{"id":6940,"date":"2022-02-17T11:11:34","date_gmt":"2022-02-17T10:11:34","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=6940"},"modified":"2023-10-08T10:50:14","modified_gmt":"2023-10-08T08:50:14","slug":"sama-money-urubuga-kurungikiranira-amafaranga-kurihira-kuri-ngendanwa-vyoroshe-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/sama-money-urubuga-kurungikiranira-amafaranga-kurihira-kuri-ngendanwa-vyoroshe-burundi\/","title":{"rendered":"Sama Money, urubuga rwo kurungikiranira amafaranga no kurihira kuri ngendanwa vyoroshe"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Ku mugoroba wo ku wa 28 Nzero, mu nyubakwa za Van Beach Resort, haruguruwe icese urubuga rwo kubika no kubikura, kurungika no kuriha amafaranga hisunzwe ubuhinga ngurukanabumenyi bwitwa Sama Money. Ivyo birori vyari bihagarariwe n\u2019umushikiranganji wo kumenyesha amakuru L\u00e9ocadie Ndayisaba.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Urubuga Sama rwatangujwe na Dauda Ali Koulibali ni urubuga rwemewe n\u2019ibanki nkuru y\u2019igihugu BRB rufasha mu kurungika, kubika, kubikura no kuriha ubicishije kuri ngendanwa. Mu gihe hibonekeza bamwe mu bantu badafise uburyo bwo gushika mu ma banki, yaragize iciyumviro co gushinga urwo rubuga mu ntumbero yo gufasha abo bantu. N\u2019urubuga kandi rwakozwe n\u2019abanyafrika, rw\u2019abanyafrika nyene.<\/p>\n\n\n\n<p>Ibikorwa vyarwo biramaze gutera imbere kuko rugeze mu bihugu nka Mali, cote d\u2019ivoire, n\u2019Uburundi burimwo, mu minsi iri imbere hakazoba harimwo kandi n\u2019igihugu ca S\u00e9n\u00e9gal. Ubwo buhinga buzofasha mu guteza imbere ubuhinga bwa none bunyaruka bwo kwurungikiranira amafaranga no kuriha uciye kuri ngendanwa.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Uburusho bwa Sama Money<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Allasane Sissoko arongoye urwego nshingwantwaro muri iryo shirahamwe, avuga ko Sama Money ifise ubuhinga butuma ukurungikiranira amahera vyihuta kandi vyizerwa , bararonsa abantu ivyo bakeneye batarinze kuba bafise ama conte yo mu mabanki, n\u2019inyishu nziza kandi ku bantu bakoresha za ngendanwa mu gukora ibikorwa bitandukanye vy\u2019amafaranga.<\/p>\n\n\n\n<p>Abandanya avuga ko bafise ibiciro vyo kurungika biri ku rugero rwo hasi cane, urubuga rwa none rwigenga kandi rucungerewe, bafise, n\u2019utuzu tw\u2019idandarizo tw\u2019amabara ya Sama Money turi mu gihugu cose, bakorana kandi n\u2019ibanki BCB Ifasha abantu ba Sama money kurungika amahera uyakura kw\u2019iconti yo muri banki uyajana kuri wallet (ukayashira mu ngodo yawe canke uyakura mu ngodo uyajana kuri conti yawe yo muri banki.<\/p>\n\n\n\n<p>Sama Money irakorana kandi n\u2019urunani rw\u2019ama coopec mu Burundi FENACOBU hamwe n\u2019ishirahamwe ry\u2019ama posita mu Burundi, nkuko Allasan Sissoko abishikiriza.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Uburyo bwo kwinjira muri Sama Money<\/strong><\/p>\n\n\n\n<div class=\"wp-block-image\"><figure class=\"alignright size-large is-resized\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2022\/02\/Coulybaly-1024x683.jpg\" alt=\"\" class=\"wp-image-6942\" width=\"525\" height=\"349\" srcset=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2022\/02\/Coulybaly-1024x683.jpg 1024w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2022\/02\/Coulybaly-300x200.jpg 300w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2022\/02\/Coulybaly-768x512.jpg 768w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2022\/02\/Coulybaly.jpg 1080w\" sizes=\"auto, (max-width: 525px) 100vw, 525px\" \/><figcaption> <em>Daouda Ali Coulibaly, umuyobozi mukuru wa SAMA Money<\/em><\/figcaption><\/figure><\/div>\n\n\n\n<p>Kubwa Daouda Ali Coulibaly, yashinze iryo shirahamwe, ukwinjira kuri urwo rubuga avuga ko bica mu buryo 3 ubwo nabwo ni:<\/p>\n\n\n\n<p>Ugukoresha ngendanwa ugafyonda #300# ugaheza ukarungika ukoresheje umuhora uwariwo wose ukoreshwa mu Burundi hanyuma bagaheza bakabereka uko mwiyandikisha.<\/p>\n\n\n\n<p>Ukoresheje application uronka uciye ku rubuga rwa playstore canke Appstore (https:\/\/bi.sama.money\/)<\/p>\n\n\n\n<p>Uciye ku rubuga rwa Whatsapp mu kurungika indome (indome)&nbsp;\u00abS\u00bb canke igitigiri \u00ab1\u00bb hanyuma ukarungika ku numero ya ngendanwa 61 62 00 00.<\/p>\n\n\n\n<p>Daouda Ali Coulibaly amenyesha ko ibikorwa vyo gushira amahera kw\u2019iconti SAMA bishobora kandi gukorwa n\u2019aba agent babo. No ku baca ku rubuga whatsapp bategerezwa kuba banditswe nk\u2019abanywanyi ba Sama Money.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Sama Money, umuti w\u2019iterambere<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Umushikiranganji w&rsquo;ugutumatumanako amakuru L\u00e9ocadie Ndayisaba yari yaserukiye Reta y&rsquo;Uburundi muri ivyo birori yarakeje yongera aratera intege abiyumviriye urwo rubuga bongera barashikana urwo rubuga mu Burundi \u00ab\u00a0rworoshe gukoresha kandi ruje gutuma haba ukwisununura mw&rsquo;iterambere mu gihugu nk&rsquo;ukwo bitegekanijwe mu gitabu ndongozi c&rsquo;imigambi y&rsquo;igihugu (PND2018-2027)\u00a0\u00bb. Umushikiranganji akaba yaboneyeho akaryo ko kwerekana bimwe mu bizotuma urwo rubuga rushinga imizi mu Burundi. Aho akaba ari nk&rsquo;ibice birenga 95% vy&rsquo;igihugu cose gishikirwa n&rsquo;ama rezo ya terefone (couverture de r\u00e9seau mobile) hamwe n&rsquo;umurindi w&rsquo;abarundi batunga telefone udasiba kwiyongera.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Ku mugoroba wo ku wa 28 Nzero, mu nyubakwa za Van Beach Resort, haruguruwe icese urubuga rwo kubika no kubikura, kurungika no kuriha amafaranga hisunzwe ubuhinga ngurukanabumenyi bwitwa Sama Money. Ivyo birori vyari bihagarariwe n\u2019umushikiranganji wo kumenyesha amakuru L\u00e9ocadie Ndayisaba. Urubuga Sama rwatangujwe na Dauda Ali Koulibali ni urubuga rwemewe n\u2019ibanki nkuru y\u2019igihugu BRB rufasha [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":6941,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[407],"tags":[559],"coauthors":[34],"class_list":["post-6940","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ubuhinga","tag-sama-money"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6940","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=6940"}],"version-history":[{"count":2,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6940\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":6944,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6940\/revisions\/6944"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/6941"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=6940"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=6940"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=6940"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=6940"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}