{"id":6936,"date":"2022-02-17T10:40:08","date_gmt":"2022-02-17T09:40:08","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=6936"},"modified":"2022-02-17T15:24:32","modified_gmt":"2022-02-17T14:24:32","slug":"etb-ishure-umunyeshure-atondana-imatera-indero-uburaro-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/etb-ishure-umunyeshure-atondana-imatera-indero-uburaro-burundi\/","title":{"rendered":"ETB: \u00ab Ishure umunyeshure atondana imatera kandi ari iry\u2019uburaro\u2026! \u00bb"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Abanyeshure bo kw\u2019ishure ryigisha ibijanye n\u2019ubuhinga ry\u2019i Bubanza (ETB) barahanzwe n\u2019ingorane zituruka ku buraro bwabo budatunganije neza. Uri ukurara hasi kubera ubukene bw\u2019ibitanda, ukwigurira amamatera kubera ishure ataryo zigira, ukurara bicaye mu gihe c\u2019imvura kubera uruhuherezi, ubusuma ngo bwoba buturuka ku gusamara kw\u2019abazamu,\u2026eka ingorane si nke nk\u2019uko zidondagurwa n\u2019abanyeshure.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Hari igihe c\u2019isaha indwi hafi n\u2019igice aho umugwi w\u2019abamenyeshamakuru ba Jimbere Magazine bashika kuri ETB iri mu ntara ya Bubanza. Akazuba karimwo igicu, kaka kongera kazima. Abanyeshure bariko barasohoka bava mu mashure bigiramwo. Bagenda baracanacanako bagana idoro. Biboneka ko bihutira gutora udusahani ngo baje mw\u2019irefe gufungura.<\/p>\n\n\n\n<p>Ariko kubera bicura imvura, abarara ku madirisha babanza kugenda begeranije utuntu. Bakazinga imatera, udushuka bakegeranya udushagoshi bakatwegeza kure y\u2019amadirisha, bakabona guhamvya abandi mw\u2019irefe.<\/p>\n\n\n\n<p>Umunyeshure twasanze ku buraro ariko arazinga uduhuzu ku gitanda co hejuru, yari avuye gufungura. Tumubajije impamvu arara kw\u2019idirisha rirangaye, yabanje kuturaba. Aca aritwengera imbere yuko agira ati<em>: <\/em><em>\u00ab<\/em><em> None mushaka kutuzanira ibiyo? Erega aha ni uku tuhabaye. Twaravuze kenshi iki kibazo c\u2019ibiyo, ubu turindiriye ko ababijejwe bazogira ico bakoze. Aha jewe uwu ni umwaka ugira kabiri. Naramenyereye. Imvura iguye turi mw\u2019ishure turaganya. Dusanga imatera, impuzu, udushuka vyajovye. Vyuzuye amazi y\u2019imvura ica mu madirisha arangaye. Turinda kuza kuvyanikira, bitumye tukisomeka mu bandi banyeshure batarara ku madirisha. <\/em><em>\u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Abandi banyeshure bari hasi ntibarindiriye ko mugenzi wabo aheza kuvuga. Bamusamiye hejuru bamubwira ngo avuge n\u2019izindi ngorane. Nako baca bashaka nabo kwivugira ayo bagorewe muri ubwo buraro bwo kuri ETB. Uwa mbere aratangura ati: <em>\u00ab Uyo ni uko yavuga ibiyo. Nimurabe aho turara hasi. Aha ni muri doro ya kabiri. Ni iy\u2019abahungu. Murabona ko muri iki cumba ata bitanda bihari. Turara turakumbagara aha. Dusasa ico bita ikirambi, tukiryamira muri rusangi. \u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Uburaro butagira imatera\u2026 &nbsp;<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ikiyago cashushe. Umwe wese agashaka kuvuga ibitagenda muri ubwo buraro. Ni ho uwundi munyeshure yitora agira ati:\u00ab <em>Uburaro butagira n\u2019imatera&nbsp;!\u00bb<\/em> Baca baratwenga. Uwundi aca aramwakira atunga intoke imatera zose zihari avuga ati&nbsp;<em>: \u00abNtimubona izo zose&nbsp;? Ni twebwe twazizaniye. Aha umunyeshure wese aza yizaniye imatera yiwe. Uwutayifise kumbure kubera iwabo batoyironka, yemera gusororera nka 5000Fbu uwuyifise akamuraza nk\u2019igice kimwe. Gutyo, gutyo umwaka ukarinda uhera. Iyumvire namwe ishure umunyeshure atondana imatera kandi ari iry\u2019uburaro&nbsp;!\u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Eka uwundi munyeshure iyo yari yiyicariye, yikwaragura inzara ku maboko, twumva agize ati&nbsp;: <em>\u00abErega mwibagiye ibihere na vyo&nbsp;! Mu mwanya turatwara hanze ivyo turarako tuje kubikunkumura. Aha hagera mw\u2019ijoro tukaganya kuko turara turi mbiri na mbiri n\u2019ibihere. Biratudwinga bikaduhamya. Hagera ku mutaga turi mw\u2019ishure, turonse agahengwe, tugatangura kwisinziriko nk\u2019inkoko zigwaye agasinziriza. Aha, iki gice n\u2019ica kabiri. Kuko ndi mushasha. Sindabona baza gupompa ibihere.\u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Eka mu vy\u2019ukuri abanyeshure baba mu buraro bwo muri ETB, ubumvirije barakuyagira ntibaheza. Bafise ingorane zituruka ku buraro budatunganijwe neza. Aho rero ni mu gihe umunyeshure umwe aheruka kwibwa imatera muri ico kigo, yidogera ubusuma bwimonogoje. Avuga ko baheruka kwibwa imatera 6. N\u2019ishakoshi ziranyuruzwa. Aho rero ibirato, impuzu, amafaranga n\u2019ibindi biburirwa irengero ntibivugwa. Ubabajije abavyiba, bagira ati&nbsp;<em>:\u00ab Abazamu dufise ntakigenda. Barashaje kandi ntibakerebutse. Hamwe tworonka abazamu b\u2019inryamunyu, kumbure ubusuma bwogabanuka. Kuko biboneka ko hari abantu bo hanze bacisha ibintu mu madirisha arangaye, bakijanira.