{"id":6959,"date":"2022-02-26T14:13:09","date_gmt":"2022-02-26T13:13:09","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=6959"},"modified":"2023-10-08T10:50:18","modified_gmt":"2023-10-08T08:50:18","slug":"kera-nubu-indero-nziza-yambika-agashambara-umurezi-numurerwa-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/kera-nubu-indero-nziza-yambika-agashambara-umurezi-numurerwa-burundi\/","title":{"rendered":"Kera n&rsquo;ubu: indero nziza yambika agashambara umurezi n&rsquo;umurerwa"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Mu kirundi, bagira bati: \u00ab\u00a0Indero y\u2019umwana iva hasi\u00a0\u00bb. Ntivyizana. Abavyeyi bamutoza ingeso nziza ataranamenya ico bamubwiriza, agakura azi ikizira n\u2019ikitazira, akagendera indero runtu, akagendera akaranga n&rsquo;akabanga. Umwana yarezwe nabi atukwa se na nyina yaba uwigenza neza bati irya ntore itaha mu rugo kwa nde\u2026?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Aho hambere indero y\u2019umwana w\u2019umuhungu yitwararikwa na se. Iy\u2019umwigeme ikabazwa nyina. Rero carazira ko umwana uwo ari we wese ariko aragera mu bigero yigenza nka se rugo, haba mu gutaha ijoro canke mu gukora ibindi vyose imico n\u2019akaranga bitamwemerera. Vyoboneka ko atarezwe arinze abirenga ko. Ivyo navyo bikaba vyabonwa nk\u2019iceyi mu muryango.<\/p>\n\n\n\n<p>Nk\u2019uko tubisanga mu gitabo Imigenzo y\u2019ikirundi, 1978, canditswe na Ntahokaja Jean Baptiste,&nbsp;mu kurera neza umwana, bagomba ko akurana iteka. Bamuhoza ko ijisho. Bakaza baramuhanura, bamukangira, bakamubuza kuraraguza, kuja kwiramukisha incuti atarekuriwe n\u2019abavyeyi. Bakamubuza kwibaraguza no kwireshangishwa. Baranamutuma udukorwa kugira amenyere kuzitunga. Mu kumwigisha kwubaha naho, umwana bamumenyereza ingene bitaba, ingene bifata imbere y\u2019abakuru n\u2019ingene bavuga.<\/p>\n\n\n\n<p>Ingene barera abahungu rimwe na rimwe vyaratandukana n\u2019uko barera abigeme kiretse ko bose bahurira ku gukundishwa ibikorwa no kwigenza runtu. Kera, umwana w\u2019umwigeme yarezwe na yina na se, ntiyihetesha amabega, ntiyagendera isaya, ntiyarabira mu mbavu, yatambuka yitonda bunyambo. Mu kuvuga yaraniga ijwi, akirinda kwituragarisha. Ntiyerura canke ngo ayerere. Ntiyambarira impuzu mu mafyinga. Kandi kizire ko agenda amenya.<\/p>\n\n\n\n<p>Umusore w\u2019igikwerere ageze kwubaka, adakwije nk\u2019imyaka mirongo ibiri n\u2019itanu, se wiwe ntiyamusabira. Kuko babona ko atoshobora gutunga umugore. Bitabaye uko, ngo yohava aza arigenza ku mugore ngo aramukengera kuko akiri agasore. Ibijanye n\u2019amahindagurika y\u2019umubiri, canke ari mu gushinga urwiwe, aho hambere umwana w\u2019umuhungu yabiyaga na inarume, na yo umwana w\u2019umwigeme akarungikwa kwa inasenge kugira amuyagire uko azitwara nagera mu Burundi<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Imico n\u2019akaranga mu rwaruka rw\u2019iki gihe\u2026<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ubu ni mu bihe vy\u2019amajambere. Aho urwaruka rugerageza kurahura imico ahandi. Ivyo ni ibisanzwe kuko imico igenda irahinduka bivanye n\u2019ibihe abantu baba barimwo. Rero gufasha urwaruka kuba mu majambere batibagiye imico n\u2019akaranga ndundi bituma urwaruka rubaho rwumva ko rwisanzuye. Ivyo birashoboka mu kureka imiyaba n\u2019urwaruka rukidegemvya, ariko rukaronka impanuro zibereye mu nyifato ruba ruriko rurerekana.