{"id":7038,"date":"2022-04-14T10:10:26","date_gmt":"2022-04-14T08:10:26","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=7038"},"modified":"2023-10-08T10:45:43","modified_gmt":"2023-10-08T08:45:43","slug":"ukuzimba-amakara-ubukene-ibitoro-bujumbura-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/ukuzimba-amakara-ubukene-ibitoro-bujumbura-burundi\/","title":{"rendered":"Ukuzimba kw\u2019amakara bihuriye he n\u2019ubukene bw\u2019ibitoro mu gisagara ca Bujumbura?"},"content":{"rendered":"\n<p><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Ibiciro vy\u2019amakara mu gisagara ca Bujumbura biguma biduga uko bwije n\u2019uko bukeye. Amafaranga yahora akoreshwa mu kugura umufuko wuzuye amakara, mu bibanza bimwebimwe asanzwe aterekwamwo wiyongereyeko amafaranga ari hagati ya 15.000Fbu na 25.000Fbu kuva mu kwezi kwa Kigarama 2021. Abayadandaza bagatunga agatoke canecane ubukene bw\u2019ibitoro<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Hirya no hino mu makaritiye atandukanye, abantu baguma bidoga bavuga ko kugira ugonde umufuko w\u2019amakara bisaba kuba urinda ibeyi, kandi ukaba udahobahoba ku ngodo.<\/p>\n\n\n\n<p>Abanyagisagara bafise uburyo bubayabaye bagura amakara ku mifuko baganiriye n\u2019ikinyamakuru Jimbere mu bibanza bimwebimwe bidandarizwamwo amakara mu makaritiye nka Rohero, Bwiza, Jabe, Nyakabiga, na Kigobe ari mu gisagara ca Bujumbura, bavuga ko umufuko munini w&rsquo;amakara meza wahora ugurwa hagati ya 40.000Fbu na 45.000Fbu, ubu udafise ayarenga 65.000Fbu ntiwirirwa uratesha. Na yo uwubayabaye wahora ugurwa hagati ya 25.000 na 30.000Fbu, ubu ngo udafise hagati ya 40000Fbu na 50.000Fbu ntiwegera.<\/p>\n\n\n\n<p>Eka n&rsquo;abagura ayo bakoresha ku munsi ku munsi ibiciro vy&rsquo;amakara ntivyabageze umutwe. Mu Bwiza hari abagira bati:\u00a0<em>\u00ab\u00a0Ubwa mbere watora akagunira ugasimbira aho batereka amakara bakaguha aya 500 Fbu canke ay&rsquo;1.000Fbu. Ubu ntiwonakwubahuka kubaza aya 500Fbu kuko ntiyonakwira ku mbabura. Mbere hari n&rsquo;aho udakwiza 1.000 Fbu batayaguha na honyene agahakwa no kutuzura imbabura. Ushaka amakara wotekesha rimwe ibiharage n&rsquo;utundi bijana ni ngombwa ugure n\u2019imiburiburi aya 2.000Fbu.\u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p><strong>None ukwo kuzimba kw\u2019amakara kuva kuki ?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Hari bamwe mu bagura amakara bavuga ko abayadandaza boba babiri inyuma. Umwe yagize ati: <em>\u00ab<\/em><em>A<\/em><em>ba bacuruza amakara bashaka kwunguka umurengera kubera babona bamwe bo muri Rirari bahora bayamanukana ku makinga ugasanga ni menshi mu gisagara batakiyashikana. Rero kubera babona tutakironka abayatuzanira, baca baduza ibiciro kuko baba bazi ko dutegerezwa kuyagura. \u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Abayadandaza bo si uko babibona. Nka bose bavuga ko ahanini ukuduga kw&rsquo;ibiciro vy&rsquo;amakara biriko biraterwa n&rsquo;ubukene bw&rsquo;ibitoro. Bamwe bagira bati: <em>\u00ab Ubwa mbere umuduga upakira amakara warashobora kuduga incuro nyishi hagati mu gihugu kuyazana, ariko ubu iminsi myinshi umuduga uyimara kuri \u00ab\u00a0station\u00a0\u00bb utondeye igitoro. N\u2019uwuyazanye aca ayadandaza canke akayaranguza azivye kuko ataba azi ko azoronka igitoro co gusubira kuyazana vuba. \u00bb<\/em> Bakavuga rero ko iyo igitoro kiba gihari imiduga iba imanukana amakara ku bwinshi, mbere ikanasanga ayandi atarahera ku kibanza gutyo uko amakara aba menshi akaba ari na ko azimbuka.