\u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Erega n\u2019abakobwa nyene ngo aho barara nti hahumuriza. Hari uwavuze ko nk\u2019abarara ku bitanda vyo hejuru bibagora kuruhuka ku mutaga. Ivyo bakabisigura bamenyesha ko ibiyo vyamenaguritse, baryamye batonakura agapira kuko abahungu baca bababona. Uburaro bw\u2019abahungu buregeranye n\u2019ubw\u2019abakobwa. Ni ikibazo. Aho rero ntibibagira amazi akunda gucika, bakarinda kuza kuyavoma mu myonga.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Abanyeshure ntibashoboka\u2026<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Erega ikiyago nticagarukiye mu banyeshure gusa. No mu barezi cagezeyo. Ariko igihe umugwi w\u2019abamenyeshamakuru ba Jimbere Magazine twahagera kuri uyu wa 14 Ruhuhuma 2022, umuyobozi w\u2019ico kigo si ho yari ari. Twavuganye n\u2019umurezi ajejwe gukurikirana abanyeshure. Encadreur Didier Ntakirutimana. Uyu, ntahakana ubukene bw\u2019imatera kuri ico kigo. Kanatsinda ngo baheruka izo ubushikiranganji bw\u2019Indero basanzwe bakukira bwabaronkeje mu 2012. Izo na zo ngo zabashikiriye ari imatera 30. Imyaka 10 irarumanye ata zindi bararonka. Ari na ho, umunyeshure yizanira rwiwe.<\/p>\n\n\n\n<p>Ariko ku bijanye n\u2019amadirisha n\u2019ibitanda, Didier agira ati: <em>\u00abAbanyeshure ntibashobotse. Ni bo bavyimenagurira. Abantu banagonda amaferabeto kuburyo umunyeshure yinjira aciye mw\u2019idirisha! Ni akamaramaza ahubwo. Aha ikigo cama kiriko kirashirako ayandi maferabeto kiyasudirira ku madirisha. Ibitanda baravuna, ishure rigakoresha. Eka ntimworaba. Na yo icibagiwe co, ni ubusuma. Biboneka ko ari bo bibana hagati yabo. Ariko bafise abandi bakorana bo hanze. Kandi ubusuma bukara mu gice ca mbere, abana batanguye, no mu gice ca gatatu hatanguye kuboneka abiranda.\u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Na yo ku bazamu ngo boba bashaje, uwo murezi avuga ko abafise inguvu usanga badashaka gukora ubuzamu kuko ata mushahara munini bahabwa. Ariko akavuga ko abo mw\u2019ijoro harimwo abakiri bato. Na ho biri uko akavuga ko abasuma bahiba ari abahazi cane gusumba abazamu.<\/p>\n\n\n\n<p>Ku bijanye n\u2019ibihere, Ntakirutimana avuga ko bigeze kuba babipompesha imiti ku mahera, ariko hahera nk\u2019indwi zibiri, bikaba vyongeye kugwira. Rero ngo n\u2019iyo abanyeshure bavuye iwabo baza babizanye, bigatuma bidahera. Ariko ngo mu nama ihuza abavyeyi iheruka kuba, bavuganye n\u2019abavyeyi ko borondera umuntu afise umuti ukaze wica ibihere ikigo cohemba, bakamuzana gupompa muri ico kigo.<\/p>\n\n\n\n<p>Na yo kuba uburaro bw\u2019abakobwa bwegeranye n\u2019ubw\u2019abahungu, ngo barabibona. Didier amenyesha ko hari umugambi wo kwubaka uburaro bw\u2019abakobwa kure y\u2019ubw\u2019abahungu. Gutyo bidegemvye.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Abanyeshure bo kw\u2019ishure ryigisha ibijanye n\u2019ubuhinga ry\u2019i Bubanza (ETB) barahanzwe n\u2019ingorane zituruka ku buraro bwabo budatunganije neza. Uri ukurara hasi kubera ubukene bw\u2019ibitanda, ukwigurira amamatera kubera ishure ataryo zigira, ukurara bicaye mu gihe c\u2019imvura kubera uruhuherezi, ubusuma ngo bwoba buturuka ku gusamara kw\u2019abazamu,\u2026eka ingorane si nke nk\u2019uko zidondagurwa n\u2019abanyeshure. Hari igihe c\u2019isaha indwi hafi n\u2019igice [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":6938,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[205],"tags":[426],"coauthors":[189],"class_list":["post-6936","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-indero","tag-indero"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6936","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=6936"}],"version-history":[{"count":3,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6936\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":6948,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6936\/revisions\/6948"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/6938"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=6936"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=6936"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=6936"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=6936"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}