{"id":7025,"date":"2022-04-11T12:16:05","date_gmt":"2022-04-11T10:16:05","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=7025"},"modified":"2023-10-08T10:45:38","modified_gmt":"2023-10-08T08:45:38","slug":"amakuru-yo-mu-karere-eac-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/amakuru-yo-mu-karere-eac-burundi\/","title":{"rendered":"Amakuru yo mu karere ka EAC: iduga ry\u2019ibiciro vy&rsquo;ibitoro, imishamirano mu buseruko bwa Kongo, inagurwa ry\u2019ubutunzi bwa Kenya&#8230;"},"content":{"rendered":"\n<p><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Repubika iharanira Demokarasi ya Kongo yarinjiye mu muryango wa Afrika y\u2019Ubuseruko<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Muri rino yinga turangije, &nbsp;inkuru yavuzwe cane mu karere ka Afrika y\u2019Ubuseruko ijanye n\u2019iyinjira mu muryango w\u2019ibihugu vya Afrika y\u2019Ubuseruko bw\u2019Igihugu ca Republika Iharanira Demokarasi ya Kongo. Umukono wo kwinjira ukaba waterewe i Nairobi kuwa 08 Ndamukiza 2020. Igihugu ca RDC kikaba ari kimwe mu bihugu bifise ubutunzi bw\u2019ubutare n\u2019agataka bwinshi kandi buhambaye kw\u2019isi. President Felix Tschisekedi akaba yasavye abakuru b\u2019ibihugu bari muri ivyo birori vyabereye i Nairobi ko kimwe muvyo kwihutirwa kwoba ugushiraho urwego rugenzura ivyo kwimba ubutare mu karere ka EAC. Kwinjira kwa RDC muri EAC bikaba bitumye uwo muryango Ukwinjira muri uwo muryango wiyongera ubwaguke bungana ibirometero bishika 4.000.000 kwadarato, ukazoba ufise isoko ry\u2019abaguzi barenga imiriyoni 280. Ku bijanye n\u2019akunguko ko kwinjira kw\u2019ico gihugu mu muryango wa EAC tubisanga kuri <a href=\"https:\/\/www.jeuneafrique.com\/1334627\/economie\/avec-ladhesion-de-la-rdc-leac-devient-un-marche-de-280-millions-de-consommateurs\/\">Jeune Afrique<\/a>.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Samia Suluhu ati: \u2018\u2019Ivyashara vyose bizoduga ibeyi\u2019\u2019<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Umukuru w\u2019igihugu ca <a href=\"https:\/\/www.facebook.com\/hashtag\/tanzania?__eep__=6&amp;__cft__%5b0%5d=AZVmPBfGqCt1ptR33G-P-ahzcHK87ibP_LmY1z0oN4P4jVwMg2CCSMi-ydxHXUc6tpFSPsaoO1WEoP0NSbTherYJzp3gqfpooEajZUU2oS7kctzat6OpgApizNCfd2YvkmxYKU_0kmjardN5BEuV9MVfJFmspcAdOUdRvawMcf_qg3JqfuzRrBRq_dkPkl1FrYU&amp;__tn__=*NK-R\">Tanzania<\/a> Samia Suluhu atumurira abashikiranganji kubwiza ukuri abanyagihugu ku bijanye n\u2019iduga ry\u2019ibiciro. Agira ati: \u00ab\u00a0Bashingamateka, bashikiranganji, ubahuke mubwize ukuri abanyagihugu, ibiciro vyose bigiye kuduga.\u00a0\u00bb Ivyo umukuru w&rsquo;ico gihugu akaba yabivuze inyuma y&rsquo;ukwo hari imyidogo myinshi y&rsquo;abanyagihugu bavuga ko ibiciro vyimonogoje mu kuduga na canecane igitoro. Samia akagira ati: \u00ab\u00a0Dutahure ko ikiza <a href=\"https:\/\/www.facebook.com\/hashtag\/covid19?__eep__=6&amp;__cft__%5b0%5d=AZVmPBfGqCt1ptR33G-P-ahzcHK87ibP_LmY1z0oN4P4jVwMg2CCSMi-ydxHXUc6tpFSPsaoO1WEoP0NSbTherYJzp3gqfpooEajZUU2oS7kctzat6OpgApizNCfd2YvkmxYKU_0kmjardN5BEuV9MVfJFmspcAdOUdRvawMcf_qg3JqfuzRrBRq_dkPkl1FrYU&amp;__tn__=*NK-R\">Covid19<\/a> catumye urudandazwa rutirigana mw&rsquo;isi. Ubu rero isi ikaba yariko iragerageza gusubiza ibintu ku murongo, haca hisukamwo intambara yo muri <a href=\"https:\/\/www.facebook.com\/hashtag\/ukraine?