{"id":6989,"date":"2022-03-23T17:31:03","date_gmt":"2022-03-23T16:31:03","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=6989"},"modified":"2023-10-08T10:50:45","modified_gmt":"2023-10-08T08:50:45","slug":"anagessa-icegeranyo-umwimbu-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/anagessa-icegeranyo-umwimbu-burundi\/","title":{"rendered":"ANAGESSA-2022: 87.500.000.000 Fbu niyo ategekanijwe mu kugura umusesekara w\u2019umwimbu"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Mu mwaka wa 2021, vyari bitegekanijwe ko ikigo ANAGESSA gikoresha imiriyaridi 34 Fbu mu bikorwa vyose bijanye no kugura no kubika umusesekara w\u2019umwimbu w\u2019ibigori ariko hakaba hasigaye imiriyaridi 13 Fbu. Muri uwu mwaka wa 2022 na ho hategekanijwe gukoreshwa imiriyaridi 87 ni miriyoni 500 Fbu, mu kugura intete z\u2019ibigori, ibiharage n\u2019umuceri.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Kugira umwimbu w\u2019umusesekara w\u2019abenegihugu ntusesagurwe, Reta y\u2019Uburundi yaratanguje kuva kw&rsquo;igenekerezo rya 12 Ndamukiza umwaka wa 2021, igikorwa co kwegeranya no kugurira umwimbu abenegihugu ihereye ku ntente z\u2019ibigori ku mafaranga 680 Fbu ku kiro. Ico gikorwa cahawe ikigo ca Reta kijejwe kwegeranya no gutunganya umwimbu w\u2019integabizoza ANAGESSA.<\/p>\n\n\n\n<p>D\u00e9o Guide Rurema, umushikiranganji mu vyo ajejwe harimwo uburimyi, mu kiganiro yatanze ku bamenyeshamakuru kuri uwu wa 21 Ntwarante 2022, yamenyesheje ko amahera Reta y\u2019Uburundi yari yategekanije muri iryo sekeza rya mbere yangana n\u2019imiriyaridi 34 Fbu. Ayo nayo yari ategekanijwe gukora mu bijanye no kwegeranya no kugura umwimbu w\u2019umusesekara mu gihugu cose, kugura ibikoresho bikenewe nk\u2019iminzane minini, amahema, utwo baterekako imifuko kugira ntije hasi, intaro zo kugosora, imifuko (sacs pics), ivyuma vyo gupima ko umwimbu wanikiwe neza, n\u2019ibindi vyari bikenewe kugira ico gikorwa kigende neza.<\/p>\n\n\n\n<p>Uwo musesekara rero ukaba wegeranirijwe mu bibanza 203 biri mu ma komine yose kandi ukaba washitse ku matoni 14.000, mu gihe hari hitezwe amatoni 28.000. Biteranye n\u2019ibikoresho vyose vyaguzwe mw\u2019ico gikorwa, haciye hasigara imiriyaridi 13 Fbu. D\u00e9o Guide Rurema ati<em>: \u00ab&nbsp;Umwimbu wegeranijwe wose waragurishijwe. Havuyemwo amahera angana n\u2019imiriyaridi 11.872.278.740 Fbu akaba yose yashinguwe kuri konte ya Reta iri mw\u2019ibanki nkuru y\u2019igihugu BRB N<\/em><em>\u00ba<\/em><em>: 1110\/336.&nbsp;\u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p><strong>None hari akarusho koba karavuye muri ico gikorwa?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Umushikiranganji ati:<em>\u00ab&nbsp;Ego cane akarusho ni kenshi. Amakori n&rsquo;amatagisi birinjira mu kigega ca Reta no mu bigega vy&rsquo;amakomine. Muri Reta hinjiye 1.898.000.000 Fbu. Mu makomine hinjiye amatagisi angana imiriyoni 130 Fbu.&nbsp;\u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Yongera ati: <em>\u00ab&nbsp;Akandi kunguko gakomeye ni uko uwo mwimbu wegeranijwe na Reta ugaruka kw\u2019isoko bikenewe kandi ukadandazwa ku giciro Reta yashinze, gutyo abenegihugu bakamana imfungurwa mu gihe abadandaza babibagurira ku dufaranga tw\u2019intica ntikize canke bakabigurira mu murima mu nyuma bagaca babinyegeza, imfungurwa zigakena ku masoko, bagaca babigurisha ku giciro c&rsquo;umurengera.&nbsp;\u00bb<\/em> D\u00e9o Guide Rurema anavuga ko uwo musesekara w\u2019ibigori wagarutse kw\u2019isoko aho abenegihugu baciye babigura ku 970 Fbu ku kiro.