{"id":6984,"date":"2022-03-16T14:44:24","date_gmt":"2022-03-16T13:44:24","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=6984"},"modified":"2023-10-08T10:50:29","modified_gmt":"2023-10-08T08:50:29","slug":"urwaruka-ubutunzi-kwiyungunganya-abahungu-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/urwaruka-ubutunzi-kwiyungunganya-abahungu-burundi\/","title":{"rendered":"\u00ab Imiraguzi y\u2019ibishushe ntimenya ko n\u2019ibihoze biryoshe\u2026\u00bb"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Hari imigwi y\u2019abahungu iyo baguye kudufaranga ubwo nyene bahurira mu buvyiniro no mu tubare dukomakomeye kunywa no kurya izo noti baba baronse. Aho rero inkumi basohokana ntizivugwa. Ukazosanga inyuma y\u2019imyaka nka 10, muri ayo mahera baronka nta mugambi n\u2019umwe wo kwiyungunganya bayakozemwo kandi harimwo ay\u2019umutahe. Impera ya vyose ikaba ukwicuza\u2026 Njebas ahanura urwaruka<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Njebas ati: <em>\u00ab Hari abahungu nzi bafise akazi. <\/em><em>Si bo babona ukwezi kuraheze. Bafise akagwi ko kurya amafaranga gusa. Bakira kwumva ko yashitse ku makonte batanguranwa no kuja kuyakurako. Erega nta mahoro baronka ayo mahera adaheze. \u00bb<\/em> Uriyumvisha iyo ngeso koko?<\/p>\n\n\n\n<p>Iyumvire nk\u2019umuntu ashobora kuba aronka umuriyoni urenga ku kwezi ariko ugasanga inyuma y\u2019indwi 2 gusa, ariko aracoresha. Birababaje. Inda ni seha uzana ni ko bamwe bavuga. Ariko kandi hari n\u2019abandi bavuga ko, inda uyibwira ico wayirarije utayibwira ico wayihaye.<\/p>\n\n\n\n<p>Njebas abandanya avuga ko ikimubabaza, ari ukubona abo bahungu, ku kazi iwabo, iyo batevye kubahemba usanga umenga basigaye bameze nk\u2019abataye umutwe. Nta n\u2019umwe atamenya ko batarabakora mu ntoke. Kuko baba basigaye batunzwe n\u2019amadeni.&nbsp; Kandi ayo baba bamaze guhembwa kumbure iyo baba barayashize mu tundi tuntu tubinjiriza amahera na make, ata muntu wo hanze aba ashobora kubacishamwo ijisho.<\/p>\n\n\n\n<p>Avunira akagahohe urwaruka ruronka uduhera ati: <em>\u00ab Bana ba mama, twikebuke. Twige gutegekaniriza kazoza. Tureke kwishira mu bugwi bwa ba nzi kurya, ahubwo dutangure kuziganya. <\/em><em>Ivyo ni vyo bizodufasha mu buzima bugoye. \u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Iyo menya\u2026<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Benshi bakunze kuvuga ko ijambo \u00abiyo menya\u00bb riza inyuma y\u2019ubujuju. Mbere hari n\u2019abarenza urugero bakavuga ko akajambo \u00abiyo\u00bb ari intumbuzi y\u2019ubujuju (naho iyo ntumbuzi itabaho). Inyuma y\u2019imyaka irenga 10 akora akazi kamuhemba neza ku kwezi, umusore umwe w\u2019imvukira yo mu gisagara ca Bujumbura yagiye kwisanga atagira n\u2019ikinga, akazi kamaze guhera. Aricuza cane. Agira ati: <em>\u00ab Iyo menya amafaranga naronka nkayakoresha imigambi simba ndiko ndata wakuba. N\u2019amahera nakura muri \u201cmission\u201d gusa, ndazi yari kunyubakira urupangu iyo ndayakoresha neza nkapfuma ngira n\u2019akabutike basi. Ubu mfise imyaka 39 sindaniyumvira no gushinga umuryango kuko nta buryo mfise. Bwahereye mu birori\u2026\u00bb<\/em> Aricuza!<\/p>\n\n\n\n<p>Erega uwo muhungu amaze kubona ko vyanse ko aronka ayandi mahera, yahavuye amera nk\u2019uwuta umutwe. Kubaho ataronka icupa, ubu biriko biramuhindira mu bakecuru bafise inoti. Ntatoranya ajana n\u2019uwumwakuye kandi ngo ntarinda kumenya uko amagara y\u2019uwumushaka yifashe. Ni ugukuranamwo kuko akeneye amafaranga gusa. Ntanaciyumvira ko ashobora kuhandurira ingwara zandukira biciye mu bihimba vy\u2019irondoka. Iyumvire ubwo buzima ku muntu yahoze aronka amafaranga!<\/p>\n\n\n\n<p>Akarorero k\u2019uyo musore avuga ko ubuzima bwiwe agifise akazi kwari ukuryoherwa, guhura n\u2019abagenzi bavyumva kumwe, bakaja mu kabare gukesha, bagakurakuranya inkumi ngo ni ukurya ubuzima nta bundi buhinga, akaza kwicuza akazi gaheze, ni icigwa gikomeye ku rwaruka. Amafaranga aba meza iyo akoreshejwe neza, mu buryo buzana ayandi.<\/p>\n\n\n\n<p>Kwirinda akosho k\u2019urunganwe ugashira imbere imigambi muri duke uronka, ni yo nzira yo gushika ku ndoto zizokurinda kwicuza. Si vyiza ko uronka amahera ngo utangure guharura ama \u00abAmstel\u00bb, inyama canke inkumi zirimwo. Oya. Iyumvire umugambi uyashiramwo kuko bizogufasha. Wirinde kuzicuza ugira ngo imiraguzi y\u2019ibishushe ntimenya ko n\u2019ibihoze biryoha.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Hari imigwi y\u2019abahungu iyo baguye kudufaranga ubwo nyene bahurira mu buvyiniro no mu tubare dukomakomeye kunywa no kurya izo noti baba baronse. Aho rero inkumi basohokana ntizivugwa. Ukazosanga inyuma y\u2019imyaka nka 10, muri ayo mahera baronka nta mugambi n\u2019umwe wo kwiyungunganya bayakozemwo kandi harimwo ay\u2019umutahe. Impera ya vyose ikaba ukwicuza\u2026 Njebas ahanura urwaruka Njebas ati: [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":6985,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[207],"tags":[23],"coauthors":[34],"class_list":["post-6984","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ubutunzi","tag-bujumbura"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6984","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=6984"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6984\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":6986,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6984\/revisions\/6986"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/6985"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=6984"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=6984"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=6984"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=6984"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}