__eep__=6&amp;__cft__%5b0%5d=AZVmPBfGqCt1ptR33G-P-ahzcHK87ibP_LmY1z0oN4P4jVwMg2CCSMi-ydxHXUc6tpFSPsaoO1WEoP0NSbTherYJzp3gqfpooEajZUU2oS7kctzat6OpgApizNCfd2YvkmxYKU_0kmjardN5BEuV9MVfJFmspcAdOUdRvawMcf_qg3JqfuzRrBRq_dkPkl1FrYU&amp;__tn__=*NK-R\">Ukraine<\/a>.\u00a0\u00bb Tubisoma mu kinyamakuru <a href=\"https:\/\/www.mwananchi.co.tz\/mw\/habari\/kitaifa\/rais-samia-bidhaa-zote-zitapanda-bei-3741018?fbclid=IwAR1cYqO5a-tk5-kU8kSe1BRf2DcDUmQvLprQGnma5f5M7r0slKLLi_c5FIM\">Mwanainchi<\/a>.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Kenya mu rugamba rwo kunagura ubutunzi<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Imiriyoni 26 z&rsquo;amafaranga y&rsquo;amanyaburaya nizo zigiye gukoreshwa mu gihugu ca <a href=\"https:\/\/www.facebook.com\/hashtag\/kenya?__eep__=6&amp;__cft__%5b0%5d=AZVmPBfGqCt1ptR33G-P-ahzcHK87ibP_LmY1z0oN4P4jVwMg2CCSMi-ydxHXUc6tpFSPsaoO1WEoP0NSbTherYJzp3gqfpooEajZUU2oS7kctzat6OpgApizNCfd2YvkmxYKU_0kmjardN5BEuV9MVfJFmspcAdOUdRvawMcf_qg3JqfuzRrBRq_dkPkl1FrYU&amp;__tn__=*NK-R\">Kenya<\/a> mu ntumbero yo kunagura ubutunzi bwasinzikajwe n&rsquo;ikiza ca <a href=\"https:\/\/www.facebook.com\/hashtag\/covid19?__eep__=6&amp;__cft__%5b0%5d=AZVmPBfGqCt1ptR33G-P-ahzcHK87ibP_LmY1z0oN4P4jVwMg2CCSMi-ydxHXUc6tpFSPsaoO1WEoP0NSbTherYJzp3gqfpooEajZUU2oS7kctzat6OpgApizNCfd2YvkmxYKU_0kmjardN5BEuV9MVfJFmspcAdOUdRvawMcf_qg3JqfuzRrBRq_dkPkl1FrYU&amp;__tn__=*NK-R\">Covid19<\/a>. Mu gihe yari yagiye gusigura integuro y&rsquo;itegeko rigenga amafaranga azokoreshwa mu mwaka w&rsquo;ubutunzi wa 2022-2023, Umushikiranganji w&rsquo;ikigega ca Reta Ukur Yatan amenyesha ko bizosaba uburyo budasanzwe kugira <a href=\"https:\/\/www.facebook.com\/hashtag\/kenya?__eep__=6&amp;__cft__%5b0%5d=AZVmPBfGqCt1ptR33G-P-ahzcHK87ibP_LmY1z0oN4P4jVwMg2CCSMi-ydxHXUc6tpFSPsaoO1WEoP0NSbTherYJzp3gqfpooEajZUU2oS7kctzat6OpgApizNCfd2YvkmxYKU_0kmjardN5BEuV9MVfJFmspcAdOUdRvawMcf_qg3JqfuzRrBRq_dkPkl1FrYU&amp;__tn__=*NK-R\">Kenya<\/a> ishobore gusubira k&rsquo;umurindi nk&rsquo;uwo yariko imbere y&rsquo;ukwo akaranda ka Covid19. Bikaba bitegekanijwe ko ubwo buryo buzotuma ubutunzi bwa Kenya bwiyongera ku murindi wa 6% nk&rsquo;ukwo tubisoma mu kinyamakuru <a href=\"https:\/\/www.thecitizen.co.tz\/tanzania\/news\/east-africa-news\/kenya-unveils-sh64-7-trillion-budget-to-spur-recovery-3775634\">The Citizen<\/a>.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Igisasu caturitse muri Goma mu buseruko bwa Kongo gihitana abantu 6<\/strong><strong><\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Igisasu caturitse ku wa kane muri Republika iharanira Demokarasi ya Kongo (<a href=\"https:\/\/www.facebook.com\/hashtag\/rdc?__eep__=6&amp;__cft__%5b0%5d=AZVmPBfGqCt1ptR33G-P-ahzcHK87ibP_LmY1z0oN4P4jVwMg2CCSMi-ydxHXUc6tpFSPsaoO1WEoP0NSbTherYJzp3gqfpooEajZUU2oS7kctzat6OpgApizNCfd2YvkmxYKU_0kmjardN5BEuV9MVfJFmspcAdOUdRvawMcf_qg3JqfuzRrBRq_dkPkl1FrYU&amp;__tn__=*NK-R\">RDC<\/a>), mu kabare kari mu nkikuro y&rsquo;ikambi ya gisirikare mu gisagara ca <a href=\"https:\/\/www.facebook.com\/hashtag\/goma?