<\/p>\n\n\n\n<p>Nk\u2019akarorero, uri nk\u2019muvyeyi urashobora kujana n\u2019umwana mw\u2019isoko. Ukamureka akicagurira impuzu. Ubonye ariko yigera uduhuzu tugufi cane, ukamushimira ko acaguye neza, ariko ukamwereka impamvu atari vyiza kugura impuzu ituma agenda ari gusa. Canke ari nk\u2019umuhungu ukabona atanguye guhitamwo zimwe zitabaguye, yanazigera ukabona ayambarira hepfo y\u2019ikiyunguyungu, uca uhera aho nyene umuhanura. Umwana ukamuhanura ufatiye ku nyifato umubonye ko. Canke umwana wawe ukamubwira azotumire abagenzi biwe basangire muhira. Aho kuba ari ukugira urabe abagenzi biwe uko bameze, ko atari abomukwegera mu ngeso mbi, nk\u2019akaborerwe, ubuhumbu n\u2019izindi ngeso mbi. Ivyo ni bike muri vyinshi woshobora kwigishirizamwo urwaruka utarukuye ku majambere kandi unarugumije ku mico myiza, nk\u2019uko bivugwa na Vital yize ibijanye n\u2019ivy\u2019inyifato muri akaminuza y\u2019Ububurundi.<\/p>\n\n\n\n<p>Niyorugira R\u00e9v\u00e9rien yize ibijanye n\u2019imico n\u2019imigenzo muri kaminuza y\u2019Uburundi nawe ati: &nbsp;\u00ab&nbsp;Indero bahabwa kera ugereranije n\u2019ubu birashoboka ko iterana. Akaranga ntigapfe ariko kandi n\u2019ibi vy\u2019amajambere ntibibasige. Rero ntitwumire cane ku mico n\u2019imingezo y\u2019aho hambere ariko kandi tumenye yuko ibintu bihinduka bakabibamwo n\u2019akaranga kadatakaye.&nbsp;\u00bb<\/p>\n\n\n\n<p>Rero muri iki gihe, kumbure no muri kazoza, ikintu ciza kandi cofasha abayabaga n\u2019urwaruka, nuko hokomezwa ikiyago hagati y\u2019abana n\u2019abavyeyi, bakabagira inama y\u2019ingene bashobora kwitwara bihuye n\u2019ibihe barimwo, kuko mu biyago bagiriranira n\u2019abavyeyi ni ho bashobara gukura indero runtu.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Mu kirundi, bagira bati: \u00ab\u00a0Indero y\u2019umwana iva hasi\u00a0\u00bb. Ntivyizana. Abavyeyi bamutoza ingeso nziza ataranamenya ico bamubwiriza, agakura azi ikizira n\u2019ikitazira, akagendera indero runtu, akagendera akaranga n&rsquo;akabanga. Umwana yarezwe nabi atukwa se na nyina yaba uwigenza neza bati irya ntore itaha mu rugo kwa nde\u2026? Aho hambere indero y\u2019umwana w\u2019umuhungu yitwararikwa na se. Iy\u2019umwigeme ikabazwa nyina. [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":6960,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[213],"tags":[504],"coauthors":[189],"class_list":["post-6959","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ukubana","tag-indero-yabana"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6959","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=6959"}],"version-history":[{"count":3,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6959\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":6965,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6959\/revisions\/6965"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/6960"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=6959"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=6959"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=6959"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=6959"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}