<\/p>\n\n\n\n<p>Ariko kandi hari n&rsquo;abavuga ko hagati mu gihigu ubu ata makara ariyo kubera ari mu bihe vy&rsquo;imvura. Abantu rero ngo baca bashira inguvu mu kurima ibiharage n&rsquo;ibindi biterwa mbubarugo bakareka guturira amakara kuko baba batinya ko imvura yotuma apfuba (agasha nabi). Muri ico gihe rero ngo n&rsquo;uwayaturiye aca ayazimbako kuko usanga ari bake bayafise.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Amakara \u201cKabiof\u201d yoba ashobora gutorera umuti ico kibazo?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Kubera babona ko amakara aturirwa mu biti ariko arazimba mu gisagara ca Bujumbura, hari abavuga ko bahavuye bamenya ko hari ubundi bwoko bw\u2019amakara ava mu micafu ibora nk\u2019ibishishwa vy\u2019umuceri, ibitiritiri vy\u2019ibigori n\u2019ibishishwa vy\u2019ikawa ahingurwa n&rsquo;uruganda KAGE (<a href=\"https:\/\/www.kazegreeneconomy.com\/\">Kaze Green Economy<\/a>) basigaye bakoresha. Bakemeza ko ayo makara azimbutse, atarekura ivyotsi vyinshi kandi aramba cane.<\/p>\n\n\n\n<iframe loading=\"lazy\" src=\"https:\/\/www.facebook.com\/plugins\/post.php?href=https%3A%2F%2Fwww.facebook.com%2FJimbere.Magazine%2Fposts%2F3097681663802952&amp;show_text=true&amp;width=500\" width=\"500\" height=\"787\"><\/iframe>\n\n\n\n<p>Delphin Kaze umuyobozi w&rsquo;urwo ruganda rusanzwe rukorera muri karitiye \u201cIndustriel\u201d impande y\u2019ahakorera ishirahamwe Otraco avuga ko, umufuko wuzuye amakara bahingura bawugurisha ku 25.000Fbu, kandi bayakwiragiza mu makaritiye yose y&rsquo;igisagara ca Bujumbura. Mbere ngo no ku bavyipfuza, ayo makara barayabashikanira ku mihana yabo, mu makaritiye babamwo canke ku biro vy&rsquo;aho ababa bayakeneye bakorera. Anamenyesha ko muri urwo ruganda nyene banahingura imbabura zitonona ibidukikije kuko zidasohora umwotsi mwinshi kandi zikenera amakara make cane.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Ibiciro vy\u2019amakara mu gisagara ca Bujumbura biguma biduga uko bwije n\u2019uko bukeye. Amafaranga yahora akoreshwa mu kugura umufuko wuzuye amakara, mu bibanza bimwebimwe asanzwe aterekwamwo wiyongereyeko amafaranga ari hagati ya 15.000Fbu na 25.000Fbu kuva mu kwezi kwa Kigarama 2021. Abayadandaza bagatunga agatoke canecane ubukene bw\u2019ibitoro Hirya no hino mu makaritiye atandukanye, abantu baguma bidoga bavuga [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":7039,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[207],"tags":[23],"coauthors":[189],"class_list":["post-7038","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ubutunzi","tag-bujumbura"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7038","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=7038"}],"version-history":[{"count":3,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7038\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":7044,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7038\/revisions\/7044"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/7039"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=7038"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=7038"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=7038"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=7038"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}