__eep__=6&amp;__cft__%5b0%5d=AZVmPBfGqCt1ptR33G-P-ahzcHK87ibP_LmY1z0oN4P4jVwMg2CCSMi-ydxHXUc6tpFSPsaoO1WEoP0NSbTherYJzp3gqfpooEajZUU2oS7kctzat6OpgApizNCfd2YvkmxYKU_0kmjardN5BEuV9MVfJFmspcAdOUdRvawMcf_qg3JqfuzRrBRq_dkPkl1FrYU&amp;__tn__=*NK-R\">Goma<\/a> cahitanye abantu 6. Mu bahitanywe n&rsquo;ico gisasu hakaba harimwo abagore 3 n&rsquo;umwana umwe. Icatumye ico gisasu giturika n&rsquo;ubwoko bwaco bikaba bitaramenyekana. Soma vyose kuri <a href=\"https:\/\/www.bing.com\/search?q=explosion+A+Goma+TV5+Monde&amp;cvid=7d8e5aee52114731a780127e14920569&amp;aqs=edge..69i57j69i60l2.13963j0j4&amp;FORM=ANAB01&amp;PC=U531\">TV5 Monde<\/a>.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Tukiri muri Kongo, Imishamirano hagati ya M23 n\u2019igisirikare ca Reta ntivyorosha muri Nord-Kivu<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Muri Kongo nyene, mu ntara y&rsquo;uburaruko bwa <a href=\"https:\/\/www.facebook.com\/hashtag\/kivu?__eep__=6&amp;__cft__%5b0%5d=AZVmPBfGqCt1ptR33G-P-ahzcHK87ibP_LmY1z0oN4P4jVwMg2CCSMi-ydxHXUc6tpFSPsaoO1WEoP0NSbTherYJzp3gqfpooEajZUU2oS7kctzat6OpgApizNCfd2YvkmxYKU_0kmjardN5BEuV9MVfJFmspcAdOUdRvawMcf_qg3JqfuzRrBRq_dkPkl1FrYU&amp;__tn__=*NK-R\">Kivu<\/a> (Nord-Kivu), imishamirano hagati y&rsquo;abaroberi ba M23 n&rsquo;igisirikare ca Kongo yatumye abatari bake bata izabo bahungira muri <a href=\"https:\/\/www.facebook.com\/hashtag\/uganda?__eep__=6&amp;__cft__%5b0%5d=AZVmPBfGqCt1ptR33G-P-ahzcHK87ibP_LmY1z0oN4P4jVwMg2CCSMi-ydxHXUc6tpFSPsaoO1WEoP0NSbTherYJzp3gqfpooEajZUU2oS7kctzat6OpgApizNCfd2YvkmxYKU_0kmjardN5BEuV9MVfJFmspcAdOUdRvawMcf_qg3JqfuzRrBRq_dkPkl1FrYU&amp;__tn__=*NK-R\">Uganda<\/a>. Abashika 10.000 akaba aribo bamaze guhunga. Umugwi wa M23 wari wahagaritse urugamba mu 2013 ariko ukaba wasubiriye gufata ibigwanisho kubera ko Reta ya Kongo ngo yoba itubahirije ivyo yari yiyemeje urugamba rugihera bijanye n&rsquo;ugusubiza mu buzima busanzwe abagwanyi. Tubisanga kuri <a href=\"https:\/\/www.msn.com\/fr-xl\/actualite\/other\/rdc-plus-de-10-000-personnes-ont-fui-les-affrontements-au-nord-kivu\/ar-AAVYFi2?ocid=BingNewsSearch&amp;fbclid=IwAR2eRstv6lG-JRJ8gX2ytDr6qqfPjIK0eG5tn459OJNNPvBcwkwn6dAiNWk\">MSN Actualit\u00e9s<\/a>.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Uganda n\u2019Urwanda birabandanya urugendo rwo kunagura imigenderanire yavyo<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Inyuma y&rsquo;imyaka 3, ibihugu vya Uganda n&rsquo;Urwanda bidacana uwaka, Abakuru b&rsquo;ivyo bihugu barahuye mu gisagara ca <a href=\"https:\/\/www.facebook.com\/hashtag\/nairobi?__eep__=6&amp;__cft__%5b0%5d=AZVmPBfGqCt1ptR33G-P-ahzcHK87ibP_LmY1z0oN4P4jVwMg2CCSMi-ydxHXUc6tpFSPsaoO1WEoP0NSbTherYJzp3gqfpooEajZUU2oS7kctzat6OpgApizNCfd2YvkmxYKU_0kmjardN5BEuV9MVfJFmspcAdOUdRvawMcf_qg3JqfuzRrBRq_dkPkl1FrYU&amp;__tn__=*NK-R\">Nairobi<\/a> maze baragirana umubonano. Aho ni mu gihe hari haramutse haba ibirori vyo kwinjiza icese igihugu ca Republika iharanira Demokarasi ya Kongo mu muryango w&rsquo;ibihugu vya Afrika y&rsquo;Ubuseruko <a href=\"https:\/\/www.facebook.com\/hashtag\/eac?