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Imyiteguro y\u2019isekeza rya<\/strong><strong> <\/strong><strong>kabiri nayo\u2026<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Mu kwitegurira igice ca kabiri co kugura umusesekara, Umushikiranganji mu vyo ajejwe harimwo uburimyi yaratangaje ibiciro umwimbu uzogurirwa abenegihugu aho intete z\u2019ibigori zumye zizogurwa amafaranga 800Fbu ku kiro, ibiraya bigurwe amafaranga 700 Fbu ku kiro, umuceri usanzwe 1200 Fbu ku kiro, umuceri mwiza w\u2019intete ndende uzogurwa 1300Fbu. Ibiharage vya joni bizogurwa ku 1400 Fbu, ibiharage vy\u2019ubwoko bumwe atari ivya joni 1300 Fbu, nayo ibiharage bivanze bikaba bigurwa 900 Fbu.<\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-image size-large\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" width=\"1024\" height=\"683\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2022\/03\/Image-JPEG-3-1024x683.jpeg\" alt=\"\" class=\"wp-image-6994\" srcset=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2022\/03\/Image-JPEG-3-1024x683.jpeg 1024w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2022\/03\/Image-JPEG-3-300x200.jpeg 300w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2022\/03\/Image-JPEG-3-768x512.jpeg 768w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2022\/03\/Image-JPEG-3-1536x1024.jpeg 1536w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2022\/03\/Image-JPEG-3-scaled.jpeg 2048w\" sizes=\"auto, (max-width: 1024px) 100vw, 1024px\" \/><figcaption> Umushikiranganji Rurema ati:<em> &nbsp;&lsquo;\u00a0\u00bbAkandi kunguko gakomeye ni uko uwo mwimbu wegeranijwe na Reta ugaruka kw\u2019isoko bikenewe kandi ukadandazwa ku giciro Reta yashinze<\/em>\u00ab\u00a0<\/figcaption><\/figure>\n\n\n\n<p>Rero, D\u00e9o Guide Rurema avuga ko ubu bazoba barakoresha imiriyaridi 13 zasigaye, kubera umwimbu wari witezwe mw\u2019isekeza rya mbere utabonetse wose. Ariko kandi avuga ko baravye uko abenegihugu bose bijukiye kurima n\u2019ukuntu bashize mu ngiro umugambi wa Reta wo gushira amatongo hamwe, integuro y\u2019uburyo buzokoreshwa kuri uno mwaka wa 2022 angana n\u2019imiriyaridi 87.500.000.000 Fbu kuko hatazokwegeranywa ibigori gusa ahubwo haziyongerako umuceri n\u2019ibiharage.<\/p>\n\n\n\n<p>Ayo mafaranga bitegekanijwe ko azokora mu kwegeranya no kugura umwimbu w\u2019intete z\u2019ibigori ungana amatoni 30.000 ku mafaranga 24.000.000.000Fbu, kwegeranya no kugura umwimbu w\u2019ibiharage ungana amatoni 35.0000 ku mafaranga 31.500.000.000 Fbu, hamwe no kwegeranya no kugura umwimbu w\u2019umuceri ungana amatoni 20.000 ku mafaranga 32.000.000.000 Fbu, nk\u2019uko bishikirizwa na D\u00e9o Guide Rurema<\/p>\n\n\n\n<p><\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Mu mwaka wa 2021, vyari bitegekanijwe ko ikigo ANAGESSA gikoresha imiriyaridi 34 Fbu mu bikorwa vyose bijanye no kugura no kubika umusesekara w\u2019umwimbu w\u2019ibigori ariko hakaba hasigaye imiriyaridi 13 Fbu. Muri uwu mwaka wa 2022 na ho hategekanijwe gukoreshwa imiriyaridi 87 ni miriyoni 500 Fbu, mu kugura intete z\u2019ibigori, ibiharage n\u2019umuceri. Kugira umwimbu w\u2019umusesekara w\u2019abenegihugu [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":6990,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[215],"tags":[643],"coauthors":[189],"class_list":["post-6989","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-uburimyi","tag-anagessa"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6989","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=6989"}],"version-history":[{"count":2,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6989\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":6997,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6989\/revisions\/6997"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/6990"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=6989"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=6989"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=6989"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=6989"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}