n\n<p>Nijembazi Esperance umuhinga yashikirije icigwa c\u2019ingene bo basanzwe babikora mu kigo CIEP (Centre d\u2019Information, d\u2019Education et de communication en mati\u00e8re de Population et de d\u00e9veloppement), avuga ko iyo migwi idafise uruhara rwo kwumviriza no guhanahana ivyiyumviro gusa, ahubwo irafise n\u2019uburenganzira bwo kwigishanya hagati yayo igatorera umuti ibibazo bahura mu kibano biciye mu vyo bumviriza. Eka mbere ngo barashobora no gutanga amakuru y\u2019aho baherereye<\/p>\n\n\n\n<p>Iyo migwi rero ngo yoba ihurikiyemwo bose, abagabo, abagore, urwaruka hamwe n\u2019abagendana ubumuga aho bibonekeza kugira ntihagire uwubona ko akumiriwe mu biganiro basaba ko botunganirizwa. Ariko kandi ngo boba abantu bazi gusoma n\u2019ukwandika kandi bafise ubwira bwo gukurikirana iradiyo, gusoma ivyandikwa n&rsquo;ibinyamakuru no gusangiza abandi ivyiyumviro kandi bashobora kwerekana muri raporo batanga ibiganiro bo bakeneye<\/p>\n\n\n\n<p><\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Hagiye kubaho imigwi ku mitumba y\u2019abenegihugu bumviriza amaradiyo, basoma ibimenyeshamakuru, bakurikirana tereviziyo bagahanahana ivyiyumviro ku biganiro bishikirizwa kandi inyigisho bakuyemwo bakazisangiza abandi mu kibano. Iyo migwi ikazoba ifise n\u2019uburenganzira bwo gusaba ivyo binyamakuru kubashikiriza ibiganiro bihuye n\u2019ivyo bakeneye Jacques Bukuru umuyobozi mukuru mu bushikiranganji bwo gutumatumanako amakuru, ubuhinga ngurukanabumenyi n\u2019ibinyamakuru amenyesha ko iyo migwi ibwirizwa [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":7060,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[258],"tags":[641],"coauthors":[189],"class_list":["post-7057","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-itorokanirizo-ryuruganda-rwa-jimbere","tag-amakuru"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7057","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=7057"}],"version-history":[{"count":3,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7057\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":7065,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7057\/revisions\/7065"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/7060"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=7057"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=7057"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=7057"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=7057"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}