__eep__=6&amp;__cft__%5b0%5d=AZVmPBfGqCt1ptR33G-P-ahzcHK87ibP_LmY1z0oN4P4jVwMg2CCSMi-ydxHXUc6tpFSPsaoO1WEoP0NSbTherYJzp3gqfpooEajZUU2oS7kctzat6OpgApizNCfd2YvkmxYKU_0kmjardN5BEuV9MVfJFmspcAdOUdRvawMcf_qg3JqfuzRrBRq_dkPkl1FrYU&amp;__tn__=*NK-R\">EAC<\/a>. N&rsquo;ubwo ivyo baganiriye bitashizwe ahabona, ni ikimenyetso c&rsquo;ukwo ivyo bihugu 2 bigomba gukemura ibibazo vy&rsquo;imigenderanire itari myiza vyari bifitaniye. Mukibukako umuhungu wa Prezida Museveni Lt General Muhoozi Kainerugaba amaze kugendera igihugu c&rsquo;Urwanda incuro 2 kuva umwaka wa 2022 utanguye aho yaragiye afise ubutumwa bwa Se wiwe ku bijanye no gusubiza hamwe kw&rsquo;ivyo bihugu 2. Irya nyuma abo bategetsi bahuye akaba ari mu mwaka wa 2020 mu kwezi kwa Ruhuhuma. Tubikesha ikinyamakuru <a href=\"https:\/\/chimpreports.com\/museveni-kagame-hold-talks-in-nairobi\/\">Chimp Reports<\/a>.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Amakuru yatorokanijwe na Guillaume Muhoza<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p class=\"has-pale-cyan-blue-background-color has-background\">Ukwo iyinga rirangiye, ikinyamakuru Jimbere Magazine kigiye kuzohora kibashikiriza amakuru yaranze akarere ka Afrika y&rsquo;Ubuseruko. Ano makuru atororokanywa n&rsquo;Uruganda rwa Jimbere rufashwe mu mugongo n&rsquo;ishirahamwe <em>La Benevolencia Grands Lacs <\/em>rishigikiwe n&rsquo;Ingoma y&rsquo;Ubuholande hamwe n&rsquo;ishirahamwe ry&rsquo;ugufashanya mw&rsquo;iterambere ry&rsquo;abaswisi(Coop\u00e9ration Suisse)<\/p>\n\n\n\n<p><\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Repubika iharanira Demokarasi ya Kongo yarinjiye mu muryango wa Afrika y\u2019Ubuseruko Muri rino yinga turangije, &nbsp;inkuru yavuzwe cane mu karere ka Afrika y\u2019Ubuseruko ijanye n\u2019iyinjira mu muryango w\u2019ibihugu vya Afrika y\u2019Ubuseruko bw\u2019Igihugu ca Republika Iharanira Demokarasi ya Kongo. Umukono wo kwinjira ukaba waterewe i Nairobi kuwa 08 Ndamukiza 2020. Igihugu ca RDC kikaba ari kimwe [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":7026,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[258],"tags":[566],"coauthors":[34],"class_list":["post-7025","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-itorokanirizo-ryuruganda-rwa-jimbere","tag-amakuru-ya-eac"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7025","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=7025"}],"version-history":[{"count":10,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7025\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":7079,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7025\/revisions\/7079"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/7026"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=7025"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=7025"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=7025"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=7025"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}